Messages 9

08/10/2017 15:42

Murashobora kwumva ko Ndi kumwe namwe kandi mukagabana Ubukomezi budasanzwe iyo mwemeye vy’ukuri ko Naje muri Mwebwe mu kinyegezwa c’Ukaristiya Ntagatifu

 

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa kane Igenekerezo rya 5 Ndamukiza, Umwaka w’i 2012@ 8:00

 

Data Yandungitse Kw’Isi Aca Antanga ko Incungu yo kurokora Abantu ngo boye kugwa mu Nyenga y’umuriro udahera! Naje kubafasha bane banje oya sinaje kubacira urubanza! Urupfu Rwanje Rwari  Ingabirano Idasanzwe, Inema mwahawe ataco murinze gutanga ata kindi musabwe ku ruhande rwanyu atari kwemera Ukuboko kw’Ikigongwe muhawe na Data Imana Yamaho.

 

Iyi Ngabirano Yahawe Ubwoko bw’Abantu ngo baronke inema yo gusubiza hamwe n’Imana baberwe n’Ukwinjira mu Bwami bwa Data. Imbere yuko mbambwa ku Musalaba Narahimbaje Umusi Mukuru uhambaye cane  w’Ifunguro rya Pasika y’Abayahudi ndi kumwe n’Abatumwa Banje ijoro rimwe Imbere y’Umusi nabapfira ku Musalaba. Iri Funguro rya Nyuma hamwe n’Abatumwa banje naryo ryari Iyindi Ngabirano Ntangere Nashimye kubasigarana. Ingabirano yo guhimbaza Ukaristiya Nyeranda nk’Isakaramentu ry’Urukundo nk’uburyo bw’umwihariko Nabasigaranye ngo mushobore kunyakira Wese vy’Ukuri igihe cose muje Gusangira ku Meza Yanje Meranda.

 

Ko Ndimwo Wese mu Karistiya Ntagatifu mw’Isi Nzima uyu musi mu Nkuka Nyeranda ya Misa muhereza bibaronsa Ingabirano Zidasanzwe iyo mufise inema yeza mugaheza mugashogomanga mukaza kunyakirana Urukundo. Murashobora kwumva ko Ndi kumwe namwe kandi mukagabana Ubukomezi budasanzwe iyo mwemeye vy’ukuri ko Naje muri Mwebwe mu kinyegezwa c’Ukaristiya Ntagatifu. Wase kwemera ko Ndi Wese mu Karistiya Nyeranda, uba uhakanye Imwe mu Ngabirano zihambaye cane Nabasigaranye igihe Naza kw’Isi ngo ndabakize igicumuro.

 

Napfuye ngo ndabakize none iki naco ubwa co kikaba ari Ingabirano Ntangere. Mumenye ko Nabasigaranye Ingabirano Ikomeye Cane aho mushobora kumpabwa mukanyakira mu bwenge, Umubiri n’Umutima. Emera ko Ndi wese mu Karistiya Umutima wanje Uzoheza ube hafi Yanje mu bunywanyi Ntangere Bwanje na we. Nyemera. Ntumpebe. Ntunyihakane. Nimwemere ata gukekereza mu mitima yanyu ko ari kubw’Urukundo Rwa Mana Data Mwahawe Izi Ngabirano.

 

Nimuzirikane rero ku Kuri Kw’Inyigisho Zanje. Ntiwemere Ukwitanga Kwanje ku Musalaba hanyuma ngo Unanirwe n’Ukwakira Ingabirano Nabahaye mu Karistiya. Niwahirahira ukiyobagiza iyi Ngabirano nta kindi uzoba uriko uragira atari ukwicisha inzara Umutima Wawe mu kuwima Infungurwa y’Ubuzima.

 

Yezu wanyu, Umukiza w’Ubwoko bw’abantu

 

===================================================

Ekleziya Yanje Yasigaye yohejwe n’Umuhanuzi Enoch izokwankwa aho hose Ijambo Ryanje Rizotangazwa.

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa Kabiri Igenekerezo rya 8 Rusama, Umwaka w’i 2012@ 19:00

 

Mwananje Nkunda Cane, Nje kuri uno mugoroba kukumenyesha yuko ikimenyetso ntangere c’Urukundo Rwanje n’Imbabazi Zanje bigiye kuzokwigaragaza mu mitima y’Abemera Imana kw’isi yose.

 

Bazokwiyumvamwo ko ndi mu mitima yabo mu buryo batazoshobora gutegera bace banshikanira imitima yabo ngo inywane n’Uwanje. Iyi Ngabirano izotuma bakomera mu kwemera bace bama banshonje imisi yose. Ndararitse abana b’Imana mwese mwiyumva mwo urubeya rw’urukundo Rwanje rururumba mu mitima yanyu, ngo mukomeze kwakira Umubiri Wanje n’Amaraso Yanje mu Karistiya Ntagatifu kenshi gashoboka.

 

Mwebwe mwa bigishwa banje Nkunda cane muzokenera Ingabirano y’Umubiri n’Amaraso Yanje mugaburirwa mu Karistiya Nyeranda kugira ngo mwuzure Ubukomezi. Kuko muzokenera Inguvu nyinshi zishoboka mu gihe muzobwirizwa kwibonera n’amaso yanyu ukugene Ekleziya Katolika Yanje Nyeranda kandi y’Abatumwa isamburwa . Nkuko hashize ibihe Nari Narabibuye Ukaristiya Yanje Ntagatifu igiye kuzohumanywa. Ivyo bizoshika mu gihe bazotanga ivyitwazo vyo kubigira ibisanzwe rwose ngo vyorohere bose gutegera no kwibuka Ukubabara kwanje. Mu Nyuma bazohakana icese ko Ndi wese mu Karistiya mu ntumbero yo kunezereza ayandi madini azoba yaje hamwe ngo bagire Idini Rimwe Ry’isi yunze ubumwe.

 

Ivyo biramutse bishitse, Urukundo n’icubahiro bari bafitiye Ubutatu Bweranda bizoca biyonga yonga gushika bihere. Ahubwo bazobusubiriza ibigigwamana. Naho ivyo bitazoba bisa n’ivyoroshe, Sinzokwigera mpeba Ekleziya Yanje Ikiri ku Rugendo Ngaha Kw’Isi. Nzokwama ndi Kumwe n’Ekleziya Yanje Jewe Nyene Ubwanje Nitangurije imbere yuko nurira mw’Ijuru.

 

Ekleziya Nubatse ku Rutare Yatangujwe na Petero ntishobora gupfa. Kuko Nzoyobora Ekleziya Yanje muri ibi bihe vya nyuma kandi nzonagura ubuhanuzi nari narabuye kera. Ijambo Ryanje Ryeranda rizotangazwa n’Ekleziya Yasigaye mu ntara zose zo kw’isi.  Ekleziya Yanje Yasigaye izokwoshwa n’Umuhanuzi Enoki navyo bikazotuma yankwa aho hose Ijambo Ryanje rizotangazwa. Mutima Mweranda Azocanira Ukwemera kw’Ekleziya Yanje yasigaye ku buryo batazorota na rimwe bahagarika  gutangaza Ukuri kw’Injiri Ntagatifu gushika ku munota wa nyuma.

 

Genda rero utegure Ekleziya Yanje yasigaye ukurikije ivyo Nagutegereje. Wame unyizeye igihe cose nayo ibindi vyose ubishire mu minwe yanje, bizogenda neza.

 

Umukunzi Wanyu Yezu Kristu

 

Umuhanuzi w’ibinyoma azokwigarurira uburongozi bw’ Ekleziya Gatolika ariko kandi azofata ubutegetsi no mu yandi madini y’Abakristo. Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi w’Imana Igenekerezo rya 10 Ruheshi, Umwaka w’i 2012@ 15:30

 

Mwananje Nkunda cane, Ndahamagariye Ingendanyi Zanje Zose ngo mwerekane ubutwari budasanzwe muri iki gihe. Iki s’igihe co kugwa hasi ngo mutangure kurira. Iki n’igihe co kugwanira ubukiriro bwanyu. Ndahamagariye amadini yose y’Abakristu, Abasaseredoti banje nabo bose banyihebeye, Jewe Yezu Wanyu, ngo mwumve aka kamo Ndabateye.

Ntimukigere muheba Ukuri kw’inyigisho Zanje.

Ntimumpebe.

Ntimugahebe Ekleziya Yanje, Kuko Ndi Ekleziya.

Ntimugahebe Umubiri Wanje kuko ndi Umukate w’Ubuzima

Ntumakemere ibinyoma bigeye kuzokwizwa hose ngo baburabuze Ekleziya Yanje iri kw’isi.

Harageze gutegura.

Vuba cane bazobakwegakwegera mw’ idini rishasha rizoba ryarementanijwe na kiremwa muntu. Vuba muzosanga muriko muragaburirwa ibizosa nk’uko vyoba ari Ukaristiya Nyeranda ariko ntibizoba ari Umubiri Wanje. Kizoba kigaragara, ari intavyara kandi nta buzima buzoba buri mwo.

Ukaristiya Nyeranda yo nyene Iriho ubu n’ukuvuga iyihari mu buryo igirwa uno musi mu Nkuka Nyeranda ya Misa.

Ntimugaheshe na gatoyi ngo mutirimuke iburyo canke ibubamfu naho bazobahatira kubikora nuwo mwangushi azokwigarurira uburongozi bw’Ekleziya n’ayandi madini y’abaKristu. Bazohumanya amasengero yanje bayagire mwo ibibanza vy’uguhurira hamwe ngo biginane canke ngo biganirire gusa.

Mubwirizwa kwama mukurikira inzira nabasigaranye mu nyigisho nahaye Abatumwa Banje muri rya joro ryo ku wa Kane Mweranda aho nagira Ukaristiya. Murabwirizwa kwitwararika kwitegura neza ngo vyose bigume biteguye neza imbere yuko igitero kiba. Erega muramenya vuba cane muzosanga bidashoboka ko mukurikira Inyigisho z’ibinyoma zizoba muzotegerezwa gukurikira mu bitumwe n’ubumenja bwimirije. Umuhanuzi w’ibinyoma azokwigarurira uburongozi bw’ Ekleziya Gatolika ariko kandi azofata ubutegetsi no mu yandi madini y’Abakristo  akayagira mwo idini rishasha ry’isi yunze ubumwe. Ariko mumenye ko atazoba ari Jewe Yezu Kristu iryo Sengero rishasha rizoba ryubatseko. Izoba ari inyubakwa izoba igamije gusubirira Icicaro Gitagatifu no guha icubahiro igisizimwe.

