Messages 12

08/10/2017 16:48

RuziraKristu azova mu Buseruko apana mu Burengero, Ubutumwa yezu Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana ku wa gatanu, Igenekerezo rya 26 Ndamukiza  2013 @ 12:30

Mwananje, isi iriko irategurwa kwakira ruziraKristu ari hafi kwibonekeza. Yarateguriwe inzira n'abategetsi batari bake mu ba nya politike kugira ngo ukwinjira kwiwe kuze kube ata ngorane. RuziraKristu azova mu buseruko, apana mu burengero ariko azokundwa, yubahwe, asonerwe kandi yunamirwe n'amahanga yose be n'imihingo y'isi yose. Vyose bizotangura gutya:.

RuziraKristu afashijwe n'abansi b'Imana azotanguza ingwano hagati y'ibihugu bibiri bizoba birongowe n'abategetsi babiri b'intagondwa ariko bikomeye cane. Izi ngwano zizokwira hose ku buryo n'ibindi bihugu bizozinjiramwo. Mu gihe iterabwoba rizoba ryinshi bivuye ku kuntu ibihugu biteye imbere kuruta ibindi bizovyinjiramwo, niho rero hazotangura ibiganiro vy'amahoro. Niho rero igisizimwe kizoza kigatangura kuvyinjiramwo ata numwe azi iyo giturutse. Hanyuma gikoresheje ububasha buzotangaza benshi kizoheza ingwano. Azoba afise Ijwi ryiwe rikomeye.

Azoba afise ubwenge buri hejuru y'abandi kandi azogira ubuhinga bwo gukora ku mitima y'abantu butangaza benshi. Ubwiza bw'igihagararo ciwe, amajambo yiwe meza n'ubwenge bwo gutwenza abantu bizomera nk'isimaku ikomeye. Azoshimwa n'abategetsi bazwi  neza mu makungu hamwe n'abamenyeshamakuru akndi azoba ikigigwamana. Ukuntu azoba asa kandi aganira n'abandi bizotuma abagwizatunga n'abikorera utwabo bamwizera kuko bazomubona nk'umuntu yobafasha guteza imbere ubutunzi bwabo mu gihe ubutunzi buzotangura gutera intambwe iboneka.

 Ruzirakristu azoboneka nk'umuntu adasanzwe ku buryo amakungu azomutangarira akanahiganwa mu kumutumira ngo aze kubagendera. Azokundwa kandi azonyigana igihe nagendagenda kw'isi. Azokwigisha akamaro k'Urukundo, amahoro n'ubumwe hagati y'ibihugu kandi akozobonwa nk'umuntu akora ibitangaza aho agiye hose. Uyu si umuntu nk'uwundi muzi.  Uyu si umuntu atangarirwa nk'uko abandi basanzwe batangarirwa. Inyenyeyeri yiwe izokayangana kuruta abandi baje imbere yiwe. Azobonwa nk'umutwe w'idini rimwe ry'isi yunze ubumwe. Bizovugwa ko kubw'iwe vyashobotse ko haranguka bwa bugome bw'idini imwe y'isi yunze ubumwe.  Bose bazokwikubita ku birenge vyiwe.  Amafoto yiwe uzoyasanga aho ugiye hose. Azobonwa nk'umukuru w'amadini yose yo kw'si. Vuba naho Bazotangura kuvuga ko abagwaye baca basanga bakize iyo bamwegereye.

Ku bw'ububasha bwa Shetani azoshobora kurangura ibintu bizotangaza benshi ku buryo bazovyita ibitangaro. Muri ico gihe, abatazi ubwenge bazomubona nka Mesiya. Azoheza rero yiyerekane nkuko yoba yarungitswe n'Imana gukiza isi. Benshi cane cane abatemera nko ndi Imana bazoca bemera ubwo nyene ko uyu mugabo azoba ari umwana w'Umuntu, Yezu Kristu. Abo bose bamushimagiza, bakamuyobokera kandi bakamusenga bazoterwa n'ubumara bw'akabi kazotuma imitima yabo igwa mu bugaragwa bazosanga badashobora kwikuramwo.

Abo bazirikana Ukuri kw'Inyigisho zanje bazoronka inema y'Ukumenya ubwo nyene ko ari umutego uri imbere yabo bace birinda iryo shano.  Abo nabo bavuga ngo barazi Imana bakaba ari abakristu bo kw'izina gusa bazonanairwa n'ugutegera Isezerano ryanje ry'Ukugaruka kw'isi. aho Nzogarukira Nzoba Nje guca Urubanza. Sinzosubira kugendagenda kw'isi ubwa kabiri. Ubumenyi bwose bahawe kumenya ku bijanye n'inyigisho zanje, ntibategera ivyo navuze. Ndasubiye kubibibutsa. Sinzogaruka kugendagenda kw'isi mu mubiri. Umuntu wese azovuga ko ari Jewe Ndiko Ndagendagenda hagati y'abantu, mu mubiri azoba ari umubeshi. 

Yezu Wanyu

 

================================================================

Ubutumwa bwo kugabisha abarongoye ibihugu! Ubutumwa yezu Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana ku wa gatatu, Igenekerezo rya 25 Rusama  2011 @ 22:00

 Mwananje ibihugu vyo kw'isi yose vyuzuye umudugararo bivuye ku nzankano hagati y'umuntu n'uyundi hamwe n'ihindagurika ry'ibirere. Aho rero niho umubumbe w'isi uzokwerekanira mu bizoshika vyinshi  ko umuntu mu bwishime bwiwe naho yigira ngo arazi ubwenge adashoboye guha intumbero n'ikintu na kimwe.

 Umuntu arafise icigwa co gukura ngaha. Umwina w'ubutegetsi no gucinyiza abandi  uranga abo barongoye abandi urabandanya usongera isibe mu kubabaza abana basanzwe babwirizwa kurindira uburyo bahawe n'uburongozi bw'ibihugu n'abarongoye amashirahamwe y'ubutunzi n'ubudandaji imbere yo kugira ico bihereje bo nyene ubwabo. Ubutabazi umuntu akeneye buzoshoboka gusa igihe abo barongoye igihugu bobikorana urukundo mu mitima yabo babigirira abo bajejwe.

Ikibabaje ariko gusumba ikindi ni umwina w'ivyisi n'inambu y'ubutegetsi bafise bigaragaza neza yuko abatagetsi benshi bo kw'isi ata neza baronderera abanyagihugu bajejwe. Mana Data Ntazobandanya abareka ngo mwimenyere mu bikorwa vyanyu bibi. Ngiri rero iburirwa muhawe mwebwe mwese murongoye ibihugu vyo kw'sisi yose iyo iva ikagera abo muri bose muragabishijwe. Murakomeza mucinyiza kandi mutoteza abantu mujejwe ariko mumenye ko Ukuboko kwa Dawe Imana Yamaho kugiye kuzogwa kuri ivyo bihugu n'intara mubamwo.

Ntagiye kuzobandanya kwihanganira ububisha bwanyu. Nimwashaka mwinyegeze ariko ntaco bizomara. Ibigwanisho vyanyu ruhonyanganda bizosamburwa. Ukwo mufata nabi abenegihugu mujejwe muzobibabzwa Imbere ya Data Imana Yamaho. Amateka n'amategeko abagenga abwirizwa gukurikizwa kuko muzocibwa urubanza ku bikorwa vyanyu. Rongora abantu mujejwe n'Urukundo, mwubahe agateka kabo kandi mubasonere mukwitaho ubuzima bwabo bw'imibiri n'imitima. Nimwahirahira mukababuza canke mugakandamiza mu buryo ubwo ari bwo bwose bwoza bubabuza uburenganzira bwabo bwo kurangura imigirwa y'ukwemera kwabo, naho mwoba mwitwaje ubumwe bwa politike, muzoba mugowe; Muzobwirizwa kurinda ububabare bwinshi kubera ibikorwa vyanyu bibi kandi urubanza muzocibwa ruzoba ruhambaye cane.

Uwo ari we wese muri mwebwe arahira inbere y'abanyagihugu kw'Izina ry'Imana Data Yamaho ko azokorera abanyagihugu ariko akaruhira kuzana amategeko mashasha akandamiza abandi akababuza uburenganzira bwo gushikira imfungurwa, inzu n'uburenganzira bw'ukwemera no gusenga Imana, azobwirizwa kurenguka imbere y'Imana aho azobwirizwa kwihurira n'ubukari n'Ishavu ry'Imana Data. isi irababaye ubu mu gihugu cose kubera uburongozi bubi buri no mu bihugu mutonibaza ko burimwo. Isi irababaye rwose kubera ubukene bw'amafaranga butuma abatagira icepfo ca ruguru atacao bimarira. 

Ndababwiye ubu mutangure gutora abarongozi bafise ubukristu muri bo bashobora kugwanira inyigisho zanje ngo zirongore ibikorwa vyanyu ivyo navyo bikazogirira neza abana banje aho bari hose. Abo bose bari hagati yanyu binyegeje mu marembo y'ubutegetsi ngo bazimanganye ibihugu bitari bike bitwaje ikigava cabo ku buryo bizobangamira igihugu ku kindi,  bikongereza ubukene mu bice vyose vy'isi, mumenye neza ko ibikorwa vyanyu bizohanwa bikwiye. Kuko Imana Data Yamaho yagumye yihangana gushika ubu arindiriye ko mwoteba mugaheba inzira zanyu ataho zizobashikana.  None aho kwigarura mwarimenyereye muca muja na kure birenze muja hamwe ngo mugire imigwi y'abategetsi mwishira hejuru nkuko womenga mwoba musumba abasigaye.

