Messages 10

08/10/2017 15:50

Nibahindura Isakaramentu ry’Ibatisimu bazokura mwo n’indagano zose zijanye no guhakana shetani kuko bazovuga ko beno izo ndagano zataye igihe!

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa mbere Igenekerezo rya 5 Myandagaro, Umwaka w’i 2013@ 16:05

Mwananje Nkunda Cane, ntihagire umuntu numwe yibaza yuko Ekleziya Yanje izopfa igahera mu gihe c’uruhamo abakozi banje banyihebeye bakazigama ibanga ry’Ukwemera bazobwirizwa gucamwo. Kuko Ivyo Ntivyoshoboka.

Ekleziya Yanje – Umubiri  Mweranda Wanje Yikwije ubuzima  budahera. Abansi banje nibamara guhindura amasakaramentu bagaheza bakazana ibisigi bishasha, imisalaba mishasha n’imigirwa mishasha naho bazovuga ngo ntacahindutse muri Ekleziya ngo kuko niko yamye imeze na kera bazoba bariko barabesha. Ekleziya Yanje Ntishobora guhinduka na rimwe. Hazoba impari nyinshi mu bihugu vyose ngo bahumanye Isakaramentu ry’Ukwubaka Rukristu. Abo bansi b’Imana bashaka guhatira Abakristu kwemera kurongorana kw’abasangiye ibitsina kandi ivyo abakRistu badashobora kuvyemera kuko bishavuza Data.  Ibi ntivyemewe na gato mu maso Yiwe. Nibaramuka bahinduye Isakaramentu ry’Ibatisimu bazokuramwo indagano zose zijanye n’uguhakana shetani kuko bazogira ngo zarataye igihe ngo kandi ziratera ubwoba. Bazovuga rero ngo ntizigikenewe muri bihe vya none.

Niho rero bazokwinjiza amategeko mashasha buke buke ngo bahindure inyigisho zanje. Mwebwe mwese mwemera Ekleziya Yanje murabwirizwa kwirinda kumpemukira. Ntimukemere imigirwa iyo ari yo yose yoza isubirira amasakaramentu nkuko nayabahaye. Ndi Ukuri. Ekleziya yanje Ihagarariye Ukuri.  Ariko Ushobora gusa kuvuga ko uri mw’Ekleziya Yanje ugumije Inyigisho zanje zose, Amasakaramentu yanje yose, kandi Ukemera ko Urupfu Rwanje rwo ku Musalaba ari yo Nkuka nini ibaho ishobora kukuzanira Ubukiriro. Ikintu cose kigukura mu Kuri citwaje kwubaha abapagani nico gutinya. Uramutse uhakanye Inyigisho z’Imana ugahitamwo gukurikira idini rindi wishakiye, ntuzoshobora kubandanya uri muri Ekleziya Yanje ya hano kw’isi.

Niwanka gukurikira imigigwa mishasha izotanguzwa n’umuhanuzi w’ibinyoma uzokwitwa umuyobe. Hanyuma bazogerageza kugukura mu bumwe bw’abandi bazoba bampemukiye bavuga ngo babikoze kw’Izina Ryanje. Niwaguma ugendera mu mabwirizwa yanje ukaguma ungamburukira mu kwanka kugira ico ufashije muri ubwo bubeshi bagiye kubazanira, niho ho nyene uzoguma uri muri Ekleziya Yanje.  Bizogora guhitamwo ibi bintu nivyatangura kuba, ariko ni ibisanzwe kandi biroroshe gutegera. Uri Uwanje canke nturi uwanje.

Yezu wanyu

 

Babwirizwa kuzigama ama Miseli Meranda, Ivyambarwa vyo mu misa, Bibiliya Ntagatifu n’imisalaba Myeranda. Ibi bizosubirizwa n’ibindi.

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa Gatandatu  Igenekerezo rya 17 Myandagaro, Umwaka w’i 2013@ 11:50

Mwananje Nkunda cane benshi mu bahezagiwe n’Ukwemera gukomeye n’Urukundo bamfitiye Jewe Yezu Kristu bariko baratangura kumenya ijwi Ryanje riyagira Isi muri ubu buhanuzi.  Abo nabo babaho ubuzima bwabo bakorera inzoka nabo nyene barazi ko ari Jewe Ndiko Ndabaganirira. None rero ingwano yo kurangura Ishaka Ryanje ku ruhande rumwe be n’icipfuzo co kungwanya c’abansi banje vyaratanguye. Bamwe bashaka gutera amagorwa isi yose kubera amasezerano bagiriraniye n’igisizimwe bazokwirinda kugaragara ko batemera ubu buhanuzi mw’ishengero kuko mu kugira gutyo bazoba babuhesheje agaciro. Ahubwo bazokwiza hose inzigo bamfitiye mu bundi buryo  bahereye ku gusenyura Ukwemera kw’abankunda mw’Ekleziya Yanje. Bazotuma imitima y’abankorera yinuba abandi baKristu. Bazosanganira abapagani, abatamarira inyigisho z’ibihe vya none n’abikubita imbere y’igisizimwe ahuko bosanganiye abaKristu bazokwanka imigirwa ya gipagani yimirije kuzohimbarizwa mu ma sengero y’Ekleziya Gatolika hanyuma mu nyuma yaho igahimbarizwa no mu yandi madini y’abaporoti.

Ibi bintu biri hafi gushika. Ndabasavye ntimuhave mwibaza ko uko imisa igirwa uno musi n’amasakaramentu ko vyoba vyaramaze guhindurwa naho vyimirije guhindurwa vuba cane. Ariko nivyatangura gushika murabwirizwa kubiha umugongo mukanshingira intahe.

 

Hari amahindagurika yategekanijwe muri ino myaka mikeye irangiye ateguwe na wa mugwi wa sekibi w’abagome b’abamasonike bihishije muri Ekleziya yanje ikiri ngaha kw’isi. Ubu rero bene ivyo bintu biramaze kumenyeshwa mu barongozi bakuru bakuru b’Ekleziya none biri hafi kumenyeshwa bose. Bizogaragara inyuma y’Itangazo rizosohoka rivuga ko Ekleziya katolika ibwirizwa kujana n’ibihe vya none ngo ishobore kuberwa no kubana neza n’abandi bantu bo muri ibi bihe bemera cane umwidegemvyo wa bose.

 

Bazovuga ngo bashaka gushira kahise inyuma yabo mbere icivugo cabo kikazoba ari ugusanganira amadini yose mu ntumbero yo kwerekana ko imitima yabo yagutse ishobora kwakira abo ari bo bose. Iri tangazo rizohihimbazwa kw’isi yose nayo abamenyeshamakuru bazofasha gutangaza iyi nkuru idasanzwe ku rupapuro rwa mbere naho imbere yaho bahora babona Ekleziya Katolika nabi.  Urubuto rwa shetani ruzoteragirwa hose navyo ibirori bishasha bizogirwa n’uburyo bushasha bwo guhereza Inkuka Nyeranda ya Misa bizokorwa bicuritse, ku buryo amungane n’amajambo ajanye n’Inkuka Yanje yo ku Musalaba azohindurwa agasubirizwa n’amajambo agaragara y’ubujuju gusa, ivyambarwa bishasha bidafise umuhezagiro w’Imana, amatabernakulo agaragara niyo azosigara kuko ntazoba Ndimwo. Imisalaba yanje yose nkuko muyizi ubu izosubirizwa n’ibimenyetso bihishijwemwo inguvu z’umwijima.

 

Ubu nibwo bwa bugaragwa rero bwavuzwe n’umuhanuzi Danieli. Uwu ni umuhero w’Ukaristiya Yanje Nyeranda n’umuhero w’Inkuka ya Misa yo nyene ubwayo nkuko uyizi uno musi, mu bibanza vyinshi. Ariko abakunzi banje banyihebeye(Abasaseredoti banje) babwirizwa gutangura gutegura kuva ubu ukuntu bazoguma bashikiriza abana banje IHostiya Nyeranda.  Babwirizwa kuzigama amamiseli meranda, amakunzu n’impuzu za misa, Bibiliya Ntagatifu n’imisalaba myeranda kuko ibi vyose bizosubirizwa n’ibindi bitemewe n’Imana. Mubwirizwa gukoranira hamwe ubu bwa vuba ngo mutegure ingene muzovuga imisa kuko ntimuzoba mucemerewe guhereza Inkuka ya Misa uko Jewe Ndabishaka.Nzobayobora basaseredoti banje igihe kimaze kugera.

