Messages 2

08/10/2017 15:15

Ubutumwa bwatanzwe n'Umugabekazi w'Ubukiriro ku wa mbere Igenekerezo rya 23 Kigarama, 2013 @ 18:36: Ubu bugizi bwa nabi bugamije kwigana Ijambo ry'Imana buzotuma benshi bibaza ko ryoba ari Ijambo ry'Imana ririko rirashikirizwa mu rurimi rw'ibihe vya none

  Mwananje, umwijima uzokwururukira kuri Ekleziya y'Umwana Wanje bukwi na bukwi ku buryo benshi bazogwa mu gahundwe bikabananira n'ukugira ico bavuze.  Bazotangaza yuko Umwana Wanje Yezu Kristu Umwami atakiri Umwami.  Mu kibanza ciwe bazokwimika ibigigwamana vy'abapagani n'ivy'ama dini yose hari mwop n'ayadaturuka ku Mana bazohabwa ibiti n'ibibanza vy'iteka mu Ngoro y'Umwana Wanje ya hano kw'isi. Ab'isi bo ubwabo bazobona ubwo buhemu bw'Ijambo ry'Imana buzogaragara muri iyo dini rishasha nk'ikintu ciza. Ab'isi bazohimbarwa kuko benshi bazokwakirana akanyamuneza idini rije ritavangura kuko vyose bizoba vyemewe harimwo n'igicumuro kuko muri iyo dini nta gicumuro kizoba kikibaho.

 

  Igihe umwana wanje yagendagenda kw'isi, abafarizayo baranse kwakira Ukuri.  Batoye kwemera ivyo biborohereza gusa ibindi vyose baravyiyobagiza ku buryo wasanga bemeye n'ibintazi vyinshi. Baranse gusanganira n'akanyamuneza Umwana wanje yari aje kubagwa mu nda mu gihe yariko arabatangariza Ijambo ry'Imana. Igihe casubiye gushika aho bagira ngo barize Ukuri aho bazokwihakana Umwana wanje. Aha nshaka kuvuga Ijambo Ryiwe Ryeranda nkuko Ryari ryarandittswe mu Nkuru Nziza Nyeranda.  Vuba cane, Igitabu ceranda Rwose kizokengerwa bace bagisubiriza ikindi gitabu cuzuye mwo amajambo y'abantu atukisha Imana. benshi bazotakara kubera izo nyigisho z'ibinyoma.

 

Abansi b'Umwana Wanje bafise amayeri menshi ku buryo benshi bazokwibaza ko ryoba ari Ijambo ry'Imana ririko rirashikirizwa mu rurimi rw'ibihe vya none, naho shwi.

Amajambo y'Umwana wanje azokoreshwa  acuritse ku buryo azosigura ikintu atahora asigura ikintu atigeze avuga. Sekibi aciye ku bansi b"umwana Wanje azokwama arondera gutera imbuto y'ubwangushi ngo ahende isi akoresheje ukuri ngo ashike ku kinyoma yipfuza gushikiriza. Bazokwama bagwanya Ukuri mu gukoresha Ukuri ngo batyoze Ijambo ry'Umwana wanje. Bazohera kw'Ijambo Ryiwe kwanza ariko barondera kurisambura mu kurishinyaguriza hanyuma bace barinebagura mu gushimagiza ikinyoma.  by mocking it and then by discarding it, in favour of heresy. Then they will attack His Flesh. The Word was made Flesh in the form of my Son. They crucified my Son before and now, as He comes again to renew the Earth, they will destroy the Holy Eucharist.  All of those with faith must persevere during these terrible birth pangs, because when it is all over the Son of Man will rise and will come to reclaim His Kingdom on Earth. Those who love my Son must honour Him at all times and never deny Him. You must be prepared to live by the Truth and never succumb to accepting lies, which will be spread all over the world and the, soon to be declared, new one world religion. When you see these things happen, be assured that the time will be close for the Second Coming of the One True Saviour – Jesus Christ, the King of humanity. Your beloved Mother Mother of Salvation

 

Mubo mutari muniteze ko boshobora guhakana Yezu Kristu harimwo n’abakuru b’Ekleziya bazohagararana na Sekibi n’abankozi biwe

Muzokwumva ubukomezi nyabwo n’inguvu zizotangaza n’abasanzwe bitonda muri mwebwe.  Abanyantegenke bazokomezwa. Abanyabwoba bazohinduka intwari nabo abahora bagenda bacuritse umutwe bazotambuka  bagororotse n’umwete mwinshi ngo bagwanire ukuri. Mu nyuma Ekleziya y’abasigaye izokura  maze ingane na ma milliyoni naho nyene umwansi atazohengeshanya gushira imitego myinshi imbere yabo. Ingabo za Kristu zizohaguruka n’ububasha bwinshi zishigikire ko Imana iriho. Ariko mubo mutari muniteze ko boshobora guhakana Yezu Kristu harimwo n’abakuru b’Ekleziya bazohagararana na Sekibi n’abankozi biwe. Bazogwa mu kabi kubera ukwemera guke bazoba bari basanganywe. Ubumenja bazobwirizwa kurinda buzoba bumeze nka bumwe Narinda igihe bariko barantoteza. Nimwumvirize aya majambo mwebwe mwese munkurikira. Ntimuze muhirahire ngo mukurikire ibirenge vy’abo bangushi! Niyo bobatera ubwoba gute.Ntimuze mwigere mwemera ivyo babemerera ivyo ari vyo vyose kuko buzoba ari ububeshi gusa. Nimube intwari. Nimusenge kugira mwuzure ubukomezi. Uruhamo ntiruzomara igihe kirekire. Murame mugavye bakristu kuko nabo bagenzi canke abo mukundana nyene bari hafi yanyu, abo mubana bazotakaza ukwemera.

 Birashoboka ko bazobigizayo bakabinuba, mugatwengwa mbere bakabatera ivyatsi mw’ishengero. Murabiraba nkuwutabinezwe. Nzobamurikira mwese kandi nzobakingira kuko iki gihe ntikizomara umwanya munini. Ikizobababaza cane nuko muzobona bangambararira kandi biyobagiza ukuri.  Ibihugu vy’abagarariji nivyo bizogenzura isi.

Igisabisho kirashobora kugabanya vy’inshi muri ayo makuba yimirije. Uruhamo ruzogwa kuri batari bake muri mwebwe munyemera na Data  ruzova ku bihugu bitagira urukundo.Urukundo rw’Imana. Urukundo rwo nyene bafise mu mitima yabo n’urwo kuganza ibihugu bikenye. Kugenzura no kuganza abandi nico kibaraje ishinga. Ubuninahazwa n’umwina w’itunga rya hano kwisi no kubaganza mwebwe n’ibihugu vyanyu na mwebwe muzokwanka kumpakana. Muramutse mugiye narwo mukaja ku vyiyumviro vyabo muzosanga bitoroshe kugaruka kuri Jewe kuko mutazoshobora kumenya inzira mwocamwo ngo mugaruke. Bizosaba ubutwari budasanzwe imbere y'uruhamo ariko muzotsinda. Muzobabara kubera urukundo munfitiye, kubera igishika mufitiye Data bizotuma mwakirana ayo magorwa akanyamuneza mu mitima.

 

Hazokwaduka ubutegetsi bw'Umukazo.

Kubera ihindagurika ryimirije mu bijanye n'isi yose, kubera akajagari n'ingwano mu bihugu, kubera uruhagarara,hazoba ubukene bw'infungurwa. Intwaro rusangi zitorewe n'abanyagihugu zizogabanuka n'ingoga ubwo muce mubona intwaro z'igikenye ziganza. Abo bategetsi b'umukazo bazobigirana amayeri ngo ntibahinyuke. Bazokwitamwo baseruke nk'abumnvikanisha abatase mbere nk'abashaka kubakiza. Kubera ko bazoza nk'abagamije kubagaburira, bazoca bagenzura uburyo mubaye baganze ivyo mutunze ngo babigire ivyabo. Muzobwirizwa kubasaba uruhusha no mu kugira ngo mugaburire imiryango yanyu. Kugira ngo mugire ingendo bizosaba urupapuro rukuranga kandi bazorinda kugusaba kwemera ko bagushira ko ikimenyetso c'igisizimwe. Murazoca mutungwa nayo mwameze bane banje.Mwinyegeze. Kuko ububisha bwabo ntibuzogarukira aho. Bazobahatira gusenga ibitar Imana kuko Imana siyo bubaha. Abo ndiko ndababwira bane banje ni ingabo za Shetani none ico barondera n'uguhumanya imitima yanyu mu kubashira ko ikimenyetso ca Shetani.

Mwebwe munyemera nimwitegure. Nimusubire mu masengero yanyu vyihutirwa.Nimusenge Imana Data Rugiravyose. Nimukoranire mu migwi musenge, musenge. Saba isakaramentu ry'ikigongwe musubize hamwe n'Imana kugira ngo nimwabona imurikirwa ry'imishaha muzoshobore kuryakirana ukwicisha bugufi uko musanze umutima wanyu umeze ataco mwinona. Vyongeye musabire imiryango yanyu n'abagenzi banyu, abana banyu n'ababanyi. Bose barakeneye kwitegura. Benshi bazoshobora guhinduka nibibonera n'amaso yabo ukuri kw'ubumana bwanje. Benshi bazogwa igihumura bamaze kumenya ukuntu bambabaje. Abandi nabo ntaco bizobabwira kubona barancumuyeko. Igihe kiriko kiregereza. Nsaba kugutabara.