Ibikorwa vyanyu bibi bizogabishwa mugabo bizoruhira kuroha imitima yanyu. Umwina w'amatungo, kugendera abandi ku gakanu, n'indambi bizobasiga ata gashambara mwikwije ariko kandi muzosigara mwifumbereje kuruta uko mwabigiriye abo mwari mujejwe kwitwararika ariko mwapfukamye mu nda mwitwaje ububasha mwashinzwe. Igihe cashitse aho intambara izokura isi mu kabi n'intwaro ya shetani. Mana Data Agiye kubarekurira ko vya nyamugigima, amatsunami n'isegenya ngo arabe ko mwokwikangura. Imigambi yanyu yo gutembagaza abarongozi b'isi, Abarongoye amashengero mugaca mutangura kugenzura ubuzima bwabo, harimwo n'ukuzana Ifaranga rimwe ry'isi yose ntibizokwa uko. 

Mu gihe ubu mubona ibi bintu biba mu maso yanyu muzosanga bidashobka ko muvyiyobagiza. Ibi bintu bizogugumisha inyota yanyu y'ubutegetsi. Muzovyuka mumaramara kubera amakosa yanyu. Nimwategwa isoni nivyo mwakoze, nzoba mpagaze Ndabarindiriye. Muzoza muriruka mungana musaba Ikigongwe ariko kandi muzobwirizwa ku nyereka urukundo rwinshi mumfitiye mu guhoza umutima wanje.  Mwbwe bane banje mufise urukundo rushitse mufitiye umushaha wanje ni mwebwe mizero yanje makuru nzokoresha mu gutabagaza ikibi n'ubutegetsi bw'igitugu bwiganje kw'isi muri iki gihe. Saba ngo muronke inema yo kugaruka Iwanje.

Ibirerere bibi bitigeze biboneka kw'isi kuva igihe ca Nowa. Igisabisho nico kizosuka mwo mabisi ingorane ziri kw'isi mu gihe himirije kwigaragaza ivyago bijanye n'ibirere bibi.  bitegeze vyibonekeza kw'isi kuva ca gihe ca Nowa. isi Nkuko muyizi uyu musi izobabara biturutse ku ngorane zitandukanye zizozira rimwe na rimwe ku buryo umudugararo n'urwamo bizokwigira ndase. Ni kuki woreka ibi bintu bikaba. Ndiko Ndabwira mwebwe mufise ibibanza bihambaye mu vy'intwaro namwe mugenzura ivy'amatungo yo kw'isi ku buryo mupanga ibishikira isi mwihishije inyuma y'imiryango yugaye. Ndabahaye akaryo ka nyuma k'ubw'urukundon'imbabazi Mfitiye zina muntu wese aho ari hose ngo yisubireko agaruke ku Mana ahebe inyifato mbi yanse naho azokwibonerako. 

Umucamanza Wanyu Atunganye Yezu Kristu, Umwami w'Imbabazi

 

================================================================

Idini rimwe ry'isi Yunze ubumwe nico kinyoma kitari bwigere kiboneka kigwanya Imana Imana Imwe mu Butatu- ku wa gatanu Igenekerezo rya 5 Mukakaro umwaka w'i 2013@ 14:10

 Mwananje Nkunda cane hari idini rimwe rimbabaza rwose iryo naryo rikaba ari idini ry'ububeshi risenga igisizimwe. Iryo dini niryo riri inyuma y'itegeko ry'ugutunganya isi yose mu buryo bumwe kandi busa.  Iryo tunganywa ry'isi yose mu buryo bumwe kandi busa ni ikinyoma kidasanzwe kirondera kugwanya Imana Imwe mu Butatu. Iryo ringanizwa ry'isi imwe itunganijwe kumwe kw'isi yose ryateguwe n'abo baba mu nzu kwa shetani. Barakeneye ibisabisho vyinshi kuko barahenzwe gushika naho bibabza ko hoba hariho iyindi mana ibakunda. Barabwiwe ngo Ubutatu Bweranda ntibubaho vyongeye ngo Imana Data Nyagukundwa ngo nta neza ibashakira. Ntibanemera yuko ari Data Yabaremye gushika naho imitwe yabo yuzura ububeshi bwinshi bubabuza kwugurura ubwenge bw'imitima yabo ngo ibone Ukuri.

Kubera bambaza iz'ikuzimu barazibiwe ubwenge n'inguvu za shetani yamaze kwizizira imitima yabo yuzuye inzigo ibatuma banka Imana n'abana bayo bose. Barikunda bo nyene ubwabo navyo ibinezereza imibiri yabo nivyo bibagenza bakamana inambu idahera. Nta munezero n'umwe uko woba ungana kwose uzokwigera ubashika ku nyota ari naco gituma baguma bakora ububisha ku bundi. Ikibanezera ni uko bambura abandi ubuzima ata kinya mu mitima yabo mu bwicanyi bagira. Ububisha bwabo bukwiye kw'isi yose mu bihugu vyose nabo abakurikira shetani barakoranira hamwe ukabasanga mu batunzi, mu bacuruzi, mu batwara ibihugu, mu bakungu, mu mashirahamwe harimwo abamenyeshamakuru n'amashirahamwe y'uburenganzira bwa muntu n'abashingwamanza, mu manama nkengunzamateka no mu mashengero nyene.

Ntugakengere ububasha bwabo. Naho ibitigiri vyabo ari bitoyi ntimugafate minenerwe ububasha bwabo. Naho nyene ari bakeyi mbere bakaba batarinjira mu bisata vyose vy'imibano yanyu, ingaruka mbi z'ibikorwa vyabo vy'umwijima bakora zizoba nini cane.. Ntibagurishije gusa imitima yabo kwa Shetani, ariko bazokwegakwegera n'iyindi mitima y'ibitazi mu nyenga hamwe n'igisizimwe be n'amadayimoni yaco.

Ndatanga ntiziganya kuri abo bose bankunda ingabirano yo gutsinda uyu mugwi ukomeye w'inkorabara uguma umvumagura umusegonda ku yundi imisi yose nimwavuga iki gisabisho Igisabisho C'Ingabo za Kristu  (112) Ingabirano y'ubukiriro

Ewe Yezu Mwiza, Ndagutakambiye ngo Ugarukire imitima yanyegewe na Shetani Uyitabare kandi Uyifukishe inema Yawe y'ubukiriro. Tabara iyo mitima nyabworo Uyikure mu migozi ya sekibi idashoboye kwikuramwo yo nyene ubwayo. Amen.

Iyi mitima nyabworo izoba iya mbere mu guha icubahiro Igisizimwe ngo ni icabo mbere bazogwa bubamye ngo basenge ruziraKristu. Murabwirizwa gusenga mushimitse mwebwe mwese kugira ngo ububasha shetani ifise kuri bo ivunjagurike gutyo imitima yabo yuguruke ngo yambaze Ikigongwe canje ntangere.   Yezu wanyu

 

=======================================

Urubanza rwa mbere ruregereje kandi nzota hanze abamenja Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana Ku wa kane Igenekerezo rya 15 Myandagaro 2013 @ 21:57

Mwananje, Ndatumiriye abigishwa banje bose bazi Ukuri ngo berekane ubutwari muri ino misi igoye cane isi iriko iracamwo. Igihe c'uko ingwano zizokwira mu bihugu vyinshi mu gihe kimwe kiregereje. Niwumva izi ngwano zose mukabona ubugizi bwa nabi bwabo bansi b'Imana bakoraniye hamwe muzoce mumenya ko Amaza yanje ya kabiri yegereje.

Benshi muri mwebwe muzobasha kumenya Ukuri kuri mu Gitabu c'Ivyahishuriwe Yohani nkuko Ndiko ndabibahishurira namwe ubu. Ntimugatinye kuko ibi bintu vyose bibwirizwa kubanza gushika. Abantu benshi batemera aya majambo bakora amakosa akomeye cane kuko Igitabu c'Ukuri kiguha gusa insiguro itomoye y'akabanga kari mu Gitabu c'Ivyahishuriwe. Jewe Umwagazi w'Imana ni Jewe musa Mfise Ubukuru n'Uruhusha ruturuka kuri Dawe Imana Yamaho rwo kwugurura ibikumu biri muri iki gitabo. Niwaba utemera Igitabu c'Ukuri ni ukuvuga yuko utemera Igitabu c'Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani. Inkware zisezerana mu masesa. Abo bose bahakana Igitabu c'Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani bahakana Ukuri Kwanje. Ariko Ukuri kuzobagaragarizwa neza mu gihe c'Iburirwa ryanje ryimirije biciye mu gikorwa gihambaye c'Imana yo nyene ubwayo ahandi ho ntabihishuriye muri ubwo buryo benshi ntibokwigera bamenya canke ngo bace n'ikanda Ikigongwe cane Nzanira isi.

Kirazira na gato ko hagira n'akamanyu na gatoyi wongera ku Gitabu c'Ivyahishuriwe, ngo ugerageze kugisobanura canke ngo hagire ico ukuramwo ngo ushimishe ivyipfuzo vyawe kuko uzobabara kubera ibi. Niwakora ibi bintu uzoba uriko urivanga mw'Ijambo ry'Imana.  Iki Gitabu cari caremerewe isi. None Imana Yarungitse umutumwa wiwe w'Indwi ngo abahishurire Ukuri. Mwemere ibi n'ukwizigira mumfitiye canke muzotambuke mwe nyene mu buyobe bwanyu kuko mutazomenya ububeshi buteye ubwoba bwimirije kuzogwa kuri abo bose bakengera canke birengagiza Ijambo ry'Imana.