 

Nimuzirikane Amajambo Yanje ubu kuko muri hafi kubona Ukuri. Kuri abo bose banyihebeye bikwiye ku buryo bazohagarara bwuma muri uru ruhamo rw’Ukwemera kwanyu, mubwirizwa kwitegura ubu. Abo badafise ubukomezi bwo kugwanya intwaro ya ruziraKristu n’umuhanuzi w’ibinyoma, nimukubite ibipfukamiro hasi munsabe ndabagwaneko.

 

Nzobayobora nciye ku barongozi banje bashasha  bazokomoka muri mwebwe bamurikiwe n’Ivyabona Vyanje Bibiri. Enoki na Eliya bari mu ma Shengero Yanje y’abakristu ari kw’Isi be n’Inzu ya Israeli bazokomeza gutangaza Ijambo Ryanje kw’Isi yose. Nta kintu na kimwe kizoshobora kubuza Inyigisho y’Ukuri. Iki gihe kizoba kigoye cane ariko nimuhaguruke mukurikire Ingabo Zanje ziri Ngaha Kw’isi  gutyo imitima myinshi kuruta izorokoka. Ntimukazite zo nyene izo ntama nabashinze ngo muyobore.

 

Shira ubwoba mukurikire Inzira Yanje Ijana mu Buzima Buhoraho niho gusa muzokira. Nimwakurika inzira y’umuhanuzi w’ibinyoma nta kibuza muzotakara ikibabaje gusumba ibindi nuko muzobera akarorero kabi imitima y’ibitazi nayo igahava ibakurikira muri iyo nzira ata handi ijana atari mu muriro udahera.  Nimube Intwari mwa bihebeye Imana nkunda cane. Nimwemere ko igihe c’Igaruka Ryanje kiri hafi cane. Nta mwanya mufise wo kwonona.

 

Yezu wanyu!

 

R/ Tuzotamba neza birenze ibi, tuzikaraga bibereye abeza, nidusanga Mariya mw’ ijuru kwa Jambo. Tuzovyina dushimira Imana, Tuzotamba cane dutambutse, turirimbe mu ngeri zose.


1.     Muvyeyi wanogeye Imana, twigishe kuyisenga, ejo abayobe bataduseka, tukazakorwa n’ikimwaro.


2.     Kugira ngo duhure n’Imana wabaye irembo rya Jambo, natwe igihe tuzosanga Imana, uzotubere inzira nziza.


3.     Mariya izi nteko z’abasenga ni izawe ni iza Jambo, girira uwaziguhaye uzigishe kunyura Imana.


4.     Kera Mariya, isi itararemwa, Imana yari izi ko uzaturamira, ko uzotubera umubyeyi w’abahabye Eva yataye.


5.     Abahanuzi bakuvuze ibigwi, intumwa zirakwamamaza, aba none turakuririmba, ab’ijuru baguhe impundu.

 

==========================================================

Ni Kubera iyi mitima nyabworo Narize Amosozi y’Amaraso mu Murima wa Getsemani Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa kabiri Igenekerezo rya 1 Ndamukiza, Umwaka w’i 2014@ 21:00

 

Mwananje Nkunda cane rimwe na rimwe uburyo iki gikorwa kigenda kirihuta canke gikura birashobora gutera uburuhe. Birakenewe ko Ijambo Ryanje ryumvirizwa mu bihugu vyose kandi ko Imigwi y’Ugusenga y’Ingabo za Kristu itanguzwa mu makungu yose na cane cane mu bihugu bitampa icubahiro. Ntuze wigere ureka uburuhe utegwa n’iki gikorwa bukurengere ngo uhave utezura mu gikorwa co gushikira Isi yose. Nipfuza ko n’imitima yadadaye kuruta iyindi idafise n’icipfuzo na gito co kureka Mutima Mweranda ngo Ashike mu mitima yabo, yumvirize ngo imenye ico ndiko ndavuga no ibashe gutegera Isezerano Ryanje.

 

Intumbero Yanje y’Urukiza ntigarukira gusa ku mitima inyobokera yo nyene, oya ni iya bose  hari mwo nabo bafise imitima yiraburaniwe ishobora no gutera iseseme. Ni Kubera iyi mitima nyabworo Narize Amosozi y’Amaraso mu Murima wa Getsemani – iyo mitima yazivye- imitima yatakaye – iyo ikunda igisizimwe niyo neretswe  na Shetani. Yaranyeretse ukuntu ari benshi bazoguma banyihakana naho nariko nditanga ku Mana ntiziganya, naho nari mfise umwete n’ugushaka kwo kubihebera mu gupfira isi yose ku Musalaba.

 

Ububabare ntegwa n’iyo mitima burarenze urugero nico gituma rero mwananje udashobora kwiyobagiza icipfuzo Canje cuko Ushikira n’abatemera nyene. Ntukitwararike ingene ukengerwa, ingene bagucira ko amate bakanakuvuma, oya ahubwo haguruka urengere na kure urwo rwanko rwabo kuko ruzokwama rukurikira iki gikorwa aho kizoca hose ahubwo nzanira iyo mitima uyinshikanire utaravye ikiguzi bigutwara. Nzanira ingendanyi zanje Nkunda cane ariko kandi unzanire n’abo batanzi canke aboba bataramenya canke badashoboye kumenya. Hanyuma uheze unzanire imitima yabo banyanka. Iki kibwirizwa kuba icipfuzo n’intumbero y’umwe umwe muri mwebwe.

 

Niwanshikanira iyi mitima ruhebwa intera amagorwa angana gutyo nzoyishungururirako Inema z’Umwihariko ngo mbashe kubakura mbazane iwanje ndabashikirize Ikigongwe Canje. Niwaraba aho uherereye hafi yawe no micungararo yawe ukabona imitima yabo udasiba guhura nabo batazi umugambi Wanje w’Amaza Yanje ya Kabiri, urabwirizwa kubashikira ukongera ukabanshikanira. Gutyo uzoshobora kumpoza amagorwa bantera kandi uzontera akanyamuneza niwakora utyo kuko niho nzoshobora gukora uko Nshoboye ngo nungire ubumwe imitima yose ahantu hose.

 

Nimugende mugwire mube benshi kuko inzira yaramaze gutegurwa. Haciye igihe gito nteye akamo isi yose muri ubu buhanuzi.Ariko vyongeye cabaye igikorwa kitoroshe na gato none rero ubu inzira zose zizovyara inzira zindi zishasha ziheze zikwire mu ntara zose gushika naho ata gihugu na kimwe kizokumirwa muri iki gikorwa co gukiza imitima, nguko uko Imbabazi Zanje Zimeze.

 

Ni Jewe, Yezu Wanyu

 

Naremereye Data ko nzokurikira umutima wose natangiye Ubuzima Bwanje mu kubapfira ku musalaba. Kandi Nzobikora.

 

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa kabiri Igenekerezo rya 3 Ruheshi, Umwaka w’i 2014@ 18:22

 

Mwananje Nkunda cane, Ico Nshaka Gushikako n’ugukabura ihinduka ry’imitima mu bihugu vyose vyo kw’Isi kandi ivyo bikaba bigomba kuba ubu bwa vuba. Urukundo Mfitiye zina muntu wese rurahambaye cane ku buryo Nzokoresha uburyo gushika ubu butari buzwi na kiremwa muntu ngo ntange umuco aho hose hari umwijima uturutse ku guncanganikirwa kw’imitima itabona iyo iva n’iyija canke itazi ico yokora kubera iri mu madidane.

 

Nzotanga Amahoro Yanje ku mutima wose ngo ubone umuco w’Ukuri. Urukundo Rwanje Ruzobazanira umutekano mu mitima bazosanga batari bwigere biyumva mwo na rimwe gushika ubu. Mutima w”ukuri azoba Ingabirano nzohereza Isi n’ubwoko bw’abantu batanzi. Aho ho nyene niho umuntu azokwuguruka bikwiye agakundira Ubutabazi bw’Imana kumushungurukirako ngo bumukize kubw’Itegeko Rya Mana Data Nyagukundwa Rwose Ashaka kwugumbira umwana wiwe wese.

 

Urukundo rw’Imana Rugiye kwumvwa n’imitima y’ingumba- ya mitima yazivye ikaguma idadaza yankira Mutima Mweranda ko Ayiyobora. Urubeya rwa Mutima Mweranda Ruzoza nk’inkota Ruyiteme ngo Rubashe kubaronsa ubumenyi bwo gutegera ukugene umutima wose ufise igikundiro kidasanzwe mu maso y’Imana.

 

Mutima w’Ukuri Azokangura imitima y’abo batanyemera, abo bagwanya abanyemera, nabo bashira umwizero wabo mu nguvu zabo. Mutima Mweranda Azokora ku mitima y’abanyabwishime n’abishira hejuru Atibagiye ibijuju n’abita imbere n’abacumuzi ba karuhariwe buzuye inzigo mu mitima yabo n’abato nyene.  Nta numwe muri mwebwe Azokumirwa n’iki Gitangaro ntangere.

 

Naremereye Data ko Nzokurikira umutima wose Natangiye Ubuzima Bwanje mu kubapfira ku musalaba. Kandi Nzobikora. Kuko none urupfu Rwanje rwoba rwamaze iki niba bisigura ko hoba n’umucumuzi n’umwe yokumirwa ? Ndaje vuba cane ngo Ndabategure mwese kwinjira mu Buhirwe Bwanje. Nimunezerwe kubera Igihe Canje Kiri hafi.

 

Gende rero mwa bagendanyi banje Nkunda cane mugume mu Rukundo, Ukwizigira n’ukwizera Ikigongwe Canje. Nzorangura Isezerano Ryanje n’umwe umwe muri mwebwe kandi muzokwimbura impera y’Ubwami Bwanje nimwemerana Ukwifata ruto Urukundo nimirije gusukira mu mitima yanyu ku bwinshi.