Ibimeneyetso vyabuwe biragaragara mu bihe murimwo, bane banje. Bibone muce muvyemera uko biri. Imigumuko, nyamugigima, imvura y'inkukura n'imiyaga, uguhindagurika kw'ibirerere. Ubu bigiye kuzokomeza kwigaragaza. Amahera agiye kuzokomeza gukena mbere n'ivyokurya bizokena. Ariko ntimwibaze ngo vyose biratakaye kuko igihe cose muzontakambira ngo ndabatabare, ibisabisho vyanyu bizokwumvirwa. Nzobafata ukuboko kandi nzobagwanako muri ivyo bihe bigoye. Ariko mubwirizwa kwugurura imitima yanyu. Muragaba kuko bazogerageza kubazimiza ngo mwemere gukurikira ubwo bubisha. Mugumane inema yeza mwame mwiyejeje ku mutima no mu vyuyumviro. Muramane ukwicisha bugufi mu nyifato yanyu ariko ntimwigere mutinya kugwanira ukwemera mufise muri Jewe.

Umwanya wo gutegura imitima yanyu. Igihe kirashitse. Genda bane banje mutegure imitima yanyu. Nimurondere inema mukeneye mu guhabwa amasakaramentu ngo mube beranda. Hanyuma munsabe kubashira mu maboko yanje kandi munsabe n'ubuhirwe budahera. Urukundo n'imbabazi mfitiye umwe umwe wese muri mwebwe ni igitangaza. Imurikirwa ry'imishaha, imwe mu ngabirano z'agaciro ntangere nshobora kubaronsa imbere yuko Nza kubacira urubanza rwa nyuma, ibwirizwa kwakirwa n'umutima wo gukenguruka. Murashimira Imana kubera ino ngabirano ihimbaye cane. Kuko ni hagera ko imishaha ya benshi igaruka ku Mana mu mpande zose zo kw'isi, muzoba muri maso kubona Ijuru rishasha n'isi nshasha bizofatana bikaba ikintu kimwe- Iparadizo yanje n'ugutorana ubuninanahazwe umwe umwe wese muri mwebwe yagenewe gusangira nanje, nimwashima kubitorana.

Nimwitegurire iryo murikirwa ry'imishaha bane banje. Kuko ubu igihe kiregereje cane.

Umukiza wanyu Nyagukundwa, Umucamanza w'ubutungane kandi Munyakigongwe, Yezu Kristu

 

Abo bose bazonanirwa kwitegurira uwo musi ukomeye cane bazosigwa inyuma mu mubabaro udasanzwe.

Umukama ati : Igihe canje kiri hafi kandi kubera ico birakenewe ko umuntu wese aba kw'isi yokwitegura neza nkuko yoba yiteguriye gukurwa kuri iyi si igihe ico ari co cose.

Ntimwirengagize uyu muhamagaro wanje. Kuko abo bose bazonanirwa kwitegurira uwo musi ukomeye cane bazosigwa inyuma mu mubabaro udasanzwe. Ku musi Nzogarukira mu buninahazwa, uwo nawo ukaba uzoza haramaze kuba iburirwa, imurikirwa ry'imishaha aho Nzohishurira isi nzima Uwo Ndiwe, murasabwe kwama mwiteguye. Nzanywe na mwebwe mwese ngo ndabajane mu kanyamuneza k'iparadizo nshasha. Nta numwe ndota nkumira kuko umwe umwe wese muri mwebwe ari umwana w'umukundwa w'Imana. Abatazi uwabavyaye bazomenya ubwo nyene uwo ndiwe.

Bizomera nk'umwana  yatandukanye n'abavyeyi biwe akiri muto aca amenya ko ari amaraso yiwe bagihura nabo naho vyotwara ubuzima bwose imbere yuko babonana. Bizoba nk'ibisanzwe ariko cane cane ku bazoba bafise imitima isusurutse ico gihe ca nyuma kizobuzuza urukundo ntangere.

Ntimutinye bane banje.  Abo nabo batora kwemera ibigirwamana bakananirwa no kwizera Ubutatu Bweranda, ntimuzoheza ngo mube maso kunyemera kuko mwamye mumpakana igihe cose. Ariko Jeho nzobakwega ndabugumbire mu maboko Yanje. Ububasha bw'Imana buzobashungurukirako kubw'ingabirano ya Mutima Mweranda ku buryo muzosanga bitoroshe kumpa umugongo.  Gutyo rero kuri abo bose bazombona harimwo n'abanyanse muri ubu buzima, abatari bake muri mwebwe muzomenya ukuri muri ako kanya nyene maze muce munkundira ndabagwe mu nda, ndabugumbire mu Maboko Yanje Meranda rwose.

Nzobaterura mwese mu kanya isase maze mbajane mu kanyamuneza k'Ubwami bwanje. Muri uwo mwanya nyene hazoca hatangura intango y'iherezo. Iyo mitima izogira RuziraKristu ikimungu cayo bakaba bariyeguriye ico Kigatanyi mu mibiri, mu mitima n'ubwenge bwabo, bagaca batora kuba abaja ba Shetani ku gushaka kwabo, ntaho bazoronka bikika, ntaho bazoronka binyegeza kuko bazotabwa bo nyene basigare ata kibafasha, kuko Shetani izoba yabahevye.

Kanatsinda muri ico gihe, shetani izoba yatawe mu mvuto z'inyenga y'umuriro, nabwo ububasha bwayo buzoba butakibaho. Iyo mitima yatakaye, ndayibwiye nti: No muri ico gihe nyene nzoba ngishobora kubereka imbabazi zanje. Murashobora kuntakambira mukansaba muvuga muti:  "Yezu, ntabara umfashe. Yezu, ngirira ikigongwe ku bicumuro vyanje vyose" gutyo namwe nzobaterura Ndabajane mu Buninahazwa bw'isi yanje nshasha.

Nzokiza umutima wose uzontakambira imbere yuko Ijuru ryugarwa, imisozi igasidagurika, inyanja n'ibiyaga bikisuka kw'isi ari naho ikirere kizonyika hamwe n'isi ya kera hagaca haseruka Iparadizo rishasha, Ijuru rishasha n'Isi nshasha nkuko yari yararemwe mu gihe ca Adamu na Eva, maze bose bace buzura akanyamuneza. Kuko uwo musi uzoba umusi ukomeye cane mu mateka y'abantu kuva Imana irema Adam na Eva.

Ntimuze mwigere mutakaza ukwizera ariko mukomeze kuzirikana aya majambo mbabwiye. Nabo nyene barashobora kuba mu buhirwe budahera bwuzuye ubuninahazwa nta ngere kumwe n'abana b'Imana bose. Iyi Paradizo nshasha ni uburenganzira bwanyu kuyitorana. Ntimugishe iyi ntoranwa yanyu Data yabaremeye mu guhurumbira ivyo shetani ibemerera itabigaba. Ndabakunda mwese. Nimugume mu Rukundo rwanje vyongeye nzokwama ndabakingira akabi kose.

Umukama wanyu, Yezu Kristu

 

==============================================================

St. Michael’s Abbey, El Toro California, at 1:00pm

Ubutumwa bwatanzwe na Mikaheli Meranda umumalayika mukuru

Raba igihe cuko ibintu bihinduka kiregereje

Bantu bo kw'isi yose- Nimumenye ko igicumuro c'isi kitagishobora kwihanganirwa na Data avyagiye mw'ijuru. Nico gituma hari ibintu vyinshi vyimirije gushika, ivyo bizohinduka bizotuma isi yose ihinduka ku buryo bizotangaza abo bose baba kuriyo. Ivyo bizohinduka bizoba ibitumvikana kuri mwebwe kiretse mushoboye gutegera imigambi ya Mana Data kuri mwebwe mwese. Igituma bitazokwumvikana ni uko muzogira muti: Vyoshoboka gute ko amakuba nkayo yoshikana isi mu bihe vyiza? Ariko mumenye ko ibintu bikeneye guhinduka kugira bibamature kubibahuma amaso bigatuma mwirengagiza So wanyu wo mw'ijuru. N'abagerageza kurusha abandi muri mwebwe mu bijanye n'ubweranda mwarakomeje gutwarwa n'amatungo aboneka no kwirukanga inyuma y'ivy'isi mukomeza kwirengagiza Data wo mw'ijuru, Mwana n'Umukiza wanyu hamwe n'Umuvyeyi wanyu Nyina wa Jambo bakomeje kubakingira no kubereka inzira mu buzima bwanyu butandukanye, naho benshi muri mwebwe  mudafata akanya gakwiye  ngo mushimire Imana mu buzima bwanyu bwa misi yose.

Benshi muri mwebwe murishinga ibihenda maso murondera ubutunzi n'amatungo y'isi. Ubu Umukama wanyu n'umukiza  ariko aramenyekana kuruta  mu mitima yanyu kuko muriko murategurirwa ibimenyetso bihambaye biri hafi gushika kuri iri si. Abatari bake muri mwebwe mwakomeje kwitegurira ivyo bihe vyimirije mugabo kandi bamwe muri mwebwe ntimwemeye n'inusu y'ivyanditswe biraba ukwemera kwanyu. Igihe cashitse aho mubwirizwa gushira ku ruhande imitwarariko y'iy'ivy'isi ngo mube maso gutyo muhimbarwe no kwakira  urukundo rwa So wanyu wo mw'ijuru mu buryo nyabwo.

Mubwirizwa kumenya ko ibintu bihambaye biri hafi gushika kandi ko umwijima uriko urategurwa n'inguvu za Shetani zifise abaja bazo ba hano kw'isi bagamije kubahuma amaso ngo ntimubone ukuri kujanye n'intoranwa Data yabateguriye mw'isi nshasha n'ijuru rishasha. Igine carashitse aho Ingabo Za Kristu aribo intore zitorewe na Rugira, ko zerekana aho zihagaze ngo zigwanye kandi zitsinde inguvu z'umwijima ziganje kuri isi si mu myaka 1000. Ngibi ibihe vyagezwe aho mubwirizwa kwambara ivyambarwa vy'urugamba bibakingira umwansi mu bihe vy'amakuba mwimirije gucamwo. Muritegereza neza abarongozi banyu n'abanyapolitike. Muragabe ku bagenzi ba wa Mwangushi barondera kubagenzura, kubaganza mu vyanyu no kurongora bantu bose bo kw'isi babicishije mu kugenzura amabanki, ubutaka bw'isi yanyu, aho mukura ivyokurya, inyigisho zitangwa mu mashule yanyu, amasengero yanyu n'amakaminuza yanyu.