Ibintu vyinshi bizoba ubu bwa vuba kw'isi yose ku buryo ata muntu azonanirwa no kubibona. Amadini azofatwa nk'ibintu vy'abatazi ubwenge mu gihe amamiliyoni y'abantu bazokwinjira mu bupagani buzoza bumeze nk'uburyo bushasha bwo guha icubahiro Imana. Uko ni ko bazobabwira. Ngo kwifata ruto n'urukundo rw'abakene nivyo bizoba inyanduruko bazokwitwaza ngo babasigurire impamvu ngo vyabaye ngombwa ko banagura, bagasubiramwo kandi bagahindagura Ekleziya Ukundi gusha.

Muzotwagwa mu nyenga y'umuriro nk'imyagazi bajanye ku macuniro. Muzoza kumenya yuko mwatwawe mu bumenja buteye ubwoba amazi yaramaze kurenga inkombe. Igihe cose uhaye icubahiro igisizimwe uzonyegerwa utanabizi ku buryo benshi haciye igihe bazosanga barabaye abaja baco. Amahindagu akomeza aba mu bisata vya politike n'ugutangaza amakuru azozana amacakubiri menshi. Abo bose bubaha Imana muri ivyo vyose isi yashikirijwe muri Jewe Yezu Kristu bazobaho. Abo nabo banyihakana nta buzima bazogira kuko bazosanga batagishoboye kwakira Ikigongwe Canje.

Naho Umushaha wanje uzotemwa mwo ibipande bibiri kubera ibi uzokomantara kugira ngo Ubutungane bwanje bugaragare. Urubanza Rwa mbere ruri hafi kandi abagizi ba nabi nabo bazotabwa hanze. mu gihe Ijuru Rishasha n'Isi Nshasha bizokwakira abo bo nyene bakira Ikigongwe canje. Benshi bazovuga ngo Imana ni nyene imbabazi ngo kandi ntiyokwigera ireyekana ishavu nkiryo. Inyishu yanje ngiyi:  Isi uko muyizi uno musi ntizoba ikihari. Mu kibanza cayo, Isi nshasha izosokoroka, nini kuruta, nziza kuruta iyakera aho ibihugu cumi na bibiri bizobana mu Rukundo, amahoro mu mutekano ntangere.

Abo basa bagendera mu mabwirizwa yanje be nabo batanzi ariko bazokwemera Ukuboko kwanje Ninabaha icemezo c'Uko Ndiho mu gihe c'Iburirwa nibo bo nyene bazokwinjira mu marembo y'Ijuru. Nzoca Nugara imyango abo bamaze kwinjira. Nta wundi muntu numwe azoshobora kwinjira muri ico gihe kuko intahe yanje Izoba yamaze kuba narwo urubanza narwo rwaciwe. Imibabaro yose izoca yibagirwa nabo abamenja batabwe mu nyenga y'umuriro aho bazobabara ibihe bidashira. Kirazira ko hagira n'umuntu n'umwe akengera Urukundo Rwanje Ntagere, Ikigongwe canje n'Imbabazi zanje. Ariko rero abwirizwa kandi gutinya igihano canje kuko kizoba ari ntasubirwamwo aho inzamba z'Umusi w'Umukama zizosamiranira. Ubwo rero vyose bizoba birangiye.

Yezu Wanyu.

 

===============================================================

Uvuze Irozari Urashobora gufasha gukiza Igihugu cawe/ Ubutumwa Bikira Mariya Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana Ku musi w'Imana  Igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2012 @ 13:15

  Mwananje, Ndahamagariye abana banje bose gusaba ubumwe kw'isi muri iki gihe. Ukwemera Umwana Wanje kuriko kurazimangana nabo abana banje basigaye bafise imitima y'ingumba. Ndi Umushaha Utatyoye Wa Bikira Mariya kandi kubera Urukundo Mfitiye Umwana Wanje Nyagukundwa Yezu Kristu Nzokorana na We ngo Ndamufashe gukiza isi. Nimwansaba ngo Ndababere mu ngoro, Nzosaba Dawe, Imana Isumba vyose maze Ukuboko kwiwe kw'ubutungane kwoye kurungika amahano kwari hafi y'ukurungika kuri iyi si ngo Ahagarike ububisha bubandanya bwiyongera. Nzobafasha bane banje kuguma muri hafi y'Umushaha w'Umwana Wanje. Dukoreye hamwe bane banje tugasangira urugamba turashobora guhagarika ubugarariji buri kw'isi.

Ntimwigere mwibagira akamaro k'Irozari yanje Ntagatifu kuko uyivuze imisi yose urashobora gufasha gukiza igihugu cawe. Ububasha bwa Shetani buragabanuka iyo uvuze Irozari Yanje Ntagatifu. Iriruka igahunga yuzuye umubabaro kandi ikaba umusega. Birahambaye ko Uvuga Irozari n'imiburuburi rimwe ku musi niyo woba uri Umukristo w'umuporoti. Abantu benshi ntibanyemera Jewe Nyiwa Wabo Nyaguhezagirwa.  Nk'Umwana Wanje nyene nanje baranyihakana, bakankengera, bakantuka bakongera bakantyoza. Ariko iyaba bonyirukiye bakansaba Noshobora kuzana imitima yabo ku Mushaha Mweranda Rwose w'Umwana Wanje Yezu Kristu. Umwana Wanje Yezu Kristu ni Umucunguzi Wanyu bane banje vyongeye ntazokwigera yirukana abacumuzi uko boba bariraburaniwe ku mutima kwose. Niwaba wumva umaramajwe n'uko wamucumuyeko nyambaza Jewe Nyoko Wawe nanje Nzogufata ukubokoko Ndakujane iwe.  Umwana wanje ariko aritegura kuzana abana banje bose abakoranirize hamwe gutyo mushobore kwunga ubumwe nawe mw'Iparadizo yo kw'isi. Nta numwe azoshobora kwinjira adafise umutima mwiza kandi wicishije bugufi.

Tangura kuvuga Irozari Yanje Ntagatifu. Iki Gisabisho kirahambaye cane rwose ku buryo kuva ubu kibwirizwa kuba Igisabisho c'Ingabo za Kristu mu burenganzira bwaco: Igisabisho c'Ingabo za Kristu (26) – Irozari Ntagatifu y'Umuvyeyi Mwernda Bikira Mariya.

Nimuhorane amahoro bane banje igihe cose muriko murazirikana Irozari Yanje Ntagatifu.  Uko inema zisuka kuri mwebwe mumaze kuyivuga muzobasha kumenya ko Sekibi yahunze akaja kure yanyu hanyuma mu kibanza ciwe hazoza Urukundo. Urukundo ruturuka ku Mana Dawe Yacu. Nimwiyumva mwo Urukundo mu mitima yanyu muze mumenye ko muriko muratsinda ingwano yo kunesha sekibi.

 Umwamikazi Wanyu n'Umugabekazi w'Abamalayika, Nyina W'Urukiza

 

=============================================================

Igihe c'Intsinzi y'Umushaha Wanje Utatyoye ntikiri kure cane. Ubutumwa Bikira Mariya Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana Ku musi wa mbere Igenekerezo rya 2 Nzero 2012 @ 12:00

   Mwananje, Igihe c'Intsinzi y'Umushaha Wanje Utatyoye ntikiri kure cane. Uko ububasha bwa shetani bugabanuka niko inzigo yayo yongerekana ikaguma irondera kugirira nabi imitima. N'imitima ikomeye izosanga ibi bihe bigoye kuko ukwemera kwabo kuzogeragezwa ku rugero rwo hejuru. Mwananje, Iyo ukwemera kw'abana banje kugeragejwe mu uri ubu buryo bubabaje gutya kwose, babwirizwa kutadebukirwa ahubwo ni babwirizwa kwama bagavye. Babwirizwa kugumana umutima mwiza. igihe cose. Vyongeye babwirizwa kuguma binumiye iyo bumvise ishari mu mitima yabo. Ishari n'ivyipfuzo bibi bijana ku nzigo. Ivyipfuzo bibio vy'imitima yatowe iriko iriyongera no muri abo bakunda umwana wanje. Bane banje ntimukagwe muri uyu mutego.  sekibi ashira mu mitima yanyu. 

Ishari isi ifitiye ababonekerwa n'abahanuzi beranda rigiye kuzokwongerekana. Ibi vyari vyarabuwe mbere kuko aba ni bamwe mu beranda benshi b'ibihe vya nyuma. Igikorwa cabo kiragoye kandi bazobabara rwose bivuye ku butumwa bahawe. Mwananje, Ndahamagaye abo bose bamfitiye icubahiro Jewe Umuvyeyi wabo Nyaguhezagirwa ngo bansabe Nkingire ababonekerwa n'abahanuzi b'ibihe vya nyuma. Barakeneye ibisabisho vyanyu. Nimwaba mukekereza kubijanye n'iyi mitima yatowe ngo ishikirize Ukuri isi nimubasabire rero. Mwese muri ibiremwa vy'Imana. Mubwirizwa kwerekana urukundo mufitaniye. Tangaza Ijambo Ryeranda ry'Umwana wanje ariko ntimukigere mugira uwo mutuka naho yokwanka kubakira kuko baguma ari abana b'Imana.  Ibitutsi ntibikomoka ku rukundo. Bikomokoka ku mwangushi no ku nzigo afitiye abantu bose ku buryo ata numwe itagera umutwe.