 

Kuri abo BaKristu bibaza ko ubu bugarariji buzoba buri muri Ekleziya Katolika gusa, murihenda kuko ibi bizosagira amadini yose y’abakristo gushika naho bazobuza ko hagira n’uwucisha mu kanwa Izina Ryanje canke ngo yambare n’ikimenyetso kindanga cotuma hagira n’uwunyiyumvira. Hazogira n’igihe uzohanwa n’ububisha bwinshi uramutse unacishije mu kanwa Izina Ryanje. Uzotangara ukuntu iryo dini rishasha risubiwemwo, risanuye hanze rizoba rigaragara nkuko ryoba ata kabi rigamije naho rizoba nyene rihumanye muri kamere karyo rizonyaruka kumanuka no guhwikira Ama Ekleziya Yanje. Bazoshika ku bintu mutokwigeze mwibaza ko bokora gushika naho bazohama abo bose bazokwinuba ico kigeragezo c’idini rizoba ryavuye mu bwenge bw’abantu, ryikwije imigigwa ya gipagani, iryo kidini rishasha c’Isi Yunze ubumwe .

 

AbaKristu n’Abayahudi nibo bazotumwa urutoki bongere bazire urwanko vyongeye bazohamwa kubera ukwemera kwabo. Ariko rero aho ukwuzura ubwoba, Ndabahamagaye ngo mwitegure kugwana mw’Izina Ryanje. Ntimukibagire ukuntu n’ubu Ncankwa. Umenye ko iyo Unkurikiye muri ibi bihe vyimirije umusalaba wawe uzoremera cane kuruta abankurikiye imbere yawe.

Yezu Wanyu!

 

Bazosabwa Kugira Indagano Nshasha zo kwiyegura ngo bemeze iceshe zo bazokwama na ntaryo bagamburukira Ekleziya.

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi w’Imana Igenekerezo rya 18 Myandagaro, Umwaka w’i 2013@ 17:45

Mwananje Nkunda cane, integuro y’umuhanuzi w’ibinyoma yo guta mu rudubi Abasaseredoti n’abihebye Imana bo kw’isi yose yaratanguye kuja mu ngiro. Yitwaje ko ari ngombwa gusubiza itoto no kunagura Ekleziya Katolika abasaseredoti n’abihebeye Imana bose bazorungikwa mu mwiherero ngo babumvishe ko ari ngombwa kwemera ayo mahindagu. Ibi bizoba kw’isi yose kandi benshi bazobwirwa ko impamvu bashimye gukura ivya kera ngo bazane amategeko mashasha ni kuneza ya bose.

 

Bazokomeza basigura ko iyi ntumbero nshasha izozanira akwoyokwe aboro bo kw’isi mu kubazanira ubutungane n’ubumwe bw’abantu bo kw’isi yose.

Bazosabwa kugira Indagano zishasha zo kuguma bagamburukira Ekleziya. Ntibazosabwa gushira Ukwemera Kwabo muri Jewe canke mw’Ijambo Ryanje. Ahubwo bazorahira ko bazokwama bagamburukira izo ndongozi z’Ivyaduka zizoba zigaruriye ku nguvu Intebe ya Petero. Nimumenye neza ko abo bahawe ingabirano y’ubusaseredoti bazosabwa gushigikira ibinyoma aho Jewe Yezu Kristu ntazoba Ndimwo naho abantu benshi bazobwirwa ko ari Jewe Ndabibatumye.

 

Amahera niyo azoba Imvo nyamukuru bazoba bagamije mu kugira ivyo vyose mbere hakazoba n’ibanki nshasha izoshigwa ho ngo igenzure ukuntu abantu babika canke babikuza amahera mu ntumbero yo kugira ngo n’aboro bazohabonere akunguko. Nimwahindagura amabanga y’abihebeye Imana mu buryo ubwo ari bwo bwose mwishakiye hanyuma mugaca mugira indagano z’ukwiyegurira umurongozi w’icaduka azoba yaranyikuyeko, ntimuzoba mugikwiye kunkorera. Vyose bizosa nkuko vyoba biriko biragirwa mu ntumbero y’ukwigira bato mu maso y’Imana. Intumbero izoba ariyo gukurugutura abanyihebeye gushigikira n’ukwinjira mu bugarariji bivuye ku gushaka kwabo ngo binjire muri iryo shano rizofatanya ab’isi n’Ekleziya Jewe Nyene Yezu Kristu Ubwanje nari Naritangurije.

 

Uko niko Nzotukwa nkamaramazwa. Ibikorwa vyose vyo gusanganira ab’isi n’ubupagani bizokomerwa amashi n’abazirarumenyetso bose hamwe n’abatemera ibi navyo bikazobonwa nkuko coba ari ikintu ciza gishikiye isi y’uno musi n’abantu ba none. Ariko Abakristu ntibazoteba kubihinyura no kubinegura aho bazobonera abazirarumenyetso basanganiye Ekleziya Katolika n’umunezero mwinshi. Mugabo naho biri uko benshi bazokwirengagiza iryo Jwi ribaburira ko bagiye kugwa mu mwijima bace basanganira nabo nyene ubwo bubeshi.

Ico uyu mugambi wo kugumura Ekleziya yanje uvako n’urwanko rudasanzwe bamfitiye hamwe n’ingabirano zose Nahaye Ekleziya Yanje.

 

Mubwirizwa kugira amakenga ku bintu vyose bizotangwa mu misi iri imbere. Murazosaba Inyishu zitomoye nibahirahira ngo bahindure Inyigisho Zanje mu kuzambika ibinyoma ku buryo zihimbara abapagani. Nta Mwigishwa wanje numwe nokwigera nshinga ubukuru bwo gukora ibintu nkivyo kuko nta handi vyoshikana abantu atari kugutuka Imana. Baragowe abo bareka Ijambo Ryanje ngo ritosekazwe ricafuzwe mu gukundira abampakana n’abangwanya ngo binjire mu ntama Zanje.

 

Ni Jewe.

Yezu wanyu!

 

Nta muntu numwe, nta mupadiri numwe nta mukardinali numwe na mupapa numwe afise ububasha bwo gusubiramwo kwandika Ijambo ry’Imana.

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa kane Igenekerezo rya 19 Nyakanga, Umwaka w’i 2013@ 19:26

Mwananje Nkunda Cane, abasaseredoti banje bazoza bariruka bandirira inyuma yaho Liturjiya izoba yaramaze guhindagurwa no guhumanywa. Mu gihe ivyo bizoba bimaze gushika niho bazohumuka amaso bagatahura ko Ijambo Ry’Imana ririko riratangwa biciye ku bahanuzi Imana yitoreye kandi ko ari Ukuri.

 

Ijambo ry’Imana ni Ukuri. Rishobora kuba Ukuri kwose gusa niba ubuhanuzi butangwa buvuye ku Mana Koko. Benshi bazokoranira hamwe ngo bitegure kandi ngo bampe icubahiro mu buryo bunshimisha kuko nta na kimwe kizoba kikibabuza gutangaza Ijambo Ryanje Ryeranda; Amasakaramentu Yanje meranda; Inkuka Nyeranda n’Ukaristiya Ntagatifu.

Ariko no muri ico gihe nyene benshi ntibazoca n’ikanda amakosa ariko araba.  Ni mu gihe Ekleziya y’Imana izomenyeshwa ko igiye kwiyunga n’abapagani no kwemera imigirwa yabo iteye isoni imbere y’Imana niho benshi mu banyihebeye bazoronka umuco bari barindiriye ngo bategere ibiriko biraba. Mu gihe ibimenyetso vy’amasheteni  n’ibiyaranga bizotangura kugaragara imbere canke ku miryangango yo kwinjira mu masengero y’abaKristu niho benshi mu basaseredoti n’abihebeye Imana bazosobanukirwa neza ibiriko biraba bagaca batungwa nayo bameze ngo barokore ubuzima bwabo

 

Hazoba ubwoba budasanzwe mu mitima yabo kuko benshi muri bo ntaho bazoba bafise basaganiriza kuko bazoba barananiwe no kwitegurira uyo musi. Abo rero nibo bazohamwa bagatotezwa kubera yuko batumvirije ijwi ryanje hakiri kare. Ubwishime bwabo n’ukwishira hejuru bwarababereye intambamyi ibabuza kwumva ijwi ryanje. Benshi mu banyihebeye bazofatwa batavyiteze ku buryo benshi bazoba ata nguvu bafise zo kwivuna ubwami bw’umuhanuzi w’ibinyoma n’igisoda ciwe, ruziraKristu. Aba babiri nta kinya bazogira mu mugambi wabo wo kwigarurira no kwifatira mu kwaha ibihugu vyose nawe uwo wese azohirahira ngo yanke gukora ivyo bashaka azokwicwa. Mu gihe abasaseredoti n’abihebeye Imana muri Ekleziya Yanje ikiri ngaha kw’isi bazoshikwa n’akamashu kiretse nibaba biteguye, imitima y’abankorera mw’Ekleziya yanje Jewe Yezu Kristu nibo bambabaza cane kuruta kuko bazojana nyabahururu bivuye ku kubura impanuro nyazo bagahava bajana nyabahururu bakagwa mu gicumuro kijana mu rupfu.