 

Yezu Wanyu

 

Abanyiyeguriye mu gushemeza iya Gatandatu ya mbere mu kwezi gatanu kikurikiranya nzobakingira. Bahishije mu mutamana wanje kandi vyongeye umwansi ntazoshobora kubakora ko!
Akamo ka Bikira Mariya Roza y’Akayobera Aganirira abana b’Imana (Ubutumwa Bwahawe Enoch na Bikira Mariya Roza y’Akayobera Igenekerezo rya 7 Rusama 2016)

Bana Banje munshika ku mutima, Amahoro y’Imana Umukama Wanje ni Ahorane namwe!Bane banje uyu musi n’umusi w’akanyamuneza kuri Nyoko wanyu, kubera abana banje bankunda baje kunteramira kuri uwu musi wa gatandatu wa mbere w’ukwezi. Buri wa gatandatu wa mbere w’ukwezi haba hari umusi mukuru mw’Ijuru nanje Nyoko wanyu Ndasukira imihezagiro myinshi kuri abo bose baza kungendera  cane cane abana banje banteramira mu guhimbaza imisi ya gatandatu ya mbere yo mu kwezi itanu ikurikirana.

Murakoze bane banje kwitaba akamo kanje no gushima gukoranira hamwe imbere yanje ngo muvuge ca Gisabisho c’Irozari. Ico muzonsaba kuri uyu munsi Nzokibaronsa mu gihe coba gihwanye n’ineza yanyu be n’ubukiriro bw’imitima yanyu.Sinigera Nirengagiza ibisabisho vy’abasavyi banje batobato. Nimwaza muri imwe mu masankitiweri yanje muzoronka imihezagiro yanje muteko mugabane n’indulujensiya ya rwose.  Kugira ngo mugabane ivyo vyiza mu bwirizwa kungendera muri imwe mu dusengero twanje, mwumve Misa Ntagatifu, musangire kandi muvuge Irozari yanje nyeranda. Iyi ndulujensiya izohanagura vyinshi mu vyaha vyanyu, murashobora kuyitabaza kuri iyi mpamvu canke mukayiziganya ngo izobafashe umusi mwarengutse mu buzima budahera.

Abana banje batobato banteramira ku ya gatandatu ya mbere yo mu kwezi itanu ikurikirana barafise imihezagiro yanje. Naramaze kubafukisha Umutamana wanje vyongeye Umwansi ntashobora no kubakorako.

Izo nyegu zanje imisi itanu imbere y’uko zipfa zizogabishwa nanje nayo isaha yazoo niyashika nzoza  gutabara imitima yazo. Abo bose bahimbaza imisi ya gatandatu ya mbere y’ukwezi nzobatabaza inema zidasanzwe kugira ngo bagishika mu buzima budahera  bazohabwe ikibanza kiri hafi yanje. Sinzoreka n’umwe muri bo ngo apfire mu gicumuro. Abana banje banteramira ku misi ya gatandatu ya mbere yo mu kwezi itanu ikurikirana bazokingirwa amahano, impanuka n’impfu z’ukuborezwa igufa. Mu gihe c’Uruhamo rudasanzwe rwimirije, Nzoshira imishwarara y’umuco wanje muri bo ngo bahume amaso Umwansi gutyo ntashobore kubagirira nabi.


Nta n’umwe mu banteramira gutyo azobona urupfu rubabaje canke ngo abwirizwe guca mw’ityororwa rirerire; Nzobabera ipansuma, Nzobakanda  aho bazoba bababaye nongere Ndabaremeshe mu bubabare bazogira. Inyegu zanje zose zizohimbarwa mu Mahoro y’Umukama Imana yanje zongere zihabwe umutima mweranda utinya Imana.

Murabona rero bane banje imihezagiro n’inema muzohabwa n’uyu Nyoko Wanyu nimwashima kunyiyegurira. Ntimukanjanjwe kuri izi ngabirano. Nimukoranire hamwe ku misi ya gatandatu ya mbere y’Ukwezi mugabane Inema y’Imana muvuge Irozari yanje Ntagatifu nanje Nzobayobora mbashikane mu Buhirwe budahera. Ndabarindiriye muri imwe mu ma sankitiweri yanje. Nimuze dufashanye ngo Dusenge Data ngo mushobore kugabana izo nema zose n’iyo mihezagiro.

Ndabakunda vyongeye Ubutabazi Bwanje bw’Umuvyeyi ni buhorane namwe!
Nyoko wanyu, Mariya Roza y’Akayobera.

Nimumenyeshe ubutumwa bwanje isi yose.

Urukundo nibwo Buryo Bwo Nyene Bwo Gutsinda Urwanko. Urwanko ntirushobora gutsinda Urukundo Ruturuka ku Mana.

 

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa mbere Igenekerezo rya 9 Ruheshi, Umwaka w’i 2014@ 21:42

 

Mwananje Nkunda cane, ese ukuntu nipfuza gushikira abo baguye hamwe nabo nyene batakinyemera, ntibagiye n’abatanzi nyene. Ubu buhanuzi n’ubw’Isi- Si ubw’abatowe gusa banyunamira n’icubahiro cose imitima yabo nayo ikaba yuzuye Urukundo Rwanje.

Ndakunda zina muntu wese ariko nishimikiza abanyobokera ngo Nkwize hose Ijambo Ryanje gutyo mbonereho kudomeka urubeya rw’Urukundo Rwanje muri iyo mitima yadadaye kandi yugaye.

 

Niwaba unkunda uzokorera abandi ibikorwa vyiza nakwigishije. Uzobafata mu Rukundo nkuko nanje nyene Nagukunze. Uzokwihanganira abo bagutyekeza baguhora ko wambaye ibaje y’UbuKristu. Uzogwa mu nda ba ntamagara kandi ubigishe Urukundo Rwanje mu vyo Uvuga no muvyo Ukora. Kuba UmuKristu bisigura gushingira Intahe Ijambo Ryanje mu buryo bwose. Ntukigere wibagira ko Urukundo Rwanje ari Urukundo rw’Imana.

 

Ubumana Bwanje Ntibuharirizwa.Mutima Mweranda Ntiyigera Atsindwa na Rimwe mu Gikorwa canje cose. Ibikorwa Vyanje birahambaye kandi bizokomeza gutera intambwe vyongere bikwire hose nk’umuyaga ukomeye cane unyaruka gusumba uko mwoshobora kubitegera mu bwenge bwanyu. Urumva rero ubonye Ndiko Ndamenyesha uwo Ndi we mw’Ijambo Ryanje, mu butumwa nshikiriza Isi – Niwanyugumbira, Nzokwereka Imbabazi Nyinshi abo bose bemera kunywa Ikalisi Yanje kuko bavyishakiye.

 

Wemeye  ingabirano Ndakuronsa ukazikoresha uko ndavyipfuza ku neza y’abandi niho rero ibitangaro bikomeye Bizana uguhinduka kw’imitima bizoba. Wemeye ko Ndakuronsa Urukundo Rwanje uzokwemera kandi ko Rukwira mu bandi. Abandi nabo bemeye kwakira Urukundo Rwawe, nabo bazomenya iyo ruje ruturuka. 

 

Iyo Urukundo Rwanje rushitse mu mitima yanyu ku bw’Ububasha bwa Mutima Mweranda, ruzobatuma mu kubita ibipfukamiro hasi imbere yanje ukorora amosozi y’akanyamuneza. Itegereze neza! Uzomeneyera Urukundo rw’Imana ubwo nyene nirwinjira mu mutima wawe ku bw’Ububasha bwa Mutima Mweranda. Niho rero uzoza wategera Ububasha bw’Urukundo kuko Ndi Rukundo Nyene. Ndi bwa Bubasha Butuma ishetani yose, kira mumalayika yagararije na shetani we nyene ubwiwe agwa hasi agakumbagara akaba nk’uwugira apfe kuko nta bubasha bamfise ko. Urumva rero mu gihe cose Ukundiye Urukundo Rwanje Kwuzura imitima yanyu, namwe nyene muzogira Ububasha muri mwebwe nyene bwo kugwanya no gutsinda ububbasha bwose bwa sekibi kw’isi. Urukundo Rwanje Rurasambura ububasha bwa shetani n’inyosha mbi zayo. Urukundo Rwanje ruzoba ikigwanisho muzotsindisha ubugarariji muzohura nabwo muriko muramvugira.

 

Nimwemere Urukundo Rwanje kandi mwame mukunda abansi banyu. Ntimwanke abansi banje kuko ico nico nyene sekibi ashaka ko mukora, gutyo abonereho gukwiragiza hose urwanko. Urukundo iyo rukwiragiye hose ruvyara urukundo mu bandi nkuko urwanko narwo rwama ugukekereza, ubwoba n’ishavu. Urukundo nirwo rusa rushobora gutsinda Inzigo. Inzigo ntishobora gutsinda Urukundo Ruva ku Mana.

Ndipfuza kubaha iki Gisabisho c’Ingabo za Kristu 156 ngo Ndabakingire Urwanko n’Inzigo ( Tugisanga ku rupapuro 48)

 

Ata muco Wanje Uhari hasigara umwijima mu mutima. Nta Mahoro. Nta rukundo. Nta mwizero. Nta buzima

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa kabiri Igenekerezo rya 10 Ruheshi, Umwaka w’i 2014@ 12:05

 

Mwananje Nkunda Cane abantu bashobora kubaza igituma ari ngombwa kuzigama Inkuka Nyeranda ya Misa kandi Ikabwirizwa kubandanya Iherezwa imisi yose ata gisivya! Inkuka y’Imisa n’ico gihe gikuru mba ndi hagati yanyu- Mba Ndi kumwe namwe vy’Ukuri kw’Isi.  Kuba Ndi kumwe namwe navyo bizana Ubuzima n’Umuco. Gutyo Ndazanira Umuco Umutima – Umuco wanje Urusha izuba gukayangana no kubonesha.

