Messages 5

08/10/2017 15:22

Ubutumwa bwatanzwe na Bikira Mariya Umugabekazi w’Ubukiriro -Ku wa Gatanu 23 Myandagaro 2013: 14h09: ruziraKristu aho azokwimenyeshereza azovuga ko ari Umukristu Mwiza

Mwananje, ese ukuntu Abakristu bazobabara mu gihe ingwara y’igicumuro izokwandukira isi yose mu buryo butandukanye!

Hari ubugome bwateguwe ngo butuze UbuKristu bwose kandi vyakozwe mu mugambi wateguwe ngo ihonye ubuKristu. Muzobona ko mu gihe abaKristu batazoba bagifise uruhusha rwo kugaragaza ukwemera Imana kwabo mw’Isengero, ayandi madini yoyo atemera Imana azoguma afise uburenganzira bwo gukoranira hamwe mu mwidegemvyo. Ayo makoraniro y’abatemera Imana yoyo azoshigikirwa mu gihe azoharanira ubutungane ku banywanyi bayo nk’abanyagihugu. Ikizoba nuko ibicumuro bituka Mana Data bizokomeza kwiyongera.

Abantu bazotegekwa kwemera igicumuro mu bihugu vyabo gushika naho biba ingorane idasanzwe ku baKristu bashimye kwitandukanya n’ayo mategeko mabi.AbaKristu bazofatwa nk’abantu badafise urukundo rushitse, bashira ineza y’Imana imbere yiy’abantu kandi batanezwe agateka ka zina muntu.  Bazokwitwaza inyifato zose zishoboka ngo batange insiguro zishimikiye ku nyifato nziza ngo bahishe ububisha bwabo bwinyegeje muri iyo ntumbero bashaka gushikako mu bihugu vyanyu.

 

Iyo ingwara y’umubiri ifashe intara, irahitana abantu benshi. Ariko inyuma y’umubabaro n’urupfu bitewe n’ico kiza abantu bacitse kw’icumu baraheza bakagira inkomezi z’umubiri zibatuma imibiri yabo itagitsindwa n’ico caduka kubera abasoda b’umubiri baba bayiteguriye. Igicumuro kizotuma hatera ingwara z’umubiri nyinshi mu bihugu vyinshi mu gihe urubanza rw’ibikumu bizokwugwururwa n’Umukiza w’isi bigase bigasukwa kw’isi n’abamalayika b’Umukama. Abantu benshi bazotikira mu ntumbero yo gutyorora isi ubugome bw’abantu. Iryo tyororwa rizobandanya gushika hasigaye gusa abazoba baracandazwe iyo ngwara y’igicumuro batazoba bagipfa kubera urukundo bafitiye Imana.

AbaKristu bazobabara cane mu buryo butandukanye. Ukwemera kwabo kuzogwanywa mu kibanza cakwo bazotegekwa gusenga ishano ry’ibigirwamana. Imibabaro yabo yanamaze gutangura  ni kimwe niyo Umwana wanje arimwo muri iki gihe. Hanyuma bazobwirizwa kuraba n’amaso yabo ibirori vya RuziraKristu we mu gihe azokwimenyesha isi azobemeza rwose ko ari umuKristu w’intore. Azokoresha imirongo yo muri Bibilya mu mu ma jambo yiwe azoshikiriza isi. AbaKristu barushe bazoba baratuntuye ku mutima gushika uwo musi bazoca bumva baruhutse ubwo nyene.

 

Bazokwibaza bati tugiye twaronka Umuntu arungitswe avuye mw’ijuru Imana yishuye ibisabisho vyacu. Ururimi rwiwe ruzovuga amajambo asosa kandi aremesha abagowe kuko azokosora amakosa bakoreye AbaKristu. Azokwitondera uburyo azokwiyerekana imbere imbere yabo cane cane abaGatolika kuko niboz azoba arondera guta mu rudubi.   

Bose bazotangarira ruziraKristu n’ibikorwa vyiwe be n’inyifato yiwe yihishije inyuma y’ubuKristu ariko kazoba ari akarimi gusa. Azogaragara nk’umuntu akunda Ibitabu bitagatifu bice bituma abantu benshi bamwiyumvamwo. Azokoranya ibihugu vyose vyongeye azotunganya ibirori vy’ayandi madini na cane cane amadini y’abapagani  ngo bakorane bashobore kuzana amahoro kw’isi.Azoshobora gushira hamwe ibihugu vyahora bibonana nk’abansi gushika aho hazoba agacerere kenshi mu bihugu vyatabaguwe n’ingwano.

Igikorwa ca nyuma gikuru azorangura nuko azozana ibihugu vyose azoba yarakoranirijeje mu bumwe ngo abikoranirize muri Ekleziya Gatolika n’ayandi madini y’abaKristu. Iyo si yunze ubumwe ikoraniye hamwe n’amadini nivyo bizogira rya Dini rimwe ry’isi yose.Kuva uwo musi umuriro udahera uzoba ufunguwe kw’isi nayo ibikorwa vy’amashetani bizoshika ku rugero bitari bwigere bishikako kuva ku musi w’isegenya yo kuri Nowa.

Abantu bazoboneka nk’abasenga Imana muri iryo dini rishasha ry’isi yunze ubumwe kandi bazoboneka nkabayoboke b’Imana muri vyose naho shwi. Hanyuma basohotse hanze bazokwirekura bimwe bidasanzwe mu gicumuro kuko nta gicumuro kizoba kigiteye isoni. Barongowe n’ubutatu bw’ububeshi , ubutatu bwagizwe na shetani, bazoba bafitiye igishika kidasanzwe icaha cose nk’uburyo bwo gutururuza umwina w’ivy’isi bazogira muri ico gihe. 

Ubwo buyobe buzoba buri mwo ibicumuro vy’imibiri aho abantu bazosigara bata impuzu mw’ishengero umuntu nawe azokwirekura mu bicumuro vy’icese vy’umubiri mu bibanza bikoranira mwo abantu benshi.  Ubwicanyi buzoba ndanse kandi buzorangurwa n’abantu benshi harimwo n’abana. Ugusenga Shetani n’amamisa y’umwijima bizokorerwa mu masengero menshi Gatolika. Gukorora inda navyo bizofatwa nk’inyishu y’ibibazo vyose kandi bizorekurwa gushika ku  musi w’ukuvuka kw’umwana.

Hagiye kugera igihe bizoba ari icaha gihanwa n’amategeko umuntu afashwe yerekanye icubahiro afitiye Yezu Kristu. Bababonye mwambaye Umusalaba w’ukuri, muzoba mwakoze icaha kuko muzoba mwarenze amategeko. Amategeko y’ibihugu vyanyu azoba amategeko y’ikirirahabiri kuko ivy’intwaro n’ivy’idini bizokorera hamwe kubera indinganizo nshasha y’isi yunze ubumwe.

Uru ruhamo ni urwo gutegera mu nsiguro yuko abantu benshi bazosenga Igisizimwe batabizi kandi bazoterwa n’ibinyakuzimu.Bazoterwa n’amadayimoni ku buryo bazogurisha n’abo bavukana nyene,be n’abavyeyi babo ku bakuru b’iyo dini  n’ab’intwaro mu gihe boba bakiyobokera Imana nk’abaKristu. Reka ndababwire bane banje, igisigaye gishobora kubakiza ayo marushwa n’igisabisho ngo muronke infashanyo izobafasha kurinda muri ico kiringo. 

Ndabahanuye ko mwoshingura neza ivyeranda  nka’amashapule, amabuji ahezagiye, amazi ahezagiye, Bibiliya ntagatifu na Misseli  Nyeranda  ya buri musi, n’igitabo c’ibisabisho vy’Ingabo za Kristu. Murabwirizwa Kugira Igikumu c’Imana Nzima mu nzu zanyu no kuyigendana aho muri hose aho bishoboka hose.  Umudari wanje w’ubukiriro uzohindura abazowambara kandi bazoronka ikigongwe c’Umwana wanje. Ndakwinginze mwana nje ngo ukoreshe umudari w’ubukiriro  ubu nyene kandi ukoreshe Ikapulari y’Igikumu c’Imana Nzima.

Ubu butumwa ni ubwo kubagabisha nk’ab’Ijuru ku vyimirije gushika. Murabwirizwa kunyumviriza, Jewe Umugabekazi w’ubukiriro kuko Mbwirizwa kubabera umuco ndabashikane k’Ukuri gutyo mushobore kuguma muri abaKristu beza bahimbara Umwana Wanje igihe cose.

Ni mugende amahoro bane banje, kandi mureme kuko iki kigeragezo kizogabanywa kubera imbabazi z’Imana. Nimunyizere Jewe Nyoko wanyu, kuko nzokwama ndi kumwe namwe mu bihe vy’amagume. Ntimuzokwigera murekwa mwenyene.

Nyoko wanyu, Umugabekazi w’ubukiriro  

 

=========================================

 Umugabekazi w’Ubukiriro : Ntimuze mwigere mwemera ububeshi bagiye kubazanira bwo kwemerera  abapagani n’abahakanyi kwinjira mu  masengero y’Imana  ngo bayahumanye.

 

Ku wa kabiri 6 Myandagaro 2013 isaha 19h37

Mwananje, ntiwumvirize abo baguma bagwanya ubutumwa bw’Ubutatu Bweranda. Kuko bazobasamaza ngo bababuze kurangura iki Gikorwa. Niwibuke ko ubu butumwa buzoronka ibitero birengeye ubundi bwose bubaho kubera akamaro bufise. Agashinyaguro, agasuzuguro n’impari bizokomeza gushika ku musi wa nyuma uzoronkera ko ubutumwa bwa nyuma.