Niba Ukunda Umwana wanje hanyuma ukabona ikosa mu wundi mutima urabwirizwa gufuka umunwa. Ntukerurire uwundi muntu wibaza ngo uriko ubigirira Umwana Wanje. Umutima wanje uratemagurwa n'inkota iyo mbonye iyo mitima yanyishikanyeko Jewe Nyina Mweranda w'Imana ifata nabi ababonekerwa batowe ngo bafashe gukiza imitima.  Ni musabe. Ni musabe. Nimusabire ababonekerwa kw'isi bitorewe na Mana Data Mushoboravyose. Nimumenye ko abavuga kw'Izina ry'Umwana Wanje ari barya bafatwa nabi mbere bagakengerwa kuruta abandi. Abo ubutumwa bwabo bwiyamirizwa n'igikenye cinshi, bagahamwa mbere bakanatotezwa nibo kenshi na kenshi usanga baba baratowe n'Imana. Nibo Shetani itera ibitero vyayo ubwa mbere ibicishije kuri benewabo ishiramwo inzigo yo gutuntuza imitima y'ababonekewe mu kubiyamiriza.

Mwibuke ko izi ntumwa ziza kw'Izina ry'Umwana Wanje no kw'Izina ry'Ijambo Ryiwe Nyeranda. Niwiyamiriza uwubonekerwa uzoba uriko uriyamiriza Ijambo ry'Umwana Wanje Nyagukundwa rwose. Nimwame musaba ngo muhabwe ingabirano y'inama Nziza. Ariko ntimwigere na rimwe mwiyamiriza mw'ishengero ubwo butumwa bw'Imana bushikirizwa mu ntumbero yo gukiza imitima ngo yoye kugwa mu mbeya z'umuriro udahera. Niwazibira igikorwa c'aba berekwa uzosanga uriko uratangira urukiza rw'imitima.

  Umuvyeyi Wanyu Nyagukundwa, Umwamikazi w'Ijuru n'Umugabekazi w'Ubukiriro.

 

==========================================================

Benshi bazobabara ububabare bugirwa n'imitima iri mw'ipurugatori- Ubutumwa Umukama wacu Yezu Kristu Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana Ku musi wa mbere Igenekerezo rya 2 Munyonyo 2011 @ 15:32

  Mwumvirize umuhamagaro Wanje  muri iki gihe bane mwe w'ukwishikana ku Mushaha Utatyoye w'Umuvyeyi Wanje Nyagukundwa rwose. We nk'Umushikiriza w'inema zose  yarahawe igikorwa c'ukubazana ku Mushaha Wanje ngo Nshobore gukiza abantu amagorwa abarindiriye nibaramuka bananiwe n'ukuvavanura na shetani. Birihutirwa yuko umwe umwe wese muri mwebwe asaba ashimitse kubw'urukiza rw'imitima.  Imitima yose izoza imbere yanje kandi kuri myinshi ntibizoyorohera. Benshi bazobabara ububabare bw'imitima yo mw'ipurugatori ariko iryo niryo barabara bazobwirizwa gucamwo ngo bashikire ubuhirwe budahera.

Birasumba kure niyo ko wotegera uko ivyo bintu vyifashe ukiri ho hano kw'isi gusumba uko nobareka mukazokwibonerako mumaze gushika yo inyuma y'urupfu. Mu gihe izoba iriko irababara aya magorwa iyo mitima izotyororwa ice iberwa n'ukwinjira iparadizo ryanje rishasha rya hano kw'isi. Imitima yiteguye neza niyo yo nyene izoshobora kwinjira yo. Ndabwirizwa kubabwira ngo mwemere iyi ngabirano muyakirane umuzirikanyi, umubiri n'umutima ukomeye. Ariko muyitegere neza kandi muyimenye nkuko iri, ibarabara ribajana mu buhirwe budahera, akaryo muhawe ko gutegera Imbabazi z'Ubumana Bwanje. Harageze ko mutegura imitima yanyu ubu. Niwamara kurondera gukizwa ibicumuro vyawe imbere yuko Iburirwa riba ubwirizwa gusabira abandi nabo.

Bazokenera kugira inkomezi. Nimuvuge mwese Igisabisho Canje c'Ishapule y'Ikigongwe c'Imana imisi yose kuva ubu. Kizobafasha gukiza iyo mitima nyabworo ishobore guhitanwa n'urupfu iguye igihumura mu gihe c'iki kimenyetso kirengeye ubwenge bw'abantu.  Iki gihe kigiye guhabwa isi vuba. Ntimugatakaze ukwizigira bane banje. Nimunyemere iyo Ndababwiye ko Ndabakunda. Ndabazaniye iyi ngabirano kubera Urukundo Ndabafitiye. 

Umukama wanyu abakunda cane

 

===================================================

Ubutumwa Umugabekazi w'Ubukiriro Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana Ku musi wa kane Igenekerezo rya 22 Rusama 2012 @ 15:26

Nk'abaKristu, murabwirizwa kwitegurira kugwanira Ukwemera kwanyu.(Raba 1 Tim 6;12: Gwana Ingwano nziza y'Ukwemera. Gwanira Ubuzima budahera wahamagariwe  ari naco cagutumye Uraganira ko uzokorera Imana ukagaragagaza Ukwemera kwawe imbere y'ishengero ry'abantu benshi.

Bane banje Nkunda cane ububabare Umwana Wanje ariko arababara kubera igicumuro ca kiremwa muntu burakabije muri iki gihe. Urwanko Yankwa We n'Inkuru Nziza Nyeranda rwose nkuko Yanditswe muri Bibiliya Nyeranda rwose ruragaragarira mu mitima y'abantu benshi harimwo n'amadini y'abangushi atagaragaza ukwemera mu Mana Imwe mu Butatu no muri abo bemeza ko ari abakristu nyene. 

Igicumuro cose gikozwe kirababaza Umwana Wanje nayo igicumuro cose kigoye kiza kimeze nk'ingumu ibabaza cane itewe ku mubiri wiwe. Vyongeye igihe cose hagize uwigisha ibitandukanye n'Ijambo Ryiwe biba bimeze nk'irindi hwa rizibuwe mu rugori rwiwe rw'amahwa rusanzwe rumubabaza.(Raba 1Tim 6:3). Ubwo bubabare bw'Umwana Wanje buzorushirizaho kwiyongera mu gihe igicumuro ku Mana izohakanwa nayo amagorwa y'abaKristu akiyongera.

Naho nyene tuzi ko amagorwa ari ikintu giteye ubwoba ndetse kandi naho amarushwa abahagararira Ijambo ryiwe bacamwo arengeye intege nke zabo ayo magorwa nyene arashobora kubabera akaryo ko kwegera rwose Umwana wanje. Niwemera ububabare nk'umuhezagiro ukareka kububona nk'umuvumo uzoca utegera uko Umwana wanje abukoresha ngo atsinde ububasha bwa Sekibi. Niwemera ububabare utegwa n'abagufata nabi n'abagukengera gushika naho bagushinyaguriza nkuko bizogushikira igihe cose ugendera mu bunywanyi bw'Umwana Wanje, uzohabwa inema nyinshi. Ubwo bubababare ntibuzogukomeza vyo nyene ariko kandi Umwana Wanje Azoguhishurira imbabazi Afitiye abandi bantu n'ukuntu Ashobora kuboza ibicumuro vyabo aciye kuri ubwo bubabare bwawe nyene.  Abantu benshi ntibategera ko iyo wubatse ubunywanyi hamwe n'Umwana wanje kandi ko iyo aba mu mitima kanaka ko ibi bizokwama bivamwo ububababare kuri abo bemeye kumufasha kwikorera Umusalaba Wiwe. 

Umwana Wanje ashobora gusa kwinjira mu mitima imwugurukiye kandi izira ubwishime, amayeri n'ukwirondera. Ariko amaze gufata icicaro muri iyo mitima, umuco w'uko ariho ari uzomurikira benshi mubo bazohura. Bazokwakura abandi babazane kuba abigishwa b'Umwana Wanje. Bazogwanywa kandi na sekibi azokora ukwo ashoboye kwose ngo abajane kure y'Umwana wanje. Sekibi amaze kunanirwa no kugerageza iyi mitima ingwano abagirira izokwiyongera kuruta hanyuma azoca anyegera abandi ngo babagirire ibitero, babagirire nabi bongere babavuge ukutari ko.

Birahambaye cane ko abaKristu bose baguma bari maso kandi bakama bagavye kuko bazi imipango shetani yateguye ngo itandagure imitima yabo bose bakunda kandi bakorera Umwana Wanje. Shetani aripfuza rwose iyi mitima gusumba iyindi yose kandi ntazokwigera aruhuka gushika iguye mu bigeragezo vyiwe. Nk'abaKristu mubwirizwa kugwanira Ukwemera kwanyu kuko ivyo vyose mwamye mwemera kandi muha agaciro mu mitima yanyu bazoshaka kubitwara mu kubisambura bukebuke ingazi ku yindi. Mubwirizwa rero guhurumbira Isakaramentu ry' Ipenetensiya ngo murushirizeho gusubiza hamwe n'Imana kuruta uko mwahora kuko mutireze ibicumuro vyanyu muzosanga bidakunda kuguma muhagaze mu kwemera imbere y'ingwara yandukira y'igicumuro iriko iriha inkumbi kw'isi muri iki gihe ngo isambure ubuKristu.