 

Benshi bazotinya kugambararira Ekleziya no mu gihe babonye nyene ko Inyigisho Zanje, Amatakeka Yanje n’Amasakaramentu yose vyakengerewe bigafatwa minenerwe. Bamenyeshe babimenye ko ata muntu numwe, nta mupadiri numwe nta mukardinali numwe nta mupapa numwe afise ububasha bwo gusubiramwo kwandika Ijambo ry’Imana.

 

Nibihagira gukora ivyo, bazoba barenze amategeko y’Imana.  Ekleziya y’Imana ntizokwigera yihenda  gusa niyaguma igendera mu mateka y’Imana n’Inyigisho zayo ikaguma mu kuri. Ariko mu gihe iciye akagozi kayifatanya n’Imana aho Ukuri gutangazwa mw’Izina Ryanje ntibababa bakiri kumwe nanje. Ndi Ekleziya. Mwebwe namwe mwa bagendanyi banje, basaseredoti namwe mwese mwanyihebeye muri umwe nanje nimwaguma mugendera mu Mateka yanje Meranda. Ekleziya Yanje Izogumana Ubutore kuko Ukuri ntigushobora guhinduka. Abanteye akagera mu kwitandukanya nanje ntibashobora kuguma muri Ekleziya Yanje ya hano Kw’Isi.

Yezu wanyu

 

Mana Data : ruziraKristu ubu ari tayali kwimenyekanisha Ku wa Gatatu Igenekerezo rya 3 Myandagaro 2013 isaha 18:50

 

Mwananje Nkunda cane, isi irabwirizwa kwama igavye kubera hari mukuza umwansi wa zina Kiremwa muntu ataribwigere aboneka kuva abana banje bashirwa kw’isi.

ruziraKristu agiye kwimenyekanisha vuba cane integuro yiwe nayo niyi ikurikira.Azorindira gushika ingwano zimonogoje hose. Niho rero azokwiyadukiza nk’umuhuza ace atanga amahoro atari ayo ukuri muri Leta ya Israeli mu kuyungira ubumwe na Palestina biciye kubiganiro vy’ukubanywanisha akoresheje amanyanga yiwe. Bose bazomukeza bamuhimbaze. Ariko ntazogeza ngaho kuko azokomeza ahindagura ibintu ku bwinshi ningoga na ningoga kandi azoca akomeza afasha impande zitandukanye zo mu mihugu vyinshi vyatabaguwe n’ingwano atangza ibiganiro vyo kugarukana amahoro. Bazokwongera kumushemeza  bamutangarire n’igishika kidasanzwe, amamilliardi y’abantu bo kw’isi yose bamutangarire..

Muri ico gihe vyose bizomera nkuko bitunganijwe. Azoca aja mu bikorwa vy’ugufasha ba ntahonikora kandi azogiriranira ubunywanyi n’amabanki menshi yo kw’isi ngo atunganye ibanki imwe kaminuza iziruta zose.Abakuru b’ibihugu batari bake n’abategetsi b’amashirahamwe atandukanye bazokwirekura ngo bakurikire imigambi yiwe itandukanye.

Bukwi na bukwi, ubusungusungu budasanzwe buzorementanywa ngo bahende isi ko bariko barategura kunagura ubutunzi bw’isi yose. Izoba ari Babiloni nshasha, aho ubutegetsi bwose buzotangirwa, aho banyabwenge n’abatunzi bo kw’isi bazokoranira bagakorera ubudandaji bwabo.Abantu bazohabona nk’isoko y’amakuru meza atandukanye ku buryo abantu bazoronka inyungu mu bibanza vyose  ku bijanya n’akazi, uhereye I muhira aho ababa gushika ku bifungurwa bagaburira imiryango yabo.

Ubuninahazwa bwose buzosaga ruziraKristu. Hanyuma azorementanya afatanije n’umuhanuzi w’ibinyoma Ishirahamwe ry’isi yose ridasanzwe bazotangaza ko ari igikorwa gikuru co gufasha abantu kw’isi nzima. Isi izokomera amashi iyo Babiloni nshasha kandi umwe umwe wese azorondera kuronka mwo n’ikibanza na gito muri iryo shirahamwe.

Babiloni nshasha nkuko bose bazobimenyeshwa izoba igamije gushemeza ikigirwamana, guteza imbere ibijanye n’ibidukikije, kugwa munda isi nyina wabo, kugwanya ubukene kw’isi yose hakoreshejwe ubutunzi buzosohoka buvuye mu munwa w’ico kivume c’igisizimwe.

Igihe ivyo bizoshika, ukuboko kwanje kuzotuma isi izunguruka yinaga. Singiye kurindira ntaburiye abana banje ingaruka mbi zo kwemera ubwo bubisha, bwateguriwe mu nyenga y’umuriro udahera nk’uburyo bwo gukwegera abantu muribwo. Nzokwereka ibimenyetso bikomeye cane abo bose bazohendwa bakemera ico gitutsi gikomeye cane kizotyoza Izina Ryanje Ritagatifu

 Nzonyiganyiza isi yose kandi izozunguruka. Ntawuzosigara atabonye ko ari ukuboko kwanje. Hanyuma rero nzorungika umucanwa ku ca gatatu c’isi yose. Inzara ntizoteba gukurikira ariko atari uko ari  Jewe ndayiteye ariko izoba ivuye kuko isi izokwanduzwa n’ibigirankana na ruziraKristu. Ariko  mu gihe ruziraKristu azokora ibibi bidasanzwe ku ntara n’ibihugu bizokwijajara, Jewe nzobagwanira.

 Naho ubwo bubabare buzoba bugoye kurinda, ntimugatinye bane banje, kuko buzomara igihe gito. Ndabakunda cane mwebwe mwese, ariko ubutungane bwanje buzokwihuta nayo amahano yanje azoba manini cane. Ntimugahirahire ngo mwemere ivyo bazobazanira. Nimwabona umugabo azoza aremesha amahoro, ruziraKristu  atanguye kuronswa ibidari n’udushimwe  vyo ku mukeza ku bikorwa bitangaje yakoze mu kugarukana amahoro mu bihugu vyatabaguwe n’ingwano, muzece mumenya ko ndi hafi kuza kubatabara.

Nimugume mu bunywanyi bw’Umwana Wanje, Yezu Kristu ibihe vyose, vyongeye musabe kugira ngo abasaseredoti b’intahemuka muri Ekleziya yanje bakomeze babaha amasakaramentu mu bihe vy’amayoberane biri imbere yanyu. Ugushaka kwanje kuzoranguka. Nta na kimwe gishobora canke kizoshobora kubuza isezerano rishasha ry’Ubunywanyi rizotuma Umwana Wanje ashikira Ingoma yiwe kandi yima mu Mahoro, kuranguka.

So wanyu mukunda cane,

Imana Isumba vyose

 

===============================================================

Igenekerezo rya 8 Mukakaro, 2012  Yezu Yaganiriye Mariya w'ikigongwe c'Imana ati:

"Mwananje, ubuhankanyi Nari Narabamenyesheje kera buriko bukomeza kwiyongera ku bwinshi kw'isi.  Ubu bukaba buriko bumera nk’igitambara gifutse Ekleziya Yanje Nyeranda ikiri ku rugendo ngaha kw'isi. Ngiki igihe kirageze aho Ekleziya yanje izokwica mwo imigwi ibiri!Ku ruhande rumwe muzobona abayoboke banje bayihebeye(Abasaseredoti n'abepsikopi) bagendera mu nyigisho zanje kandi batarota birengagiza Ijambo ryanje.

Ku rundi ruhande muzobona abasaserdoti n'abandi bakuru b'Ekleziya bazokwirekura bagatwagwa n'ibijanye n'ivyiyumviro vy'ibihe vya none bakazohumanya amabwirizwa yanje. Bazokwunama imbere y'ababahatira kwerekana impuhwe bafitiye abatakaye mu guhindura amategeko y'Imana ngo biyeze imbere y'ab'isi. Buzuye ubwibone, ubwishime n'ivyiyumviro vy'ibihenda amaso. Kuri bo ntibizobatera umutima uhagaze bishitse bagahindura amasakaramentu meranda ngo bashimishe integuro z'abagendera mu kabi. Ubu ho bagiye kuzokworohereza ibikorwa vy'ubuhakanyi ngo bikorerwe mu Ngoro ya Data ivyo bakabigira ngo bubahe ivyo bise uburenganzira bwa zina muntu n'ugushimisha ngo abatafise ivyiyumviro bimeze nkabo.Bazokwambika izera icaha kandi bazontuka mugusayanganisha icaha nk'ico imbere y'amatabernakulo yanje meranda biteze yuko jewe nzonezerwa n’ivyo bikorwa vyabo bigayitse.