 

Integuro yo gusamaza ubu butumwa izokomeza kwiyongera mbere n’inzigo izokomeza kuba nyinshi, none rero niwitegure. Ubu butumwa ntibushobora gufatwa minenerwe ahubwo bubwirizwa kumenywa n’abemera mbere n’abatemera nyene kuko Ijambo ry’Imana ribwirizwa kwumvwa na bose. Inzigo n’ishari abantu bafitiye Imana birigaragaza kw’isi yose nabo abatangaza Ijambo ryayo muri ibi bihe bazobabara.

 

Ukuri abantu bamye bakugwanya kuva mu ntango aho Imana yarungika abahanuzi ngo bagabishe abana bayo ku bijanye n’ububi bw’ubupagani. Ubuhakanyi n’igihushane c’ukuri, ari ryo Jambo ry’Imana. Iyo mitima nyabworo isenga ibitari Imana izotuma Mana Data Ashavura bimwe bidasanzwe. N’Imana Irakara kuko ni ku Bwiwe ibintu vyose vyatanguye. N’Imana Ishobora vyose, Imana Yuzuye Urukundo, ariko Ishavu ryayo Riteye ubwoba rwose iyo abakorera Shetani basagirije abamukunda.

 

Iyo abana b’Imana, abayemera kandi bayisenga, mu Mwana wayo Nyagukundwa, Yezu Kristu, bagerageje kwiyunga n’iyindi mitima, ayandi madini, bamenye ko babwirizwa kuhagabira. Imana ishaka ko abana bayo bakundana hagati yabo, bataravye amamuko  n’amoko bavamwo, amadini n’ibihugu bavamwo. Ico itazokwigera yemera ariko ni uko abaKristu bagwa mu nda abapagani, muri Ekleziya yayo. Ivyo nibaramuka babikoze, abahakanyi bazokora uko bashoboye ngo bahanagure kandi bazimanganye ico cose citwa ubuKristu.

 

Ni igitutsi gikomeye cane ku Mana gufata Ukuri ukakwanjajwako ukijajara gushika naho ureka ibinyoma ngo bikwandukire bigutosekaze. Abahanuzi b’Umukama baraburiye ubwoko bw’abantu ko hari intambamyi  mbi cane ibangamiye abantu iyo nayo ikaba ari ubupagani n’ubuyobe kuko ubuhakanyi bujana mu rupfu ata kindi rushaka atari ugutema rutongora abana b’Imana. Ivyo nivyashika ibihugu bizoba vyaremeye ko ubwo buyobe bukorerwa mu masengero yabo bizozimangana ata mbabazi.

 

Ntimuze mwigere mwemera ububeshi bagiye kubazanira bwo kwemerera abapagani n’abahakanyi kwinjira mu  masengero y’Imana  ngo bayiganzire. Ntimugahirahire ngo mwigere mwibagira akigoro kadasanzwe Imana yagize aho yabarungikira Umwana wayo w’Ikinege ngo Abazanire ubuhirwe budahera.  Umusi muzohirahira mukemera imigirwa y’ayandi madini atari ay’Imana canke nimwahirahira ngo mwerekane icubahiro mufitiye abapagani, niwo musi muzoha umugongo ukuri. Nimwame mugavye amaso yanyu agume yuguruye kandi musabe ngo amasengero yanyu ntabahatire kwibagira ubunywanyi mufitaniye na Yezu Kristu n’icubahiro kimukwiye.

 

Nyoko wanyu mukunda cane.

Umugabekazi w’Ubukiriro

Ndamukiza Igenekerezo rya 27, 2014

Bane banje, Nimukundire umuco w’Imana ubashungurukireko, kuko indinganizo yo gutegura isi kwakira Umwana Wanje Yezu Kristu agarutse mu buninahazwa yaramaze kuranguka. Ibintu vyose bigeye kuzoranguka nkuko Imana ibishaka ari naco gituma mbasavye ngo mukoreshe igisabisho nk’umuheto udasanzwe uko ingwano y’abana b’Imana izotera ikomera. Ugereranije n’izindi ngwano zahabaye mbere ingwano y’imitima izoba irimwo igipfungu kuko umwansi azobonwa nk’umugenzi nayo Ekleziya nyakuri ya Kristu ikazokumirwa kuko izobonwa nk’Umwansi.

 

Ese ukuntu uzobwirizwa kugira inkomezi zidasanzwe niba ushaka kubandanya uri umuKristu nyawe n’Ingabo ya Kristu. Ntimugahirahire ngo mwikubite imbere y’ababahatira gusubira mwo amajambo atuka Imana bazobabwira ngo ni musubire mwo mw’isengero canke imbere y’altari z’Umwana wanje. Nimwabona abantu bashizwe mu bibanza vy’icubahiro, mu masengero y’Umwana wanje, bakabahatira kubunamira no kubaha icubahiro ariko ata musalaba uhari, muraca mutungwa nayo mwameze bane banje kuko bazoba bagiye kubata mu rudubi.  Muzoca mumenya ko igihe ca ruziraKristu co kwinjira mu Ngoro y’Umwana Wanje cashitse, mu gihe amatabernakulo azoba yamaze gutunganywa ukundi gusha ahatari hake naho yamaze gusubirizwa n’itabernakulo zikozwe mu mbaho.

 

Bane banje, nimutegere neza ko benshi muri mwebwe muzoha umugongo Ukuri kuko muzosanga Ikuri kugoye cane kwemera. Imisi izoza imbere y’amaza ya RuziraKristu izorangwa n’imisi mikuru myinshi izokorerwa mu masengero atandukanye y’abakristu n’ayandi madini. Amateka n’amabwirizwa bizoba vyaramaze guhindagurwa, Liturjiya izoba yarahinduwe, amasakaramentu nayo bazoba barayahindaguye uko bishakiye gushika naho mu mpera za vyose Inkuka y’imisa itazoba igiherezwa hakurikijwe Inyigisho ngenderwako z’Ekleziya.  Muri ico gihe na cane cane ku mu musi ruziraKristu azokwicara ku ntebe yiwe n’ubwishime bwinshi, Umwana wanje ntazoba akiri mw’Itabernakulo.  Gutyo rero kuva kuri uyo musi bizogorana kuri abo bakristu bakunda Umwana wanje kubandanya bamugendanira nkuko babwirizwa kubera muzoca mutangura kugaburirwa amashano y’ubwoko bwose.  Ibibasamaza bimaze kwongerezwa kandi mu gihe kizokwitwa nk’icaha ku muntu ahirahiriye ngo agire ico abaza ku bijanye n’ubwo butegetsi bushasha buzoba bwadutse, muzosanga muzogeragezwa guheba ukwemera kwanyu, gutyo musange musange mwatoye kwemera no kuyoboka rya dini ry’isi imwe yunze ubumwe, mu gutinya gutakaza abagenzi n’imiryango.

 

Igisirikare c’Imana- Ekleziya yasigaye ari zo Ngabo za Kristu– kizokura, kigwire kandi gikwire hose; ibisabisho vy’Ingabo za Kristu navyo bikazokomeza rwose ico gikorwa. Umwana wanje azobatabara yongere abatware ku rutugu ngo abashigikire mu bihe bitoroshe bibarindiriye vyongeye muzotegera ko ari kubw’ububasha bwiwe muzoba mufise ubutwari n’ ugukomera kw’ibanga ry’ukwemera. Vyongeye abakomeye bo basa bari muri mwebwe nibo bazozigama Ijambo ry’Imana, ariko naho Ingabo za Kristu zosigara ari igice gito cane ugereranije n’ingabo z’igisirikare c’Igisizimwe, Imana izozongereza n’ububasha bw’Intambwe. Imana izoha inguvu ba ntantege ibuzuze ubukomezi bw’inema zayo. Izokonyagura ububasha bwabo bazoba abasenzi ba ruziraKristu. Ibi bintu vyose bizoba nk’ibitera ubwoba, ariko mu vy’ukuri ibi bintu bizosa kuri benshi nk’igihe gishasha c’ubumwe n’amahoro kw’isi yose. Abantu bazotangarira iryo dini rishasha ry’isi yunze ubumwe bavuge bati: Ese igitangaro Imana ihejeje kutugirira! Bazotangarira abantu bamwe bakomotse mw’Ekleziya abandi bakomotse hanze yayo bazoba barakoze batiziganya ngo ubwo bumwe bushoboke.   Bazohabwa amashimwe n’ivyubahiro bongere bazobaramutsa babatere impundu babaririmbire aho hose bashitse hakoranira abantu benshi.

 

Hazoba akanyamuneza, intambo n’imigirwa yo guha icubahiro abo bakuru, aho abahakanye Ekleziya n’abahunye bazohabwa ibidari vy’Umwakaka. Muzobona ubutunzi bwinshi, ubumwe bw’abemera bavuye mu madini atandukanye, hakazoba n’abandi bazohabwa icubahiro nk’aberanda bigendera kuri iyi si bose kiretse umwe. Uwo umwe mvuze ni ruziraKristu nawe bazokwiyumvira ko ariwe Yezu Kristu.