Nimumenye ko abansi ba So wanyu wo mw'ijuru bakomeza kwitegurira kurugamba rwo kubagwanya, none namwe nyene murabwirizwa kwitegura mukaba maso.

Abo babeshi bakaba ari abagenzi ba Sekibi, baramaze imyaka bimenyereza kandi bategura kuzosenyura Intwaro z'ibihugu vyo kw'isi, bagatanguza Itunganywa rishasha Ry'isi nzima rizogira abaja babo abantu bo kw'isi yose, bakabahatira ku mategeko yo kubakandamiza no kubagira abaja. Urashobora kubona ivyamwa vy'ibikorwa vyabo bigayitse mukwihweza ibikorwa vyabo vyo gutanguza imigambi yo gutanguza uburyo bwo gutunganya amavuriro n'amagara y'abantu mu buryo butungisha abagenzi ba Sekibi  mu gihe ata kindi baba bagamije atari kugenzura no kwigabira umwe wese muri mwebwe. Abangushi n'abakozi ba Shetani barakomeza kwitegura kugira abaja babo isi yose mu kuzotegeka uburyo bushasha bwo kwitaho amagara y'abantu mu bihugu biteye imbere ngo bibere akarorero ibihugu bikenye..

.================================================================

 

Mugabekazi w'ubukiriro: Vuba cane muzobona babaha imigirwa yo gusubirira Inkuka Nyeranda y'Ukaristiya ico bazoyisubiriza ikazoba Atari Umubiri w'Umwana Wanje!

Ku wa Gatanu, Igenekerezo rya 2 Myandagaro, Umwaka wa 2013

Mwananje, mpagaze imbere y'Umwana Wanje muri iki gihe ngakubita ibipfukamiro imbere y'inyonga ziwe nuzuye amaganya. Nkuko nabwirizwa kuba icabona c'ukubabara kwiwe hano kw'isi mpagaze munsi y'umusalaba, mu gihe c'ukubambwa kwiwe guteye agahinda n'ubu mbwirizwa gusubira kubabara kubw'amagorwa agiye gusubira gucamwo.  Ukubambwa kw'Umwana Wanje kugiye gusubira kwiyerekana mu Mubiri Wiwe, Umubiri Wiwe wihishije mw'Ekleziya yiwe ya hano kw'isi, aho agiye gusubira gukubitwa no gukubagurwa n'abiwe.

Abansi biwe bihishije muri Ekleziya yiwe bazokwongera gutabagura Umubiri Wiwe, bamutyekeze kandi bamukubite, bahumanye Ekleziya Yiwe imbere yuko bayisambura. Ekleziya y'Umwana wanje igiye  kuzokubitwa mu kamaramaza kazoba intambwe ya mbere yo gusubira kumubamba kw'isi muri iyi minsi. Bazofata Umubiri Wiwe, baciye kuri Ukaristiya Ntagatifu, bamutuke bongere bamutyoze. Hazoba ibimenyetso vyinshi bizoranga ibi bintu kuko ataco batazokora ngo bamusuzuguze mbere ngo bamuvume. Bamaze gutyoza Umubiri Wiwe Mweranda, bazofata Ukaristiya Nyeranda bayite hanze ku  buryo inyuma yaho bizoba ikitoroshe guhabwa umubiri wa Kristu. Iki ni kimwe muri vyinshi abo bamenja bategekanije ngo bazimanganye burundu Umwana Wanje ngo ntabe akivugwa mu Nkuka Nyeranda ya Missa.

Benshi bazobona ibi bikorwa biteye isoni bace bahinyura ubwo nyene ko bityoza Umwana wanje. Benshi bazobitera ivyatsi ariko amajwi yabo ntazokwumvirizwa n'abakuru b'Ekleziya.

Kuri abo basaseredoti bazobwirizwa guhamwa kubera batemeye gutyoza Umwana Wanje, murabwirizwa kunsaba Jewe Mawe wanyu ngo ndabafashe kurinda ayo magorwa. Ntimuze mwigere na rimwe mwemera gukengera Yezu mw'Isakaramentu ry'Ukaristiya kuko niyo Mfungurwa yo nyene mufise y'Ubuzima budahera. Mudafise iyo Mpamba muzokwicwa n'inzara.

Iyo Mfungurwa y'Ukaristiya irabwirizwa kwama na ntaryo iboneka kandi ironkeka ku mwana w'Imana wese. Ntimuze mwigere mwemera ko imfungurwa yindi iyo ariyo yose yoba ari yo mpamba y'ubuzima budahera.

Bagiye kuzobazanira ibindi bintu ngo bigamije gusubirira Ukaristiya Ntagatifu navyo bikazoba atari umubiri w'Umwana Wanje. Murabwirizwa kwama na ntaryo murondera iyo Ngaburo y'Ukaristiya Ntagatifu no mu gihe nyene muzobwirwa n'abarongozi b'Ekleziya ngo ntibigikenewe, ngo ntibikiri ngombwa gusangira ku Mukate w'ubuzima mw'Isengero y'idini rimwe rishasha ry'isi yose ryimirije gutanguzwa n'abansi ba Kristu vuba cane.

Nyoko wanyu muri Kristu,

Umugabekazi w'Ubukiriro

 

================================================================

Ndimwo wese Umutima n'umubiri m’Ukaristiya Ntagatifu kubw'igikorwa c'ibanga ry'Ukwemera ry'agatangaza ari ryo Transubstantiation. Yezu yaganiriye Maria w’Ikigingwe c’Imana Kuw'Imana, Ruheshi 2, 2013

 

Mwananje, ndabwirizwa kwibutsa abana b'Imana mwese ukuri kujanye n'amajambo yanje yo gusigarana ubwoko bw'abantu impano y'Ukaristiya ntagatifu. Ndabwirizwa kubibutsa rero ububasha buri mw'Isakaramentu Ryerenda ry'Ukaristiya n'ukuntu ari Jewe nyene ubwanje ndimwo koko muri iryo Sakaramentu. Natanze umubiri wanje kugirango ndabakize amagorwa y'umuriro udahera. Nabasigaranye Umubiri Wanje kugira ngo nshobore kuguma mu mitima yanyu.

Ndimwo wese mw'isakaramentu Ryeranda ry'Ukaristiya kubw'ikinyegezwa ca Transubstantiation. Narabisiguriye abatumwa banje mu majambo yumvikana rwose mu gihe nasangira ubwa nyuma nabo muri rya joro nagira Ukaristiya. None ni kubera iki benshi rwose muri mwebwe mutemera ino ngabirano ihambaye cane nabahaye kubwo ukubabara kwanje kw'igiciro ntangere? Iyi ni Ingabirano nabahaye. Umubiri Wanje n'Amaraso Yanje bizokomeza umitima yanyu. Ubumana bwanje mwakira mu Karistiya burakomeza umutima wanyu bugafasha nabo bose bemera ko ari jewe Yezu bakira mu Karistiya bakaronswa inema idasanzwe izobazana rwose hafi yanje.

Iyo ugumanye nanje mu Karistiya mu kunshengerera mw'Isaha Nyeranda ya Adoration, nzogusukira ko ingabirano zihambaye cane.Vuba uzosanga bitoroshe kumvirira. Nanje nzokuguma hafi. Umutima wawe uzonywana rwose n'Umushaha wanje Mweranda rwose. Ntuze wigere wibagira ububasha bw'Isakaramentu ryeranda; kuko niryo rikomeza urumuri/umuco ukuboneshereza ukaguma ubona ko ndi kumwe namwe muri iyi si. Mutanfise mu Karistiya mwoca muzimira kandi ntimwoba mugishobora kugumana inema yeza.

Mudashoboye kunyakira muri iryo Sakaramentu Ryeranda ry'Ukaristiya, muzoca mwumva mugaragara. Muzotandukana nanje kandi nubwo woba ukinkunda bizokugora kuguma mu bunywanyi bwanje.

Yezu wanyu

 

================================================================

Ndi Data w'Ibiremwa vyose n'Urukundo, nkaba Mfitiye igishika umwana wanje wese naremye niyo yoba ambabaza Rwose.

Hari imyiteguro myinshi ikenewe kugira ngo dutegure imitima kuguma iri maso ngo ishobore gusanganira n'umutima witeguye Umwana wanje Mukundwa, Yezu Kristu. Abantu benshi bari mu marushwa muri iki gihe turimwo kubera uruhamo. Nkuko mubizi, urwo ruhamo si ubworo gusa canke ubukene bw'amafaranga ariko inzara y'imishaha. Nk'Umuvyeyi se w'abantu bose, nditeguye kurungika Umwana wanje ngo agaruke kwigarurira ubwami bwiwe.Ni jewe je nyene nzi igihe ivyo bizoshikira. N'umwana wanje we nyene ubwiwe ntazi umusi. Mwananje...,

Ndi Data w'Ibiremwa vyose n'Urukundo, nkaba nfitiye igishika umwana wese naremye uko boba bambabaza kwose.

Hari imyiteguro myinshi ikenewe kugira ngo dutegure imitima kuba maso ngo bashobore gusanganira n'umutima mwiza Umwana wanje mukundwa, Yezu Kristu. Abantu benshi bari mu marushwa muri iki gihe turimwo kubera uruhamo. Nkuko mubizi, urwo ruhamo si ubworo gusa canke ubukene bw'amafaranga ariko inzara y'imishaha.

Nk'Umuvyeyi se w'abantu bose, nditeguye kurungika Umwana wanje ngo agaruke kwigarurira ubwami bwiwe.Nijewe je nyene nzi igihe ivyo bizoshikira. N'umwana wanje we nyene ubwiwe ntazi umusi.