Vuba noneho bagiye kuzokuraho amasakaramentu meranda ngo bashimishe abo badasangiye ivyiyumviro vy'ukwemera. Mu kibanza cayo masakaramentu bazohashira imisi mikuru yo kwiryoherererwa gusa n'ibindi bisamaza bose bikabaryohera kubw'umubiri. Uko niko Idini rishasha ry'isi yunze ubumwe izoba yubakiwe igorofa idasanzwe hariya I Roma ariko itazoba ijejwe guha icubahiro Imana izomera. Muri iyo Nyubakwa hazoba hinyegejemwo ibimenyetso bitera iteka Shetani bizoshirwamwo izuba ryaka ngo bose bavyibonere n'amaso yabo kandi bikazoba binashushanya Ikigatanyi RuziraKristu canke bimuhesha icubahiro.

Igicumuro cose, icaha cose gisesema Data wo mw'ijuru nyagukundwa rwose kizohabwa icubahiro mu gihe ama milliyoni y'abantu bazoza kwemera ayo mategeko y'ubumenja n'ubugarariji nkuko yoba ariyo akwiye mu Maso y'Imana.

Abakuru b'Ekleziya n'abihebey'Imana bazozigama ubunywanyi bafitaniye nanje bazobwirizwa kubandanya bahereza inkuka y'imisa mu kinyegero canke baterwe ubwoba bwo gutabwa mu mvuto. Bazokoranira hamwe bafise inguvu kandi bazokomezwa na Mutima Mweranda ngo babandanye bagaburira abana b'Imana mu kubaha Infungurwa y'Ubuzima. Babwirizwa kwitwararika ko abo bose bazoba barongoye bahabwa ubukingizi bw'Igikumu c'Imana Nzima.

Igihe kiri hafi ubu aho iyo nyubakwa nshasha igiye kuzokwubakwa ngo baze bahaninaharize ca Gisizimwe. Iyo Gorofa izokwubakwa mu gihe c'ubukoroni bwa RuziraKristu agiye kuzokwinjira ku burongozi bw'isi vuba cane nk'umuhanuzi w'amahoro.

Nimukoranire hamwe bakunzi banje ubu bwa vuba. Basaseredoti namwe mwese mwumva ijwi ryanje, murasabwe gutangura imyiteguro yanyu ngo mutegure ko Ekleziya yanje ikiri ku rugendo ngaha kw'isi yokorinda n'ubutwari ntangere, uruhamo rwimirije. Hazogira igihe ubuhungiro nabateguriye buzoba buri tayari gukoreshwa kuko ndamaze igihe mpimiriza abigishwa banje ngo bategure ivyo bibanza vy'uguhungiramwo ngo babikore ku buryo azoba akwije ivyangombwa bikenewe ngo ahererezwe mwo inkuka ya Misa.  Igihe c'uruhamo kizoba gito kandi muzoshobora kukirokoka naho bizoca mu mibabaro idasanzwe..

Muramenya neza. Iryo dini rishasha ry'isi yunze ubumwe izogaragara nkuko ari ikintu ciza kubw'inyuma mbere nk'ishirahamwe ritagatifu ryigisha urukundo n'imbabazi. Rizoba rifise ishusho y'ukubabarira abandi batameze nkabo mukwemera igicumuro cose cabujijwe n'Imana. Izokwerekana icaha n'imvugo mbabariramatwi ku buryo kizosigara kimeze nk'icemewe kw'isi yose mu maso y'Imana.

Ariko mumenye ko ubwo bugarariji bunshegesha umutima vyongeye haragowe abo bazohendwa bagakurikira ubwo buhakanyi kuko atayindi nzira bazoba bariko barafata atari iyijana mu muriro udahera n'amagorwa y'imyaka yose. Icaha kizokwama ari icaha mu maso yanje. Ibihe murimwo ntibishobora guhindura ukuri kwamye. Amategeko mashasha agamije kworohereza ubugome bw'iyi si ntazokwigera yemerwa na Nje. Nimwitegurire rero guhinyuza ivyo binyoma kuko bigiye gutangura vuba cane.

Yezu wanyu.

 

=========================================

Mana Wewe Wadusigaranye iri Sakaramentu ry'Icubahiro c'Agatangaza ngo Ritubere Icibutso c'Ukubabara kwawe, dutabare turabikuzamvye, ntiduhengeshanye guhimbaza aya mabanga y'Umubiri Wawe Mweranda n'Amaraso Yawe y'Igiciro Ntangere ngo twame tugabana na ntaryo ivyiza biyakomokako. We Mana Musangiye ubuzima n'Ingoma hamwe na Mutima Mweranda mu Myaka Yose, Amen!

=========================================

Uburyo bwo kwinjira mw'Ijuru–

Akamaro k'Ububabare

Mwanananje Nkunda cane, ukuntu nganira nawe kugiye gutangura guhinduka. Naho mu butumwa naguhaye mbere ya hano narondera kugabisha abana banje ku kuntu vyihutirwa cane kwihana ngo imitima ishikire ubukiriro, ibiganiro bizokurikira kuva ubu bizokwishimikira mu gufasha imitima kurondera ubutore bw'umutima.

Iparadizo mwananje naho ari ho imuhira umwe umwe wese muri mwebwe afitiye uburenganzira bwo kuba ntukigere wibaza ko horoshe kwinjira. Umuryango winjirayo ni muto cane hanyuma bake cane nibo bashobora kuwucamwo icarimwe. Kugira ngo winjire muri uwo muryango imitima isabwa kwerekana ukwicisha bugufi kudasanzwe no kunyiyegurira wese ukishira mu Maboko Yanje.

Babwirizwa kwikunkumura ubwishime bwose, ukwirondera n'ugushaka kutariko, n'umwina w'ivy'isi niba bashaka kwinjira mu marembo y'Ijuru. Abana banje bose bariko baratangura urugendo rwabo rugana mw'Ijuru rero ubu mu gihe bariko barategera Ukuri babwirizwa gukura amaboko mu mpuzu bakarondera gutegera ingeso nziza zisabwa ngo babashe kwinjira mu bwami bwa Data.

 

Akamaro k'Ukwicisha bugufi

Kwicisha bugufi n'ikintu abana banje benshi bategera biciye mu nyigisho zanje. Naho benshi bunkurikira bategera ko ari ngombwa kwicisha bugufi ariko, barajuragirika ku bijanye n'insiguro nyayo y'Ukwicisha bugufi. Kwicisha bugufi bisigura kuba umuntu w'imvugakuri. Bisigura kwemerana ubushingantahe ibikugora, ibikubabaza, agakengerwe n'agasuzuguro uzohura nako mu gihe uzobaho ku bwanje. Ngiyi impanuro nkuru ndabahaye. Ifate ruto nk'umwana muto ataranduzwa n'ingeso mbi z'umubano mubi wa w'iyi si zamaze kwandukira abandi bantu bakuze. Ntuhengeshanye kunyitura mu gisabisho ubigire nk'umwana mutoyi.

Mu gusenga no mu kunganiriza nturinde kwimena umutwe ahubwo bigire uko Mutima abikwoheje nkuko uvyiyumvamwo nanje nzoba ndiko ndumviriza. Si ngombwa ngo usubiremwo ibisabisho vyose nahaye isi ku bw'Urukundo ndabafitiye ngo bibafashe kunyitura. Rangamiza amaso hejuru uheze unture ingorane zawe. Nshikanira ububabare bwawe. Ntuhengeshanye kubunzanira. Uzohezagirwa bimwe vy'umwihariko niwemera amagorwa agushikira ku bw'Izina Ryanje.

Naho utabibona nutegere ko igihe cose wakiranye ukwyumanganya ingorane zigushikira, uba uriko urakiza imitima myinshi vyongeye uba uriko urayicira inzira nayo izocamwo ishikiwe n'amarushwa nk'uburyo bwo kwinjira mu marembo y'Ijuru. Ntuzokwigera umenya imitima warokoye mu kwiyumanganya ibikubabaza gushika wewe nyene ubwawe ushitse mw'Ijuru, niho rero uzohimbarwa rwose mu kumenya ukuntu ishikanwa rivuye ku mutima witanga utiziganya rishimisha Imana.

