Messages 1

08/10/2017 15:11

Akamaro k'Igisabisho: Igisabisho Kirashobora gutsinda imidugararo iri kw'isi! Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana ku wa gatanu Igenekerezo rya 1 Mukakaro 2011 @ 23:00

Mwananje Nkunda cane, Gusenga no Kunyiyegurira wese mu gisabisho Nobigereranya n'amazi uhaye umuntu anyotewe.  Iyo ubuze amazi yo kunywa, inyota ufise izobandanya gushika naho ikwica. Mwebwe mwese munzi ntimugahengeshanye kunyereka urukundo mumfitiye mu kunyiyegurira mu gisabisho no mu masakaramentu. Ngiki ico mukwiye kumenya- mutabandanije kunyakira mu gusangira Umubiri Wanje no mu kunyambaza imisi yose, muzosanga mwatakaje inyota mumfitiye. Mutakinyipfuza naho muzosanga mwagiye kure yanje gushika naho imitwe yanyu izotangura guterwa n'inyosha mbi za shetani zibajana mu vyaha. 

Mutari kumwe nanje ngo mbe Ndi wese mu buzima bwanyu, muzosanga muri ubusa. Nico gituma bane banje mukwiye kwama mugavye igihe cose. Igisabisho kirabakingira kugwa mu gicumuro. Naho nyene kumbera inyegu bishobora gutuma umwangushi abakarira ngo abatuntuze umutima kenshi kuruta uko vyahora. Muramenye yuko mudakomeje kunyitura buri musi muzosanga mugenda nk'impumyi zitazi iyo zirora muri iyi si. Mwa bantu mwese mwahawe ingabirano y'Ukwemera Imana Nagomba kubibutsa ko Igisabisho gishobora kugwanya kikanatsinda imidugararo n'indyane zo kw'isi. Mbere nobamenyesha ko n'ubu nyene ibisabisho vyahawe uyu yerekwa muri ubu butumwa be n'abandi babonekerwa vyaratumye hagabanuka intambamyi nyinshi zari zibangamiye papa Benedigito ata n'umwanya uhaciye.

 

Kwambaza Umuvyeyi wanje Nyaguhimbazwa navyo birashobora guterura imisozi, bikagabanya ubumara bw'akabi ka shetani harimwo n'amahano yabuwe mu buhanuzi bw'ubu n'ubwa kera hamwe rero no guhindura imitima y'abacumuzi. Igihe cose Wame wibuka iki cigwa mwananje, igisabisho kimeze nk'ikigwanisho co kwivuna Shetani.  Wewe cane cane urabwirizwa kwiga kwama unyitura mu gisabisho kuko ari ngombwa kugira ngo ushobore kurangura Igikorwa Nagushinze. Ubwirizwa kwongereza umwanya umara uri mu gacerere ngo uzirikane Ijambo ryanje kandi ngo uyage nanje mu gisabisho. Nutagira gutyo uzosanga ugutegera no gusobanukirwa n'ubutumwa Naguhaye ari guke cane ivyo navyo bikaba vyotuma haba amakosa mu kubushikiriza.

Iyo mvuze amezi ubwirizwa kwumva ko ari igihe ico ari co cose mu mwaka kanaka. Ntuze wigere witiranya ibihe Mba Nakubwiye ko ibimenyetso kanaka bibwirizwa kurangukirwamwo n'uko ubwenge bwa muntu busanzwe bugereranya ibihe vy'isi.  Sinigeze na rimwe Ndaguha igenekerezo ritomoye caho 'iki canke kiriya kizorangukira ahubwo ndaguha umuco w'ibizoba gusa. Ivyabuwe muri ubu buhanuzi vyose bizoranguka igihe kigeze ivyo navyo bikaba bizokorwa n'Ukuboko kwa Data Imana Yamaho. Ico wokora nuko wonyizera kuruta. Ibisabisho vyawe n'ivy'ingendanyi zanje zose birashobora gufasha gutevya canke mbere aho bikenewe bikabuza amahano yari yarabuwe kuranguka. wame wibuka ivyo bintu.

Senga. senga.Senga. Erega ntiwibagire ko iyo ukoze ivyo bivuye ku mutima, ibisabisho vyawe bir umvirwa. Nimusabire cane cane abo barongoye isi ubuzima bwabo bubangamiwe ku buryo bashobora kugandagurwa vuba bivuye ku nzigo n'inzankano. Abo hamwe n'abandi bafise imitima yagumye kandi yiziziwe n'ivyaha vy'ukugandagura benewabo barakenye ibisabisho vyanyu gusumba abandi. Murama mwibuka gusabira abacumuzi kuko Ndakunda abana banje bose vyongeye ndakeneye ibisabisho vyanyu ngo mbashe kubakiza boye kugwa mu muriro udahera.