Nyoko wanyu

Umugabekazi w’Ubukiriro

 

===========================================================================================

Ku wa Gatanu, Rusama Igenekerezo rya  20, 2011 @ 10:00

Abantu benshi ntibategera neza ibijanye n’amaza ya kabiri y’Umukama n’ico igaruka ryiwe mu Buninahazwa bisigura


Mwigeme wanje nkunda, abantu benshi baribaza insiguro y’Amaza ya kabiri y’Umukama, kubera ico rero nkundira ndabasigurire. Naraje kw’isi ubwa mbere ngo nkize ikiremwa muntu ndamukure mu mwijima gutyo ashobore gutorana impera y’ubuzima budahera. Mana data yamaho, kubw’imbabazi ziwe, yarandungitse kugira ngo abana biwe bose babashe kuronka ubuzima budahera. Kuko gushika ico gihe, kubera igicumuro ca Adamu na Eva, ibi ntivyari gukunda. Ubu naho ngomba kugaruka ngo nzanire impera abo bose bankurikire. Anbantu benshi ntibategera neza ibijanye n’ayo maza yanje ya kabiri. Abantu benshi biyumvira ngo igaruka ryanje mu buninahazwa mu maza yanje ya kabiri ko bisigura umuhero w’isi. Oya sico bisigura. Ahubbwo amaze yanje ya kabiri asigura impera y’ibihe vy’akajagari katewe na Shetani n’abayikurikira bo bazanye amaganya atagira ukwo yovugwa mw’isi, gutyo kuva ico gihe Shetani n’abagizi ba nabi ntibaze bashobore gukandagira kw’isi mu gihe c’imyaka igihumbi

 

Insiguro ijanye n’ubuzima bw’iparadizo nshasha ngaha kw’Isi

Iyi Paradizo nshasha nabemereye rizoseruka igihe Ijuru n’isi bizokwinjiranamwo bigahinduka ikintu kimwe.Ubu buzima bushasha nzaniye abigishwa banje bose n’ubuzima bw’urukundo n’ubununahazwa ntangere. Ariko mu menye neza mwebwe mwa bigishwa banje kugira ngo mwinjire muri ivyo bihe bishasha, muzobwirizwa guca mu bibababaza vyinshi.  Kugira ngo ndabafashe kwitegurira uwo musi mukuru udasanzwe, ndabazaniye ingabirano ikomeye y’imbabazi zanje imbere yuko ivyo bintu bishika. Iburirwa(Igabishwa) rizoha umwe umwe wese muri mwebwe akaryo ko kubona ivyaha vyanyu n’ukugene bimbabaza, rizobafasha kubona Ukuri. Nimwasobanukirwa neza ku mwanda uterwa n’igicumuro kiri muri mwebwe, niho ho nyene muzoshobora gutegera ububabare niyumva mwo igihe cose mucumuye.
 

Incamake y’ibizoba ku musi w’urubanza rwa nyuma


Mu kubaha akaryo ko kwibonera n’amaso y’imitima yanyu iki gitangaro c’imbabazi zanje, muzohabwa kumenya ukuri kujanye n’ibizoshika ku musi w’urubanza rwa nyuma. Gutyo muzoba muronse akaryo nyako ko kungaruka ko ngo murushirizeho kunkorera. Murabona, Ndabakunda mwese cane kandi Ndabafitiye ikigumbagumba cinshi cane ku buryo ataco ntazokora  mu bishoboka  ngo Ndabatabare Ndabakure mu migozi y’umwangushi.

Muragabe ariko kuko shetani igiye kuzogwiza ibikorwa vyayo iciye kuri bene wanyu basazanyu na bashiki banyu ngo ibatume mu mpa umugongo, n’inyuma yuko ico kimenyetso c’iburirwa kizoba carahabaye. Kuva ubu murabwirizwa kwugurura ubwenge bwanyu, mwibagire impari z’abantu ngo mwemere Ukuri kujanye n’ukubaho kwanyu hano kw’isi. Ububeshi bwose buvuye mu bushakashatsi bw’abantu buzokoreshwa ngo babakuruguture gushika babankire kwemera Ukuri.

Shetani ntishaka bane banje ko mwoza mungana. Ubukari bwayo burabwirizwa kumenagurika, ariko bishoboka gusa mufashije. Ntimumukundire ngo ashire igipfungu c’ububeshi bwiwe mu vyiyumviro vyanyu. Muzosanga bigoye kudahura n’imigambi yayo, uruhamo rwayo n’agasuzuguro kayo, kuko niko ikora. Shetani izoca ku bandi bantu ngo iguteshe intege. Benshi muri mwebwe ntimuzomenya ko Shetani ariyo iriko ikora gutyo mu bandi bantu naho ivyiyumviro vyabo muzovyubaha. Ariko uko niko ikora nyene. Izokwigaragaza iciye muri iyo mitima nyabworo ikwegwakwegwa mu mwijima. Izokora ukwo ishoboye ngo isinzikaze ivyiyumviro vyabo ntibishobore kubona Ukuri kujanye n’ubuninahazwa bwanje n’ubuhirwe budahera mwatoranijwe ku bw’agateka k’abana b’Imana mufise.

Ntimukigere mureka ngo iryo terabwoba ryayo ritimbishe na gato urukundo mumfitiye. Vyonngeye mwamize ku muzirikanyi wanyu ko itazokwigera itsinda iyi ngwano, bisigura ko iyo mitima nyabworo izokomeza gukurikira Shetani izotabwa mu nyenga y’umuriro udehera hamwe nayo. Ukaba ushaka ubuzima n’ubuhirwe bwamaho, koresha iki gihe wahawe co kuba kuri iyi si mukubeshuza Shetani no kuyimaramaza uko ushoboye kwose mu gihe ukibishoboye.

 

Nzokwima kw’isi mu myaka 1000


Mwigeme wanje, Nzokwima kw’isi mu myaka 1000. Ntugahendwe n’umuntu n’umwe, ni Jewe Ngaba Vyose kandi  urukurikirane rw’ibiriko biraba kw’isi ubu nijewe ndabigenzura. Narateguye inzira y’ubwami bwanje bwo ngaha kw’isi kandi ico gihe kiri hafi, kiregereje gusumba uko benshi bavyibaza. Nezerwa kuko aya makuru azohabwa ikaze na bose. N’igihe co gushira akaburungu ka nyuma ububabare bwose bwo kw’isi nzima. Iyi nkuri izotuma abantu buzura umusesekara w’urukundo n’akanyamuneza kazosangirwa n’abana banje bose.

Iyi Paradizo Nshasha izoba irengeye ico ubwenge bwanyu bwoshobora gutegera muri iki gihe. Ariko nimumenye ibi bikurikira: Ubu buzima bushasha buzobaronsa, mwebwe mwa bigishwa banje mungendanira, ubuzima buzira imyitwarariko iyo ari yo yose. Nta na kimwe muzoba mugikena.Vyose bizobaronswa nanje.   Umwe umwe wese muri mwebwe azotora ubu bwami buninahaye azotangara abonye akabuye k’agaciro kamurindiriye. Nimusabe  rero ngo benewanyu nabo bashobore kwugurura amaso yabo babone Ukuri kujanye n’intoranwa nabemereye kugira ngo nabo nyene bashobore kwinjira muri ubwo buzima bushasha kw’isi.

Umukama wanyu abakunda cane

Yezu Kristu.

====================================================================

Ku wa Mungu, Kigarama Igenekerezo rya 30, 2012 @ 05:50 pm

========================================================

Ku wa Mungu, Kigarama Igenekerezo rya 23, 2012 @ 03:30 z’umuhingamo

Ubumwe bw’Umuryango  n’ukugene bazogerageza kuwusambura nivyo bizoba inyanduruko y’amazimwe.

 

Mwananje Nkunda cane , benshi muri abo basaseredoti banje bazobona amageragezwa menshi! Ayo mageragezwa azoba ashaka kubahatira gutora imwe mu nzira zibiri zitandukanye bagiye kuzobazanira.

Bizova rero kuri umwe umwe wese inzira azohitamwo kuko iryo shano riri hafi kuzokwigaragaza vuba cane. Benshi mu basaseredoti banje ntibazohita bategera ibiriko biraba. Bazotangara babonye amabaruwa bazohabwa n’ababarongoye mu bibabanza vyo hejuru ku buryo bazosanga abasaba gukora ibintu bitoroshe.

Abo bose bubaha Ijambo ryanje, ryahawe umuntu biciye ku ngabirano ya Bibiliya Ntagatifu bazogeragezwa babahimiriza kwemera ivyahindaguwe. Ayo makosa bazoyahabwa bayabahatireko kandi babwirizwe kuvyemera nkuko vyoba ari ukuri. Bizoba bigamije ikintu kimwe gusa: Guhatira abasaseredoti banje kwihanganira igicumuro no kucemera! Bazobwirwa ko Imana ari Munyakigongwe kandi ko ikunda umuntu uwo ari we wese. Ego niko ikunda umuntu uwo ari we wese. Ariko rero ikibi kirimwo nuko bazokwigishwa gushigikira amategeko mashasha azoba ari ishano imbere y’amaso yanje. Ubumwe bw’Umuryango  n’ukugene bazogerageza kuwusambura nivyo bizoba inyanduruko y’amazimwe. Abandi bazobwirizwa kwemera iyindi migirwa itava kuri Jewe izosubirira Inkuka y’Imisa igakura n’icicaro c’Ukaristiya yanje Nyeranda.

Bizobonwa nk’uburyo bwo kudakumira ayandi madini y’abaKristu n’ayandi madini ngo bibe idini rimwe. Rizoba ari itanguriro ry’iherezo.

Umusi Inkuka Nyeranda y’Imisa yahora igirwa buri musi izokurwaho niwo musi ivyamenyeshejwe vyose bizoca bitangura kuranguka nkuko vyari vyaramenyeshejwe na Yohani Mweranda, Umwanditsi w’Ivyahishuriwe. Kizoba ari ca gihe igisizimwe kizoseruka ahabona nayo ibizokwononekara kubera co bizoba vyinshi. Azoyovya imitima y’abasaseredoti n’abihebeye Imana benshi. Intumbero yiwe niyo guhagarika inkuka ya Misa hose no guhumanya

 Ukaristiya Nyeranda.