  

Isase rimwe gusa ry’Umuco Wanje rirakwiye ngo riboneshereze icumba kiri mu mwijima. Mu gihe Ukaristiya Ntagatifu Yanje izoguma yubashwe mu buninahazwa ntangere ku ma altari y’amasengero yanje, Ubuzima buzobandanya. Ukaristiya itahari hazoba umwiza. Iyo ntari kumwe namwe, nta muco muba mufise. Ata muco wanje mufise nta kindi kihaba atari umwijima mu mutima. Nta mahoro. Nta mizero ahaba. Nta buzima.

 

Amategeko yose mashasha azotangwa bitwaje ishaka ryo gukwiza hose Inkuru nziza mu buryo bujanye n’ibihe vya none bakabigira mbere bitwaje izina Ryanje mumenye ko Ukaristiya Yanje Itagishemezwa n’Icubahiro Ikwiye nkuko vyari vyamye biba gushika ubu, muzoce mumenya ko ata kanya kanini gasigaye imbere yuko vyose birangira.

 

Ku musi ibi bizoba hazoca haba Umwijima uzomanuka kw’isi. Ntuzowubona n’amaso ariko uzowubona mu mitima ikanye y’abantu, kuko muri ico gihe abantu bazoba baramaze guhinduka. Mu gihe rero ntazoba Nkiri kumwe namwe nkuko vyahora imiryango y’umuriro udahera izokwugururwa nawe ruziraKristu ace afata icicaro canje mw’Ekleziya Yanje. Ntazoba ari Uwanje azoba yicaye ku Ntebe y’ubwami bwanje. Ariko niwe muri ico gihe Ekleziya Yanje izokwikubita imbere y’ibirenge vyiwe. Iki kizoba ari ubugome buzompemukira, Jewe Yezu wanyu, kuva aho Yuda ampemukiye akantanga ku bansi banje ngo bambambe ku musalaba. Ekleziya Yanje niyo izohamwa ubwa mbere imbere yuko ibi biba nabo abo bafise ukwemera kugoyagoya nibo bazoha icubahiro iyo Mfyisi.

 

Abo bigira ngo baserukira Ekleziya Yanje nibo bazosubira kumbamba ku musalaba. Mu gihe iyo mfyisi izotangaza ko ari Jewe, isaha izoca itangura guharurura niho rero hazokwumvikana ijwi ry’amajuru yiyugurura n’urwamo rw’inkuba inyuma yaho Nzoca ntangaza ko ngarutse.   

Isi izoca itegera Ukuri kw’Amaza yanje ya kabiri aho nzoza kwigarurira ububwami Bwanje no kugarukana ubumwe mw’Ekleziya Yanje, Ekleziya yanje y’Ukuri = Abo bose bazoba baragumije ibanga mugukomeza bangendanira mu magorwa no mu marushwa y’Uruhamo.  Nta na kimwe gushobora gutsinda Ekleziya Yanje, kuko nijewe ubwanje Ndayiyoboye kandi nije Ndayirongora ku buryo bitazoshobokera igisizimwe nabo bahemu bose bampemukiye bakurikira nyaringa kuyinjiramwo

 

Nimwumvirize rero mumenye ico Nabemereye. Ndababwije Ukuri ivyo vyose Nababwiye ko bizoba bizoruhira kuba. Ivyo nabemereye nzobikora vyose. Ivyo Ntunze vyose ni rwanyu. Muri abanje nanje nkaba Uwanyu. Nimugume muri Jewe ngo mugire ubuzima bubereye, kuko mutafise ubutabazi bwanje muzogwa mu binyoma ivyo navyo bikazontuntuza umutima. Ntimukigere mumpeba mukurikira uwubanka. Sinzokwigera ndabaheba kuko ndabakunda birenze . Ahubwo Nzobiyegereza ndabakwegere Iwanje mugabo nuko muguma munyiyaka. Ni kubera iki? Mutinya iki? Ntimuzi ko muri abanje kandi ko iyi ari intoranwa yanyu mufitiye uburenganzira kubw’ivuka ryanyu?

 

 Nimunyegere munyegamire, ngendanyi zanje Nkunda cane kuko vuba cane muzobona ko mwazimiye kandi ntimuzoba mukimenya iyo muta umutwe.  None rero ndabarindiriye ngo muze Iwanje ndabahe Urukundo rwanje nongere ndabahoze. Ntimukantinye. Nzanywe iwanyu n’Urukundo ngo ndabuzuze amahoro Yanje.

 

Umuco Wanje ubazanira guhumuka ngo mubone.

Urukundo Rwanje Rubazanira Umwizero.

Umutima Wanje ubazanira kurema kw’imitima.

Ukuboko Kwanje kurabakiza.

Amaso yanje arababona.

Inguma zanje zikabanyegeza.

Umubiri Wanje Ukabagaburira.

Amagorwa Yanje ni ayanyu.

Amagorwa yanyu nayo akaba Rwanje.

Imbabazi Zanje Zizobakiza.

Ijambo Ryanje ni yo Nzira ibashikana mu Bwami Bwanje.

 

Yezu Wanyu!

 

Abantu bariko baricishwa Inzara y’Ukuri Kw’Ijambo Ryanje.

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa kabiri Igenekerezo rya 17 Ruheshi, Umwaka w’i 2014@ 22:23

 

Mwananje Nkunda Cane Ingabo Zanje zasigaye ziriko ziripanga kandi zikwiye hose mu bibanza vyose vyo Kw’isi. Ingabo zanje ziranzi vyongeye kubw’Ububasha bwa Mutima Mweranda Naramenyesheje Izina Ryanje Nkoresheje Ijambo Ryanje riri muri ubu Buhanuzi.

 

Ubwa mbere, Ijambo Ryanje Rizokwakura abo bose bamaze guhezagirwa ku bw’Ububasha bwa Mutima Mweranda Ribazane hafi Yanje bidatevye. Kuri iyi mitima nta nkeka ndayifiseko na gato.

Ubwa kabiri Mutima Mweranda Azokwakura n’imitima nyene yuzuye ugukekereza vyongeye mu gihe iyo mitima ishobora kuba itarasobanukirwa neza ko ari Jewe Yezu Kristu ndabatera akamo ngo bitabe ijwi Ryanje bazoza iwanje buhoro buhoro gushika bategere. Igihe kizogera aho bazonyugumbira ata gukekereza mu nitima yabo

Ubwa gatatu, hari abo banyemera ariko batemera ko ndiko ndabatera akamo. Nabo nyene igihe kizogera bazokwitaba aka kamo kanje. Ariko none ndabahamagarira iki? Kwoba ari ukwiyemeza? Oya kuko ivyo ntibikenewe na gato. Intumbero yanje niyo kubakoraniriza hamwe ngo Ndabategure kugira ngo Abakristu bose bazoshobore kumfasha mu gikorwa canje co kubohoza isi. Ivyo bizoshoboka Nciye ku bigishwa banje Nkunda cane.

 

Igikorwa Canje nico gukiza imitima nkaba Nzobishikako Nkoresheje ugushaka kw’umuntu wese ata gahato kagiye mwo. Ugushaka kw’Imana n’ugutanga Ubuzima no kuzana abana b’Imana bose ngo abakingire.Kubw’Ugushaka guhambaye kw’Imana imitima yose irashobora kurokoka ariko ibarabara rishikana mu Buzima Budahera rihagaze mu kwubahiriza uburenganzira bwa zina muntu wese bwo kwihitira mwo kazoza kiwe.

 

Nta numwe azofatwa ku nguvu mu kwemera Ikigongwe c’Imana ariko umuntu wese azosabwa kunkurikira. Sinzokwigera Ndaguhata ngo Unkurikire utabishaka. Kuko ni uburenganzira bwawe guhitamwo kazoza ushaka. Ni wewe rero ubwawe uzohitamwo ico ushaka gukora. Hari abazohitamwo neza mu bwitonzi kuko bategera neza ico bahisemwo mu kuza iwanje mu nzira y’Ukuri, Inzira ibashikana mu Buzima Budahera. Hari n’abandi bazocagura nabi mu gutora gukurikira inzira mbi. Igituma bazohitamwo nabi nuko bazoba barananiwe no gutahura Ukuri, Ijambo ry’Imana. Bazoba bararetse umwina w’ivy’isi, ivyipfuzo bibi vy’umubiri n’ibiterasoni ngo bibahuvye bibabuze kuguma hafi yanje.

 

Ntibemera ko hari ubuzima inyuma y’urupfu kandi nta kwigaya bafise mu mitima yabo ku bicumumuro bakora mu mu kwirondera bo nyene kuko ibicumuro vyabo nta na kimwe bibabwira.  Ariko baronse akaryo k’ukwerekwa Ukuri bakongera bakanatumwa n’akarorero keza babona ku bandi no ku bw’impanuro zabo ngo batege amatwi Ijambo Ry’Imana n’Isezerano ryanje rya Kazoza Gahimbaye, nabo nyene barashobora guhinduka. Barashobora nabo nyene kuzokwibera mu Bwami Bwanje ku bw’Ingabirano yo Guhinduka.

 

Ubutumire Bwanje rero n’ubwo guhimiriza imitima yose ngo irondere Ukuri. Ku bw’umwidegemvyo w’abana b’Imana none rero nta handi bica atari ku gushaka kwabo ata gahato kagiye mwo, bo nyene ubwabo bagahitamwo neza kunyemerera Jewe Yezu Wabo Nyagukundwa rwose bakampa uburenganzira bwo kubarokora.

 

Ndahamagaye abakristu bose ngo mwambare ivyambarwa vyanyu muhaguruke mutambuke muja imbere ngo mumfashe gukoraniriza hamwe iyo mitima yasanzaye kandi yazimiye. Mumfashije, Ndashobora kuremesha imitima yose yo mu madini yose, mu bwoko bwose n’intara zose nkayihimiriza ngo ize iwanje!

 

Niwashikira iyo mitima, Nzogufukisha inema zidasanzwe za Mutima Mweranda ngo ubashe kunesha uheze unzanire imitima yazimiye nipfuza kuzimurura buri mwanya. Ugushaka kw’Imana nuko umuntu wese yorokoka. Ariko nta handi bica atari mu mwidegemvyo W’abana b’Imana wo kwihitiramwo neza ata gahato Imana yahaye zina muntu wese, ngo we nyene avyishakiye ahitemwo kuza angana mpeze ndamwakire mu Maboko Yanje. Uko Niko Ugushaka kweranda kw’Imana kuzoranguka nkuko bitegerezwa.