Nka Se W'abantu bose ndiko nditegura kurungika Umwana wanje ngo yigarururire Ubwami bwiwe namugeneye. Ni jewe je nyene nzi igihe cavyo. N'Umwana wanj ntazi igenekerezo. Ndashobora kubabwira ni vuba kandi benshi mu bariho ubu kw'isi bazoba bakiriho ku musi Umwana wanje azogaruka mu buninahazwa ntangere.

Ndiko ndategura gukoraniriza hamwe abana banje bose ngo ndabakize ububisha bw'inyenga y'amagorwa bagowe mu bugaragwa. Ubwo bugaragwa bwari bwaremwe n'ukuboko kwa Lucifer n'abamalayika baguye bagumye batambatamba kw'isi kuva aho Adam na Eve bagwiriye.Uno musi abana banje benshi basanga bidashoboka kunyemera Jewe, Imana Muremyi wabo na Se wabo.

Narahezagiye abana banje ndabaha ubwenge n'umwidegemvyo w'abana b'Imana ngo bashobore gutora inzira bo nyene bahisemwo/bashimye guca mwo ngo babeho ubuzima bwabo. Kugira ndabayobore bagana mu bwami bwanje nabahaye Amabwirizwa Cumi y'Imana, yanditse ku bisate vy'amabuye. Ntibigeze bahinduka, none ubu naho abana banje bakomeza kwibaza ko basigaye barusha ubwenge abantu ba mbere naremye none batanguye kuremantanya insiguro nshasha z'ayo mabwirizwa nabayahe jewe ubwanje ntashobora kwemera.

Ng'iki gihe ubwami bw'amashetani yavumwe yakwije inkukura yayo kw'isi kigiye kurangira. Ndahamagaye nsemerera mbwira abana banje bose ngo bantege ugutwi. Igihe c'ukumara kw'isi nkuko muyizi kigiye kurangira. Ariko hari Isi nshasha n'Iparadizo rishasha bibarindiriye. Bizoba birengeye kure niyo ivyo mwoshora kwiyumvira kuko haraciye igihe ndabiteguye ndabigirana urukundo kandi ndabitegurira Umushingantahe, umupfasoni n'ikibondo cose.

Mu mperuka, nzokoraniriza hamwe umuryango wanje mweranda maze tuze tubane twese mu mwumvikano, mu mahoro, mu rukundo n'akanyamuneza mu myaka idashira.

Abo nabo badashaka kwinjira mw'iparadizo, nzokora uko nshoboye kwose ndababuze guha umugongo intoranwa mufitiye uburenganzira.Ico bisaba gusa ni ukuraramura amaso no kwugurura imitima yanyu. Hanyuma mugaca mwiruka muhungira mu maboko yanje gutyo nshobore kubajana imuhira.

Ngiki ico nipfuza gusumba ibindi, gutwara abana banje nkunda cane nkabaja imuhira mu kibanza bagenewe kandi bafitiye uburenganzira kuko niho iwabo.

So wanyu abakunda cane,

Imana Isumba vyose

 

================================================================

Myandagaro 30, 2014

Mwananje nkunda cane, kuzigama no gukomera kw'ibanga mu bihe vy'amarushwa biregereza Umutima hafi yanje nanje nkarushirizaho kwongera impera kuri uyo muntu yashikiwe n'ivyago kuberaukwo  gukomeza kwihangana.

Ntuze wigere ukekereza ko iyo ndi mu mutima w'umukristu, Sekibi nawe akomeza awugirira ibitero kubera wanyakiriye. Uremera kubabara kw'Izina Ryanje kandi utahure ko igituma ugira amakuba ari ukubera Jewe. Iyaba ntari ndi kumwe nawe, Sekibi yokwihoreye.

Inema mfashisha abo bose bankunda kandi bakomeje kwirinda ubwishime n'ukwishira hejuru zizanana kandi n'ingabirano y'Inama nziza. Iyo ngabirano y'Inama nziza n'inema idasanzwe ikomoka mw'ijuru vyongeye harahiriwe abo bose bafise ingabirano y'inama nziza kuko bashobora kuzirikana ukuri kandi kubera ico ntibazokwigera bajana na Nyaringa. Abo muri mwebwe bafise ingabirano y'Inama nziza bazonzanira imitima.

Ariko kubera umushaha wose unzaniye kandi kubera ibisabisho vyanyu n'amagorwa mucamwo, Sekibi azokora ukwo ashoboye ngo aguhagarike. Umenye ko ubuninahazwa bw'Imana bugaragara ku ruhande rwawe buzotuma haba ubumara bwa Sekibi  izorondera kugusukirako mbere ukazohamwa mw'Izina Ryanje nabo bagizi ba nabi Shetani n'inyosha mbi zayo icako ngo isambure imitima y'ababa kw'isi.

Gira amahoro vyongeye umenye ko niwaba ushira imbere ukuri kw' Ijambo ry'Imana-imbere y'abaguhama, ko nzokoresha ububabasha bwanje bwose ngo nkize imitima. Uko uzonzanira umutima uwo ariwo wose, nzokomeza kugusaga imihezagiro yanje n'inema zanje ibihe vyose.

Ntugaterwe ubwoba n'ivyiyumviro n'ibikorwa vy'abantu bingwanya kuko ataco bishobora gushikako mu bwami bwanje. Ariko murabwirizwa kurabana nkuko mwoba murabishije amaso yanje. Mwibuke lko nama ndabibabwira kandi ko igihe nari kw'isi nakomeje kubibahimiriza. Nimutegere ijambo nabigishije ari naryo ngenderwako mu buzima bw'umukristu: Nimukundane nkuko nanje nabakunze.

Niba udashoboye gukuknda abansi bawe bizokugora kuguma hafi yanje. Ukaba naho wishira hejuru y'abandi, ntuze uguma wibesha ngo urankunda urukundo rutagira amahinyu kuko iyaba unkunda koko woza umbwira uti: "Yezu wanje, sinkwiye na gato guhagarara imbere yawe, ariko ngira uko ushaka wewe nyene, nanje nzokora vyose nkuko ubishaka."

Genda rero mwese mwibutsanye uwo ndiwe vy'ukuri. Mumenye ko mushoboye kubaho ubuzima bugendera mu nyigisho zanje niho honyene mushobora kuvuga ko muri abanje. Ntushobora gufata igice kimwe c'inyigisho zanje ngo ugisamiranire aho uciye hose hanyuma ugahakana ikindi . Abo nabo biyumvira ko barongoye abandi mugabo bakarangwa no gutanga inyigisho z'Ibinyoma bigatuma imitima itakara ikajana nyabahururu , nobabwira nti: uko Umusi nzosokora umuco wanje simbe nkiri mw'isi abangushi n'abanyabwishime bazorira amosozi y'umubabaro n'ukwihebura kuko bazomenya ukugene ibinyoma vyabo vyatumye imitima ya benshi itakara ishavu ry'Imana rikazotuma batetemera. Niho rero bazovuza induru nyinshi bagakomanga n'insya z'amenyo. Ico gihe bazoba bari muri ka gahinga umwana arira nyina ntiyumve. Nta numwe bazoba bafise abumviriza  kuko batazokwigera babona amaso yanje.

 

===============================================================

Akabanga kanyuma ka Fatima

Akabanga kanyuma ka Fatima karabura ukuri kwerekeye Akadumbidumbi k'inabi ya Shetani kinjiye I Vaticano

Igihe kiramaze kugera aho ukuri kujanye n'ikinyegezwa c'Ivy'Imana kuja ahabona. Ukur kwarahishijwe mu kanya katari gato.

Haraciye imyaka itari mike, Ekleziya yanje iguma ishaka gucuvya Ubutumwa n'amabonekerwa be n'ibimenyetso vy'ibitangaza vy'ubumana bwanje nakomeje kugira ngaha kw'isi nciye ku mitima nitoreye jewe nyene.

Impamvu Ekleziya yanje yabonye ko vyari bikenewe kunyegeza ukuri mu gihe kwari gukeneye kumenyekana kugira ngo Ukwemera kwiyongere mu bana banje kwisi yose nibo nyene bobimenya. Umutumwa wese nahaye kubonekerwa na jewe canke n'umuvyeyi wanje nyaguhimbazwa yaraburabujwe rwose n'Ekleziya yanje kandi bakanamufata nabi bimwe bidasanzwe.

Nico gituma n'ibanga rya nyuma rya Fatima ritigeze rimenyeshwa isi kuko ryerekana ukuri kujanye n'ububi bwa Shetani bwariko burinjira I vaticano nyene.

Igice ca nyuma c'iryo banga nticamenyeshejwe ariko kwari ukugira ngo bakingire ako kagwi k'abakorera Shetani kamaze kwinjira I Vatikano ku bwinshi mu nyuma yaho Umuvyeyi wanje abonekeye ku kirimba c'i Fatima.

Luciya yaranumijwe n'ububasha bubi bukontorola Vatikano aho abakozi banje aba papa nkunda cane bari bafise Kontorole nke kuri abo bamenja. Raba ukuntu basibije ukuri kuri mu nyigisho zanje gushika naho bazana uburyo bushasha bwo gusenga muri Lithurjia y'Ekleziya katolika buntyoza jewe na Data nyene.

Ekleziya Katolika niyo Ekleziya nsa ari y'ukuri akaba ari naco gituma ariyo Shetani n'akagwi kayo k'inkorabara biguma birondera gusenyura. Ukuri rimwe na rimwe kurababaza mbere rimwe rimwe bakakwita uguhuba. Ukuri kuva kuri jewe. Ukuri kuratuma kiremwa muntu atakwiyumva mwo rwose kuko gusaba kwitanga n'ukwiyibagira. Ariko mumenye ko ukuri kwo gusa niko gushobora kubazanira umwidegemvyo nyakuri. Igihe kirashitse aho ukuri kubwirizwa kumenyekana mw'isi yuzuye mwo ububeshi.

 

ukuri kubwirizwa kumenyekana mw'isi yuzuye mwo ububeshi.