Asanzwe abikora mu kinyegero mu misa zirabura zibera mu ma sengero menshi ya Ekleziya Gatolika. Umugwi w’abasaseredoti bangambararira uriko uragwanya abo banyubaha kandi bagamije kuzotakaza benshi. Murame mugavye. Fungura amaso yanyu kandi muntakambire ndabaronse inema muzoba mukeneye, gutyo mushobore kurinda no kugwanya iyi migambi igayitse! Iyi ngwano yo mw’Ekleziya yanje izoba ikaze cane. Abapatiri bazogwanya abandi bapatiri nkabo, Abepiskopi bagwanyane hagati yabo, abacardinali bazogwana n’abakaridinali.

Nimwame muzi ko abanzi kandi bakankunda muri mwebwe mwa basaserdoti banje, nzobayobora!Nzobaha inema mukeneye ngo mushobore kuzibukira, no kugwanya abo bansi b’Imana! Ntimuri mwenyene. Ntimugatege ugutwi ububeshi babazanira mw’Izina ryanje. Murazi mwebwe nyene Ukuri mu mitima yanyu. Nimwumvirize umuzirikanyi wanyu. Nimugume mu kuri mwigishijwe kuva na mbere ko ari amateka n’amategeko y’Imana.

Umusi babazaniye ikintu ico arico cose gitandukanye n’inyigisho zanje, murabwirizwa kugiha umugongo!

 

Yezu wanyu

Umuhanuzi w’ibinyoma na ruzira-Kristu


 We niwirabire gusa n’amaso yawe Umuhanuzi w’ibinyoma ingene azogerageza kurongora Ekleziya Yanje ariko umenye neza ko atava mu nzu kwa Data. Azomera nkuko yoba yatowe mu Kuri. Ariko sivyo. Murazoraba kandi ubucuti azogiriranira na ruziraKristu kuko abo babiri bazoba abigishwa ba Shetani ba karuhariwe bakayikurikira ku mayeri ku rwenge ngo bahuvye benshi. Bambaye nk’imyagazi. Bazoba bafise ububasha bwo gukora ibitangaro buzoba bumeze nk’ibitangaro vya kera ariko ububasha bwabo buzoba buva kwa Shetani. Murabwirizwa kuguma mu nema yeza igihe cose ngo mugwanire ukwemera kwanyu. Nimusabire abasaseredoti banje bafise imitima y’akazuyazi mu kwemera kwabo kuko bashobora gutwarwa n’inkukura bakagwa mu minwe y’Umwangushi. Azobabesha kuko azotanga ibibanezereza, umwete w’ivyo akora, ico benshi bazokwita urukundo ariko bakayoberwa kubona ko ari urukundo rwo kwirondera ata kindi ruzoba rushaka atari inyungu ziwe gusa n’ukwiyerekana nk’umuntu ashoboye gukoranya abantu benshi no kubategeka ku buryo bizobagora kumwirengagiza! Nimwaja nanrwo mu gafata iyi nzira mwa basaseredoti banje, muzoba muhushije inzira ijana iwanje ubutakigaruka.


Woshobora kubaza impamvu ibi bintu bizozana ingorane. Uzokwibaza n’igituma Ndeka ibi bintu bikaba. Wovuga uti Emwe, Nta Yezu Yoreka ngo intambamyi nkizi zishikire abantu biwe! Umvirize rero Ndababwire. Impamvu Mbwirizwa kureka ayo mageragezwa agashika ni uko intambara ya nyuma hagati y’Imana Dawe Yamaho na Sekibi ibwirizwa gutangura iciye muri ayo mageragezwa. Hatabaye iyo ntambara Rukokoma Shetani ntiyoshobora gutabwa mu nyenga y’Umuriro udahera.

 Nimunyumve ubu bane banje. RuziraKristu ari hafi kwimenyekanisha. Nimwame mugavye. Nimwugurure amaso yanyu n’imitima yanyu ibone ukuri ahandi ho muzohona mwese.  Ariko ntimutinye bakunzi banje kuko ni mwebwe muzoyobora intama zanje muri Adoration Nyeranda aho muzoninahaza Mana Data. Infungurwa y’ubuzima izoba ari umusesekara kuri abo bazokomeza kuba abagororotsi mu misi y’umwijima yimirije. Nimugume muri hamwe. Ni mukundane. Nimuremeshanye kugira mubashe kwunga ubumwe mugukoraniriza muri Jewe amoko yose, amadinini, n’abemera bose aho bari hose mubazane mu bwami bwa Data.

 

RuziraKristu.

Benshi mu bankurikira bazogwa mu mitego y’ubwo bugome. Ni mwame mugavye. Azobonwa nk’umuvuga butumwa w’urukundo, amahoro n’umwumvikano kw’isi. Abantu bazokubita ibipfukamiro hasi bamusenge. Azobereka ubushobozi bwiwe kandi muzohendwa mwibaze ko ubwo bushobozi bwiwe buva ku Mana. Ariko sivyo. Azobigisha mu buryo mudakunze kwumva kenshi. AbaKristu b’ukuri bazomenya ubwo nyene ko atari umwigisha w’umuco. Ubwishime bwiwe, ubwirye bwiwe bizoguma bigaragarira mu nyifato yiwe ku bafise amaso yo kubibona bazoca bahinyura vuba ko bigamije gukora ikibi kibishe.

Azokwihisha inyuma kandi yongere agaragaze  ibizoboneka inyuma nkuko zoba ari imbabazi z’ukuri n’urukundo rwa bose. Indani mu mutima, azoba yuzuye inzigo n’urwanko abafitiye bibondo vyanje mfise ku Mutima. Aritwengera inyuma y’imyango yugaye atawumubona. Bane banje, azobatsitaza bidasanzwe gushika naho muzokwijijanya imitima mu kibaza ico mwofata nico mworeka. Azoboneka nk’umuntu w’ubushobozi bwinshi, azi neza ico ariko arakora, atwenza, atera inkuru, akundana kandi azobonwa nk’uko yoba aje kubakiza. Amaso yiwe meza azotuma abantu benshi bamukunda naho mu nyuma azobihinduka.

 

Azoba inyanduruko y’umudugararo kw’isi yose kandi azogandagura abantu benshi. Ibikorwa vyiwe vy’iterabwoba bizogaragara imbere y’abantu bose. Azosenyura ukwishira n’ukwizana kwanyu kandi azotuma haza ikidodo, ikashe y’Igisizimwe. Bane banje muzobwirizwa kugira ubukomezi. Ntumugahirahire ngo mwemere ico kidodo kuko mukaramuka mwihenze mukacakira muzoca muba ibikoresho vyiwe azocura bufuni na buhoro uko yishakiye akoresheje ububasha bwiwe bw’ikuzimu.

Benshi bazopfa bazira ukwemera kwabo. Ntimugutinye kubabara kuko nimwababara muzira Jewe, ku bwa Nje muzoba mwaratowe. Nimusenge ngo ntimukamureke ngo abarongore mu ntwaro yiwe y’iterabwoba. Nimuhaguruke mungwanire.

Ntimukareke ngo ruziraKristu akoreshe ubusungusungu bwiwe ngo abatware imitima yanyu. Nkundira ndababumbatire mu maboko yanje, Ndabugumbire n’Inema y’Ubumana Bwanje ngo Ndabahe inguvu ngo mugwanire Ukuri. Urukundo Ndabafitiye ntiruzokwigera rupfa. Ntimugatore iyo nzira ya ruziraKristu ahandi ho namwe muzoba mutakaye burundu. Bizoba bigoye ariko Nzotabara abana banje bose mu buryo bwinshi cane ngo Ndaborohereze mu bubabare muzobwirizwa gucamwo. Nimugende kandi musenge ngo mugabane Ikigongwe c’Ubumana Bwanje ngo mwitegurire ingwano rukokoma, Ingwano ya nyuma.

Uriko urabona ukuri muri iki gihe kandi wemera ubutumwa bwanje nkuko buri, Niwandike ibi bintu mwananje. Ukugene ubuhanuzi buriko buramenyekana biriko biragaragara imbere y’abantu bose bafise amaso ngo babone. Nimurabe amahindagurika azokwigaragaza muri Ekleziya Yanje aze ababere kimwe mu bimenyetso vya mbere. Ibi bizoba igihe Umwangushi azohendahenda abigishwa banje akabakwegera kure yanje.

 

Ikimenyetso ca kabiri kizoboneka mu kuntu benshi muri mwebwe batazoba bagifise mu minwe ubutegetsi bw’ibihugu vyabo. Ibi bizoba mu bijanye n’ubutunzi bw’ibihugu vyanyu hamwe n’ibijanye na gisirikare. Bane banje, aba bategetsi babo n’abo bose bafise ivyo bajejwe mu bijanye n’ugutunganiriza abanyagihugu bazotakaza ububasha bwabo. Bazomera nk’ubwato buri mu kiyaga butagira umusoza. Ubwato bazosoza ntibuzoshobora kumenya iyo buja ahubwo buzotakara.

Bane banje, murabwirizwa gusenga mushimitse ngo mugabanye ububasha iyi migwi y’abanyakabi izoshobora kugira kuri mwebwe. Ntibakorera ubwami bw’Imana vyongeye kubera amayeri n’ubwiyorobetsi bubaranga ntimuzoshobora kubona ko ari inguvu zikomeye ziyorobeka nk’inzoka kuko zitinya kwerekana ububasha n’ububisha zabwo. Mweho bamne banje murabwirizwa kubimenya gusumba abandi. Muzomenya ko muriko murabaho mu bihe bitoroshe(…). Haguruka bane banje ubu bwa ngingo.

 

Ikidodo c’Igisizimwe


Ntimukemere ico kidodo. Benshi muri mwebwe mwanse kucakira gutyo muzoshobora kugira inguvu kuko igitigiri canyu kizoba ari kinini. Iki kidodo- ikimenyetso c’Igisizimwe nico kizobata mu nyenga. Ntibizoba bimeze nkuko muvyibaza. Nimwemera kucakira muzoba mwigurishije.