 

Gende rero mwebwe mwese mwigishe Ukuri kw’Inkuru Nziza Nyeranda. Isi iranyotewe kumenya Ukuri kw’Ijambo Ryanje. Ijambo Ryanje ntiricigishwa nkuko bikwiye. Abantu barabwirizwa guhabwa Ukuri. Nico catumye Ntanga Ubuzima bwanje. Bidashoboka gushikira Ukuri-Ijambo Ryanje Ryeranda -ntushobora gucagura neza no gutora inzira nyayo igushikana mu Buhirwe Budashira.

 

Nico gituma rero Nje muri iki gihe ngo ndabazanire Ukuri, ngo ndabahimirize gukubitira i Bweru mwibuke ubwenge gutyo mwame mwiteguye, muri maso kandi munyiteze kuri wa musi uhambaye cane ata bwoba, ata wandya wangura, ata maganya mu mitima. Niwanyemera ukongera ukanyizera vy’ukuri uzogira amahoro.

 

Yezu Wanyu.

 

===============================================================

Ibicumuro biguma bisogota Umushaha Wanje

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa Gatanu Igenekerezo rya 12 Munyonyo, Umwaka w’i 2010@ 3:00

 

Andika ibi mwananje. Amasaha ariko arihuta. Ntiwirengagize icipfuzo canje co gusohora Iburirwa Ryanje ngo abantu bose bashobore kurisoma. Birihutirwa cane ko imitima ihinduka. Abana banje babwirizwa kwumva Iburirwa Ryanje ubu nyene. Mwananje tangura umenyeshe ubu buhanuzi imigwi y’AbaKristu ububamenyeshe ubwa mbere. Ni ugume ukomeye kuko naragutoteye kurangura iki gikorwa. Gutyo icipfuzo canje co kurokora isi ntigitebe kumenyekana. Andika iki gitabo uheze usohore ubutumwa bwanje ukoresheje ubuhinga bwa none hari mwo n’ubuhinga ngurukana bumenyi n’ibinyamakuru. Kubera umuhamagaro wanje wihutirwa nzogufata ukuboko ndagukomeze ubashe gutahura ubu butumwa.

 

Naragukomeje kuruta uko wovyibaza. Nukomeze Unsaba mu gukoresha Ishapule yanje y’Ikigongwe c’Imana. Reka gutinya. Ni kubera iki ufise ubwoba? Ubuzima budahera aho Ijuru n’isi bizohinduka mwo ikintu kimwe bubwirizwa kwakirwa. Ico nico kiremwa muntu yakomeje guharanira kuva mu ntango z’ibihe vyose.Ntimugahubishwe n’ibihenda amaso abisi bakomeza kubazanira ngo babakwegakweger mu kabi.  Ubuninahazwa bw’iyi sin taco bumaze kandi nta naho wohera ngo ubunganishe n’Ibitangaza vy’ubwami bwa Dawe wo Mw’Ijuru. Uzoronka ubufasha ukeneye niwatangura gushira ibi bikorwa mu ngiro.

 

Iyi misi iheze yarakuruhishije cane ariko waremeye kurangura ico Ndiko ndagusaba gukora. Biragoye kandi biranateye ubwoba bukeye kuri weweariko ni ngombwa ko unyizera. Nyifadikize mu mutima wawe wongere unyishimikize. Mpebera ugukekereza kwose ufise niho igikorwa cawe kizokworoha.   Ubwirizwa kwibutsa abantu Isezerano ryanje wongere ubibutse Ijambo Ryanje. Ni ngombwa kwisunga Ivyandittswe Bitagatifu kugira ngo utegere ubu Buhanuzi.  Ntuze wigere utinya kwibutsa abantu ukuntu ibicumuro vyabo bisogota Umushaha Wanje Mweranda Rwose mbere bikanasogota Umutima w’Imana Dawe Yamaho.

 

Twebwe, Mawe n’aberanda bose tuzogufata ukuboko tuguhe ubukomezi. Uzoronswa ubuyobozi ukeneye  nayo imiryango izokwugururwa ngo uronswe ubufasha mu gikorwa Ndagushinze. Uririnda abo bazorondera gushira imitegeo imber yawe bagucerereze gushikiriza ubu butumwa. Basabire uheze wikomereze.

Ndazi ko urushe  ariko iki cipfuzo canje kirabwirizwa kwitabwa vuba . Harageze kuruhuka mwananje. Urakomeza uba umwana mwiza uko nyene wishura na ukwemera n’umwete. Ntuze wigere wihebura.

 

Umukiza Wanyu Nyagukundwa Cane

Yezu Kristu

 

Imiryango yarugururiwe  abapagani ngo bahumanye Ekleziya Yanje.

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa mbere Igenekerezo rya 16 Ruheshi, Umwaka w’i 2014@ 17:27

 

Mwananje Nkunda cane abo bose muri mwebwe badashaka ko ndabavugisha, mumenye ibikurikira; Umwidegemvyo w’abana b’Imana wahawe usigura ko ufise uburenganzira bwo gutora kwemera canke guhakana ivyo mvuga nivyo nshaka. Ivyo ni mwe muvyihitiramwo vyongeye ico cose muhitamwo sinzobacira urubanza kubera ico. Ariko ntimukigere mucira urubanza abandi kw’Izina Ryanje.

Aha nshatse kuvuga gucira urubanza abo banyihakana nabo nyene bemera ko ndabavugisha.

 

Nta numwe muri mwebwe afise uruhusha rwo kwita uwundi mubi canke kumucira urubanza. Abo muri mwebwe bacira urubanza abo mwibaza ko bari mu makosa, mubagiriza gukora nabi canke ko bagendera inyigisho zitari zo nta burenganzira mubifitiye. Murabwirizwa kuguma mu gacerere musabire abo mwibaza ko bari mu nzira itari yo. Ni Jewe Musa Yezu Kristu Mfise Ububasha bwo gucira urubanza abantu. Niwasuzugura uwundi muntu kw’Izina Ryanje Ryeranda uzoba uguye mu gicumuro kandi nanje nzobiguhanira. Niwagirira nabi abandi ukoresheje ururimi rwawe, nzokunumya. Niwararaza uwundi muntu mu kumuvuga nabi, nawe we nyene ntuzovugwa neza n’abandi. Ukwiyorobeka biranshisha vyongeye ufise icaha co kuvuga abandi nabi wibaza ngo ubigira kw’Izina Ryanje, uba uriko uranduza umutima wawe mu kwiteza isoni wewe nyene unateza isonin’Izina Ryanje Nyene.

 

Umuntu wese ababaza uwundi muntu yigira ngo ariko aravuga kw’Izina ry’Imana aba ariko arihenda we nyene. Abo nabo bahana abandi bigira ngo bariko bararangura ivyo bategerezwa kubera icubahiro bafitiye Imana ntibaba ari abanje. Nimumaramarire hiyo kuko ntimunzi namba. Hanyuma mu ngwano zanyu aho mutana mu mitwe abakristu ku bandi, abapagani bo bariko baratera Ekleziya Yanje.

 Umwansi akora ku mayeri ku rwenge. Umwe mu mipango yiwe ni uguteranya abayoboke banje bahurikiye muri Ekleziya Yanje gutyo mu gihe Icubahiro abayoboke banje bamfitiye kigabanuka niko imiryango yugururirwa abapagani ngo binjire guhumanya Amasengero Yanje n’Ukaristiya Ntagatifu.

None nta soni mugira mwebwe mwamenye Ukuri, Ijambo Ryeranda ryanje mwahawe mu Vyandittswe Vyeranda! Ntaco Nashoboye kubagirira ntabagiriye. Abahanuzi b’Imana mwarungikiwe barahamwe, baratotezwa mbere baranicwa, ababonekerwa, aberetswe n’abatagatifu ntibigeze bahabwa icubahiro atari inyuma y’urupfu rwabo, ariko bakiriho mwarabakubise mubahora ko babashikirije Ijambo Ryanje tutibagiye Inkuka y’Ukubabara Kwanje Jewe Nyene, aho mwambamba ku Musalaba.

 

 None ivyo mwigira n’ibiki? Ubu rero hageze ko mureka bamwe bambaza ibitari Imana muri mwebwe ngo mubereke ivyubahiro mubafitiye mu kubareka ngo bakorere iryo shano ku ma Altari yanje yagenewe kuninahaza Izina Ryanje? Mwibaza ko aba bapagani bobakundira ngo muninaharize mu ngoro z’amakoraniro yabo? Kahise kariko karisubiriza. Abapagani barasagirije Ingoro ya Data baca baravumwa batabwa hanze. Nawewe nyene umenye neza yuko niwahirahira ugahumanya Ekleziya yanje n’Umubiri Wanje, umenye ko utazoba ugikwiye kunkorera none rero nzota hanze umusaseredoti wese n’uwihebeye Imana wese azonyihakana akangurisha muri ubu buryo. Ibicumuro vyanyu birirabura gusumba nivy’abo mujejwe gutunganiriza kw’Izina Ryanje kuko muzotabwa hanze mu mwijima kumwe n’imitima yose muzoba mwarataye mu rudubi.

Harageze ko mutora. Mushobora kunyemera Jewe Yezu Kristu uko Ndi atari uko mwebwe mushaka ko Mba canke mumpakane. Nta na kimwe gishoboka hagati y’ivyo bibiri!

 

Yezu Wanyu!

 

Ekleziya Yanje y’Ukuri izotabwa hanze y’i Roma ngo ize kugorwa imyaka y’uruhamo Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa Gatandatu Igenekerezo rya 28 Nyakanga, Umwaka w’i 2013@ 15:23

Mwananje Nkunda cane urazoguma wibutsa abo banyemera ariko batiyumvira ko Amaza yanje ya Kabiri yegereje, ko babwirizwa kwama bagavye kandi bitegereze ibimenyetso vyabuwe mu mu Gitabo ca Data bijanye n’ibihe bizoza imbere y’uko wa musi uhambaye cane ushika. 