 

Wirinde gutwagwa n'ishavu iyo uriko uratangaza Ukwemera kwawe

Niwerekana ukwicisha bugufi uzoba uriko urerekana ko wemeye ibigushikira naho bikubabaza nyene. Wame werekana ubushingantahe n'ubuntu igihe cose no mu bihe nyene ubonye Izina Ryanje ririko riratukwa mu bo muri kumwe. Urazomvugira uko ushoboye kwose mu buryo bwose bushoboka niwashaka ariko ntuze wigere ukengera uwo yahuvye gutyo mu kumutyoza mu bandi. sigura Ukuri kw'Inyigisho zanje utekanye no mu bwitonzi.Ntuhave waduka ngo utwagwe n'ishavu. Ntiwerekane ko utewe ubwoba n'uwo munyamafuti. Niwihagarareko, wisigure uko ushoboye ariko ubigire gusa ngo utangaze Inyigisho Zanje. Ntuze wigere utinya kuvuga Ukuri mu bantu!

 

Ntukitiranye kwicisha bugufi hamwe n'ubwoba

Bamwe mu bankurikira bategera akamaro k'ukwicisha bugufi n'ico gufasha mu gufasha imitima gushikira ubweranda baritiranya ukwicisha bugufi n'ukudacira n'amate k'umunwa iyo izina Ryanje ririko rirateshwa icubahiro mw'ishengero! Egome nivyo sindagutumye gucira urubanza uwo muntu ariko arantyekeza mu bantu  Jewe canke Data Imana yamaho canke mbere Umuvyeyi wanje Nkunda cane mawe Wanje, ariko urabwirizwa guhagararira Ukuri Ugahaguruka Ugashingira Intahe Ukuri.

 

Ububabare

Ububabare ni ingabirano iva ku Mana mu gihe uriko uranganiriza nk'Umwana aganiriza Umuvyeyi ni ubitegere. Nimwugurura imitima yanyu mugashira umwizero wanyu wose muri mwebwe nzobayobora mu bihe vy'umubabaro muzocamwo hano kw'isi. Ntuzoce umpa umugongo. Naho bitera umubabaro mwinshi, bane banje nimwemere ko imibabaro ibashikira iba ari ingabirano iva ku Mana.

Ni umuhezagiro muba muronse kuko ityororwa bane banje rica mu mubabaro no mu magorwa. Mpereza imibabaro yanyu. Nimwabigira gutyo muzoba murikomuracuresha amagorwa ntegwa igihe ndiko ndabona amagorwa y'umusalaba, nsubira kugorwa igihe ku kindi imisi yose igihe nguma mbona ububisha bukdasiba gukorwa kw'isi uyu musi. . Ntimwoshobora gutegera neza Ityororwa ribashikira iyo mwemeye kwakira ububabare n'amagorwa ayo ari yo yose uko yoba abababaza kwose , muramutse muyanshikaniye mu kanyamuneza kubw'ineza y'imitima ya kiremwa muntu. Ariko uko mubandanya munyegera buri musi  mu kunyugururira imitima no mu kumpebera ugushaka kwanyu no mu kwemera kunyiyegurira ataco mwisigarije, muzorushirizaho gutegera ibi. . Urabona rero ko ari mu gushira mu ngira ibi uzoshobora kwinjira mu bunywanyi bwanje. Gutyo rero ububabare bwanyu n'amageragezwa ya hano kw'isi azocureha. Uko igihe kizohaca niko muzoshobora kwemera ububabare n'akanyamuneza mu mitima yanyu, cane cane nimwashobora kubunshikanira nk'ishikanwa munzaniye Jewe.  Kubabara n'ingabirano iva ku Mana kandi birarekuwe.  Imitima muzofasha kurokora izotuma muronka ikibanza mwiharije mu bwami bwa Data.

 

Izi nyigisho si nshasha na gato bane banje.

Ni kubera ko mutakomeje kwibutswa Ukuri gusanzwe. Ubutumwa bwanje n'inyigisho zanje ntizigeze zihinduka. Zirasanzwe kandi ziri mu majambo avunaguye mu Nkuru Nziza no mu Mabwirizwa Cumi y'Imana. Wame cane cane wibuka ko igihe cose wihereje umuntu uwo ari we wese ubu wihereje jewe. Ereka urukundo uwo mubana uwo akwegereye canke uwo wese muhura uzoba ugweretse Jewe Ubwanje. Mufate neza nkuko nawe nyene ubwawe wokwipfuza gufatwa neza uri mu kibanza ciwe. Hanyuma ntuze wigere wibagira ko niwabona utanguye gutwarwa n'ishavu ku buryo ugeragezwa kubagirira nabi canke kubahana mu buryo ubwo ari bwo bwose, wibuke ko ndi muri bo -niyo hoba ari muri abo nyene banyanka.  Niwagirira nabi abana banje umenye ko ari Jewe ubwanje uzoba uriko urabigirira. Uko umwanya uzohaca bane banje izi nyigisho zizobasobanukira neza kuruta. senga usabe buri musi ngo ubashe kubaho ubuzima bwawe ku bwanje.

Umenye ko igihe cose ubabariye uwundi muntu niyo yoba ameze nk'umwansi wawe nyene uzoba uriko uramushikiriza Imbabazi zanje n'Urukundo Ndamufitiye. Niho rero Uzoshobora kugabana ubuhirwe buhoraho mw'Ijuru. Saba ngo muronswe ingabirano yo kwama mufise ukwemera no kutadohoka k'Ukuri. Nimunyigane mwemere guca mu makanda yanje. Ndazi ko bitazokworoha na gato ariko mumenye ko ibikorwa vyanyu niyo vyoba bito gute bizofasha gukiza imitima. 

Umwalimu wanyu n'Umucunguzi wanyu Nyagukundwa cane Yezu Kristu, we Mana Asangiye Ubuzima n'Ingoma hamwe na Data na Mutima Mweranda, mu Myaka yose.

============================================================

 

Guhinduka- Ku w'Imana Igenekerezo rya 21 Munyonyonyo, 2010- @ 01:30- Ubutumwa Umukama wacu Yezu Kristu yashikirije Mariya w'Ikigongwe c'Imana.

Uno musi mwananje, ndakuzaniye ubutumwa bw'umwizero n'amahoro ku bana banje bose boba bumva ko ubu buhanuzi bwoba bubatera ubwoba. Mumenye neza ko nabo muri mwebwe basanga bibagora kunyemera Jewe, Dawe Imana Mushoboravyose kandi Yamaho na Mutima Mweranda ntimugahagarike umutima. Benshi muri mwebwe bane banje, muripfuza kugira ukwemera ariko kubera guharira no guhazuka mukoresheje ubwenge bw'abantu aho musobanuza vyose mu koresheje ubumenyi mbagarabwonko mwigishijwe n'ab'isi, muzosanga biguma bibagora kwemera ibitaboneka.

 Ntimutinye. Nimwasenga naho hoba ari rimwe ku musi gusa mugasaba Umushaha wanje Mweranda rwose kubuuzuza inema nzobasaga urukundo rwanje, ntimuzoteba kwumva igihindutse gishasha mu buzima bwanyu. Benshi muri mwebwe, mutambatamba mu kwemera kwanyu muragirira ishari abo muri mwebwe bafise ukwemera kunoze. Mubwirizwa kumenya ko ndabakunda mwese nk'umuvyeyi, nkako umwe umwe wese muri mwebwe afise ikibanza yisangije mu mutima wanje.

Ntukigere wibaza ko noba ntagukunda canke udakwiye gukundwa nanje. Mbega ntuzi ko nagukunze gushika naho nakwitangiye ku musalaba nkanagupfira mu ntumbero yo kuguha akandi karyo ko kugaruka kuri Jewe Imana yawe?

Bane banje muzokwama muburabuzwa kandi mukumirwa n'abandi muhorwa ko mugaragaje ukwemera kwanyu mu Mana Yabaremye. Ibi nivyaramuka bibashikiye ntimutangare, ahubwo murame mwibuka ko aya ari amageragezwa zina muntu wese abwirizwa gucamwo hano kw'isi ngo berekane Urukundo bamfitiye. Ntimukigere mureka ukwemera munfitiye Jewe Umucunguzi Wanyu n'Imana yanyu ngo ruzimangane canke rwinyegeze rutewe ubwoba nabo babaraba nkabo ataco mumaze.  Ndabizi ko benshi mu bana banje bahenzwe n'impari z'ubwenge bw'abantu n'ubumenyi bw'ivy'isi bwashizwe na Shetani n'ibigirankana mu mitima yabo yazivye bazota ku w'amazi ukwemera kwanyu.  Kugira ngo babatuke babatyoze kuruta aho bazomaramazwa n'Ukwemera kwanyu kandi naho batazobigaragaza ahabona bazobagirira ishari, bipfuza kumenya ukuntu bogira ukwemera nk'uko mufise. Iri shari riva ku kuntu bazotangura kwisuzuma mu mitima yabo bagaca basanga igaragara.Ariko naho bazokwiraba imbere mu mitima gute ntibazobica n'ikanda igituma imitima yabo igaragara.