 

Imiryango yanyu izojanwa kumwe nanje mu kirere mu kanya isase


Ni musenge ngo muronke umuco mushobore guhitamwo neza. Mwa bantu mwese mwemera nimuhaguruke mugwane kw’Izina ryanje kandi mugwanye ruziraKristu. Abantu bazogutwenga niwabibutsa ivyahishuriwe umutumwa Yohani. Bazokwagiriza bongere bagutere ivyatsi uzira ivyiyumviro ubashikiriza. Uraheza ubareke bivugire kuko ni Jewe Ndagutumye. Senga, senga rwose kandi uhimirize abataravyemera ngo bemere izi nyigisho. Ntimugatinye. Kubera benshi muri mwebwe muba mufise ubwoba kubijanye na kazoza kanyu n’imiryango yanyu, ngibi ivyo Ndababwiye. Umwanya niwagera mwe n’imiryango yanyu muzoterurwa mujanwe mw’Ijuru hamwe nanje mu kanya isase. Niho rero muzotorana ingabirano y’Ubuzima budahera mu gihe Ijuru n’isi bizoba ikintu kimwe.   Nico Iparadizo rishasha bisigura. Kizoba ari ibihe vy’amahirwe menshi, urukundo n’ubugororotsi ku banyobokera bose.

 

Sinzokumira n’idini na rimwe muri ubu butumwa.

Ijambo ryanje ubu ririko riratangwa nk’ingabirano mpereza zina muntu wese. Muri iki kiganiro sindota nganiririra umugwi umwe w’abanyemera canke uyundi. Kuri abo bose muri mwebwe bategera ukuri reka Ndabibutse ikintu kimwe. Abana banje bose bo kw’isi nzima cane cane abo bacumuzi bafise imitima y’akagagazo yiraburanijwe n’igicumuro harimwo nabo batemera ko Imana Data Yamaho, Muremyi wa vyose nibo Nipfuza kumenyesha ibi bintu ubwa mbere Bizobavako bakunzi banje gusenga mushimitse n’ukwereka urukundo izo mpumyi. Ariko mubikore mu buryo ndiko Ndabibigisha. Mwame mwibuke yuko Ndabakunda mwese.
 

Yezu Kristu, Umwami w’abantu banje

Umukiza & Umucamanza w’Intungane

Mwananje Nkunda cane, mugiye kuzobona ihindagurika ry’ibirere nk’ikindi kimenyetso kibaburira ko ibihe bigiye guhinduka. Hazoba n’ayandi mahindagurika y’ibintu azokurikira ivyo. Izuba rizotangura gukubita no kuzunguruka mu kirere ngo ibereke ko isi ikeneye kwitegurira Igabishwa.

Umusalaba wanje niwo uzobabonekera ubwa mbere. Bazoca batangara. Ariko mumenye iki n’ikimenyetso kizoba gihawe isi kugira ngo mwitegure  mu mitima yanyu ngo mubashe kwakira urukiza rwanyu mwigaye kandi mwirege ivhaha mwakoze. Muramutse muvyifashe mwo gutyo, ntimuzobabara mu gihe c’Igabishwa.

Nimusenge, Nimusenge, Nimusenge. BaKristu mwese aho muri hose. Muranezerwa muhimbarwe nimwabona Ijuru ryugurutse kuko muzoheza muce mumenya ko Ndiko Ndaza  kw’isi. Muri ico gihe nta muntu azoba ashoboye kumpakana. Urukundo rwanje ruzosayanganira mu mpera zose zo kw’isi mu gihe Nzoba Ndiko Ndagerageza kwiyegereza imitima yose kw’isi nzima.

Iki gitangaro kizoza ata n’umwe aciteze kandi kizosiga isi yose mu gacerere-izohagarara itangajwe nibibaye. Bamaze kuva muri iyo koma niho abatari bake bazoba bacibaza ibibazo kuvyo babonye. Mu gihe Ndiko Ndaza ariko mumenye ko na Shetani n’amadayimoni yo mu muriro bazoza nabo nyene ngo bagerageze gusahura imitima y’abana banje ngo bayibuze kurokoka. Nico gituma Mbwirizwa kubahimiriza mwese ngo mukomeze kumijagira amazu yanyu n’amazi ahezagiye kandi mugire amabuji ahezagiye hose. Murabwirizwa kuguma mukingiwe igihe cose.

 

Mukurindira ko ivyo bishika Ndabasavye ngo mugire ibi bikurikira. Nimusabire abo bose badashoboye kubibona mu mitima yabo ngo bemere Ukuri kw’inyigisho Ndabashikiriza. Nimusabire cane cane abo bose ataco bakora ngo bampakane naho bazi neza ko Nababambiwe ku Musalaba ngo Ndokore imitima yabo.  Mwibuke ko Napfiriye umwe umwe wese muri mwebwe ngo Ndabakize. Nimwibuke ko muri iki gihe Ngarutse ngo Ndabatabare ntasize inyuma n’umwe muri mwebwe

Ngiki igihe bane banje co kwitegurira kwakira ikibanza mu Bihe vy’Amahoro twimirije kw’isi. Wobuzwa n’iki kurondera ikibanza ciza ngaha?Ni kubera iko hoba umuntu canke uyundi yohitamwo kuja mu nyenga y’umuriro udahera yirengagije ino ngabirano nyeranda y’ubuhirwe bwamaho?

 

Ni munezerwe muhimbarwe kandi musenge. Ntimuhengeshanye gukengurukira Imana Dawe wa Twese kuri iri Burirwa rikomeye. Nimucakamire iyi ngabirano n’Urukundo be n’akanyamuneza mu mitima yanyu.


Umutabazi wanyu n’Umukama

Yezu Kristu.

 

Ku wa Mbere, Igenekerezo rya 15 Gitugutu, 2012 @ 11:30 pm
 Abazobaho gushika ku musi wanyuma ntibazopfa urupfu rw’umubiri!

 

Mwananje, akabanga kajanye n’izuka ry’abapfuye n’ikintu mukwiye gutegera neza.

Igihe napfa nk’Umuntu yavukiye mu mubiri, naramenaguye ubupfu bwanyu. Urupfu rwanje rwarabarokoye urupfu n’igicumuro nyene inyuma y’urupfu. Urupfu Rwanje rwo ku Musalaba rwabaronkeye Ingabirano y’ukudapfa nimwashika mu bwami bwanje bushasha.

Kubera ko napfuye nk’Umuntu, Narishe urupfu rw’Umuntu. Iyo umuntu apfuye, ntazoba agisubira gupfa mu gihe yitavye Imana afise Inema Yeza. Igihe nazuka nkava mu bapfuye narahaye iyi Ngabirano abari mw’Ijuru ubu bapfuye bafise Inema Yeza. Mw’Iparadizo Ryanje Rishasha bazoba bafise imibiri ininahaye y’igitangaza urupfu rutazoba rugifise ko ububasha. Abari kw’isi nabo nyene ntibazoba bagipfuye aho nzogarukira ubwa kabiri nkabaterurana nanje mu kanya isase.

Inzamba y’umumalayika Wanje niyavuga, abapfuye bazozuka n’abo bose bafise amazina yabo yanditswe mu Gitabo c’ubuzima,ngo bahimbarwe hamwe nanje mu Buzima Budahera mu myaka 1000 y’Ubwami Bwanje bushasha Data yanyemereye.  Hitwa Iparadizo Rishasha nayo ivyo vyose vyari bigihura n’urupfu kugeza ico gihe urupfu ntiruzoba rukibifise ko ububasha. Muzoba mwibereye kumwe nanje mu bumwe ntangere, Jewe, Umwami wanyu, Yezu.

 

Urupfu nta bubasha ruzoba rugifise kuko ntiruzoba rukiriho

 

Ubu rero ko Ndabazaniye Ingabirano y’Ubuhirwe Budahera, murabwirizwa kuntega ugutwi. Nimwumvirize neza kandi musabire abo bameze nkuko benshi bari bameze mu bihe vya Noah, baguma birukanga mu myitwarariko y’iyi si ku buryo bazoguma ari intamenya kubijanye n’ibimenyetso nzohereza isi mu kubaburira ko umusi wanje wegereje.

Nkuko vyari vyifashe mu misi ya Noah, isegenya ryaraje rirabahitana barahona. Ntukareke ngo ibi bintu bibashikire muri iki gihe. AbaKristu baragabishijwe bikwiye ariko benshi babifashe minenerwe. Ingorane nuko abo bemera ukuri baguma bagendana n’abagenzi babo batemera Ukuri bigaca bibandukira nabo nyene.

Murabwirizwa guca kure abo bapagani kandi mubasabire. Nimutabaca kure muzokwandukirwa n’ivyiyumviro vyabo vy’ububeshi n’impwemu zibi. Abo bazokwanka kuntega ugutwi bazokwitandukanya nanje banke ko ndabakingira.Bazosanga mu nyuma ubuzima bwanduye bw’abo ba suneba bagendana buzobatuma basuneba nkabo.Bazotangura banyikurako buke buke ku buryo mu nyuma bazosanga baranzibiye kuko bazoba bahindutse abaja b’ububeshi. Niwaguma ugendana na ben’abo bantu batemera Ukuri nawe uzoterwa ntakibuza.

Mu nyuma uzosanga ubwirizwa gusaba ikigongwe kubera yuko uvuze Ukuri, Ijambo ry’Imana. Ni muri ico gihe nyene uzoca ubona itandukanirizo rihari hagati yawe nabo mugendana. Ingabirano wahawe na Mutima Mweranda izogufasha kumenya muri ako kanya nyene imigozi ibaboshe.