 

Ubuhakanyi ntangere nico kimenyetso ca mbere- Iki ni ca gihe ukwemera Ukuri ni ukuvuga Ijambo Ry’Imana kuzozimanganywa hanyuma igicumuro kigaca cambikwa izera mu mpande zose zo kw’isi. Ikimenyetso cerekana ko ndi mu kugaruka ni uko ubumenja buzotwikira Ekleziya Yanje iri ngaha kw’isi  buhereye imbere muri yo nyene. Niwabona abo bavuga Ko batowe nanje ngo barongore Ekleziya Yanje ikiri ku rugendo ngaha kw’isi batanguye kunywana n’abaserukira abanyapolitike n’abalayike b’iyi si ngo bahungukire amashimwe, uzoce umenya ko amahindagurika yatanguye. Niwabona hatanguye impari zijanye n’Inkuka Ntangere y’Ukubambwa kwanje ku Musalaba hanyuma ukumva hatanguye gutangwa n’insiguro zishasha zijanye n’Ukaristiya Yanje, uzoce umenya ko Ekleziya Yanje igiye gutambwa hanze ice yinjira mu bugaragwa.

 

Iyo Mvuze Ekleziya Yanje, nshatse kuvuga abo batarota bahemukira Ukuri kuko bazobandanya nkuko bamye babigira, bagendera mu kwemera ntangere kw’Ijambo ry’Imana. Ekleziya Yanje y’Ukuri rero izotabwa hanze yirukanwe I Roma ikazobwirizwa kugorwa igitigiri c’imyaka y’uruhamo. Abapagani bazoyikandagira bayitere amarushwa adasanzwe ariko ntaco izoba kuko imitima izokwerekana ubutwari ikanguma hafi igihe cose izohabwa inema zidasanzwe izokura Iwanje. 

 

Ariko mu gihe ububeshi n’ibitangaro vy’ubuyobe harimwo ugukizwa ingwara n’ibindi bimenyetso vy’ukwicisha bugufi n’urukundo rw’amahopa bizorushirizaho kwerekanwa mu nyubakwa z’Ekleziya Yanje, Nzokwerekana ibitangaro vyanje vy’ukuri. Nciye ku migwi yanje myeranda y’Ibisabisho vy’Ingabo za Kristu nzokwerekana nongere menyeshe abo babashinyaguriza, ko Mutima Mweranda ari kumwe nabo.  Ibitangaro vyinshi bizokwerekwa abo bazokwinjira mu migwi yanje y’Ibisabisho vy’Ingabo za Kristu nabo bose bavuga ibisabisho vy’Ingabo za Kristu nk’ingabirano izofasha abigishwa banje Nkunda cane kurinda uruhamo rw’abemera. Uruhamo ndiko ndababwira ahanini ni urw’imitima. Abigishwa banje b’ukuri bava mu bakristu b’amadini yose ya hose bazokwihwezanya ububabare budasanzwe kuko bazobwirizwa kwibonera n’amaso yabo ubwangushi budasanzwe buzomanuka bugatwikira Ekleziya Katolika. Ekleziya Katolika izogwa mu nda abami b’iyi si gushika naho itangaza ko igicumuro kigoye kitakibaho.

 

Igicumuro ntikizoba kikivugwa mu ntumbero yo guhuvya abayoboke bazobabwira ko bitagoye kwinjira mu Bwami Bwanje. Isakaramentu ry’Ipenetensiya rizohagarikwa gutangwa nkuko ritangwa ubu. Abantu bazobwirwa ko bashobora gusaba ubukiriro mu buryo bo nyene bishakiye gutyo rero benshi ntibazoba bacigora na gato ngo bansabe Ikigongwe. Ntibazonsaba Ikigongwe kuko ntibazoba bacemera ko bakoze igicumuro n’ibigirankana ahubwo bazojanarwo bibaze ko Imana ibababarira vyose batiriwe baranayisaba ikigongwe

 

Ubu nibwo bwa bwangushi bwari bwarabuwe imbere buzotuma amamiliyoni y’imitima igwa mu nyenga y’umuriro udahera ijanywe yo n’umuhanuzi w’ibinyoma hamwe na ruziraKristu. Vuba cane imisi mikuru n’imigirwa y’abapagani n’abahakanyi izotangura guhimbarizwa muri Ekleziya Katolika kw’isi yose. Abapagani n’abansi b’Imana bazohabwa ikaze ku ma alutari imbere y’itabernakulo. Uyu musi mukuru uzohimbazwa wongere ushemezwe nkuko ari bwo buryo bushasha bwo gusangira- bazotanga insiguro nshasha ku bijanye n’insangira ry’aberanda  ngo bisigura ko abana b’Imana bose bafatana mu nda bakaja hamwe ngo bashigikirane mu kwerekana icubahiro bafitaniye mu kwemera kwabo gutandukanye no mu gusonera agateka ka zina muntu wese.

 

Mwebwe munkurikira muzosabwa kwerekana icubahiro kuri abo bashaka kuzimanganya Ubumana Bwanje n’Ubuntu Bwanje buri mu Karistiya Ntagatifu. Muzokwagirizwa rero yuko mutari abakristu b’ukuri nimutasanganira ubwo bupagani. Uko nikwo bazobagira ibihwiji. Ukwo nikwo Jewe Yezu Kristu nzokengerwa nkamburwa Icubahiro mumfitiye nk’Imana yanyu. Ivyo bazobigira no mu mashure ngo batuze ubuKristu. Bazogira nkuko no mu makoraniro ya politike ngo batuze ico cose cohirahira kikanacisha mu kanwa Izina Ryanje.  Nta rindi dini na rimwe rizogirirwa ibitero n’urwanko rungana gutyo.

 

Ubukristu kubera ko ari Ukuri kuzosinzikazwa. Ico mudategera ni uko uwuzohirahira agafashanya n’abo bagome barondera guhumanya Ukaristiya umutima wiwe uzokwiraburanirwa birenze uje mu mwijima ku buryo ata gihe kizohera atahaye umugongo ubukiriro bw’umutima wiwe. Niwampemukira ukansaba Ikigongwe Nzokubabarira. Niwanyihakana Ukansaba Ikigongwe Nzokurekurira. Ariko niwampumanya ukantera akagere mu kwiyegurira igisizimwe, kuko uzoba witandukanije burundu nanje ku buryo uzosanga bitagikunda kwemera kwakira Ikigongwe Canje mu mutima wawe.

 

Yezu Wanyu

=========================================================================

 

 Abagira ngo barondera kuremesha amahoro mu Kigobe c’abarabu nta kindi barondera atari ukugenzura abayahudi

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa Gatandatu Igenekerezo rya 28 Ruheshi, Umwaka w’i 2011@ 22:00

Mwanaje Nkunda cane, ni kubw’Urukundo Ndamutse Nganira nawe muri iri joro kuko vuba cane benshi mu bagendanyi banje bazokomeza kuja hamwe bunge ubumwe ngo bagwanye umwangushi. Ubu nyene uwo mubeshi ariko akorana n’imigwi y’abatwara iyi si abinyegeza inyuma  ngo ashobore gufatanya nabo mu kurondera kuronka ububasha bwo kugenzura abantu uko bishakiye naho mudashobora kubica n’ikanda.

Iyo migambi yabo izohagarikwa n’Ukuboko kw’Imana vuba cane kuruta ukwo woba uvyibaza. Benshi muri bo bazogaruka ku Mana mu gihe c’Iburirwa. Iki gikorwa kikazoca intege Shetani n’umugwi wayo  w’isi imwe ku buryo benshi muri bo bazota umutwe bagatangura kwibaza ico bokora. Benshi rero bazoca bantabaza ngo ndabaronse ubukiriro.

 

Kwihora, kugenzura, ubutegetsi n’inzigo nivyo bibereye intambamyi ubuzima bwa kiremwa muntu. Izi ngwano zose ubona zimonogoje mu kigobe c’abarabu n’ahandi zarateguwe. Ntizipfa kwiyadukiza gutyo nyene.  Menya ko ivyo bihugu vyose ubona biri mu ngwano bitavyutse umusi umwe uko nyene bigaca bitanguza ingwano ahubwo vyafashijwe n’uwo mugwi wa sekibi uri mu banyapolitike bamwe bamwe mu bihugu vya rutura ugenzura ibiba kw’isi. Raba aba bategetsi bo mu kigobe c’abarabu bagiye gukurwa ku butegetsi ngo bashire ho abazokorana n’abo mu migambi yabo yo guhabuza ibihugu. Ariko umenye ko iyo itari yo ntumbero yabo.Umugambi wabo n’ukugira ububasha bwobafasha kugenzura no gucura bufuni na buhoro abana banje b’abayahudi bageramiwe n’iterabwoba mu mpande zose.

 

Ibi bikorwa vyose bibi bizohagarikwa n’Igabishwa. Abo bose  bariko barategura iyi migambi mibi nabo nyene bazobwirizwa kwihurira nanje umwe umwe igihe nzobereka ukugene bantuntuza umutima.  Benshi rero bazokwikubita hasi bampfukamire bansaba Ikigongwe ngo ndabaronse ubukiriro.Ibi bane banje birahambaye cane  ko mubimenya kuko abacumuzi benshi bahindutse ahantu hose cane cane mu babarongoye mu ntwaro no muri Ekleziya bantakambiye ngo Ndabababarire, Ikigongwe canje kizoheza kibakize. Nimusabe ko bazobona ukuri mu gihe c’Imurikirwa ry’imishaha bakibonera ukuntu ndabakunda, bazohinduka.

 

Igisabisho bane banje kirahambaye. Nimwasenga rero murambaza Imana Data kw’izina Ryanje mubasabire ubukiriro mumenye ko atazobankira. Ubugamburutsi n’Urukundo muzonyereka mu bisabisho vya misi yose birakenewe vyihutirwa ngo mucagagure ubushobozi bwa shetani ku bana banje.

 

Yezu Kristu

Umukiza wanyu Nyen’Imbabazi

Urukundo rw’Igishika n’Ukunshengerera mu Karistiya birabakomeza kandi bikabaremesha!