Nimwame mwiyibutsa bane bane ibintu vyose Umwana Wanje Yabigishije kuko Ijambo Ryiwe Rigiye kuzohakanwa barihindagure ku buryo Ritazoba Rikimenyekana.  Nimuze munsabe Jewe Nyoko Wanyu mukunda cane, Nyina w'Ubukiriro ngo Nsabire umwe umwe wese muri mwebwe ngo mubashe kuguma mugendera mu Kuri. Ni munsabe mukoresheje iki gisabisho ngo mugwanire Ukwemera kwanyu

 

 Igisabisho c'Ingabo za Kristu (151) Kugwanira Ukwemera:

Ewe Mawe Mugabekazi Nyina w'Imana, Mushaha Utatyoye wa Mariya, Mugabekazi w'Ubukiriro, saba ngo tugume tuyobokera Ijambo ry'Imana Nyakuri. Dutegure ngo tubashe kugwanira Ukwemera, duhagararire Ukuri kandi twiyamirize inyigisho z'ivyaduka. Kingira abana bawe bose mu bihe bigoye kamdi uronse umwe umwe wese muri twebwe inema y'ubutwari ntangere igihe tuzoba dushizwe imbere y'ikigeragezo co kwanka Ukuri no kwihakana Umwana wawe. Saba Muvyeyi mweranda w'Imana  ngo tubashe gutabarwa n'Imana ngo tugume turi AbaKristu hakurikijwe Ijambo ry'Imana. Amen.

Muzohezagirwa rwose n'ubutwari bwinshi nimwavuga iki gisabisho c'Ingabo za Kristu. gende amahoro bane banje mukunde kandi mukorere Umwana wanje. Yezu Kristu.  Umuvyeyi wanyu mukunda cane, Nyina w'Urukiza.

 

==============================================================

Ndabazaniye Amahoro kuri iyi Noheli kandi Ndabemereye yuko igihe canje cegereje rwose. ku wa kabiri, Igenekerezo rya 23 kigarama 2014 @ 16:55

Mwananje Nkunda Cane Ndahamagaye abankurikira bose mfise ku mutima muri iki gihe gihambaye cane, ngo baze iwanje bankundire  Ndabafukishe Amaraso yanje y'igiciro Ntangere. Naraje kw'isi Ntanga Inkuka y'ubuzima bwanje nk'ikiguzi mwari mukeneye ngo mubashe kugabana Ikigongwe canje. None rero Nzonyiganyiza imisozi  n'ibiyaga nayo isi izonyiganyiga ninagaruka ngo Ndabazane Iwanje mwese.

Ndabakunda kandi Ndabazaniye imigisha n'imihezagiro mu gihe ndiko Ndabategurira Igihe Canje. Nimutegure imitima Yanyu ku mpa ikaze no kunyakira. Nimukundire ngo Urukundo Ndabafitiye rusage imitima y'abana b'Imana bose mudasize inyuma nabo nyene babahama babahora Izina Ryanje. Ndabazaniye Amahoro kuri iyi Noheli kandi Ndabemereye yuko igihe canje cegereje rwose. Nzoza vuba kubahishurira Ikigongwe Canje. Kuri abo bose bankengera muri ubu butumwa Nzosogota imishaha yanyu yadadaye Nkoresheje Ingabirano ya Mutima Mweranda.  Igihe kiri hafi aho ugukekereza mufise kuzovaho nayyo ivyo vyose bibaremereye Ndabibaremurure.

Gushika ico gihe muzoguma mubabara amagorwa y'ugutandukana nanje mwatawe mwo n'umwami w'ikinyoma cose anezerwa n'uko muri mu bugaragwa butegwa n'Ukunyihakana. Ntimukangambararire bakunzi banje kuko Urukundo Ndabafitiye n'ikigumbagumba Ndabafitiye ari vyinshi. Nje mfise akanyamuneza ariko kandi Mbabaye ninginga abo muri mwebwe muvuga ngo murankunda ngo muhinduke muze iwanje. Amasozi y'ububabare buterwa nuko mudashobora kwemera kuza Iwanje muri ubu buhanuzi buvuye ku Mana  aracuncubuka ava mu maso yanje kuko mwirengagije iyi Ngabirano muronse ku buntu.

Mwabwirizwa kuba muriko muragerageza gutangaza Ukuri mu bandi ariko mwatoye kunyiyobagiza n'ubugome bwinshi ku buryo mwatakaje urupfasoni mufitiye Ubumana bwanje. Kuri wa musi nzoza mu Mbabazi z'Ubumana Bwanje uzoba ari umusi w'imurikirwa ry'imishaha. Muzoca mumenya ubwo nyene ko Nabatwaye mu gihe c'ukunyiyegurira wese kuko ivyaha vyose muzoba mwarakoze bizogaragara imbere yanyu. Ivyo vyose mwakoze bishisha imbere yanje bizobatuma mwinjira mu bubabare muzoba mwarikwegeye mwebwe nyene ubwanyu.  Ukwigaya muzokwiyumva mwo kuzoba kuringaniye n'Ukwemera mufise muri Jewe. Benshi muri mwebwe muzobasha gutegera ivyo mubwirizwa gukora ngo mushobora kwemerwa mu nyonga zanje. Ariko bamwe muri mwebwe bazohakana iryo murikirwa ry'imitima kubera uburinganire bw'imanga mwashize hagati yanje namwe. Kuri abo bishira hejuru n'abishima bari muri mwebwe muzoshima kunyegeza amaso yanyu mu gihe c'igabishwa reka Ndababwire ibi bikurikira. Ntimugatwagwe n'ubwoba kuko namwe muri abanje. Kubera muri abana b'Imana mwaremwe ku gashusho kayo Nzobereka Imabazi Ntangere.

Nimureke gutinya Uwubakunda. Ariko Nimutinye urya arondera kubagirira nabi kuko sekibi niwe mwansi wanyu mukuru. Nimwanyankira kubakiza muzoba abaja bw'Umwansi wanje ariko nimwammwihakana Ububasha bwanje buzibatwikira nce Ndabatabara nongere Ndabazane mu kanyamuneza k'ubwami bwanje. Ndabamenyesheje ibi ngo muzobashe kumenya ko ivyo Menyesheje ko bizoshika ariko nyene bizoba. None rero uwo musi niwashika murabwirizwa kwibuka Amajambo Yanje. Ntimukantinye. Mbega none n'ibiki vyo gutinya ngaha?

Ko nanje Nkabitangira ku Musalaba Nkabahebera ubuzima bwanje, ni kubera iki none wotora gutakaza ubuzima bwawe ubujana kwa Shetani ata kindi arondera atari ugusambura imitima yanyu idapfa? Nta yindi nzira n'imwe ibaho mushobora gucamwo atari Jewe Umukiza wanyu abakunda cane. Nijwe bukiriro bwanyu. Ntimugahunge ubuhirwe bwanyu. Mwame ahubwo mwibuka igihe cose urukiza Rwanje, imbabazi zanje, Urukundo Rwanje n'nubutabazi bwanje Ntangere.  Imbabazi z'ubumana Bwanje ziraho ngo muzihabwe.

Yezu wanyu Nyagukundwa rwose.

 

====================================

Igabishwa rijanye n'Ingwano y'ivyuka bihonya ubuzizma Ku wa kabiri igenekerezo rya 23 Munyonyo 2010 @ 03:00 Mwananje uriko urababara kubera igikorwa uriko urarangura kw'izina Ryanje. Umwijima wiyumva mwo uva kwa sekibi aguma agutera ibitero igihe cose aciye ku bandi harimwo abo usanzwe uzi ashira mu mwiza akabakoresha ngo bakugwanye.

Naho wiyumva mwo ukwihebura womenya neza yuko ukingiwe bikwiye. Narakumenyesheje ko umwangushi atazoshobora kugirira nabi umutima wawe. Ubwirizwa kubandanya uvuga Irozari Nyeranda. ngo ukomeze ukingirwa nawe umwansi ntaze yigere ashobora kugutuntuza umutima. Mu kubandanya ukora aya masabo meranda y'Umuvyeyi wanje Nyaguhezagirwa uzobona ubudasa. Igikorwa ukora uko ushoboye ngo urangure kw'izina Ryanje nticoroshe ariko ubwirizwa kuguma ufise ubukomezi mwananje. Kuko iki gikorwa nicamara kumenyekana kw'isi kizoyizanira amahoro n'akanyamuneza ku bana banje. Abana banje rero nibategera Ukuri bazomenya ko Ntariko Ndabirengagiza canke ko batibagiwe n'Umuremyi wabo ahubwo bazorema gose nibaronka ubumenyi ndiko Ndabashikiriza muri iki gihe gutyo bakomeze baza hafi yanje.

Imipango y'ingwano zimirije. Ntugahagarike umutima mwananje kuko urakingiwe bikwiye naho wiyumva mwo nyene ko uri nta ntege ukongera ugaterwa ubwoba na kazoza. Isi yose mbere n'igihugu cawe kidasigaye inyuma, yimirije kwinjira mu marushwa arengeye ayahahora biturutse ku bakoloni baguma barondera kugenzura ibihugu bikenye ku buryo abantu batobato bazokomeza batwagwa uburenganzira bwabo ari naco gituma ari ngombwa ko mwitegura kuva ubu.  Nari Narakubwiye aho hambere ko ubwirizwa kubwira abana banje ngo batangure kwitegura ubu imbere yuko iyo ngwano y'isi yose itangura. Iyi ngwano Ndiko Ndavuga iriko irategurwa n'igisizimwe gitukura. Ico kigatanyi, ari naco gifise ububasha bushasha kw'isi yose kiriko gitera cisununura kandi vyongeye kizosambura imiji itandukanye mu bihugu vya Buraya. Igihe kiri hafi. Nimusenge. Musabe ko abantu bohinduka kuko aka kabi ntigashobora guhagarikwa hatabonetse ibisabisho bikwiye vyo kukabuza. Sabira iyo mitima izokwitaba Imana biturutse Kuri iyi ngwano y' ibigwanisho ruhonyanganda n'ivyuka bihonya ubuzima. 