Ese iyaba bamenya ukuri yemwe, ntibotevye kukwirukira ngo ubereke inzira. Bagize ibigirwamana ibintu vy’aha kw’isi vyaremwe n’Imana bakaguma bagira amakosa amwe n’ubu. Batamarira ububeshi bw’ibigaragara mu maso yabo bagakomeza birengagiza Umuremyi Wabo.

Mu bihe vy’amahoro twimirije vuba cane, bazoronka Intabonwa idasanzwe, bazoba Intungane z’umwakaka. Ariko bampa umugongo.Nzokwama Ndabakunda ariko ukuntu batamfitiye Urukundo bisigura ko batazokwinjira mu buzima bushasha nari narabaremeye. Ubu buzima bushasha bwaremwe bwongera burashoboka kubera impamvu zibiri. Igihe napfa ku mubiri, naratsinze Urupfu. Igihe Nazuka mva mu bapfuye, nabahaye ubuzima bwamaho buzoshoboka mu gihe urupfu ata bubasha buzoba bukibafise ko.

Iri niryo sezerano ryanje kubana b’Imana mwese. Abo bazobaho gushika ku musi wa nyuma, ntibazopfa urupfu rw’umubiri. Barahezagiwe. Bazohindurwa mu kanya isase bahabwe imibiri ininahaye izoba iri mu bumwe n’Umubiri Wanje Uninahaye Rwose. Niho rero bazoshobora guhura nabo bose bapfiriye mu mahoro Yanje. Bose bazoba mw’isi Nshasha y’Iparadizo Ryeranda.

Yezu Wanyu

 

================================================================

Ku wa gatanu, Igenekerezo rya 20, 2012 @ 08:15 pm

Igitabo C’Ukuri cari carugawe kizokugururwa mu gutegura Igaruka ryanje mu buninahazwa!

Mwananje Nkunda Cane ntugateshwe umutwe n’ivyo abantu bakuvugako canke ivyiyumviro vyabo kuri iki gikorwa. Ivyiyumviro vya kiremwa muntu ntaco bivuze kw’Ijambo ry’Imana ndiko ndagushikiriza. Amajambo yanje niyo aza ubwa mbere. Ntihagire n’ikindi kintu na kimwe kigutesha umutwe canke ngo kiguhagarike umutima.Umwanya ni muto cane Mwananje mfise kugira ngo nkize abantu. Mwananje, vyinshi bigeye kuzokwitegwa kuri wewe ku buryo utazoba ukironka n’akanya ko guhema.

Hari vyinshi mbwirizwa ku kumenyesha ngo ubishikirize abana banje gutyo bashobore kumenya ingene bokwitegura ukwo bikwiye.

Niwareka ibigusamaza ugasamazwa n’ivyiyumviro vy’abantu canke ukareka ngo amajambo yabo agutware umwanya uzosanga bariko baragukwegakwegera kure y’igikorwa gihambaye cane nagushinze. Nkundira ndakwuzuze urukundo nongenre ndakuremeshe muri iki gihe kibondo.

Igabishwa riri hafi gushika. Igihe imishwarara yanje y’Ikigongwe c’Imana  izokwisuka kw’isi yose, uwo wese anyemera azokubita ibipfukamiro hasi yigaye ibicumuro. Abo bose bakengera ubutumwa bwanje nshikiriza isi nciye kuri wewe ariko bakaba bankunda bazohindukira bagaruke ku Mushaha Wanje Mweranda rwose n’Urukundo n’akanyamuneza ntangere mu mitima yabo.

Ata n’akanya kanini kahaciye Igabishwa ry’imitima ribaye muzotangura kubona urukurikirane rw’ibintu bitandukanye, ibintu bidasanzwe bizoca bitangura gukurikirana. ruziraKristu n’umugwi wiwe naho bazoba baramaze gutwarwa inguvu n’uguhinduka rw’ikivunga kudasanzwe kuzoba kwabaye kw’isi yose kuzotumwa n’uko abantu benshi basubiye kwegera intebe y’Ipenetensiya bakirega ibicumuro vyabo,  ruziraKristu n’abamufasha bazotangura gutegura ingene bofata Ekleziya Yanje bayiciye indani.

Ingabo zanje zizotangura kungwanira ngo bakize Ekleziya Yanje ntigwe mu minwe y’abansi. Ariko umuhanuzi w’ibinyoma n’abamukurikira ntibazotsinda mwananje vyongeye birababaje kubona hari abasaseredoti bazoja narwo bagahendwa nawe bakamuyoboka. Imitima yabo yaramaze kwinjira mu mwijima ku buryo bazokwibaza ngo bariko bakurikira Ekleziya Katolika y’Ukuri ariko ntibizoba arivyo. Aho kuba vyo bazoba bariko barakurikira umuhanuzi w’ibinyoma azoba yicaye mu kibanza ceranda n’ubwishime bwinshi n’agasuzuguro mu mutima wiwe.

Ewe mwananje, urabwirizwa gusaba abana banje gusaba bashimitse ngo bagabanye ubushobozi bw’uyu mwaku. Ndakeneye ibishabisho vyanyu ngo nshobore gukiza imitima y’abasaseredoti banje nyabworo, abepiskopi n’abakaridinali bahenzwe bameze nk’impumyi z’umutima zitabona Ukuri. Icicaro ceranda ca Petero kizohumanywa n’abamalayika baguye kwa Shetani bafatanije na ruziraKristu n’amashirahamwe yiwe atandukanye. Bose ni bamwe mwananje bakomoka kuri Shetani.

Ndazi yuko ibi bitabahumuriza rwose ariko ntibizomara igihe kirekire. Igisabisho kigizwe n’abantu benshi kizotuma ano makuba atabagora kurinda mbere n’amwe murayo makuba murashobora kuyahagarika. Tegura imitima yanyu bana banje mu kuja kwirega ibicumuro vyanyu ku musaseredoti ubu bwa ngingo.

Ibi bizotuma ububabare wogize mu gihe c’Igabishwa. Ndabasavye musabire amahoro isi. Imyiteguro y’ukugaruka kwanje izoca itangura ubwo nyene hamaze kuba igabishwa. Igitabo cari cagumye cugaye kizokwugururwa n’ayo amabanga nahishuriye isi nciye kuri wewe, mwananje, azoagaragara habona isi yose ibibone.

Iki Gitabu c’Ukuri kizohabwe isi ngo imitima ibashe gutyororwa mu kwunga ubumwe nanje. Niho rero muzoba mugeze kwinjirana nanje mu bihe vy’Ugushaka Kweranda kwa Mana Data, igihe c’Amahoro, igihe c’Iparadizo yanje yo kw’isi.

Yezu Wanyu

Umukiza w’abantu bose.

 

Imvura z’isegenya, imvura z’inkukura n’ugutabagurwa kw’ibiterwa bizoboneka bizoba ari inkurikizi y’Ishavu ry’Imana ritrwa n’ibicumuro vy’abantu!

Myandagaro 11, 2012 


Mwananje, imvura izogwa kw’isi  yerekana isegenya y’amosozi akoroka ava mu maso yanje igihe cose ndavye abana b’Imana ukuntu baguma birengagiza inzira ibashikana  ku bukiriro.  Imvura y’isegenya n’inkukura vyimirije bizoba bivuye kw’Ishavu ry’Imana.  Imivo y’amasozi izoboneka kw’isi yose izotuma haba ukwononekara kw’ibitegwa bizoba ari igihano c’Imana naho ab’isi bazobisigura bavuga ko biva ku guhindagurika kw’ibidukijije n’ugushuha kw’umubumbe w’isi. Abantu benshi bo kw’isi ntibemera Imana. Ntibampa icubahiro Jewe Umwana Wayo Ikunda cane. Ahubwo baguma birukanga inyuma y’ibihenda amaso birukira ibigigwamana vy’amaronko. None ibi bisigura iki??
 

Aba bantu barakora aba “hero”(Ni ukuvuga Incungu zabo) n’ama’ “idole”(ni ukuvuga ibigigwamana) ku ma TV , bakabagira bakabashira imbere y’abandi  ngo babatangarire haba mu kuntu bambara , mu nyifato yabo no mu kuntu bavuga mbere no mu ma karashishi no kwinonora imitsi.  Baraheza rero bakabashira hejuru y’abandi ngo babatamarire babahe icubahiro.
Baraheza rero bagaca babatamarira bakabagira ibigigwamana vyabo ku buryo bibonona bikabagirira nabi bo nyene n’uwo muntu nyene baba bagize ikigigwamana.  Baremera ko abo bagize ibigigwamana baba bubahitse mbere bagaca bakora uko bashoboye kwose ngo bigane uburyo babayeho, uburyo Bambara, Ubuntu bwabo mbere n’ukuntu bagaragara hanze.


Ibi ni ubupagani gusa
Ibi vyose vyari vyarabuwe mbere mwananje.
Ko isi izotangarira ibimungumungu bitari Imana.
Aba bantu buzuye urukundo rw’imibiri yabo, bakikunda bonyene bakarangwa n’uko ata rukundo bafitiye benewabo ruhari naho rwoba rukaba ari rukeyi cane wosanga mu mitima yabo yadadaye. Imitima yabo yabaye amabuye. Ntibakunda Imana. Ahubwo baraguye mu migozi ya shetani yo yashize ibi vyiyumviro n’imigambi mu bwonko bwabo.


Nta cubahiro bafitiye umubiri w’umuntu.