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi w’Imana Igenekerezo rya 12 Ruheshi, Umwaka w’i 2011@ 19:00

Mwananje Nkunda cane inema zihabwa abana banje mu gihe c’Ukunshengerera mu Karistiya zifise ububasha bukomeye cane. Baraharonkera inema zo kurinda imibabaro bacamwo mugabo kandi baranahongererezwa gukomezwa mu rukundo bamfitiye Jewe Umukiza n’umukunzi wabo.  Urukundo Nsukira ku mitima mu gihe c’Isaha Nyeranda Ndarutanga Ntitangiriye Itama. Umutima uriyumva mwo iyi segenya y’inema zanje mu buryo bwinshi butandukanye.

 

Ingabirano ya mbere n’iy’amahoro mu mutima wawe.  Uzokwumva aya mahoro ubwo nyene inyuma yuko urangije Isaha yawe ya mbere Nyeranda. Abana banje benshi bariyima bo nyene ingabirano nyinshi nsukira ku baje kunshengerera mw’Isakaramentu Ryeranda aho umara umwanya wawe ungana n’isaha yose imbere yanje aho Mvyagiye kuri Altari Yanje.

 

Mu gihe Abakatolika bazi neza Ububasha bw’Ukaristiya benshi ntibategera neza akamaro k’uyo mwanya uhambaye cane umutima umarana nanje mu kuntangarira mw’Isakaramentu Ryeranda. Bameze nkuko boba birengagiza iyi Ngabirano. Birabarambira kwiyumvira ko bofata akanya karenze ko ngo bagumane nanje mu Karistiya.

 

Ese iyaba boshobora kumenya ukuntu ibi vyobakomeza! Ubwoba bwabo n’imyitwarariko yose bafise yoca ihera bashoboye kuza bakanteramira mu gacerere no mu kuzirikana. Iyaba abana banje boshobora kubona umuco ukikuza imitima yabo muri aka kanya k’umwihariko kagenewe Isaha Nyeranda, botangara bogwa mu gahundwe. Bane banje nimuri iyi saha nyeranda mumba hafi hafi yanje rwose bishoboka.

Aha niho amajwi yanyu anshikira, amaborogo yanyu nkayumva, ukunyiyegurira kwanyu kukakirwa. Inema z’igitangaza nyinshi mukazihazwa muri ico gihe none rero ncuti zanje ntimwirengagize akamo kanje ko kuza guteramana nanje. Muzohabwa impera zizobafasha kuba abo ataco binona, umuco w’umutima, ubwenge n’umuzirikanyi no gutekana muri mwebwe nyene.

 

Iyo usangiye umubiri Wanje mu Karistiya nzokwuzura umutima wawe. Ariko iyo uje iwanje kunteramira Nzogukikuza n’inema zanje ku buryo imihora y’Urukundo Rwanje rwuzuye imbabazi izokwuzura no mu bwonko bwawe nyene, mu mubiri n’umutima. Uzokwiyumva mwo ubukomezi buzotanga ugutekana mu gacerere ntangere no mu mwizero ku buryo uzosanga bitoroshe kutabinezerererwa.  Nimuze iwanje bane banje ubu nyene. Ndashaka kumarana namwe akanya tuyaga. Ndabatumiriye kuza kuyaga nanje mu kanya Nkiri kumwe namwe mu karistiya. Ndabakunda kandi Ndashaka kubasukira ko inema zanje  ngo mubashe kuvoma mu mushaha wanje wuzuye Mweranda ivyiza imitima yanyu ikeneye

 

Yezu wanyu Umukiza wanyu abakunda cane

Yezu Kristu

 

==================================================================

Nzanira ibiguhagaritse umutima vyose nanje Nzoheza Ndakuruhure- Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa mbere Igenekerezo rya 13 Ruheshi, Umwaka w’i 2011@ 18:00

Mwananje Nkunda cane, igisabisho kiriko kirongerekana ubu ku buryo bw’umwihariko ku bw’ububasha bwa Mutima Mweranda, Yinjiye mu mitima y’abankurikira kw’isi yose.  Amatwi yabo aguma yumviriza ngo azirikane Ijambo Ryenda rwose. Sabira abana banje bose bariko baratuntuzwa imitima kubere ibikorwa vy’iterabwoba bitumwa n’igicumuro c’isi. Nshaka rero kwibutsa abana banje aho bari hose  ngo bavuge ishapule y’Ikigongwe c’Imana imisi yose. Nimusabe kandi Mawe Nkunda cane mu kuvuga I Rozari ibi kandi Ndabisavye abakristu b’amadini yose, kuko ico gisabisho gihambaye cane kizovunagura ububasha bwaa shetani ku bana banje.

 

Ico Ndabasavye ni uko mwebwe mwese mwiganyira kubera ibigeragezo murimwo ko mwobinshikiriza  mukampebera ivyo vyose bibahagaritse umutima ngo Ndabibatunganirize. Nimunyizere hanyuma nzobatabara mu bibaremereye umutima vyose. Nkundira Ndabayobore Ndabajane mu kibanza c’amahoro. Nimureme bane banje hanyuma mureke amahoro yanje asage imitima yanyu iyanyotewe. Umwijima murimwo ukomoka ku bwoba. Ubwoba bukava kukubura ukwizigira. Iyo utakaje ukunyizera shetani ica iteragira muri wewe ugukekereza mu bwenge bwawe. 

 

Ntimwigere mukengera ico ikora mu gihe ikomeza gukina imicezo yo kubateranya n’abo mubana. Ubu bubeshi bwama imisi yose bugamije guta mu rudubi abo bankunda gusumba abandi. Shetani izokwanka cane niwaba unkunda. Ntizokwigera ikureka gushika iguteye umudugararo. Shetani iragushinyaguriza iyo  ibonye uguye mu gicumuro. Ntuyihe ubwo bubasha kuko iyo uyiretse ngo ironke ubwo bubasha ica ironka aho ica ngo igusinzikarize ukwemera ufise muri Jewe.

 

Igisabisho c’ukwambaza  Mikaheli mweranda no kuvuga Irozari nyeranda rwose bizobabera ibigwanisho bikomeye bizotsinda shetani. Nimugende mwuzuye inguvu zishasha z’Ukunyizera kandi munture ibibagoye vyose n’ibibabakiye kuko Ndi ngaha Ndabarindiriye igihe cose ngo Ndabajane mu muco. Ndabakunda mwese bane banje. Nimurushirizeho kunyizera. 

 

Umukiza Wanyu Nyagukundwa rwose

Yezu Kristu!

Shikiriza ubu butumwa urwaruka ruguma rujuragirika rwirukanga inyuma y’ivy’isi kandi rutabona iyo ruva niyo ruja

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa Gatatu Igenekerezo rya 15 Ruheshi, Umwaka w’i 2011@ 23:00

 

Mwananje Nkunda Cane, ibigeragezo n’ubugaragwa rw’umutima uriko uracamwo muri iki gihe vyararekuwe na Jewe Nyene ngo Ndushirizeho kukwegereza hafi yanje ku buryo bizogufasha kunywana nanje. Rimwe na rimwe iyo uriko urababara hari igihe nirabira hirya gatoyi ngo singume mbona amagorwa urimwo. Ariko uko urushirizaho kurinda ikigeragezo kimwe ku kindi ukaguma utambuka utsinda ikigeragezo kimwe kimwe bizogukomeza kuruta uko wahora. Hanyuma uko urushirizaho kubabara bitewe n’ububisha bw’abandi bagufata nabi kubera iki gikorwa ceranda, niko uzorushirizaho kugabana inema.

 

Ukugene woshobora kubabara kw’Izina Ryanje

 

Kubabara kw’Izina Ryanje ntibikwiye ubwavyo.Ubwirizwa kutidoga rwose kubijanye n’ubwo bubabare. Kugira ngo unshimishe ubwirizwa kubabara mu gacerere, mwananje. Ku bakubona hanze ubwirizwa kugaragara nkuko woba unezerewe. Aho niho gusa umutima wawe uzokomezwa kandi ugashikanwa ku ntambwe y’ubweranda nsaba ko ugira ngo uberwe no gushitsa kino gikorwa aho kibwirizwa kugera. Kuko niwakura muri ubu buryo ivyamwa uzokwama niwatangaza Izina Ryanje nuko ubutumwa bwanje buzokwakirwa neza kurusha mu mpande zose zo kw’isi. 

 

Muri iki gihe mbwirizwa gutegura abana banje bose kurinda ikigeragezo gikomeye cane kitari bwaboneke kuva aho mbabmbiwe ku musalaba, birihutirwa ko abantu besnhi bashoboka bumviriza Ijambo Ryanje Ryeranda! Ukuri kuriko kurahishurwa ubu kuzokumvirwa nabo bemera kwanza riko kandi nabo badashaka n’ukumenya canke badashaka no kwemera nuko Imana Ibaho.

 

Shikiriza ubu butumwa urwaruka ruguma rujuragirika rwirukanga inyuma y’ivy’isi kandi rutabona iyo ruva niyo ruja. Mwananje uzobwirizwa gukoresha uburyo bamenyereye ngo utangaze Ijambo ryanje mu buryo bazotegera, bagakurikira kandi bakanabivugana hagati yabo. Kuko none iki gikorwa coba kimaze iki niba gikomeza ukwemera gusa kwabo banyemera! Naho bikenewe ko nabo nyene bankurikira ndabibutsa isezerano ryanje nemeye aho nagira nti Nzosubira kugaruka, ariko Ndondera cane cane iyo mitima  ata na kimwe izi, ataco itegera canke ataco biyibwira ku bijanye n’Imbabazi Mfitiye abana b’abantu Mbwirizwa gushikira ngo Ndabakize aho hose bishoboka.

 

Wewe mwananje n’abo bose bankurikira murafise ubutumwa bwo kumenyesha  abatemera, abahakanyi, n’urwaruka rw’abakiri bato bamenye ukuri ubu bwa vuba. Urabavugisha mu majambo ameze neza, ukoresheje ijwi rihumuriza. Ntuzobakarire. Koresha amajambo yo kubaremesha. Gira ko Ijambo ryanje ryobarohera.