Hasigaye imyaka itatu imbere yuko ubwo bugizi bwa nabi butangura kwibonekeza.

Nimutangure gusabira iyo mitima ubu. Mu gihe ubutegetsi buzogira ububasha kw'isi yose bukomeza bwisununura  kandi bukwiza hose ibikorwa vyabo bishimikiye ku mbabazi zitavuye ku mutima, bazoruhira kugenzura uburyo mubayeho, uburyo mufungura n'uburyo musenga. Nico gituma abana banje basabwe kurondera kwigwanako muri vyose. Nimurime imirima yanyu muteremwo imbuto zizobaha ibifungurwa mukeneye. Nimurondere ibibanza muzosengeramwo mugifise igihe aho muzoshobora gukoranira hamwe ngo muhereze icubahiro Izina ryanje.  Nimugire ubukomezi. Ntimubwire abantu benshi impamvu muriko murabikora. hazoca imyaka itatu gusa muce mubona ibimenyetso vy'ubu bugizi bwa nabi bitangure kugaragara mu maso yanyu.  Nimutere ibiterwa bizova mwo ibifumngurwa muzorya. Nimugure imbuto zishobora kutazoba zikiboneka ku masoko muri kazoza. Ivyo bizogaburira imiryango yanyumu gihe inzara izoba ndanse kw'isi yose. Genda rero mwitegure.

Umukiza wanyu Nyagukundwa rwose, Yezu Kristu.

NB!: Apocalypse 12:3: Un autre signe parut encore dans le ciel; et voici, c'était un grand dragon rouge, ayant sept têtes et dix cornes, et sur ses têtes sept diadèmes.

 

Le Conseil de l’Union peut siéger en dix formations différentes allant de la formation « affaires étrangères » à la formation « environnement » en passant par les formations « agriculture et pêche » et « affaires économiques et financières ».

 

===========================================

 

Ububisha butari bwigere buboneka kuva ihonyabwoko rigiriwe abayahudi buriko burategurwa ku wa gatatu igenekerezo rya 11 nzero 2012- @ 15:00

Mwananje Nkunda cane nurabe nawe ukugene abatwara isi, bamwe bakorera umwijima bagerageza gukwiza hose ishari n'inzigo bafitiye abantu banje. Nshaka kuvuga Abakristu na ca bwa bwoko bw'abayahudi Nitoreye. Imigambi igayitse iriko irategurwa ngo bahanagure ubukristu kw'isi yose mu buryo butazogaragara cane hanze kuko butazoba bworoshe guhinyura.  Bizotangura mu guhindagura amabwirizwa shingiro y'ibihugu vyose vy'iburaya.  Ntako batazokora ngo bambike ibara amakereziya y'abana banje b'abaKristu. Abasasaredoti banje bazosokora  buke buke ku buryo bazosiga abantu banje basigaranye ubufasha buke bushoboka mu vy'umutima.  Aya mategeko mashasha yose azoba yihishije inyuma y'icivugo c'ugutegera intege nke z'abandi no guhariranira.

Ukwemera kwanyu bane banje kuriko kurashirwa ku munzane ngo kurageragezwe uko bitigeze biba gushika uyu musi. Ubukristu be n'igikorwa cose kijanye n'ugutangaza Izina Ryanje bigiye kuzobuzwa.  Mu kibanza cavyo bazohashira inyigisho zigaragara zo kubaburabuza. Bazoja narwo bibaze ko izi nyigisho zifise intumbero yo gusubirira Ukuri zitanzwe bikenewe naho nyene buzoba ari ububeshi gusa. uyu mugwo w'abamenja aufise inguvu nyinshi ku buryo ari bake banazi ko unabaho. Naho biri uko bari hose mbere bakaba bishimikiza abantu babo bari hejuru mu butegetsi bagakoresha ibibanza vyabo vyo hejuru. Abana banje bo bameze nk'ibikoresho gusa bakwegera hirya no hino uko bishakiye.

Igihugu canje nitoreye mu bindi ari bo bayahudi barabangamiwe n'uruhamo ruteye ubwoba. hari imipango y'ukubatambagaza nk'igihugu babake ubwigenge bwabo. Abo biyumvira ngo ni abagenzi babo ni abansi babo. Bazogorwa rwose. Ndahamagariye abantu bose ngo musabire Israeli.  Hari imigambi y'ugusubira kubagirira nabi mu ruhamo ruzoba ruteye ubwoba nkuko vyabaye mu gihe c'itsembagurwa ryagiriwe abayahudi na Hitileri. Nimusabe ngo imigwi ya ruziraKristu ihagarikwe maze iyo migambi y'ihonyabwoko bariko barategura itsindwe. Iyi mitima yazivye irakeneye ibisabisho vyanyu gutyo mu gihe c'iburirwa bazoshobore kumenya no kwigaya ibicumuro vyabo.  Nimubasabire ngo bashire ibigwanisho hasi ahubwo bemere imbabazi zanje. baramutse bemeye guhinduka niho ingwano n'imidugararo iri muri Israeli yotsindwa. hari ivyabuwe vyinshi bigiye kuzogaragarira mu maso yanyu

Abo bahunye n'abahakanyi batabona Isezerano ryanje n'abantu babwirizwa guhabwa umuco w'imabazi zanje ngo bashobore kwongera kubona. ntimugahendwe bane banje.  Ibintu  bigaragara nkuko vyoba ari vyiza hanze siko biba bimeze koko. Abasirikare barungikwa hanze ngo baje kugwanira amahoro y'ibihugu benshi muri bo babikorana umutima mwiza  ntibamenya ko bariko baroha ubuzima bwabo mu kwitangira inyungu z'akagwi k'inkorabara. Ntimugatsindwe nubwoba ariko kuko imbabazi zanje zizokwisuka kuri aka kagwi k'inkorabara kagumye kagwanya ekleziya yanje mu binjana n'ibinjana. Ntibazokwigera batsinda kuko ivyo ntivyoshoboka. Nivyo bazotuma haba ibikorwa vyinshi vy'iterabwoba kiretse igisabisho kihabaye ku bwinshi ku buryo kizosambura ububisha bwabo gugisibije. 

Nimuvuge igisabisho c'Ingabo za Kristu ca 18 kigenewe guhagarika ruziraKristu n'akagwi kiwe mpejeje kubamenyesha. .”Umukumzi wanyu Yezu Kristu, Umukiza n'umucunguzi w'abantu bose.

====================================================

Ekleziya Katolika n'Inzu ya Israeli bizohamwa! ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana Ku musi w'Imana Igenekerezo rya 4, Ntwarante 2012 @ 15:30

Mwananje Nkunda Cane umwanya w'ukwo ibikumu vy'ugururwa bizogushikana ku gihe c'ukwugurura igikumu c'indwi kiri hafi kugera. Kubera ibisabisho vyanyu, vyinshi mu mayoberane yari kuba ntazoba akibaye. Kubera mwebwe mwa ngendanyi zanje muriko muremera umusalaba wanje muzoba muri kumwe n'Umushaha Utatyoye wa Mawe mutambuke mugana Ubuninanahazwa bw'ubwami bwanje. Nkuko ibinyoma n'ubugarariji bw'isi bikomeza kwiyongera niko n'ukwemera kwabo bayobora Ingabo zanje kwongerekana.

Ekleziya izohamwa cane cane Ekleziya Katolika n'umuryango wa Israeli. Benshi bizobanezera. Aya madini abiri azohamwa kandi ababanka ntako batazokora baciye indani no hanze yayo ma Ekleziya abiri ngo bahanagure n'ibisigariraVyayo. Hazoba uguhimbarwa kudasanzwe kw'isi yose mu gihe ayo mashengero abiri azoba yarasambuwe.  Benshi mbere bazokwibaza ko ayo mashengero yazimanganye. Niho rero abantu bazokwirengagiza imivyimba yayo. Ariko ibi birakabije kandi birateye isoni birenze urugero kuko ivyo vyabona bibiri bizosubira kuba bizima aho bizozukira ngo bigire Ijuru rishasha n'Isi Nshasha mu gihe amarembo y'Iparadizo ryanje ryeranda azokwugurura ngo binjire.

Nta muntu n'umwe ashobora gusambura igihugu canje nitoreye kw'isi. Bashobora kubatera ububabare n'amagorwa adasanzwe, bashobora kubatoteza, bakababoreza igufa mbere bakanabica,  bashobora kubaburabuza mu buryo bwose harimwo no mu gusitagura no kumenagura ingoro y'Imana n'amasengero yubatswe ngo ahe icubahiro Dawe.

Ariko mu nyuma yaho bazokwivyukiranya bazuke bace bagabana ubwami bwabo bafitiye uburenganzira aho bazokwima mu bwami bwanje bw'Iparadizo Rishasha.  Ntukigere wihakana Imana canke ngo wihakane Ekleziya yayo.  Kuko niwahirahira ukagwa ukagira gutyo, uzoba uriko urakurikira inzira y'ikinyoma kizokuroha mu magorwa y'umuriro udahera.

Umucunguzi wanyu Yezu Kristu.