Muri ico gihe mwebwe bakristu munyemera muzohabonera amakuba aturutse ku gasuzuguro n'agashinyaguro muzogirirwa n'abafise ukwemera kugoyagoya canke mbere batagira namba. Ntimugatinye canke ngo mumaramare imbere y'abantu mutewe isoni n'ukwemera mufitiye Dawe wacu Imana mushoboravyose kandi yamaho. Nimugaragaze ukwemera kwanyu. Nimwambare Urukundo mumfitiye imbere ya bose ngo barubone. Nimwakora gutyo muzoba uriko murabera abandi akarorero keza. Ntimuzoharire ngo muhatire abandi kumera nkamwe mwishimikije ubwenge bw'ubumenyi bw'ab'isi murondera kubatsinda mu vyiyumviro.  Ahubwo nimwereke abavukanyi banyu Urukundo n'ugushigikirana naho muzi nyene ko bakeneye kwerekwa inzira. Nibabona ukuntu ugaragaza imbere yabo urukundo umfitiye n'akanyamuneza mu mutima bazotangura kwibaza ibibazo. Nimwayobora abandi mu kubabera akarorero mu rukundo, mu kwubahana no mu bikorwa vyiza ntibazoteba kuza bagana umuco. Benshi ntibazoshoka bamenya igituma ubwo nyene. Ariko igihe kigeze na cane cane kubw'ububasha bw'ibisabisho vyanyu, bazoruhira kutambuka bagana iwanje.

Ndabinginze mwese ngo musabeire imitima ibashe guhinduka. Muhereye kuri barya nyene muzi canke mugendana mukaba mubona ko bakeneye igisabisho kubera ingorane bafise muri ubu buzima. Nimusabire kandi imitima y'abacumuzi nyabworo bari mu mwijima ubabuza kubona ukuri. Mubasabire cane cane mufise imbabazi n'Urukundo mu mitima yanyu musabire abo bakurikita inzira y'umwangushi. Barakeneye ibishabisho vyanyu gusumba abandi. Nimumenyeshe abo bose muhura ukuntu bene iyo mitima ishobora kurokoka naho hoba ari ku munota wa nyumahakoreshejwe ishapule y'Ikigingwe c'Imana.  Nimuhe ibu butumwa uwo wese azosima kubumviriza. Bibutse basome kandi bibuke ko nibashobora kuvuga iyi shapule y'Ikigongwe c'Imana naho hoba ari kw'isaha y'ugucikana kwabo bazorokorwa nanje no kuri iyo munota wa nyuma nyene.  

Ntukigere ugira isoni kubera umusalaba wambaye canke ngo ugire ubwoba abatemera bagutwenze canke bagutyekeje babonye usenga. Ntimukigere na rimwe mugira isoni ry'ukwambara imisalaba yanyu mwambara ngo mukingirwe. Ntimukanyegeze ibi bimenyetso bigaragaza urukundo mumfitiye Jewe Imana n'Umukiza Wanyu, Mana Data Mushoborovyose kandi Yamaho canke Mutima Mweranda. Mukwambara ivyo bimenyetso vy'ukwemera kwanyu muzobera akarorero abandi naho nyene bazokwinuba bazokwipfuza icobaha kugira ukwemera nk'ukw'iwawe ariko ntibazobishobora.  Igisabisho bane banje kirashobora kumfasha kugarura imitima yabo. Bavugire igisabisho gikurikira.

"Mukama wanje Mana yanje nkunda cane umutima wanje wipfuza kugusaba guterura umuvukanyi wanje nkunda mu maboko yawe meranda rwose. Bapfukishe amaraso yawe y'igiciro ntangere ubatabaze inema babuze  ngo babashe kwakira Mutima w'Urukundo ruzobayobora gushika mu buzima buhoraho

Iyo mwebwe mwemera muhuye n'abacokoranyi babahaririza kubijanye n'ukwemera kwanyu, murababwira muti:

 “Ndi ingendanyi ya Kristu, Yababaye urupfu rwo ku musalaba aguye mu minwe y'abahakanyi. Kubera ico, Jewe nk'uwugendanira Kristu nzokwama nkengerwa mpogwa Urukundo ndamufitiye. Nguyu nanje umusalaba nikoreye vyongeye ndashwarwa ngatarika kubera ivyo.  Yezu Umucunguzi wanje yarapfuye atari kubera ibicumuro vyanje gusa ariko kandi n'ivyawe birimwo." 

Nibakomeza biduza bishira hejuru kubera ko ataco bemera canke ngo bahakane canke kubera ko ari abahakanyi urababaza ko hari ikizohinduka mu buzima bwabo nibabona ubuzima bwabo bishimiye ngaha kw'isi bugiye kurangira. Uraheza rero ubahe iyi mpanuro: Mu gihe c'ugupfa kwawe, urazokwibuka iki gisabisho c'Ishapule y'Ikigongwe c'Imana niyo woba utarasobanukirwa mu mutwe wawe.  

Ugurura imitima yanyu hanyuma musabe Imana Data Mushoboravyose kandi Yamaho ngo abagirire Ikigongwe. Mwibuke ivyo Nabemereye. Nk'Umucamanza w'ubutungane ariko kandi nk'Umukiza Wanyu, Nzobagirira Ikigongwe nimwakinsaba kandi Nzobarekura ibicumuro vyanyu vyose nimwabinsaba gushika no kubazontakambira no ku munota wa nyuma w'ubuzima bwabo kuri umwe umwe wese mu bana banje.

 Babwire bashimike mu gusenga kugira ngo bashobore kwugurura imitima yabo bidatevye. Igisabisho kizana abana banje bose hafi yanje kikababegereza ubwami bwanje bwa hano kw'isi igihe Ijuru n'isi bizofatana bigahinduka ikintu kimwe. Ububasha bw'igisabisho buzotegereka neza vy'ukuri umusi abana banje bazokwugurura imitima yabo bakampamagara.

Nimusabe ico cose mushaka kuko nicaba kijanye n'ugushaka kw'Imana igisabisho cawe kizokwumvirwa.

 

Ntimukigere mwima abana banyu Ingabirano y'Isakaramentu ry'Ibatisimu.

Nimusabire utwana dutoyi, abahungu banyu n'abakonbwa banyu n'urwaruka rwo kw'isi yose. Umwe umwe wese muribo arafise uburenganzira bwo kwerekwa Ukuri. Ntibigeze berekwa Ukuri kw'Urukundo rw'Imana canke ngo baronke umuco wo gutegera ivyiza n'abavyeyi babo. kubera ko bo nyene ubwabo bari mu mwijima imitima yabo iri mu ruhumyi abantu benshi baguyemwo muri iyi myaka mirongibiri irangiye. Naho Ukwemera kwawe kwoba kugoyagoya, ntukirengagize ivyo Ndagutegereza vyo kuronsa abana bawe ingabirano yo gushikira no kuronswa amasakaramentu,cane cane Ibatisimu.  

Ntukigere wiremeka ico kibi kibishe co kwima abana bawe Ingabirano y'agatangaza y'Ibatisimu. Hari abavyeyi benshi bagenda bararamye biyemera ku bubegito bwabo kubijanye n'ukutemera kw'imitima yabo gushika naho babera intambamyi n'ubukiriro nyene bw'imitima y'abana babo. Ronsa abana bawe ingabirano y'amasakaramentu. Igihe nicagera bazobashimira kubera ico canke babe ari bo banyihakanira ubwabo na Jewe nyene. Ivyo bizobava ko. Biragusha wewe niba utoye kunyihakana ku gatwe kawe ariko Ndakubwiye ntukibe imitima y'abana banje. Ushobora kuba uri umuvyeyi wabo wa hano kw'isi ariko umenye yuko ari abana ba Data Imana Mushoboravyose kandi Yamaho, Umuremyi n'umubumvyi w'ibibaho vyose. Ntugahirahire ngo ubatware mu mwijima wahisemwo kwisuka mwo. wibuke ariko ko naho mwataye ukwemera mu kajana inzira y'umwiza, Jeho Ndabakunda mwese

Umucunguzi Wanyu n'Umucamanza w'Ubutungane, Yezu Kristu, Umwana w'Ikinege wa Data Imana Yamaho.

========================================================

Ese ukuntu vyoroshe kugwa mu gicumuro! Ku wa Mbere, Igenekerezo rya 24 Nzero umwaka w' 2011 @ 22:00

Uyu musi kibondo wagiye wasobanukirwa neza ingorane ugwamwo iyo ugambarariye umumalayika murinzi. Kwirukira Data Imana Yamaho ukoresheje Ishapule y'Ikigongwe c'Imana ni ngombwa mu gikorwa c'ugutyorora umutima wawe.  Igicumuro mwana nje nkunda cane biragoye kutagikora. Biragoye kurangura inema zanje z'umwihariko kandi biragoye kutagwa mu gicumuro mu buryo kizamwo bwose. 