Ububeshi bwinshi bwarigishijwe n'amadini y'ububeshi, ibigigwamana, abarongozi babi b' Ekleziya hamwe n'abamenyeshamakuru babi. Ukuri kwinshi kwarahishijwe. Uwobamenyesha ukuri kuriko kuraba uno musi, ni abantu bake bovyemera. Nico kimwe n'amabwirizwa cumi y'Imana. Aya mabwirizwa yashinzwe na Dawe yamaho akayaronsa umuhanuzi wiwe Musa. Ukuri ntiguhinduka naho kiremwa muntu yogerageza kuguhindagura gute.

Ntuze wice bisigura ntuze wice uwundi muntu nkawe. Ntibishaka kuvuga iyo umuntu yivunye uwuje kumwica ariko mukindi gihe cose. Nta muntu ashobora gukimbukira ubwicanyi- ugukorora inda, gucira uwundi muntu urubanza rw'ugupfa, gusonga umuntu ababaye. Nta numwe! Iki n'igicumuro kijana mu rupfu kandi igihano caco kiri mu gutabwa mu nyenga y'umuriro udahera imyaka yose.

Abana banje ibi baravyemera? Oya. baranatora amategeko avyemeza kandi akanabishigira no mu maso y'Imana. Ariko siko bimeze.

Nta na rimwe mu mabwirizwa Cumi ya mana Data ridasiba kurengwa imisi yose.

Ariko Ekleziya yanje nticigisha ko igicumuro atari ico gufata minenerwe. Ntibakibwira abantu yuko bazoja mu muriro udahera nibakora igicumuro kigoye ntiberekane ko bigaye ngo basabe ikigongwe.

Umutima wanje uratuntuye cane. Amashengero yanje akwiye kw'isi yose ntiyigisha ukuri. Abatari bake mu bihebeye Imana ntibacemera ko hari ho umuriro udahera canke ko haba ho Ipurugatori.

Ntibacemera Amabwirizwa Cumi ya Data. Bo babona ko igicumuro cose ari ico gufatwa minenerwe. Baravuga ikigongwe c'Imana ariko bikabananira gusigura ingaruka mbi z'ugupfana igicumuro kigoye. Mu gufata minenerwe igikorwa nyene nabatoreye, barababaza cane umutima wanje.

Bazobazwa imitima ya benshi ikomeza gutakara buri musi. Ikangure mubone ukuri mwebwe mwese muvuga ngo muremera Imana Data Mushoboravyose yaremye Ijuru n'Isi kandi muzirikane ibi bikurikira:

Ukuri ni kumwe rudende. Ntigushobora kurenga kumwe gusa. Ibindi vyose bitari ukuri n'ibinyoma vyongeye ntibiva kuri Dawe wo mw'ijuru, Imana Data yaremye vyose na hose.

Umukunzi wanyu, Umukama Yezu Kristu

 

Abamalayika bagararije 600,000 bararekuwe bavuye mu nyenga y'umuriro kuva mu mwaka wa 2011 none muri 2012, izindi milliyoni zitanu zongeye kurekurwa

(Ubutumwa bwatanzwe na Yezu abuha Mariya w'ikigongwe c'Imana, Igenekerezo rya 7-Ruheshi, 2012)

Mwananje, igihe kirageze aho abanje babwirizwa gukura amaboko mu mpuzu ngo bagwane ingwano y'Ijuru yongeye gukenerwa ngo bagwanye Shetani n'abamalayika bagararije. Muri iki gihe Igisirikare c'abamalayika ba Shetani bafatanije n'ababakorera hano kw'isi bakenyeye bahagurukira kugwanya abana b'Imana mu buryo bwose bashoboye. Hari ibimenyetso bigaragara. Raba namwe uruhagarara ruri muri Ekleziya Yanje, Ekleziya Gatolika rwatangujwe n'inguvu za Sekibi ikaba yashaka gukumbagaza Ekleziya hasi ngo ihave ipfukama iyisenge. Nta mpari zikenewe kuri ibi kuko birazwi ko inguvu z'umwijima zirondera gusambura Ukaristiya Ntagatifu mu kuyihumanya.

Mu gutuma Ekleziya yanje ikiri ku rugendo ngaha kw'isi ita indero, intumbero ya Shetani yari iyo gusambura ukwemera kw'abayoboke banje. Abakristu batari bake ntibakinfitiye icubahiro Jewe, Umukiza wabo, kubera ivyaha vy'abanserukira hano kw'isi muri Ekleziya Yanje. Ibi birambabaza cane bikantuntuza umutima kubona AbaKristu bihuta rwose kumpeba. Ugutimba kw'Ukwemera kugaragara kw'isi nakwo nyene kwari kwarateguwe na Shetani mu kugerageza abana b'Imana ngo bihakane ukwemera kwabo.

Ubu rero yiteguye gukoresha Idini rishasha rimwe ry'isi yose. Aho ukunininahaza Imana, Data yamaho, abari muri iyo dini baninahaza kiremwa muntu nkuko yoba ariwe ari hejuru ya vyose kandi aganza vyose.

Nka Lucifer we atashaka kuba nk'Imana gusa ahubwo yashaka kuba Imana, aka kadumbidumbi k'abahakanyi gatera kongereza inguvu zako mu gukwiza ibinyoma mu bana b'Imana babemeza ko ari bo bo nyene babwirizwa kwimenyera amaherezo yabo, ngo vyose bishobora kugenzurwa nivyo bonyene bishizemwo no mu kwizera ibintazi vy'ikuzimu ngo nivyo bizobazanira ubuzima.

Kwemera ibintazi nk'ibimungumungu vya Buda vyarasinzikaje abantu benshi mu kubajana mw'isi y'umwijima itigera izana Urukundo nyakuri rwo gukunda abantu bose nkuko wikunda wewe nyene. Aya madini yose y'ibihe vya none ico ahurirako ni kimwe, ukwikunda n'ukwigungirako, kwibabara we nyene no gukandamiza abandi ubahora ivy'isi. 
 

Ingwano mubona zitegurwa n'amakoraniro masonike ya Shetani zirakomeza ziyongera gushika naho umugwi umwe ukomeye cane muri abo bakozi ba Shetani ba ba masonike izoshobora kugenzura ibihugu vyo mu buseruko bwo hagati bibicishije mu bwicanyi. Iburaya ho bazohubaka umugambi ukomeye w'ifaranga rimwe rizokora kw'isi yose ngo babagire abaja.

Ibitero vya Shetani birakomeza kwiyongera ku buryo hazokenerwa gusenga rwose n'abasenga benshi kugirango batsinde ububasha bwa sekibi. Ivyo bitabaye uko hazoba ukugerageza gutandukanya abana b'Imana n'ukuri. Shetani irashobora gukinisha ubwenge bwanyu. Mumenye ko naho idafise ububasha bwo kumenya ivyo mwiyumvira irashobora gushira ivyiyumviro vy'ugukekereza mu bwenge bwanyu.


Umenye ubwenge ukikingira hakiri kare mu gusengana ukwicisha bugufi usaba inema zo kwikingira, Shetani iraheza ikongereza ibikorwa vyayo vyo kukuyovya. Shetani iraheza ikarungika amadayimoni y'abamayayika bayo ngo baze guhungabanya ukwemera kwawe. Iyaba mwashobora kubona izo nyoshambi za Shetani, mwoguye mugahundwe. Zibiri canke zitatu zirashobora kugukoranira zikaguhungabanya, zikagutuma umeneka umutwe, wihebura, ubura iyo uva niyo uja umushaha wawe nawo ukuzura ivyiyumviro vy'inzigo, ishari ugirira uwundi muntu.

Ivyo vyose bijanye n'Imana, ama Ekleziya yayo, abana bayo n'abo bayiserukira hano kw'isi nibo Shetani izorondera kugwanya gusumba abandi. Hanyuma ice irondera kugwanya abo bari mu bibanza vy'icubahiro bashobora kugenzura ubuzima bw'amamiliyoni y'abantu. Ikabashuhurira mu bijanye n'ukurya ibiturire, intwaro z'igikenye n'amategeko mabi agamije kugirira nabi ubuzima bw'abana b'Imana. Hanyuma igaca itanguza ingwano.

Bane banje, ntimwirengagize iyi ngwano kuko muyirimwo vyongeye irakomeye.
Abamalayika bagararije 600,000 bararekuwe bavuye mu nyenga y'umuriro kuva mu mwaka uheze(2011)none mu mwaka uza (hari muri 2012), izindi milliyoni zitanu zizokwongera kurekurwa(ubu zararekuwe kuko uwo mwaka wararenze)
\
Igihe c'uko Ingabo z'Imana zo kw'isi zikoranira hamwe ngo zisambure Shetani caramaze gutangura. Igihe ni gito.Dufise vyinshi dukeneye gukora.Igisabisho nico Kigwanisho. Guhinduka navyo bikaba ari yo ntumbero tugenda tugana. Nshobora honyene gufasha imitima guhinduka igihe ijwi ryanje ryokwumvirizwa muri iki gihe gutyo imitima ikagaruka ku Mana. Shetani ibi irabizi. Yaramaze kuvuma iki gikorwa kandi yipfuza kuzokwegera mu kabi imitima y'abana b'Imana benshi ishoboka. Ariko ntizoshobora gutsinda. Kuko nta numwe ashobora guhagarika Igitabu c'ukuri kumenyeshwa kuko ni Jewe Ubwanje Yezu Kristu Ndavyikorera.

Naho bimeze uko imitima y'abacumuzi nyabworo izohendwa ice iguma yirabira hirya mu gihe ndiko ndamenyesha ukuri ngo isi yose ibone kandi ihishurirwe ivyari vyaramenyeshejwe mu gitabu c'Ivyahishuriwe Yohani. Ntimuyireke ngo ibahuvye. Murashobora kubishikako mu kwanka gusubiza ibitutsi babatuka canke agasuzuguro babagirira iyo muriko muramenyesha ubu butumwa abantu banje bo kw'isi. Kuko iyo uhanganye n'abahambazi uba uriko urashirira Shetani aho ishaka ngo ikugwishe.