Umubiri waremwe n’Imana none rero kubera ico ni ingoro Imana yikoreye kugira ngo ize yame yiberamwo ubudahengeshanya. Yo Shetani igiye kugerageza abantu ibicisha ku mibiri n’ukuryoherwa kwayo kuzanana n’ibihimba vy’umubiri. Nico gituma ubona kiremwa muntu ubu cikundira umubiri Waco kuburyo burenze urugero gushika naho aja kwigaragaza imbere y’abantu kuri podiyumu..
Kubera ko badashima ukuntu Imana yaremye imibiri yabo baguma barondera kuyihindagura bibaza ko boyigira nziza kuruta bivanye n’uko bo nyene bavyishizemwo cane iciyumviro bafise c’ubwiza. Ukuntu abagore cane cane bahindagura imibiri yabo bakayereka ishengero mu bushirasoni biranshisha cane. Abo bagore cane cane batagira indero ku buryo bashira isoni mu kwerekana imibiri yabo barakora igicumuro naho bashobora kuba batabizi. Bibaza ko vyemewe gukoresha imibiri bavukanye mu bushirasoni no mu kuyihindagura, mu kugaragaza hanze ibice vy’umubiri mu buryo bushobora gutuma abababona bacumura. Ukwo kwikunda no kwirondera bituma bagwa muri kimwe mu bicumuro bigoye cane ari naco gicumuro c’ubwishime. Baca baja no ku rugero rwo gutuma abigeme bakiri bato bibaza ko vyemewe kwerekana imibiri yabo mw’ishengero. Ibicumuro vyinshi vy’umubiri bikorwa habona kw’isi yose mbere vyamaze kuba nk’ivyemewe muri sosiyete. Ariko ndabababwiye ko vyose bifise igihano cavyo inyuma y’urupfu. Igicumuro kirakorwa mbere bagaca bacerekana mw’ishengero kigahayagizwa bose barorera nk’uko coba ari ikintu ciza. Ubusambanyi buremewe uno musi kandi bukanahayagizwa
Ubwicanyi ntibugitangaza benshi nayo icubahiro c’ubuzima bw’umuntu ntakikivugwa.
ubusambanyi n’ubumalaya bikomeza gukwira hose kandi bikarekurwa mbere bamwe bakanabikimbukira.

 

Ndababwiye imisi y’iyo nyifato y’icaha igiye kurangira. Gushika isi yemeye ko igicumuro kizokwama ari igicumuro bazoguma bibuza bo nyene uburenganzira bafise bwo kwinjira mu miryango y’Iparadizo.

Ku gicumuro cose uzokora, igice c’umubiri wakoresheje mu kugikora kizoturirwa ngo gityororwe mw’ipurugatori. Niwaba wakoze igicumuro kigoye, uzokwumva ububabare bw’umuriro udahera utabagura ico gihimba nyene c’umubiri wakoresheje mu gukora ico caha. Ntihazokwigera haba impera y’ubwo bubabare.
 

Ni Kubera iki? Kubera iki batumviriza imitima yabo?Abantu benshi barazi ko ivyo bariko barakora ari bibi ariko bagakomeza bacumura ataco binona ngo ni uko vyemewe mu maso y’abantu b’iyi si!  Igisata kijejwe ivy’utugenegene n’ivyo kumenyesha amakuru biraremantanije ukwemera kutari ukwo ukuri w’iyo nyifato ku buryo abantu benshi b’ibitazi bahenzwe imitima yabo igatwagwa n’ubwo bubeshi.

Ukuri kwo nyene nikwo gushobora kubakiza. Ndabahaye rero Igitabu c’Ukuri none bazokwumviriza? Shetani n’abamalayika baguye bayikorera bizokora vyose ngo bibabuze kwumviriza. Bazoguma barindira gushika aho amahano azobagwako nk’imvura ivuye mw’Ijuru imbere yuko bigira inama yo guheba iyo nyifato yabo ataco ibamarira be n’imigenzo yabo ishisha. Kuko bazoba batwawe umwanya n’ukurondera ivyo bafungura n’ivyo babeshaho.
Birababaje ariko nta kundi vyogenda kuko ni muri iyo nzira y’amahano abantu bazobwirizwa gucamwo ngo batyororwe kuri iyi si. Mu kubaha ingabirano y’ityororwa mu gihe bakiriho bazoba bahawe akaryo ko kwirinda ibiyaga vy’imbeya z’umuriro.
Yezu Kristu

 

Igihe c’uko ikidodo ca kabiri c’ugururwa kirageze kuko ingwano zigiye gukomeza kwiyongera!

Ntwarante 10, 2012

"Mwananje, igihe cageze ko ikidodo ca kabiri cugururwa mu gihe ingwano zigiye gukomeza kwiyongera. No gukwira hose. Zuwo mumalayika w’umwijima arondera kwihora ava ahantu hamwe gusa, mwananje kandi umenye ko izo ngano zose wumva zifitanie isano. Ntimwibaze ngo zihaba kubera indyane ziva indani mu bihugu zibamwo. Zateguriwe iburaya. Izi ngwano zarateguwe, zongera zitumwa n’bashaka kugenzura ibihugu vyanyu. Vyinshi muri ibi bihugu biri mwo ingwano baravuga ko vyuzuye mwo ibibi gusa mbere hakaba n’ububeshi bugenda burakwizwa hose kubijanye n’ababirongoye.

Bane banje izi ngwano zarapanzwe mu mayeri zose uko muzibona kugira ngo bakure umutegetsi bashira ho uwundi. Ingingo zo kugarukana amahoro zizovugwa  mbere bazikomere n’amashi ariko zizoba ari izuk’ubata mu rudubi no ku babesha gusa. Bariko barabaca murya humye bane banje. Urwamo rw’intambara ni uko rugenda. Mbega ibihuha vy’intambara bitangura gute- Ninde atangura ivyo bihuha vy’urwamo rw’intambara? Canke ni kubera iki ubona ibihugu vyinshi bigwa muri zo ntambara igihe kimwe. Ibi si igihamana.

Hari imigambi yateguwe na ruziraKristu kugira ngo bagenzure kandi biganzire ibi bihugu bifise ubutunzi iwabo. Bamaze kugenzura ibi bihugu bazoca biganza hose. Uko izi ngwano zitera ziyongera kandi zikaguma zirambira abantu, ruziraKristu azoheza ace yimenyekanisha nk’umuhuza w’amahoro. Ni bake muri mwebwe babwirwa Ukuri kubera ukuntu ruziraKristu n’amashirahamwe yiwe ubu ari bo bagenzura ugucanacana ko kw’amakuru
Nimusenge mushimitse kuko izo ngwano zizokomeza kwiyongera kugira ngo mubuze imigambi yabo kuranguka. Numenye ko Israeli naho iguma yiyegetse ku ba nya Bulaya mumenye ko bazohemukirwa na Leta Zunze ubumwe za Amerika mu gihe batazoba banavyiteze. Ni muri ico gihe hazoba rya honyabwoko ry’abayahudi nari narabuye. Nimusabe, musabe, musabire abayahudi, bazobandanya kubabara kubera ivyaha vyabo gushika aho nzogarukira mu buninahazwa.
Yezu wanyu

 

=====================================================================

Igikumu ca II: Ingwano ya 3

Rusama 16, 2012 

 

"Mwananje Nkunda cane, Ndabwirizwa kukumenyesha ko Ingwano ya gatatu y’isi iri hafi gutangura kuri iyi. Amosozi Yanje arabandanya gucuncubuka muri iki gitabo nkuko ubibona. Ikidodo ca kabiri kigiye kwugururwa nkuko vyari vyaramenyeshejwe umutumwa Yohani mu Gitabu c’Ivyahishuwe.Izotangurira I Buraya. Iyi ntambara izotumwa n’ukugene amabanki atunganijwe kandi Ubudagi n’ubu nyene buzoba buri muri aya makuba nkuko vyari bimeze mu ngwano zibiri z’isi yose zahabaye ubwa mbere.
aho izotangurira , izova cane cane ku bijanye n’ubutunzi. Igihe izotangurira vyinshi bizova ku mpari zijanye n’ukugarukira ubutunzi, kandi izi ngorane zizotandukira ubugereki vyongeye hazoba n’ingarukambi  k’Ubufaransa. Mu kigobe c’abarabu nabo nyene bazoba barimwo muri iyo ngwano ku buryo Israeli na Irani bazotana mu mitwe kandi Syria nayo izotuma haba ingorane zidasanzwe muri Egypte.

Mwananje, ndakuvyuye ngo ndakumenyeshe ibi bintu atari ukugira ndagutere ariko kugira ndagusabe igisabisho usabire uburaya muri iki.
Because of war and lack of money, much of the harvest will be lost and this will lead to the opening of the Igikumu ca 3 gisigura inzara.
Nico gituma nshaka guhimiriza abana b’Imana mwese ngo mugerageze muziganye ibifungurwa vyumye n’ibindi bitononekara ngo muzobikoreshe mu kugaburira imiryango yanyu. Birakenewe cane ko mwogerageza kurima ibitegwa vyanyu aho bishoboka.

Nimwibuke ko igisabisho gishobora kugabanya ayo makuba mbere kikanayatsinda . Ico iyo ngwano izoshikako n’uko Ekleziya Gatolika yanje izoca inigigwa muri menshi bakayihindura mwo ya Dini rishasha ry’isi yunze ubumwe bitwaje kwungira ubumwe abantu bose.  Ubu bumwe ari nabwo buzoba ari amahoro Atari ayo ukuri buzoranguka neza aho ruziraKristu azokwigaragaza mu kuremantanya amahoro ya magendo mu gusa n’uko ashize akaburungu ka nyuma ku ntambara zari zimonogoje.