 

Nyen'imbabazi Yezu, Umucunguzi wanyu

=========================================================

 

Kurekurira uwakugiriye nabi niyo Nzira nyakuri ishikana ku mwidegemvyo nyakuri Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana ku wa Gatandatu, Igenekerezo rya 21 Kigarama Umwaka w'i 2011@ 10:40.

 

Mwananje Kurekurira uwakugiriye nabi niyo Nzira nyakuri ishikana ku mwidegemvyo nyakuri. Iyo ubabariye abo bakugiriye nabi, ukagirira ikigongwe abakubabaje, umutima wawe uca ugira amahoro nyayo ugaca wuzura umwidegemvyo. Ico nico gihe umutima wawe uca wuzura akanyamuneza. Ivyo bisigura ko mba ndi kumwe nawe. Niwababarira abandi iki kizokumenyesha ko Ufise Urukundo muri wewe ufitiye mugenzawe ariko cane cane ufitiye Jewe Umucunguzi wawe n'Imana Yawe.

Nabo nyene batanyemera, uramenya ko nibagirira Ikigongwe ababatuntuje umutima nabo nyene ko Nzoba Ndi kumwe nabo kandi Ngendana nabo. Bobo ntibaheza ngo bamenye ko ari uko bimeze. Kugirira Ikigongwe abandi biva ku Rukundo kandi nikwo kubakunda nyene koko. Urukundo rwanje ntirugira imbibe. Nico gituma Ndabinginze bane banje ngo mwambaze Ikigongwe canje gutyo munkundire Ndabagirire ikigongwe ku bicumuro vyanyu. Iyaba mwoshobora kunyambaza mukansaba ngo Ndabagirire Ikigongwe ku bicumuro vyanyu, mwotangazwa n'Urukundo n'akanyamuneza mwokwokwiyumvise mwo.

Iyi nyifato y'ukwicisha bugufi izobafasha kuganira n'abandi bantu mu rukundo. Umuco wawe uzokayangana wongere ubere urumuri abandi mu buryo budasanzwe ariko yaba wewe canke yaba abo bandi ntimuzobibona. Urukundo rwanje ruzoba umusesekara mu mitima yanyu inyuma y'ico gikorwa c'Ukubarokora. Imitima yanyu yejejwe izomera nk'isimaku izokwakura abandi baze bayigana bayegere.

Kugirira Ikigongwe abandi ntivyoroshe bane banje. Ubwishime n'ukwibona nivyo bibera intambamyi iki gikorwa gihambaye c'Ikigongwe. Ibi bitumwa na shetani kuko izi neza ko kudahariranira bituma haba ibindi vyaha bigoye kuruta bibabaza Mana Data. Niba udashobora kubabarira abandi, ubwa mbere uba uriko urubakira ku nzigo ku buryo utize kwiyumanganya n'ukwitsinda bituma haba urwanko rimwe na rimwe bikaba bishobora no kukujana no mu bwicanyi. Mu bihe vyinshi birashobora gutuma ingwano.

Abantu bose aho bari hose barekuriraniye n'umutima mwiza nta nzankano zosubira kubaho. Ubwicanyi bwozimangana narwo Urukundo- Urukundo rw'Imana Data Yamaho rwosagarara hose. Nimwiyambure rero ukwishira hejuru kwose muheze muce bugufi munsabe Ikigongwe. Kuko igihe cose Unsavye ikintu ico ari co cose hakurikijwe Ugushaka Kwanje, igisabisho cawe kirumvirwa.

Umukiza wanyu Nyagukundwa rwose, Umwami w'Imbabazi, Yezu Kristu

 

Abigisha b'ibinyoma n'abahanuzi b'ibinyoma Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana ku wa Gatandatu, Igenekerezo rya 25 Kigarama Umwaka w'i 2010 @ 10:20.

 

Ndi Itanguriro n'Iherezo. Ni muri Jewe Dawe Imana Yamaho Nyagukundwa rwose Yaremye Isi kandi ni muri Jewe Nyene izorangira. Ndi Umuco n'Umukiza Nkaba ari Jewe Ubwanje Nzokwijanira abo bose banyemera muri ya si y'Isezerano. Abo bazokwirengagiza inyigisho zanje n'utwigoro tw'abahanuzi banje bakananirwa n'Ukunyemera ntibazokwigera bahonyoza ikirenge mu Bwami Bwa Dawe.