Umukama wanyu Nyagukundwa rwose,
Yezu Kristu, Umukiza w'abantu bose

 

Ndamuk iza 2, 2013

Mwananje, abagwanya ubutumwa bw’Imana bazokomeza bahatira abaKristu guhakana ubu butumwa. Abantu benshi bankurikira badafise umuco ukwiye bazokwanka kwemera ubu butumwa ko bwoba buvuye kuri Jewe naho bazoba bafise intumbero nziza mu kugira gutyo. Abigishwa banje batari bake bafise intumbero nziza  bazokora uko bashoboye ngo babuze abantu kunyumviriza bitwaje ngo bariko baravugira Ekleziya yanje.  Ndi Ekleziya vyongeye mu gihe abasaseredoti n’abihebey’Imana bazobandanya bakingira Ijambo Ryanje, amateka n’amategeko yanje n’inyigisho ngenderwako z’Ekleziya, amasakaramentu meranda n’’Ukaristiya Ntagatifu, tuzoguma turi umwe.  Ariko abo bose naho boba ari abaserukira abandi muri Ekleziya yanje bazohirahira ngo bahindure aya mabwirizwa n’aya mateka bamenye neza ko batazoba bakiri muri Ekleziya yanje. Naho izo nyigisho zitarahindagurwa hazogera igihe bihagira kuzihindura kandi ndabawiye Ukuri bizobatera ingorane. Abo bose bagikekereza ntimunyihakane kuko naho mwoba mungwa mu nda mu buryo bumwe mumenye ko muntera mamarira mu bundi buryo. Naho mutambona ubu ndababwiye ko igihe kigiye kugera aho muzokwiyumva mwo Ububasha bw’Ubumana bwanje.

Ndabararitse ngo mwitegurire kazoza gahimbaye nabateguriye. Ijuru rirahimbawe cane kubera ko Mutima Mweranda agiye kuzokwururuka vuba cane maze agakonya imitima yanyu yadadaye ngo ayuzuze Urukundo n’ubumenyi. Imishaha myinshi izoheza irokoke mu gihe izosusurutswa n’Urukundo ntangere Ndabafitiye. Sinzokwigera Ndabaheba. Muzobabara mw’Izina ryanje ariko ububabare muzogira buzokwihuta kwibagirwa mu gihe muzokwinjira mu marembo y’Ubwami bushasha. Muzokoranirizwa hamwe mwese mube umuryango umwe.

Ndavuga abo batakaye ariko mfise umugambi wo kuzokwiza impuhwe zanje ku bantu benshi bashoboka. Nimuze iwanje mwebwe mwese munyotewe nzoheza ndabereke urugero urukundo rwanje n’imbabazi zanje bigerako. Abo bose banyihakana mbere ikindi gihe bakanyanka bazogumbatirwa mu maboko yanje mpeze Nsusurutse imitima yabo nongere Ndayimurikire Ndayiboneshereze. Kuva uwo musi nyene nta yandi mizero bazosubira kugira atari Jewe kuko bazoba baruhiye gutahura ko inzira y’umwijima bari barafashe ata kindi ibazanira atari amagorwa n’intuntu gusa.

Nzosukira kw’isi yose imishwarara y’Ubumana bwanje bwuzuye imbabazi kandi vuba cane nzotyorora abantu ndabakize igicumuro ngo ndabakuremwo uburyaryarya bwose bubabuza kuba abanje bwite gutyo mbashe kubashikana mu bwami bwanje ningoga.  Igihe canje kiriko kiragera ico nkirindiriye gusa nuko Data ampa infunguruzo z’ubwami bwanje.  

Mu gihe isezerano rya nyuma riranguka(risozerwa), ndifuza gutahana muhira abantu barenga imiliyardi indwi nkabashikana mu bwami bw’isi nshasha n’akanyamuneza ko mw’iparadizo. Ngiyo rero intoranwa yanyu nabemereye. Ntimukanke kwinjira muri ubwo bwami bw’amahoro kuko muzoba muriko murikwegera amagorwa y’umuriro udahera kandi nimwaramuka mutoye kumpa umugongo hazoshika igihe ntazoba ngishobora kubakiza.

 

================================================================

Umwe mu bana bari batewe iteka ryo kubonekerwa na Bikira Mariya i Fatima, Mama Lusiya, yabwiye Patiri. Fuentes mu mwaka w’ 1957:

“Pati, Umugabekazi Mweranda Bikira Mariya yaranyumvishije ko turi mu misi ya nyuma kubera invo zitatu: Ubwa mbere ni uko Shetani yiteguriye gutera intambara ikomeye ngo igwanye Bikira Mariya. Iyo intambara rero ari rukokoma kandi ikaba ari iya nyuma bisigura ko hari uruhande rumwe ruzotsinda urundi nagwo rukazotsindwa. Nico gituma kuva ubu tubwirizwa gutora uruhande twegamira kuko hari impande zibiri: Canke turi ab’Imana canke turi aba Shetani.   Nta bundi buryo buhari.

Ubwa kabiri ni uko yabwiye bavyaranje na jewe nyene ko Imana Itanze uburyo bubiri bwa nyuma abantu babwirizwa gucamwo ngo barokoke. Ubwo nabwo nabwo ni Rozari Nyeranda n’ukwiyegurira Umushaha utatyoye wa Bikira Mariya. Ubu nibwo buryo bwa nyuma Imana yatanze none rero bisigura ko ata bundi buzohaba.

Ubwa gatatu ni ukubera integuro y’Ubutabazi bweranda bw’Imana, Imana nayo igihe cose iba igomba guhana isi ibanza kuraba ko yabanje guheza ubundi buryo bwose bushoboka. None rero mu gihe ibonye ko abantu badashaka kwumva ico ibabwira iraheza ikaduha inzira ya nyuma tubwirizwa gucamwo none iyo nzira ikaba ari Umubikira Mweranda Nyina w’Imana.

Nta kundi biri bugende rero kuko abazohitamwo kwica amatwi bakanebagura ino Nzira ihambaye y’ubukiriro bwa nyuma ntibazoba bagishobora kubababarirwa n’uwo Mw’Ijuru kuko bazoba bahisemwo gukora icaha c’ibigirankana bagacumura kuri Mutima Mweranda.

 Icaha co kuri Mutima Mweranda nkuko Ijambo ry’Imana ribivuga ni ugutora n’ibigirankana kandi ubizi neza ko uriko urahuba ugahakana ubukiriro n’ubuhirwe bw’Ijuru Imana iba iriko irashaka kukwinjizamwo. Twibuke ko Yezu Kristu, ari umwana mwiza, imfura y’Umwana w’umuhungu yubaha umuvyeyi atazokwigera yihanganira agakengerwe n’ibitutsi abantu bagirira Umuvyeyi wiwe nyaguhimbazwa rwose, Bikira Mariya. Twarabonye mu binjana vyinshi vy’ubuzima bw’Ekleziya yuko Imana ifitiye ibihano bidasanzwe abo bose bihagira gukengera no gusuzugura agateka ntangere k’uwo Muvyeyi nyaguhimbazwa w’Imana.

 

======================================================

Mwananje nkunda cane, igihe abafarizayo barungika abasirikare kumfata, bakoresheje amayeri yose,  baguma bigisha mu masengero ubuhanuzi bujanye n’amaza y’Umukiza w’isi. Mugihe bankengera bongera bagerageza gukwiza ububeshi bwose bushoboka kubijanye na kamere yanje y’umutima, bitwaza ivyanditswe bitagatifu mugukoresha imirongo yo mu bwuzure bwa kera.

Nkuko abafarizayo bantoteje mu kunyita amazina yose abaje mu mutwe atyoza Data ariko bagakomeza gutegura abana b’Imana ku bijanye n’amaza ya Mesiya naho nari naramaze kuza ndi hagati yabo, baranse kumenya naho bitashoboka ko banyirengagiza kuko nari nuzuye Mutima Mweranda.Aho nzukiye mu bapfuye, abafarizayo barahawe icemezo c’ukuzuka kwanje ariko bashimye gukwiza hose ibinyoma ngo banyegeze ukuri. Kubera ubwo bubeshi bwabo babashije guhuvya amamiliyoni y’abantu babatesha guharanira intoranwa yabo bari bafitiye uburenganzira, ingabirano y’ubuhirwe budahera.

Muri iki gihe ndiko ndategura isi yose ngo yitegurire igaruka ryanje mu buninahazwa, abasaserdoti banje n’abihebey’Imana mw’Ekleziya yanje iri ngaha kw’isi bazogira vya bindi nyene. Bazokwigisha ibijanye n’amaza y’umusi w’Umukama ariko bazoguma bibaza ko amaza y’Umukama azoshika mu kindi kinjana atari ico barimwo ubu(ico turimwo ubu). Ntibazotegura imitima mu buryo ndabishaka. Ntibazohimiriza abigishwa banje kurondera gusubiza hamwe n’Imana mu masakaramentu, gusenga; guhabwa amasakaramentu no kugendera mu ndero bahabwa n’Ijambo ry’Imana ryanditse muri Bibiliya. Aho kubigisha kugendera mu mabwirizwa yanje, bazogwa mu mutego wo gutandukanya inyigisho z’Ekleziya n’ivyanditswe kandi bazokwanka kwemera ubutumwa bushikirizwa n’abo Imana yitoreye mu ikababonekera ikabaha ubutumwa bahereza isi.

Bameze nk’impumyi kandi nk’intumva mu gihe Ndiko Ndabigisha mu Gitabu c’Ukuri. Benshi baravuga ko barongoye abandi mu kwemera ariko bo nyene ubwabo ntibazi Inzira y’Ukuri ishikana mu bwami bwanje.

Babwirizwa gusoma Bibiliya Ntagatifu, bayige neza kandi bemere ivyanditswemwo kuko mbega none n’ubuhe bundi buryo bazocamwo ngo bamenye vy’ukuri? Nzoza nk’umusuma aza mw’ijoro kandi ntibazoba bari maso kunsanganira kuko batigeze bafata nka nkama aka kamo ndabatera ngo bitegure.