Aya masezerano yo kurangiza isi azoba arimwo ibihugu biteye imbere vy’abanyaburaya gushika naho Ubushinwa n’Uburusiya bizokwivanga mu bintu vyose biba kw’isi. Ibi bihugu bibiri bizotera ubwoba ca “Gikoko c’amahembe cumi”, Uburaya bigireko binabatsinde gushika naho bizana komunisime.
Ca Gikoko gitukura, Ubushinwa caramaze gutangura kwerekana ububasha gifise kw’isi yose kubera ukuntu cashoboye kugenzura amatungo atari make n’ifaranga ryo kw’isi. Ico kinyamaswa gitukura hamwe na “Bear” aribwo Burusiya ntibigira urukundo rw’Imana. Biyobowe na ruziraKristu nawe akaba aturuka mu buseruko ariko yinyegeje inyuma y’imiryango yugaye. Ibi bibuwe nivyatangura kugaragara isi yose izokwemera ubu butumwa.  Muri ico gihe nta gukekereza kuzoba kugikenewe. Ndabinginze ngo muvuge iki Gisabisho c’Ingabo za Kristu kuko kizofasha kugabanya  ingaruka z’ibi bintu

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (54) Igisabisho co kugwanya ingwano ya gatatu y'isi yose.


Dawe wo mw'Ijuru, Kubw'Umwana Wawe Ukunda cane Umukama wacu Yezu Kristu We Yababaye cane ngo Yishure ibicumuro vya kiremwa-muntu, dutabare mu iri ibi bihe bigoye turimwo. Dutabare ngo turokoke uruhamo rwateguwe n'abategetsi babi hamwe nabo bose ata kindi barota atari ugusenyura Ekleziya Yawe n’ugutoteza abana Bawe.

Turagutakambiye Dawe Mwiza Ubandanye kudufasha kugaburira imiryango waduhaye kandi ukize ubuzima bwabo bazobwirizwa kuja kugwana ingwano ku nguvu. Turagukunda dawe Mwiza. Turakwinginze ngo utugwaneko mu bihe vy’ubukene. Dukize imitego ya RuziraKristu. Dufashe ngo tuzibukire ikimenyetso ciwe, ikimenyetso c'igisizimwe, mu kwanka kucakira.

Fasha abagukunda bose ngo bame bazigama Ijambo Ryawe igihe cose ntibigere baguhemukira na rimwe ku buryo nawe uzoshobora kudufashisha Inema dukeneye gutyo ngo tugire bwuzuye

Mwananje, Ndazi ko ibi bintu bishobora kugutera ubwoba ariko wibuke ko igisabisho n’Igikumu ca Mana Data Igisabisho c’Ingabo za Kristu 33 kizokingira abigishwa banje bose, Ekleziya yanje yasigaye. Mwebwe bane banje muzobaho naho bitazokworoha. Muzototezwa kubera UbuKristu ariko ntimuzokwigera musokora ngo munyihakane canke mumpe umugongo. Nico gituma nzobaha Ingabirano Y’Igikumu c’Imana Nzima gutyo muzogume mutaboneka imbere yabo bahiga kubasinzikariza  ubuzima. Nimukivuge imisi yose kuva ubu nyene. Gishire imbere yanyu imuhira kandi mugihereze Umusaseredoti agihezagire. Nimutangure kwitegura ubu nyene kubera umusi w’amakuba I Buraya nturi kure cane.

Yezu Wanyu

*Menya Neza: Igihe Mariya yariko arandika ibi bintu iryosozi ryarakorotse rivuye kw’Iphoto ya Yezu yari imbere

 

Igisabisho c'Ingabo za Kristu (54) Igisabisho co kugwanya ingwano ya gatatu y'isi yose.


Dawe wo mw'Ijuru, Kubw'Umwana Wawe Ukunda cane Umukama Wacu Yezu Kristu We Yababaye cane ngo Yishure ibicumuro vya kiremwa-muntu, dutabare mu iri ibi bihe bigoye turimwo. Dutabare ngo turokoke uruhamo rwateguwe n'abategetsi babi hamwe nabo bose ata kindi barota atari ugusenyura Ekleziya Yawe n’ugutoteza abana Bawe.

Turagutakambiye Dawe Mwiza Ubandanye kudufasha kugaburira imiryango Waduhaye kandi Ukize ubuzima bwabo bazobwirizwa kuja kugwana ingwano ku nguvu. Turagukunda Dawe Mwiza. Turakwinginze ngo utugwaneko mu bihe vy’ubukene. Dukize imitego ya RuziraKristu. Dufashe ngo tuzibukire ikimenyetso ciwe, ikimenyetso c'igisizimwe, mu kwanka kucakira.

Fasha abagukunda bose ngo bame bazigama Ijambo Ryawe igihe cose ntibigere baguhemukira na rimwe ku buryo nawe Uzoshobora kudufashisha Inema dukeneye ngo utwungire ubumwe bwuzuye
=============================================
Mwananje, Ndazi ko ibi bintu bishobora kugutera ubwoba ariko wibuke ko igisabisho n’Igikumu ca Mana Data Igisabisho c’Ingabo za Kristu 33 kizokingira abigishwa banje bose, Ekleziya yanje yasigaye. Mwebwe bane banje muzobaho naho bitazokworoha. Muzototezwa kubera UbuKristu ariko ntimuzokwigera musokora ngo munyihakane canke mumpe umugongo. Nico gitma nzobaha Ingabirano Y’Igikumu c’Imana Nzima gutyo muzogume mutaboneka imbere yabo bahiga kubasinzikariza  ubuzima. Nimukivuge imisi yose kuva ubu. nyene. Gishire imbere yanyu imuhira kandi mugihereze Umusaseredoti agihezagire. Nimutangure kwitegura ubu nyene kubera umusi w’amakuba I Buraya nturi kure cane.

Yezu Wanyu

*Menya Neza: Igihe Mariya yariko arandika ibi bintu iryosozi ryarakorotse rivuye kw’Ifoto ya Yezu yari imbere yiwe.

 

Ku wa Gatanu Mweranda izogera abantu benshi bamaze gutangura kumenya ko Iburirwa Ryanje ndungikiye zina kiremwa Muntu riri kuri mwebwe.

Ntwarante 9, 2013

Mwananje Nkunda cane, Ku wa Gatanu Mweranda izogera abantu benshi bamaze gutangura kumenya ko Iburirwa Ryanje Ndungikiye zina kiremwa muntu riri kuri mwebwe. Ata n’igihe kininiya kihaciye ya Sakirilego rimaze kwigaragaza niho abantu benshi bazobasha gutegera Ukuri kw’ubu butumwa. Muraheza rero mukoranirize abantu banyu hamwe, mushire hamwe mu gisabisho kuko igicu c’umwijima kizofuka isi yose. Igihano kizokwisuka ku bantu bose kuko baguma bigira basindabibazwa kandi bagakomeza birengagiza Ijambo ry’Imana. Abo bose bazoba barahaye umugongo Ingabirano yahawe zina kiremwa muntu kubw’Ugupfa Kwanje ku Musalaba  bazokanguka bace babona ingene imitima yabo iteye isoni kandi iteye iseseme mu Maso Yanje.

 Vuba cane bazobona ko bahawe akanya gatoyi gusa ngo bigarure basabe Ikigongwe bagendere mu Nzira z’Umukama. Kuko naho Ndindira cane umucumuzi ngo yigarure Ishavu Ryanje naryo riramaze kuba rinini. Imitima yabo irarura cane ku buryo banyinuba Jewe Yezu Wabo Nyagukundwa Rwose, bagaca bareka kwakira Ingabirano Jewe ubwanje mba Nateguye kubaronsa ataco barinze gutanga.

Ese ukuntu bahenzwe bakaguma bemera gusa ivyiyumviro vyabo bibahenda ngo isi ni iyabo bagaba ku buryo bashobora gukora ikibi cose bishakiye  ku buryo batigera biyumvira na gato kugabanya umuvuduko w’ukwiruka inyuma y’ivy’isi. Iyi si ntizoba ikiri iyabo ngo bayigenzeko uko bishakiye kuko aha kw’isi muhatse indaro gusa.Vuba cane bazosanga bari ahantu hashasha kandi kuri benshi muri bo ntihazoba mw’Iparadizo Yanje.

Igihe c’uko Ndabakangura kiregereje cane vyongeye integuro yanje yo kurokora isi igiye kumenyekana uko bikwiye vuba.  Ubwishime n’Ukwishira hejuru niwe mwansi mukuru mufise kandi bituruka kuri shetani. Iyo umuntu ashoye mwenewabo, akamwihakana akamuhemukira akongera akamutuma urutoke rw’ukumutonganya amwagiriza aba yamaze kugwa mu mutego wa Shetani. Kiba ari igicumuro c’ubwishime ari naco kigiye kuba inyanduruko y’ukugwa kwa kiremwa muntu kuzotuma imitima myinshi igwa mu nyenga y’umuriro udahera.
 
Ntukareke ngo ugwe mu mutego w’uyu muvumo wagenewe sekibi ariko ugume winumiye imbere yabo bakurenza urwamo abo bakwiza ibinyoma kubinyerekeye, bafise iminwa icira ubuyobe naho uzi nyene ko batavuga ukuri. Niwunamike amaso yawe wicire bugufi ariko ubandanye gutangaza Ijambo Ryanje.

Mvugira mukumenyesha Ijambo uzi wewe nyene rijanye n’integuro Yanje yo gukiza imitima. No mu gihe bamwe bibaza ngo bafise ubumenyi bubarekurira guhambarira abandi no kubategeka kwishura gushika naho bagutegeka kugira ico uvuze, ntuzongwanire mu kugiriranira impari n’abandi canke mu guterana amajambo.

Ibintu bigiye kuba kw’isi vuba bizotangaza benshi mu bantu . N’abo ataco bibababwiye kumenya Imana basanzwe babayeho ubuzima bujanye n’ivy’isi gusa ku buryo ata n’akanya usanga bafise ko kurondera bazotangura kubona ko hari ibintu vyinshi vyahindutse. Bazomenya ko ibi vyahindutse birengeye ivyo bashobora gutegera,ivyo navyo bikazobatuma barondera kwugururira imitima yabo kwakira Ijambo ry’Imana.

Yezu Wanyu