 

Sindagutumye kwigisha umuhero w’isi

Bamenyeshe Isezerano Ryanje rijanye n’Isi Nshasha aha kw’Isi.  Ntibizosigura ko Isi izohera ariko ko igihe gishasha c’amahoro, akanyamuneza n’ubuhirwe ntangere kigiye gutangura. Ntibashobora kandi ntibakwiye na gato guha umugongo ubu bukiriro bubarindiriye. Basabire. Banzanire iwanje uzoheza uronke inema n’imfashanyo zose uzoba ukeneye. Ukwigira muto n’ukugendera mu Kuri bibwirizwa ku kubera zimwe mu ngeso nziza ubwirizwa kugira. Uzoronka imfashanyo yose uzokenera.

 

Kwiza hose Ijambo Ryanje ukoresheje ubuhinga ngurukanabumenyi

Uzobwirizwa gukoresha Ubuhinga bwa none bwo gutangaza amakuru kugira ngo Ijambo Ryanje Rishikire abantu benshi bashoboka vuba cane.  Senga. Saba abahinga mu gusohora inzandiko mu bihugu vyose vyinshi bishoboka ngo bahindure ubu buhanuzi mu ndimi zose zishoboka. Urakoresha amajwi, amasanamu n’ubundi buryo bwagenewe gukwiza hose Ijambo Ryanje. Rarika abandi bantu bashoboye gutanga umwanya wabo ngo bakwize ubu butumwa Bwanje mu bagenzi babo.

 

UKo niko mwananje imitima izorokoka. Ndagukunda. Inguvu zawe n’umwete ufise wo kurangura n’ubwira iki gikorwa, bikomoka ku rukundo rutomoye umfitiye na Mawe Wanje Nkunda cane bizozana imitima yotikiriye mu muriro biyitume igaruka mu maboko yanje ngo ironke ubuhIrwe bwamaho.

 

Aberekana agasuzuguro k’Izina Ryanje urabareka. Uramana Ubutwari. Wirengagize abagutyoza. Ntusubize abo bazokwereka amanyama n’agasuzuguro bafitiye Izina Ryanje. Abankurikira uzosanga aribo bakubabaza gusumba abandi Kuko hari benshi mu bigishwa banje  b’ukuri bibaza ko bariko bakora neza bagwa mu makosa rimwe na rimwe. Ubumenyi bafise bw’Inyigisho Zanje burashobora gutuma bishira hejuru navyo bikabatuma bishima hanyuma bigatuma haza mwo ukwiyemera kubera ubumenyi n’ubwenge bafise.

Iyo mitima nyabworo, inkunda kandi yishimikije Ukuri narwo urukundo imfitiye siyo ngorane ahubwo ico bakwiye gukora ni uko bokwirinda kurabana akagaye abo bibaza ngo bari mu nzira itari yo. Barabwirizwa kugaba ntibahave bagwa mu mutego shetani ibatega wo kwishimira ubumenyi bwabo ngo bahave bibaza ko bubashira mu kibanza co hejuru kuruta abandi ngo bahave bananirwa kwicisha bugufi.

 

Ibi bica bivamwo ingwano y’ubwonko ituma bashaka guhiganwa hagati yabo ngo babone uwusumvya abandi ubumenyi mu bwenge bwo mw’ishuri ku bijanye no kumenya Ukuri kw’Inyigisho Zanje.Murame mwibuka ivyo nabigishije mwese. Ukuri kurasanzwe. Ukuri ni Urukundo.

 

Mu ntumbero yawe yo kurondera gusobanura insiguro y’Ijambo Ryanje, nuterekana Urukundo n’ukwiyumanganya, uzoce umenya ko insiguro y’ukuri kwawe atari Jewe. Nimukundane hagati yanyu. Mwese murangana mu Maso Yanje. Ariko abo muri mwebwe ataco mudakora ngo mungarukanire imitima yatakaye muzoterwa iteka  mu Maso yanje

 

Yezu Imana Yanyu Ikaba n’Umukiza Wanyu

Umwami w’Abantu bose, Yezu Kristu

 

Ndabinginze mwese ngo mwisuzume imitima mubashe kugaruka kuri Jewe ngo musubize hamwe nanje!

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w’Ikigongwe c’Imana, Ku musi wa mbere Igenekerezo rya 8 Mukakaro, Umwaka w’i 2013@ 17:00

 Mwananje Nkunda cane igihe cose wiyumvise mwo ko umengo hari umwizero muke ku bacumuzi uze wibuke yuko Ikigongwe Canje kidashira. Nta mutima numwe kw’isi Ntipfuza kwugumbira ngo ndawuzanire Ingabirano y’ubukiriro. Ndabakunda mwese. Ndarekurira abo bose bantakambira bansaba ingabirano y’urukiza naho ivyo bidasigura ko Ntazohana abo bakora ibicumuro bigoye. 

Amabwirizwa Cumi y’Imana yahawe isi na Data Aciye ku Muhanuzi Musa ariko arasubirwamwo ngo yandikwe gushasha na kiremwa muntu!Yaratabaguwe, arahindagurwa uko bishakiye gushika naho ahabwa n’insiguro zishasha zarementanijwe mu ntumbero yo guhuvya umuntu ngo ahave yambike izera igicumuro.

Uratamarira ibigirwamana ukanabiha insiguro wishakiye. Uriko uragendera mu kinyoma giteye ubwoba; iyo wifatiye mu gahanga Data mu ri ubu buryo ariko ndakubwiye ukuri nikwamara kwerekwa abapagani, bazokwihana kandi nzoba ndabarindiranye igishika iwanje ngo ndabugumbire.

Muricana hagati yanyu mugaca mwitwaza ngo muriko mwerekana imbabazi mufitaniye iyo muriko murasonga abakitswe n’amagara. Muratora amatageko aha uburenganzira ubwicanyi, bwo gusonga abakitswe n’amagara , bwo kumanika abaciriwe urwo gupfa, gukorora inda hanyuma mugaca muvuga ngo ibi ni ibintu vyiza muriko murakora! Ubu ni ububisha burengeye urugero kuko  mwihagiye guhaririza Uwabaremye Akabaha ubuzima, Imana Muremyi w’Isi n’Ijuru mu kwiha uburenganzira bwo guhindagura Amategeko y’Imana. Ariko Ndabemereye na mwebwe ko nimwigarura mu kansaba ikigongwe n’umutima wigaye, muzosanga Ndabariniriye ngo ndabagwe mu nda ndabasanganire mu maboko Yanje.

Muripfuza ibitari ivyanyu mukanyaga abakene  utwabo ngo murabe  ko mwoshimisha umwina w’ivy’isi n’inda mbi zanyu. Murakora ibicumuro biteye isoni rwose mu guhumanya imibiri yanyu bityoza rwose agateka ka zina muntu gutyo mukigenza nk’ibikoko vyo mw’ishamba vyaguye mu manga bidashobora kwikura mwo. Ubugome bwanyu burasesema mu Maso Yanje ariko nimwampamagara  mukantabaza ngo ndabababarire muzosaga Ndahari Nkibarindiranye igishika.

Iyo uhakanye Imana mukwanka kwemera ko Ibaho hanyuma ugashaka no guhuvya abana bayo ngo bagukurikire muri iyo manga ugiye kwisukamwo mu kwiha igisizimwe, Nzoguma Ndakwiteze ko wigarura ukaza kunsaba Ikigongwe ngo Ndakwihishurire. Abo muri mwebwe nao mwemera Ukuri ntimugifata umwanya ukwiye wo kumpa icubahiro ku musi w’Imana kuko murutisha imyitwarariko yanyu Izina Ryanje. Murambabaza mu kugira gutyo naho mweho musanzwe muzi yuko  muri abana b’Imana. Mwarikuye mu Ngoro Nyeranda ya So wanyu kandi muzogaruka igihe muzoba musigaye mwifumbereje ataco mugifise. Ariko na mwebwe nyene nzoba nkibarindiriye ngo Ndabahe ikaze Iwanje.

rukundo mwari mufitiye Imana rwaragabanutse nkuko urukundo n’icubahiro mubwirizwa guha abavyeyi banyu narwo nyene rwagabanutse.  Imitima yanyu yarakomantaye nk’amabuye gushika naho mutakibereka urukundo n’imbabazi nkuko mwari mukwiye kubigira. Muratuka Imana mukavuga ibishegu mukurahira mukoresheje Izina Ryanje mu buryo butukisha Ubumana Bwanje uko bukeye uko bwije, ariko ntimunafata n’akanya na gato ngo mumvugishe uko Ndavyipfuza.

Iyo uriko uravuga nabi abandi nijewe nyene uba uriko urararaza. Niwatosekaza agateka k’uwundi muntu mu bantu n’urukundo rwanje rwo nyene ubwanje uzoba uriko urasenyura. Ariko Nzokugirira imbabazi niwerekana Ukwigaya imbere yanje.

Urakengera ibanga ry’Ukwubaka Rukristu hanyuma ntihagire ico bikubwira iyo ubonye iri Sakaramentu Ryeranda Rwose ririko riranebagurwa.Uratuka cane rwose Imana iyo ubandanya urondera imihezagiro yayo mu mibonano y’abasangiye ibitsina bashaka kurongorana kandi uzi neza ko Imana idashobora guhezagira bene ivyo bintu. Ariko ugakomeza utyoza Imana mu gukora ikizira mu maso yayo.

 Umwina w’ivyisi waragutwaye mu kwishinga wunamitse umutwe imbere y’amaronko yo ngaha kw’isi ku buryo imyitwarariko y’ibihenda amaso yaguhumye umutima ku buryo utagera umutwe uwukubereye intambamyi muri iyo nzira bigatuma usesa amaraso ya bene wanyu. Naho wigenjeje gutyo Nzokwereka Imbabazi zanje niwangarukako ukansaba Ikigongwe. Nta gicumuro ntazorekurira kiretse Isakirirego ryo gucumura kuri Mutima Mweranda ridashobora kurekurirwa.

Ndabinginze mwese ngo mwisuzume imitima mubashe kugaruka kuri Jewe ngo musubize hamwe nanje. Ndabarindiriye n’ubwitonzi bwinshi. Ndi Rukundo. Ni Jewe Rukiza Rwanyu. Ndabarindiriye. Nimuze iwanje mudatevye kuko Ndabakunda Urukundo rutagira ingero. Sinzoruhuka gushika maze gukiza umwe umwe wese muri mwebwe.

Yezu Wanyu