Ubu mpagaze imbere yanyu mwa basaseredoti n’abihebey’Imana ndabasaba kunyumviriza.

Ndabasavye ngo mwemere uwo ndi vy’ukuri, ico nakoze ngo ncungure kandi nkize umuntu wese igicumuro mwongere mutahure ico mbwirizwa gukora  muri iki gihe kugira ngo nsozere kandi ndangure isezerano rya Data. Uko  umwanya uzoza urahaca, muzokomeza kuronka ibimenyetso bizobereka ko igihe canje cegereje. Ivyo nzobigira kugira ngo ndabakangure muve muri ukwo guhunyiza kubabuza kwumva ijwi ryanje.

Ndabinginze ngo mutangaze ukuri kujanye n’igicumuro, ukuri kujanye n’Ijambo ryeranda ry’Imana n’ukuntu atawubwirizwa kubera intambamyi ukwo kuri vyongeye mukomeze kwigisha ku kuri kujanye n’ubuMana bwanje.

Nimwaronka ibi bimenyetso, ni ukuri ndabibabwiye Mutima Mweranda azoheza abururukireko mwebwe nabo bose bankunda n’umutima w’ubugamburutsi bazohabwa kumenya muri ako kanya nyene ko ari Je ndiko ndabayagira muri iki gihe!  Niho rero nzoca ndabuzuza urukundo rwanje amaso yanyu azoce yuguruka muce mubona ibintu nkuko biri vy’ukuri. Muzobitegera neza uko biri mwongere musobanukirwe neza ico mubwirizwa gukora ngo mumfashe kurangura integuro yanje yo gukiza isi n’umwana w’Imana wese.

Nimuntege amatwi. Mwitegure. Nimusenge munsabe Inguvu zanje, ubutwari bwanje vyongeye ntimwiyobagize ivyo mwanyemereye vyose bijanye no kunkorera.

Nimugende amahoro mukundane kandi mukomeze kumbera abasuku, ubu n’imyaka yose.

Umukama wanyu Yezu

 

======================================

Ibikorwa mukorera abandi nta na kimwe bizosigura imbere yanje

Kuw’Imana Igenekerezo rya 14 Kigarama umwaka wa 2014 isaha 12 zo ku mugoroba

Mwananje nkunda cane, Abantu banje barahawe ingabirano ikomeye kubw’ugupfa n’ukuzuka kwanje! Iyi nkuka yatanzwe ngo ikize abantu urupfu rwose iri mu mugambi wa nyuma wa Data imbere yuko umusi w’urukiza ugera ngo arokore abasigaranye ukwemera mu bantu bakiri ngaha kw’isi. 

Urwaruka rwagiye rukurikirana rwarahanahanye ukuri kuri mu Gitabo ca Data vyongeye abihebey’Imana barakomeje kwigisha Ijambo ry’Imana. Ariko uru rwaruka rusa n’urwibagiye inyigisho ziri muri ico Gitabo Data yabahaye kandi biragaragara ko ruzi bike cane mu nyigisho z’Ijambo ry’Imana .   Benshi mu bagenywe ngo babarongore barahuvye cane bagakomeza gusa bagenda bashize izosi hejuru naho mu guhindagura insobanuro y’Ijambo ry’Imana bakiva inyuma.  Muri ca gihe c’imurikirwa ry’imishaha rizoba rigamije kubateguza no kubagabisha mu kubamenyesha urubanza rubarindiriye niyo batigaya ngo bavavanure n’igicumuro, bazomaramara kandi bagwe igihumura babonye uko imitima yabo imeze imbere y’Imana.

Kuri abo bihebey’Imana, nobabwira ibi bikurikira: 

Ibikorwa mukorera abandi nta na kimwe bizosigura imbere yanje kuko muzocibwa urubanza hakurikijwe ingene mwayobotse Ukuri. Nzobahana vyongeye ubutungane bwanje ntibuzokwigera buhesha gushika mutabaguye ayo mategeko yanyu ya gipagani mugasubira kwigisha Ijambo ry’Imana mwahawe kuva kera cane!

Ukwirengagiza amategeko y’Imana biranteza isoni kandi ibinyoma mwigisha bituma nzotakaza imitima myinshi namwe bikazobazanira urupfu. Barya mu bantu banje bahimbarwa n’ukugendera mu majambo yanje naho boba ataco bamaze mu maso yanyu bazokwicara ku ntebe y’urubanza mu gihe uzoba urengukishijwe ngo usigure impamvu wahisemwo kuyovya igihugu canje.

Ushobora kwibaza ko ububasha bwawe n’ikimenyane ufise bitoshobora guhinyuzwa ariko nokumenyesha ko ubuninahazwa bwawe  bwimirije kwuma nk’igiti kandi vyongeye vuba cane izo nyambarabami wikwije ziri mu guhinduka ubushambara.

Mu bicumuro vyose bibaho kw’isi nta na kimwe gishisha mu maso yanje nkukubona abo banyabwishime biyerekana nk’abakozi banje ariko ntibankorere. Igihe nicashika aho muzotyoza izina ryanje mukigisha abana b’Imana ububeshi bwose bujanye  n’insiguro y’igicumuro, nzorungika kuri mwebwe igihano kivuye kw’ijuru kizoba gikomeye cane ku buryo mutazoba mugishobora no guhumeka.

Imvura y’igikonyozi n’urubura bizogwa kw’isi kandi isengero yose izoba yariyeguriye abansi banje ngo bahumanye Altari zanje imvura y’inkukura  izobasenyukirako. Vyongeye icaha cose mukora mumenye ko gitosekaza ubuzima bw’umwana w’Imana wese.

Nico gituma nzoguma ndakugabisha gushika uhevye izi nyigisho zishasha z’ibinyoma; gushika uvuze ukuri – Ijambo Ryeranda ry’Imana– kandi wigishe amasakaramentu nkuko wari warigishijwe mu ntango. Nkoresheje izi nyigisho, nzokwibutsa ukuri kandi nzokomeza kukugabisha gushika umusi uzokwigira inama yo guhitamwo uwo ugendanira, Jewe canke barya biyemeza ngo batumwe nanje ariko ari abaja ba ca Gisizimwe.

Ndi Yezu Wanyu

 

====================================================

 

Aho Nzogarukira mu buninahazwa, Nzocira urubanza umuntu wese azoba akiri ho kw’isi Nkurikije ivyo yakoze ngo aninanahaze Imana

Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Igitabo c’Ubuzima -Nyakanga 18,2013 @ 17:08 
 

Mwananje nkunda cane, aho navuga ko nzogaruka gucira urubanza abazima n’abapfuye, nashaka kuvuga ivyo nyene. Urubanza rwa mbere rubwirizwa kuranguka bisigura ko aho nzogarukira  nzocira urubanza umuntu wese azoba akiriho kw’isi muri ako kanya nyene nkurikije ivyo yakoze ngo aninahaze Imana. Urubanza rwanje ruzoba rukomeye kuko imbabazi zanje zizoba zaramaze gusukirwa kw’isi.

Abazokomeza baba intagondwa gushika ku muhero w’isi bakaguma bigira intumva bakaguma mu buhakanyi bwabo no mu gihe nyene bazoba barahawe akaryo ko kumenya ukuri  bazotabwa hanze mu mwijima kure yanje. Ntuzokwigera wemera imbabazi zanje naho nokwinginga gute ngo wemere wakire ubuhirwe bwanje.

Ubuhakanyi bwawe n’urwanko umfitiye nta kindi bizokuzanira atari amagorwa y’umuriro udahera nanje nzokuririra amasozi menshi y’akababaro kubona nzoba ndagutakaje ukaja mu magorwa yo kwa Shetani. Ese ukuntu uzosubira kwipfuza icoguha n’akanya na gatoyi ko  gusubira kumara kw’isi kuko wapfishije ubusa umwanya Imana yari yaraguhaye kuyimarako mu kwishinga iminezero y’ivy’si ikujana mu gicumuro no mu guhurumbira amaronko n’ubutegetsi bwo gucinyiza abandi. Uzoca ubona rero ko isi yari iparadizo wari warahawe kubamwo ariko watakarijemwo umwanya ari naho uzokoma induru mu mwijima w’ububabare uzoba urimwo ukantakambira ngo ndagutabare.

Abankunda bari muri mwebwe ariko imitima yabo ikaba yariraburaniwe kubera igicumuro ntabwoba babwirizwa kugira muribo kuko nzobatyorora n’imbabazi zanje nimwantakambira mukansaba ikigongwe. Abacumuzi bose bokizwa igihe bokora ivyo ndabasaba ngo barokore ubuzima bwabo nkuko mbishaka naho boba bacumuye gute.

Abazoba bakiriho bazogirirwa Ubuntu nanje bazoterurwa bajanwe mu buhirwe bw’Iparadizo Ryanje. Abo barimwo umucumuzi uwo ari we wese, idini irya ri ryo ryose, ubwoko bwose, uwuzotabaza Izina Ryanje wese, nk’Umukiza wabo, Umwana w’Umuntu, nabo bose bazonyambaza bicishije .

Nzozura abapfuye, bamwe bazoba baratyororewe mu bubabare bw’Ipurugatori, nabo bose bakirindiriye mw’Ijuru ngo babone uno musi w’akanyamuneza. Abasigaye bose bazotabwa hanze mu mwijima.

Iki gihe canyu caramaze kugenwa na Dawe naho umusi n’igihe bitaramenyekana nanje nyene ntawo nzi ariko ndababwiye ibi. Mwebwe mwa bantu muriho uyu musi muzokoranirizwa hamwe muce murerurwa mujanwe mw’iparadizo ryanje rishasha mu gihe Ijuru n’isi bizohinduka ikintu kimwe.