 

====================================================
 

Bibiliya Ntagatifu izoba ikitoroshe kuboneka - Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana Ku wa gatatu Igenekerezo rya 28 nzero umwaka wa 2015

 Mwananje Nkunda Cane Naratawe mu bugaragwa kandi Ndababaye cane kubera ukuntu Ubukristu buriko buriyamirizwa n'ububisha bukabije kw'isi yose. Ijwi ryanje risigaye rimeze nk'akajwi kongorera ugereranije n'urwamo rw'igisizimwe n'abo bantuka. Ayo majwi y'abantyoza azokomeza kwiyongera gushika naho bazota hanze Ijambo Ryanje Nabahaye. Abahakanyi n'abapagani, abavugishwa b'ibinyoma n'abahanuzi b'ububeshi, abangushi n'abatekamutwe n'abironderera amaronko y'iyi si bazohaguruka bakoranire hamwe ngo bangwanye.  

Abaca mu makanda yanje nabo bazoremekwa umusalaba wanje ku buryo bazowikorera ngo baduge umusozi muremure cane nimba bashaka kuzogumya ibanga ry'Ukwemera n'ivyo vyose Nabigishije. Bibiliya Nyeranda izotangura kubura gushika naho izimangana ikaba ikigoye kuronka imbere yuko bayizimanganya rwose. Ubuhakanyi bwose bushoboka buzokorwa gushika naho Ijambo ry'Imana Rizosubirirwa n'inyigisho z'umwijima.

Mwebwe munyemera Jewe Yezu Wanyu ntimukigere mugwa mu kinyoma ico ari co cose mu kwakira ico cose mwoshikirizwa kitava kuri Jewe. Ni Je Je nyene Ndabakingira ivyoza bibagirira nabi vyose vyongeye muri Jewe gusa niho muzoronkera ubuhirwe budahera. Nimwame mugavye rero mwirinde ibisabisho vy'amahopa bashobora kuzobazanira kuko ntibizoba biturutse kuri Mutima Mweranda none rero ntimukabisubiremwo.  Akajambo gatoyi, iryungane ritoya canke guhanagura kantu gatoyi mw'Ijambo aha canke hariya birashobora guhindura igisabisho mwo amakosa.

Akabi karica umutima gahoze kandi ntivyama vyoroshe kugahinyura iyo kihishije mu bisusa n'ukuri. Harageze gukura ugwire rwose ruri muri mirima yanyu ngo mubashe kuguma mugendera mu Kuri kw'inyigisho zanje nabasigaranye mu gihe ibindi vyose ataco bimaze atari uko bishobora kubatuma mutakaza ukwemera.  Ukwemera mufise muri Jewe no mw'isezerano ryanje ry'Ukuzogaruka mu buninahazwa ntikubwirizwa na rimwe gufatwa minenerwe ngo muhave mwirukira ukwifata amayeri abahanuzi b'ibinyoma, abapfumu, abapagani n'abahakanyi. Abansi banje barakaka kandi bariko barakora bataruhuka ngo babahuvye naho nyene abatari bake muri bo bazi uwo ndi vy'Ukuri  ariko bashaka ko munyihakana uko bigenda kwose.  

Mubwirizwa kuguma mwicishije bugufi imbere yanje nk'akana gatoyi mukama munyizigiye muzi neza ko igihe cose mumpamagaye Nzobayobora Ndabajana mu nzira ijana mu Bwami Bwanje.  Nzokingira umwe umwe wese rero muri abo bizera n'umutima wabo wose Urukundo n'ugushaka kanje. Gutyo ho nyene niho nshobora kuza kubatabara Ngaca Nzimanganya abansi banje ngo Nkwize hose Ukuri maze Isi Nshasha yimirije izoshobora kubamwo umwana w'Imana wese. Ukwizigira, Ukwemera n'ukwizera be n'Urukundo ni ngombwa niba mubwirizwa kuronka ubukomezi bwo kuguma ugendana nanje. Kunkunda ataco wisigarije kandi atakirinze gusabwa bizokuronkera inema nyinshi cane mu nzira ikujana mu buninanahzwa bw'Ubwami Bwanje – Isi itazokwigera irangira.

Yezu Wanyu Nyagukundwa rwose

 

=======================================================

Ubwitonzi buzanana n'Ingabirano yo kubona Ukuri Ku wa gatatu Igenekerezo rya 21 Nzero, 2015 @ 20:24

 Mwananje Nkunda cane, Ubwitonzi n'Ingabirano Yahawe Umuntu kubw'Ububasha bwa Mutima Mweranda. Kuko umuntu naho yogira amatungo yose ashoboka, ububasha bwose bushoboka ndetse n'amabuye y'agaciro yo kw'isi menshi ashoboka ariko adafise Ingabirano y' Ubwitonzi, ntaco yoba afise. Ubwitonzi buzanana n'Ingabirano yo kubona Ukuri Imana Yahaye ubwoko bw'abantu iciye ku bahanuzi. Ariko rero naho bimeze uko, Ubwitonzi ni ikintu kitoroshe kuboneka mw'isi y'uno musi. Niwishinga rero gutamarira ibintu vyose vyagizwe n'ukuboko kw'umuntu abigirira umuntu nyene ntuzoshobora kubona ivyo vyose binyegeje munsi y'ubutaka bw'isi kubera umwina w'ibinezera umubiri n'umutima yaba amajambo y'abantu, ibikorwa bikorwa n'abantu bidakomoka ku Mana umuntu aguma yirukanga inyuma kandi bidakomoka ku Mana.

 Umuntu yavukiye kw'isi ari gusa, ataco yifashije we nyene ubwiwe ahubwo azera ubutabazi bwa benewabo na bashikibe ngo bamugaburire bongere bamwambike.  Avuka afise umubiri n'umutima vyongeye niyava kw'isi nta na kimwe azogenda atwaye harimwo n'ivyambarwa vyiwe nyene yahora yambara. Umuntu arigishwa n'umuntu nkawe ariko abwirizwa kandi kwigishwa n'Ijambo ry'Imana. Ubundi bumenyi bwose bwiyongeye kuri ubwo bwoza ari umusesekara w'inema y'Imana ariko iyo bukoreshejwe ata bwitonzi burashobora gutera imibabaro ikomeye abandi. Iyo ubumenyi bukoreshejwe mu bwitonzi burashobora kurangura imigambi y'Imana yo gufasha no kubungabunga abana bayo. 

Ubwoko bw'abantu buriko burahendwa kubijanye n'Ukuri. Iki kinyoma ntangere kiranunuza ubumenyi buri mutima w'umuntu ugasigara umeze nk'uwumye. Igicumuro ntikigifatwa nk'igicumuro ahubwo gisigaye gifatwa nk'ingeso nziza. Ingeso nziza  nazo  zisigaye zigwanywa ku buryo vuba cane uhirahiriye ukavuga Izina Ryanje mu bantu bizobonwa nk'uko ari icaha. Imikorere ya shetani irakoropa ubwenge bw'umuntu igapoperanya ibintu n'ibindi ivyari imbere ikabishira inyuma nayo ivyari inyuma ikabishira imbere. Shetani ni igihushane c'Imana. None rero niba Imana ivuze ko ikintu kanaka ari ciza shetani izokwemeza ko ari kibi. Ibitunganye bizosigara bifatwa nk'ibihumanye navyo ibihumanye vyitwe ko ari vyo vyiza. Ibicumuro vyose bisesema amaso y'Imana  bizokwemezwa icese ivyo navyo bikazoba birimwo ububisha bwose buzwi. Igicumuro ntikizokwigera kinacishwa no mu kanwa muri ya Dini nshasha ry'isi yose iri imbere navyo ibikorwa biranguwe nabo bahurumbira guha icubahiro Ijambo ry'Imana bizoba bitakirekuwe. 

Nuko rero ubwitonzi, Ingabirano itangwa n'Imana ntibuzoba bukivugwa mu mibano yanyu  mu gihe ubwoko bw'abantu bazotangura guhurumbira imigirwa yabujijwe n'Imana. Isi niyababwira ko Ijambo ry'Imana rikwiye gukengerwa ariko bakabagobera kuja mu bikorwa bijana mu gicumuro kigoye, none rero sinzoba ngishobora kugukiza. Kiremwa muntu ariko arahimirizwa gutangarira amategeko y'ububisha ahakana Ijambo ry'Imana  nabo anbansi banje bakora uko bukeye uko bwije ngo bahindure kahise k'abantu. Ibintu vyose bikomoka ku bukristu bizozimangana vuba gushika umusi ushitse aho muzohamwa muhorwa ko mwakiriye amasakaramentu meranda.

 Ariko mu mumenye ko  ku gikorwa cose  kibi kirangurwa nabo banyanka  Imana Izosuka Mutima wayo mweranda ku bantu bayo ngo Ituze iyi nabi. Imana Itagize gutyo nta mwizero munini wohaba wo gutabara abana bayo ngo ibakure mu muzimagiza.  Shetani yarakwiragije ubumara bwayo yayo mu nkombe zose zo kw'isi. Abo bose ishimisha ni abakozi bayo babitumwa n'umurimo mwitumo ku buryo baryoherwa iyo batsinze abantu b'Imana gushika bashoboye gushikana isi yose ku birenge vyabo. Ariko (I)mana kubw'urukundo rwiwe abafitiye azokomeza akora ukwo ashoboye ngo ubwitonzi yahezagije Umuntu kubw'ububasha bwa Mutima Mweranda buze bube Ikigwanisho azokoresha ngo afashe abamwihebeye gutabara abantu ngo babakure mu mwotsi wa shetani.