Mu gihe wahamagariwe kurangura iki gikorwa ceranda, uzokwama ugwanywa na sekibi aguma arondera gufata akaryo kose abonye ngo agutege imitego mu buzima bwawe bwa misi yose. Sekibi azokoresha abo bari hafi yawe nk'uburyo bwo kugutsitaza ari naco gituma ubwirizwa kwama ugavye ngo wirinde inyosha mbi ziwe zose.  Ntuze wigere ureka sekibi ngo agutsinde kuko iyo akugwishije azoca arondera gutandukira iyindi mitima mu ntumbero yo kuyitera amagorwa adasanzwe. Intumbero yiwe n'ugusambura imigendanire ufitaniye n'incuti n'abagenzi mu gutera igipfungu mu mitima, mu guteragira umwiheburo mu bantu no mu kubashira mwo ivyiyuumvirio bibi.  Niho rero abana banje biyumvisemwo akababaro gatewe n'ibicumro bakoze kubera kugwa mu bibosha nabi rimwe na rimwe hari igihe bumva bacitse intege bagahava biyanjanjwako, bakihebura, bagafata minenerwe ukwemera kwabo.

Bane banje, muzokwama muhura n'inyosha mbi zibakwegakwegera mu gicumuro! Ubweranda bw'imitima yanyu buragoye cane gushikira kuruta uko benshi bavyibaza. Kugira umuntu ashikire ubweranda, birasaba ko yigira inama yo gufata ingingo zisabwa ngo abishikeko. Birasaba umwete mu kubuharanira. Nivyashika rero ukagwa mu mitego y'ivyiyumviro vya sekibi ugakora igicumuro urabwirizwa guca wihuta kwinjira mu mutima wawe ngo usenge n'ukwigaya gushitse untakambire ngo ndakugirire ikigongwe.  Kwirega ibicumuro mw'isakaramentu ry'Ipenetensiya ni rimwe mu maskaramentu abakristu benshi badategera neza.

Nta bundi buryo bubaho bwo kugumana inema yeza atari mu guhabwa isakaramentu ry'Ikigongwe rimwe mu ndwi. Iyo umutima wawe ukijijwe ukongera ugatagatifuzwa muri ubu buryo no mu gusenga imisi yose niho ho nyene uzoshobora guta ku wa mazi sekibi.  kwiyagiriza ikibi no kwiyumva mwo umubabaro kubera igicumuro wakoze utaravye uko coba ari igicumuro gitoyi canke kigoye canke uko coba kimeze imbere y'amaso ya Mana Data, ntiwihebure canke ngo ubifate minenerwe. Niwigarure, uce bugufi wihane, ugurura umutima wawe, wikubite agashi usabe Ikigongwe. Kumererwa nabi mu mutima ni uburyo umutima uronka nk'uburyo bwo kurongora umuzirikanyi wawe ngo uwugarukane mu nzira nziza. Ntukagume muri uwo mubabaro w'umutima umwanya muremure ahubwo nsaba inema ukeneye mu gisabisho ngo ushobore gushikira ubweranda bw'umutima usabwa ngo ubashe kumbera umusuku mwiza.

Birahambaye cane kwiga kurindirana umwizero w'uko uzogabana inema wasavye Imana. Ntuze wigere ureka igicumuro ngo kigusamaze gushika naho kikujana kure yanje. Kwihebura guturuka ku kababaro utegwa n'igicumro wakoze ntibikakubere uruhome rugutandukanya nanje.

Mwibuke bibondo ko kubera igicumuro c'inyanduruko, muzokwama mugwa mu nyosha mbi za Shetani. Nta bundi buryo bubaho mushobora gucamwo ngo mushikire ubweranda atari igisabisho, ukwisonzesha n'umwete wo kurondera Isakaramentu ry'Ukaristiya Kenshi. Ibi bisaba gutunganya neza umwanya wawe mu bwitonzi ugategekanya umwanya ukwiye ugeneye Jewe. Ni mugende rero bane banje mwame mwitwararitse ikintu kimwe: Ntuze wigere utinya kugaruka Iwanje ngo wambaze Ikigongwe canje iyo waguye mu gicumuro. Ntuze uterwe n'isoni zo kuntakambira unsaba ngo ndakugiririre Ikigongwe iyo umutima wawe ukwagiriza ko wacumuye. 

Mwibuke cane cane ko iyo mutevye kuza mw'isakaramentu ry'Ikigongwe, umwangushi azoca agufatiraho ku buryo uzosanga uriko urakamira mu coze sekibi ngo abashe kukuzingamika mu kabi vyongeye uko umwanya uhaca utirukiye ikigongwe canje, umutima wawe uzokwibira ugwe mu mwijima

Umwijima ukwegakwega umwijima. Umuco wakura umuco. Ndi umuco w'isi.  Nimunyegere kandi mugume muri Jewe gutyo urukundo rwanje rusayangane muri mwebwe maze imitima yanyu nyabworo ibone gukayangana. Ndabakunda rwose bane banje ku buryo iyo mwegamitse imitima yanyu kuri Jewe, naho mwoba mwumva umenga muri mu bugaragwa bugana gute ndababwiye ko ntazokwigera ndabirukana.  Ni mugende amahoro mugume mu Rukundo rwanje.

UmukizaWanyu n'Imana Yanyu, Yezu Kristu

=============================================================

 

Nimwikangure mumenye ukuri imbere yuko igihe kibajana- Ubutumwa Yezu Yashikirije Mariya w'Ikigongwe c'Imana, Ku wa Mbere, Igenekerezo rya 15 Ndamukiza umwaka w' 2011 @ 23:00

Mwananje nkunda cane, urabwirizwa kumenyesha isi yuko Ugushaka kwanje kweranda kubwirizwa gukurikizwa ubu nyene nimba abantu bashaka kugabana ubuhirwe budahera. Iyi si naho ifise ibintu vyinshi vyo gutanga ntizokwigera ishimisha inzara yanyu canke imara inyota imitima yanyu. Egome nivyo iyaba atari kubera igicumuro c'Inyanduruko cakozwe n'abavyeyi banyu ba mbere Adamu na Eva vyari gushoboka muri ico gihe ko mubaho ubuzima budahera ngaha kw'isi ata ngorane nimwe.

Ariko kubera ko umwangushi ari hose ntazoreka nimwe mu migambi yanyu yo kunyegera ngo iranguke.  Irihisha, ikinyegeza, ikiyorobeka, igakoresha amayeri ngo ishobore kwosha nabi umwe umwe  wese muri mwebwe ngo agwe mu caha ikoresheje ubuhemu butandukanye.  Izosanga ariko biyigora cane kuguhenda niba ufise inema yeza washoboye gushika ko kubw'Isakaramentu ry'Ikigongwe n'Isakaramentu ryeranda ry'Alutari.

Irozari Nyeranda irafise ububasha yisangije mu kugwanya no gutsinda shetani kubera ubushobozi Imana Data Mushobora vyose kandi YamahoYahaye Umuvyeyi Wanje Bikira Mariya. Afise ububasha buteye ubwoba ku mwangushi. Shetani ni nta ntege kuri We kandi ivyo nayo nyene irabizi.  Niwakundira Umuvyeyi wanje Mweranda rwose ngo akuyobore gutyo agushikirize inema ashobora kugusabira uzogira igihe uba mudakorwako na shetani. Mu gihe abantu uno musi barondera ico bazanira akanyamuneza n'amahoro hano kw'isi baripfuza kumenya ico bokora kugira ngo babishikeko. Niho rero bafata umwanya mwinshi bipfuza kumenya akabanga n'inyifato yobashikana kuri ayo mahirwe bipfuza, bakirukanga inyuma y'ivy'isi bakanarondera amahoro.

Baraheza rero bakarondera uburyo bushasha, ivyiyumviro bishasha ngo bwobashikana ku matungo atandukanye. Ntimugahendwe n'amajambo babatsindisha ashimikiye ku vyiyumviro vyo kubakoropa mu mitwe, mumenye ko bidashobora kubafasha gushikira amahoro n'akanyamuneza  mu buzima bwanyu bidaciye mu kwemera Imana Data Mushoboravyose kandi Yamaho. Niwe musa Ashobora gutanga ubuzima. Utaje iwe ngo umwitureko uzokwama ugaragara mu mutima.  Hari abantu muri mwebwe batakaza umwanya utari muke w'ubuzima bwabo bawukoresha mu kugwanya Ubumana bwanje bazopfa ataco bashitse ko kuko imigambi yabo ntizopfa igiye mu ngiro.