Mwarahawe igihe c’ukwitegura none rero nimugikoreshe uko kingana ngo mushobore gutorana ubuzima budahera kandi mubusangire n’abanyu. Ndababasavye ngo munshikanire abanyu bose incuti n’abagenzi banyu bose n’ibihugu vyanyu kugira ngo ndabafukishe amaraso yanje y’igiciro ntangere. 

Yezu wanyu.

 

====================================================================

(4 Myandagaro 2012 ubutumwa bwahawe Sulema, urupapuro 161, Igitabo ca II « Nje kubategurira ico Kimenyetso: Imurikirwa ry’Imishaha »).


« […] Hazokwumvikana urwamo rwinshi hanyuma umusalaba w’umwakaka uce ukayangana mu kirere ukazoboneka kuva mu buseruko gushika mu burengero kugira ngo umenyeshe ko imurikirwa ry’imishaha ryegereje.
(Bivuye mu butumwa bwatanzwe igenekerezo rya 28 Myandagaro 2012 buhawe Sulema, page 182, « Igitabo ca II « Nje kubategurira ico Kimenyetso: Imurikirwa ry’Imishaha »).


(*) Iryo bonekerwa ry’Ikimenyetso c’Umwana w’Umuntu , Umusalaba uninahaye mu kirere,  barawuvuga kandi mu Gitabo ca 5 y”Inkuru Nziza nkuko yahishuriwe Maria Valtorta, urupapuro  rwa 203. Umukama we Musa niwe ari mu Ngoro Yiwe Nyeranda kandi niwe musa isi yose izokwunamira vyongeye izotetemera imbere yiwe imusengane icubahiro n’ubwoba niho rero ikimenyetso mwemerewe kizotangwa incuro ya mbere n’iya kabiri. Niho rero Ingoro y’Imana, Isengero y’Ukuri Imana ivyagiyemwo izodugana ubuninahazwa ngo ibwire ijuru: Birarangiye! Nkuko yari yarabivuze aho yabwira isi ngo iyitegure yitegurire umuzo wiwe
»

https://jeanderoquefort.free.fr/le_signe_du_fils_de_homme_la_croix_glorieuse.html

=====================================================================

Hariho Integuro ya sekibi yo kugabanya igitigiri c’abantu baba kw’isi no gusenyura intwaro –Ku wa gatanu , Igenekerezo rya 26 Munyonyo, 2010 @ 03:00

Mwananje Nkunda cane, uzoronka umuhanuzi w’umutima vuba cane. Ariko wibuke benshi mu bankurikira barahamagarwa nanje ariko si bose bemera. Nkuko ubizi sinshobora kwivanga mu mwidegemvyo w’abana b’Imana , ingabirano Imana yaremanye zina muntu. Ntibikunda. Birakenewe ubu ko tubandanya iki gikorwa ntangere kugira ngo abana banje bazokwumviriza bazorokoke. Ibimenyetso biranga ibigiye guhindagurika kw’isi bigiye kwongerekana ku buryo hazosigara abantu bake cane hano kw’isi batazobibona.Ibimenyetso ndiko ndavuga nivyo bikomeza kwerekanwa mu mabonekerwa y’Umuvyeyi wanje nyaguhezagirwa I Buraya.Abantu benshi bazokwugurura ubwenge bwabo bakugurura imitima yabo bazotegera ko ubu butumwa buva mw’ijuru.. Igihe abana banje bazobona ibitangaro, bizobonekera mu zuba bazoheza rero bamenye ukuri. Muriyobagiza ababakengera, ababatuka n’ababatwenga  basomye iubu butumwa . Ivyo vyarashikiye abatumwa banje, bo bafashijwe na Mutima Mweranda baranguye igikorwa gishimishije.Nawewe mwananje warahawe iyo ngabirano.Ntuze wigere uyikekereza canke uyita ku w’amazi.  Ni ukuri nawe urabizi.Ugukekereza wari ufise ubwa mbere kwaratanguye kuyonga.  Nzokurungikira imfashanyo nkuko nabikwemereye. Nzokumenyesha kandi ibintu bizoranguka muri kazoza kandi nshaka ko ubimenyesha abandi bose harimwo n’abatemera.  Ntaco bitwaye naho batazokwemera bavyumvise ubwa mbere kuko uko ibi bintu bizotera bib anta kundi bazogira Atari kuvyemera.

 Hari integuro yo gutera intambara yateguwe n’abatwara iyi si – bashaka gukoresha ubwo buryo ngo bagabanye igitigiri c’abantu baba kw’isi. Nimusenge, nimusenge kugira ngo mutsinde ikibi abo bantu barondera gukora kuri iyi si.Kubera ko bahenzwe na Sekibi bahawe ubushobozi na shetani ngo bashire mu ngiro ububisha bwabo mu buryo bwose. Integuro yo gusenyura Papa Benedicto  iri fafi gushirwa mu ngiro ngo bashobore kugenzura amasengero n’ukwemera harimwo na Vaticano.

Umupapa wanje Benedicto akikijwe n’abahanuzi barondera kumutembagaza. Hari n’abandi bakuru b’ibihugu intwaro zabo zizotembagazwa bivuye ku bubabasha bwa sekibi bwihishije mu bo bakorana.   Bane banje nimuhaguruke mugwane. Iyi ni ingwano y’ukuri gusumba ingwano iyo ari yo yose mwoba mwarabonye kuri ino si. Ni ingwano ibagwanya umwe umwe wese mu bana banje. Mumenye ko ari mwe irondera. Ingorane ni uko udashobora kubona umwansi akugwanya uwo ari we.  Kubera ko ari abanyabwoba muri kamere yabo ntibafise ubutwari bwo kwivuga abaribo ngo mumenye intumbero yabo nico bagomba gushikako.

Bagira inama zo mu kinyegero.Barahurira mu mibano yanyu kandi bakwiye mu buzi butandukanye.  Muzobasanga mu marembo y’ababatwara, mu bacamanza, mu bapolisi, mu bikorera ivyabo n’abadandaji, mu bigisha  no mu gisoda nyene.  Ntimuze mwigere mubakundira ngo babategeke uko mwosenga. Muritegereza ingene bazogerageza gutegeka uburyo mubaho. Nimutangure ahubwo gutegura namwe ingene muzobivuna.

 

Ndabagabishije kandi ku bintu vyimirije bijanye n’incandago

Ubwa mbere na mbere nimukoranire mu migwi yo gusenga. Nimusabire abo bantu biziziwe na Shetani. Igisabisho kizofasha gutsinda zimwe muri izi ngorane. Muritegereza ikibi bazokorera abantu bakoresheje incandago. Ntimuze mwigere mwemera ihimirizwa ryo kw’isi yose ryoza bukwi na bukwi ryo gucandaga abantu naho ryoba ryitwaje imbabazi babafitiye. Murame mugavye. Igihugu ku kindi iyi migwi mishasha  zikomeza zigira inguvu ngo zigenzure abantu benshi bashoboka. Ntimugacike ivutu kuko nzokingira abayoboke banje bazonyambaza. Nimusabire kandi iyo mishaha yikwije ubutwari muri mwebwe yiyemeje gukwiza hose Ukuri. Benshi muri bo barabatwenga ariko mumenye ko bavuga ukuri. Murashira ibifungurwa mu mu nzu mubibike ntimugume mwiteze ivy’infashanyo. Nimutegure kazoza kuva ubu.  Nimutangure gushira mu bigega ibifungurwa kandi murime aho bishoboka. Murabika ibifungurwa nkuko mwoba mwiteguriye ingwano. Abazobigenza gutyo bizobagendera neza. Igisabisho n’ukwishikana bizobakomeza imitima vyongere bibakize ububisha bwaba bagizi ba nabi. Ntimuze mwigere mubareka ngo bagenzure ingene mwiyumvira canke ukwemera kwanyu mu kubareka ngo bazane amategeko azosambura ingo zanyu.

Bazokora uko bashoboye ngo batandukanye imiryango muguhatira ababubatse gutandukana, kwahukana, ubuhumbu n’ubushirasoni.

 

Kwica abakuru b’ibihugu

Bazokora ku buryo haba urwanko hagati y’ibihugu kandi bazogandagura abakuru b’ibihugu no muguhatira abanyagihugu ngo bemere kubaho uko babishaka.  Ishavu ry’Imana rizokwihuta kwiyerekana kuko ntizoreka ubwo bubegito bwabo ngo bwiganze kw’isi yose umwanya muremure kiretse nibemera kwigarura.Basabire.  Basabire ngo bahinduke maze nabo bashobore kurokoka. Ibi bintu ndiko ndababwira bigiye gutangura vuba cane. ….

Amasengero azobuzwa ariko murakomeza musenga ntimuze mwigere mutiny kugaragaza ukwemera kwanyu.  Abazogumya ibanga bazorerurwa  bajanwe mu bicu hamwe nanje barindire hamwe n’abandi igihe co kwinjira mw’iparadizo rishasha. Bazonezerwa mw’iparadizo rishasha vyongeye bazohimbarwa umusi basubiye gusanganira ababo bari baritavye Imana imbere yabo basangire impera y’ubuhirwe budahera.

Nimusenge kandi mukomere mwerekane urukundo mufitaniye. Nimusabire cane cane abatakaye batamenya ico ibikorwa vyabo bibi bizobashikana ko mu buzima bwimirije.  Abo bafise imitima y’akazuyazi. Ntimugatinye kubaburira ukuri. Mubereke akarorero, akamaro k’igisabisho ngo nabo boye gutakara. Nimukomere kandi mwirinde gutwarwa n’igisoda c’umwangushi. Haguruka utangaze ukwemera kwawe uguhagararire. Nimuvuge ishapule y’Ikigongwe c’Imana imisi yose. Nimuvuge Irozari. Mwishikane ku Muvyeyi wanje maze abagarukane ku Mushaha wanje kubw’ubutabazi bwiwe bweranda. Ndabaririra bane banje. Nimukoranire hamwe mumfashe kugwanya aka kabi kabishe. Mumenye ko igisabisho ari wo muti.  Umukiza wanyu Nyagukundwa rwose, Yezu Kristu