Umuco w'Imana uzokayangana n'umwakaka mwinshi mu bantu bayo no munsi y'uburinzi bwayo bweranda bazotangaza Ijambo ryayo gutyo bafashe abandi kugabana Umutima w'Ubwitonzi. Imishaha Inzi vy'ukuri izotumbera Imana kubw'Inema yayo y'ubwitonzi kuko azokayangana nk'umuco w'izuba yongere azanire amahoro n'umutekano abana b'Imana bose bazokengerwa mu gihe batangaje Ijambo ry'Imana n'urukundo bayifiye. Ikibi ntigishobora gutsinda Ingabirano y'ubwitonzi Imana Yimirije kuzoronsa bao bose Bayikunda. Muri ico gihe nta na kimwe kizoshobora guhagarara mu nzira y'Imana mu gihe Izotambuka ngo ikoranirize amakungu yose mu maboko yiwe yuzuye Urukundo n'Umutekano ntangere.

Amadini yose, imitima yose, ibihugu vyose bizohabwa Ingabirano y'Ubwitonzi ariko Ishobora gusa kwakirwa vy'Ukuri nabo bakunda Imana n'umutima wabo wose kuko ni ku bw'urukundo bayifitiye bazoshobora gusabira abo  batayica n'irwere.

Yezu Wanyu!

 

==========================================================

Kuvuga Irozari Nyeranda Imisi yose: Umusi umwe(Igenekerezo rya 16 Munyonyonyo 2010 @ 23:00, Umukama wacu Yezu Kristu Yabwiye umusavyi wiwe Mariya W'Ikigongwe c'Imana ati:

 Uzompereza Igisabisho c'Ishapule y'Ikigongwe c'Imana kw'isaha y'icenda imisi yose ngo umfashe gukiza imitima. Vyongeye Ubwirizwa kubandanya kuvuga Irozari Umuvyeyi Wanje Nkunda cane yahaye isi kubera igikorwa afise co kumfasha gutegura igaruka ryanje mu buninahazwa hano kw'isi. Imitima myinshi iguma itakara buri musi itwawe na sekibi. Ntibishoboka ko iyo mitima iguma itakara. Ese wokunda kumfasha gukiza iyo mitima nyabworo. Niwiyambure ugukekereza kwose. Ahubwo niwibuke ico ujejwe. Mfasha kwugurura amaso yabo babashe kwiyeza gutyo baberwe no kurenguka mu maso ya Dawe Imana Yamaho biteguye neza. Ese iyaba woshobora kuguma wiyumvira gusa ico ivyo bizoshikako ntiwokwigera ureka gutegera ukuntu bihambaye cane n'ukugene uwu muhamagaro ata handi uva atari ku rukundo mfitiye imitima y'abana banje mu Mushaha wanje.

Mbe bane ivyo nobigereranya n'iki? Urukundo rw'Umuvyeyi nyawe nta mbibe rugira. Hagize Umwana umwe ayoba akajana inzira itari yo biramubabaza umutima nk'uko womengo ni inkota iriko iramusogota. Umuvyeyi wese akunda abana biwe ntako atagira ngo abagwanire gushika. Uko niko bimeze no kuri Jewe nyene. Urumva rero Nzokora ivyo nshoboye vyose mu bumana bwanje ntivanze mu mwidegemvyo w'umuntu wese wo guhitamwo kunkorera ata gahato kagiye mwo ngo ngarure imitima yabo ndayishikane ku Mushaha wanje Mweranda Rwose. Fata Inkota yawe rero kuva ubu nyene. Ubwirizwa kugwana ku ruhande rw'Umucunguzi Wawe n'Imana Yawe muri iki gikorwa ca nyuma co kuzanira ubukiriro abana b'Imana bose imbere y'umusi w'urubanza.

Nimugende amahoro n'Urukundo musangire Umubiri Wanje Mweranda uyu musi   Umukunzi n'Umukama Wanyu Yezu Kristu

 

=======================================================

Impanuro cumi zo kugarukana amahoro n'umutekano mu Burundi

1. Guma Utekanye. Ntuze wigere ureka ngo umwangushi agutware mu bwicanyi. Wame uhagarariye Ukwemera Yezu Kristu Yapfuye Akazuka ngo Acungure abantu bose. Kingira Umuryango wawe. Garuka kwa Yezu. Vuga Ishapule y'Ikigongwe c'Imana imisi yose.

2. Vuga Irozari imisi yose. Twishikane ku Muvyeyi Bikira Mariya ngo atugarukane kwa Yezu mu kudusabira. Nimuze dukoranire hamwe turi benshi tuvuge Rozari ngo dutsinde urwanko mu Burundi. Igisabisho niyo nyishu y'Ingorane y'umutekano muke uburundi burimwo.

3. Ntihagire na kimwe kiguhagarika Umutima, Yezu Yaratsinze Shetani! Haguruka usubire ugende mu Nkuka ya Misa ku musi w'Imana ntugasibe canke ngo ucererwe gutabaza uwagucunguye. Vyongeye ntukigere utinya na rimwe kugaragaza Ukwemera ufise mu Mana imwe mu Butatu: Data, Mwana, na Mutima Mweranda. Bishobotse genda mu misa kenshi mu ndwi usangire Yezu mu Karistiya witeguye!

4. Wame wibuka ko abagendanira Yezu Kistu bazorerurwa bakajanwa nawe mu bicu kurindira ubuninahazwa bw'Iparadizo nshasha kw'isi. Abapfuye bafise ukwemera ntaho bagiye kuko naho mu Burundi hari abana b'Imana benshi b'inzirakarengane bapfuye biteguye gusanganira Umukama bazonezerwa mw'Iparadizo rishasha bisigura rero ko tuzosubira kubonana nabo mu buzima budahera. Nico gituma tubwirizwa kuguma duhagaze mu kwemera dusenga kandi dukundana ntihagire ikiducanishamwo na kimwe.

5. Kugenda kw'iparuwasi ikwegereye gushengerera Yezu mw'Isakaramentu ryeranda n'imiburiburi rimwe mu ndwi ukamara isaha nyeranda utakambira Yezu ngo atabaze amahoro Uburundi. Mu guhebera Yezu akanya kawe umarana nawe mu gisabisho ivyo bizofasha kuzana Uburundi hafi y'Umukama wacu Yezu Kristu, we Mwami w'Uburundi n'isi yose. Uko abantu benshi bazoza gushengerera Yezu bamutura Uburundi n'abarundi niko igihugu cacu kizotwikirwa n'Ububasha bwa Mutima Mweranda.

6. Kwiza ubu butumire mu bagenzi bawe n'ababanyi bawe bose ubabwire kuja gushengerera Yezu mu karistiya kenshi bamuhereze imitima yadadaye niyo yose yazingamiye mu bwicanyi n'inzigo y'akazikira ishimikiye ku kwihorahorana ngo yemere ikubite ibipfukamiro imbere ya Kristu Umwami wacu gutyo bamusabe abagirire Ikigongwe ku bicumuro vyabo ngo bazoberwe n'ukwakirwa mu buninahazwa b'ubwami bw'ijuru.

7. Mubwirizwa kwamana amazi ahezagiye mu nzu n'ukwama mufise ishapule kumwe namwe, mwambare Umusalaba uhezagiye bishobotse mugashobora kuwuronka Umusalaba wa Benedicto Mweranda, muhezagire inzu zanyu n'amazi ahezagiye mu kuyamijira mu mpande zose muriko murasenga. Ibikugoye vyose ubishikirize Yezu.

8. Mumenye neza ko ingorane z'uburundi ziterwa na Shetani. Uruhamo Uburundi buriko buracamwo ruva kuri shetani n'abo yagize abaja bayo ngo ibakoreshe mu guhungabanya umutekano wa benewabo. Aba bacumuzi nyabworo itwara kure y'Imana barakeneye gusabirwa kuko amizero yo nyene bafise ngo bashikire Ubuhirwe budahera ni Yezu Kristu umucunguzi. Kubw'igisabisho n'amasakaramentu cane cane Isakaramentu ry'Ikigongwe, muzoronka ubukomezi bwo kuzigama ibanga ry'Ukwemera muri ibi bihe bigoye uburundi burimwo.

9. Ibihe vyose Uburundi buriko buracamwo vyari vyarabuwe na Mazarahisha Siriro yabonekewe na Bikira Mariya arira amaraso mu Novisiya yo mu Giheta mu mwaka wa 1985 ariko abarundi baranse kwumviriza. Birakenewe rero ko urukurikirane rw'amahano Uburundi bwagumye bucamwo ruba nkuko vyose vyari vyaramenyeshejwe kugira ngo akabi gahanagurwe burundu mu Burundi no kw'isi yose. Bavita Ityororwa.

10. Yezu ati: Mubwirizwa kuguma mwicishije bugufi imbere yanje nk'akana gatoyi mukama munyizigiye muzi neza ko igihe cose mumpamagaye Nzobayobora Ndabajana mu nzira ijana mu Bwami Bwanje.  Nzokingira umwe umwe wese rero muri abo bizera n'umutima wabo wose Urukundo n'ugushaka kanje. Gutyo ho nyene niho nshobora kuza kubatabara Ngaca Nzimanganya abansi banje ngo Nkwize hose Ukuri maze Isi Nshasha yimirije izoshobora kubamwo umwana w'Imana wese. Ukwizigira, Ukwemera n'ukwizera be n'Urukundo ni ngombwa niba mubwirizwa kuronka ubukomezi bwo kuguma ugendana nanje. Kunkunda ataco wisigarije kandi atakirinze gusabwa bizokuronkera inema nyinshi cane mu nzira ikujana mu buninanahzwa bw'Ubwami Bwanje – Isi itazokwigera irangira.