Ubugaba bwabo bwo kwemera Umuremyi wanyu, Uwuhoraho Imana Isumba vyose yaremye Ijuru n'isi nta handi bizobashikana atari mu nyenga y'umwijima udahera. Hari abantu benshi bari bameze nkamwe ataco batakoze ngo bihakane Imana mu buzima bwabo n'ubw'abandi  mu gukwiza hose ibinyoma vyigisha ko Imana itabaho ubu bari mu nyenga y'umuriro udahera kuko bavyishakiye.

Ntimugakundire ko ibi bishikira imitima yanyu kuko barya bahonera mu muriro udahera barasha nkuko boba bakiri mu mubiri. Ese iyaba mwari muzi ukungene shetani yitwengera iyo yihweje ukutamenya kwanyu. Iyo wihakanye Imana uba wihakanye wewe nyene uburenganzira bwawe bwo kwinjira mu buninahazwa bw'imyaka yose. Ubu buhirwe budahera nibwo nyene mugwanira kenshi hano kwuri iyi si. Ariko mumenye ko budashobora gushikirwa hano kuri iyi si.

Ntukabe hano kw'isi nkuko womenga niho uzeye ko ubuhirwe bwawe burangukira kuko sivyo.Muhira iwawe aho ufise inzu nyakuri ni mw'paradizo ryeranda aho uzokwibanira nanje imyaka yose.

Umukiza wanyu Nyagukundwa Yezu Kristu

 

==============================================

Inkota y'Ubutungane igiye kuzokoroka vuba cane- Ubutumwa Yezu Yashikirije Mariya w'Ikigongwe c'Imana, Ku wa Mbere, Igenekerezo rya 15 Rusama umwaka w' 2011 @ 3:00

 Nimunyumvirize ubu bane banje aho muri kw'isi yose. Hear Me now, My children, everywhere. Inkota y'ubutungane zigiye kuzokorokera kurabo bazonanirwa n'ukwitegurira imurikirwa ry'imishaha. Umuco w'Imbeya z'Ikigongwe c'Imana zizomurikira isi bizobabera nk'imponjo kuri umwe umwe wese muri mwebwe bibafasha gutahura uko ibintu bizoba bimeze k'umusi w'urubanza rwa nyuma. Naho bimeze uko hari abatazobisobanukirwa neza bakabiha insiguro zitari zo.  Ico nobabwira nuko uwo musi uhambaye cane utera wegereza uko ukwezi ku kundi ari naco gituma mubwirizwa gushira umwanya ku ruhande ngo mwitegurire kugabana Ikigongwe canje c'Imana. Hari imitima myinshi izosanga biyigira cane gutegera ibi bintu nico bisigura. Kubera ukudakonywa kwa benshi abantu  batari bake  bazogwa igihumura bace bapfa kubera ubwoba budasanzwe. Ivyo birambabaza cane kubera abo batazoshobora kuba ho inyuma y'Iburirwa bizova ku kugene imitima yabo nyabworo itazoba yari inyiteguriye.

Abakatolika aho muri mwese murasabwe kwirega ibicumuro vyabo mu kwegera intebe ya penetensiya niba mushaka guhezagirwa no kuzobona ivyiza bikomoka ku Kigongwe canje Ceranda n'Urukundo rwanje.  Abakristu bo mu yandi madini namwe nyene murasabwe kwigaya ibicumuro vyanyu, mwerekane ukuntu ibicumuro vyanyu bibababaza mutakambire Imana ibagirire Ikigongwe ku bicumuro vyanyu.

Ndabibamenyesheje abo bo nyene bafise umutima witeguye buzuye Urukundo rukomeye bakunda Jewe Na Data Imana MushoboraVyose nibo bazoba bari maso kubona uwo musi w'agatangaza. Hari n'abandi bazoshobora guca babona ukuri kubera ko basanzwe bazira ikinyoma mu mitima yabo ariko kubera ko batazoba bari bwamenye gushika aho bazoronka nabo nyene umuco  bace batahura ubwo nyene  bace banyemera n'Urukundo mu mitima yabo.

Ariko ku basigaye bizobata ku wa mazi kuko bazogwa igihumura babonye ingene imitima yabo iteye isoni n'ukugene iri mu mwijima bace bacikana. Muri ico gihe kuri bo, igihe c'ukwirukira Ikigongwe cane kizoba carenganye. Nta mizero azoba akiriho kuri bo. Ni musenge, musenge mwese munyumviriza musabire imitima myinshi ishoboka ngo izoshobore kubaho inyuma yico gihe c'Imbabazi z'Imana. 

Umucunguzi Wanyu abakunda cane, Yezu Kristu!

 

===========================================================

Nipfuza ko abangendanira bose bategekanya imisi yo kwisonzesha

Ku wa Gatanu, igenekerezo rya 22 Ntwarante 2013- @ 21:45

Naho wofata n'akanya na gatoyi k'ukwisonzesha vyofasha gutegera kuruta indinganizo yanje yo gukiza imitima n'ukuntu woshobora kumfasha gukiza imitima y'abacumuzi bose. Ni mu kwisonzesha uzoshobora gusubiza itoto ukwemera kwawe. Mu gutyorora umubiri wawe niho uzobasha kunagura umutima wawe.  Ndipfuza kandi ko uhabwa Isakaramentu ry'ipenetensiya. Ukaba udashoboye kuronka iryo sakaramentu, niwakire urabwirizwa kuvuga iki gisabisho co gusaba induljensiya ya Rwose. 

Ubwirizwa guhereza iki gisabisho imi ndwi ikurikirana imbere yuko uronswa ikigongwe ca rwose n'ububabasha bwa Mutima mweranda.

 “Igisabisho c'Ingabo za Kristu (24) Induljensiya ya rwose 
(Guhereza iki gisabisho kibwirizwa kuvugwa imisi indwi ikurikirana)

Ewe Yezu wanje nkunda rwose, uri umuco w'isi. Uri urubeya rukora ku mitima yose. Ikigongwe cawe n'urukundo rwawe nta mbibe bigira. Nti twari tubikwiye ko utwigorera gushika naho udupfira ku musalaba. Mbere turazi neza ko urukundo udufitiye rusumba kure niyo urwo tugukunda. Dutabaze rero se Muhanyi mwiza ingabirano y’ukwicisha bugufi gutyo tuberwe no kwinjira mu bwami bwawe.

Twuzuze Mutima Wawe Mweranda ngo tubashe gutera imbere nk'umuzinga tuyoboye ingabo zawe zisemerera hose ukuri kw’ijambo ryawe kandi ngo dutegure benewacu baberwe n'ukuzokwakirana akanyamuza aho uzogarukira mu buninahazwa bwawe.

Turakuninahaza kandi turagukuriye ubwatsi. Turakwihereje uko turi, tuguhaye amarira n’amaganya yacu nk'ituro ryo gukiza imitima.

Turagukunda Yezu Mwiza. Girir'imbabazi abana bawe bose iyo bava bakagera aho bari kw'isi yose. Amen

 Hanyuma mu mitima yanyu, nipfuza ko mwkwifatanya nanje nkuko woba wari kumwe n'abigishwa banje muri rya Joro nari ku meza ubwa nyuma kumwe n'abigishwa banje. Uzoshobora rero gusangira hamwe nanje umukate utagira umwambiro uheze ufungurane nanje ku Meza yanje. Mwebwe bane banje murashoboye gusangira nanje ikalisi y'ububabare mu vyishakiye kandi ata gahato kagiye mwo, nimwashima kubinyemerara.

Niwashobora kwemera gusangira nanje kalisi y'ububabare muzoshobra kumfasha kwishura ibicumuro vy'abantu bari mu vyara vy'urupfu kandi muzoshobora gukiza amamiliyoni y'imitima. Nzosukira imbabazi zanje ku mitima yadadaye ndayigirere ikigongwe nishimikije ingabirano yanyu y'ukwakira ububabare mucamwo ku bwanje.

 

Muravuga rero iki Gisabisho c'Ingabo za Kristu 103 gatatu ku musi aho bishobotse hoseariko cane cane mu gihe cose muzoba mwashoboye gutegekanya akanya k'ukwisonzesha. 

Nimwanyishikana ko muri ubwo buryo Jewe Yezu Kristu Umucunguzi w'abantu bose muzoba mumfashije gusukira Ikigongwe Canje ku bacumuzi bose kw'isi yose. Ico mutokwibagira cane cane ni uko Muzoba mumfashije no kurokora n'imitima yabo banyanka. Ibisabisho vyanyu n'utwigoro twanyu nivyo bizobafasha kurokoka kuko ivyo bitabaye, bosanga bagandaguwe na sekibi. Ukaba naho udashaka kubabara aya magorwa, nnaho nyene nzogusukira ko imihezagiro yanje nongera ndanagusaba ko wobandanya muri iyi nzira yo gukangura isi ngo ive mu mwijima gutyo mbashe kuyikura ko igitambara c'ububeshi kiyitwikiriye hose,

Yezu wanyu