 

Bamwe muri mwebwe bahawe kugabana ingabirano y'Ukuri biciye mu Vyanditswe Bitagatifu, murabwirizwa kwugurura amaso yanyu ubu nyene ngo mubashe kwemera Inyigisho zanje n'ubuhanuzi bwanje bwahawe intumwa zanje. Igihe c'uko Ngaruka kw'isi gutabara abigishwa banje Nkunda cane kiregereje. Ikibabaje ni uko abahanuzi banje b'ibihe vya none Nashinze gutegura amaza yanje ya kabiri n'ubu nyene baguma banka kwakirwa n'ugutegwa yompi. Mubwirizwa mwese kubatega amatwi mukongera mugasoma ubutumwa bwanje Ndabarungikira kubw'Imbabazi Ndabafitiye mukongera mukarondera gutegera ico busigura. 

 

Inyigisho Zanje Ntizigeze zihinduka na gato. Murasabwe kwama mwibuka ko Ijambo ryanje ari rya rindi nyene nkuko vyamye na mbere hose. Murabwirizwa gucunga neza abo bose bavuga ngo baje kw'Izina Ryanje. Nimwumva batangaza Ijambo ryanje, muraryakirana akamwemwe kuko bazoba ara abigisha b'umuco. Ariko nimwumva umuntu uwo ari wese yihagira guhindura Inyigisho Zanje ukwumva umutima wawe urisanze mwo amahinyu, urabaca kure. Ntukabumvirize. Abo bangushi baraguye mu kabi aho shetani ibakoresha ngo ihindagure Inyigisho Zanje n'ibigirankana, mu ntumbero yo kubatakaza no kubajana mu mwijima.

 

Nimwumva Inyigisho zose zitafise isoko ryazo mu Vyanditswe Bitagatifu naho zoba zigira ngo zigisha ukuri muze mwame mumenya ko ari ibinyoma gusa. Iki ni icaha kuri Jewe kandi ni intambara yo kungwanya Jewe na Dawe Imana Yamaho. Abo bigira ngo baje gutabara no kugarukira ku barenganijwe n'abagowe mu kubazanira inyishu z'ibibazo bigoye imibano y'abantu bitwanje urukundo rutari rwo bagiye kuzotangura kwimenyekanisha kw'isi yose. Muzobasanga mu mibano yose, bishongora n'amajwi arenga kandi barondera kwumvirizwa na kira muntu wese. Bamwe muri bo bazonezera abana banje ku buryo n'abigishwa banje bamwe bamwe b'umutima uhuha bazosanga bagiye na rwo bibabze ngo abo bagushi bakoreshwa n'ububasha bw'Imana. 

 

 Umwe muri abo bangushi azokwishira hejuru cane kurusha abandi ku buryo bamwe bazohendwa babona akabagira ibihwiji bagahava bibaza ngo ni Mesiya yagarutse. Bizosaba ubutwari bwinshi, kuba abantu b'Ijambo badatinya urukamvye kugira ngo abana banje baze bagumane nanje mu bugamburutsi ngo mbashe kubarongora babashe kurengana iri shamba ryuzuye amashetani. Mu gihe imisi yanyuma iriko iratangura kwibonekeza amadayimoni arungitswe na Shetani agiye kuzokwihinduramwo amashusho y'abankurikira n'abamvugira. Umugambi wabo n'uwo gutukisha

 

Bariko barakazana ngo bahuvye ababonekewe nanje, aberekwa n'intumwa zanje zose. Bazogerageza kubabeshagiza bakoresheje inyigisho zitari zo. Ukuri bazokuyovya baguhindagure ku buryo guhura n'imigambi yabo ku buryo amayeri bazokoresha bitazokworohera abantu beshi kubahinyura. Abigihwa banje banyiyeguriye abasaseredoti n'intumwa zanje zo zizoca zibahenyura ubwo nyene. Bazosanga inyigisho za bene abo bantu zibadidanira kandi zibatera umubabaro ariko cane cane ikizobatera ubwoba kurusha n'uko abakristu batari bake bazogwa bitumwe n'ubwiyorobetsi bwabo basirimu. Bazokwitondera ukuntu baseruka imbere y'abantu n'ubwiyorobetsi budasanzwe ku buryo n'abasaseredoti batari bake bari baranyiyeguriye Jewe na Data Yamaho bazogwa muri iyo mitego yabo.

 

Himiriza AbaKristu rero bahaguruke, hamagara abigishwa banje bose banyobokera, mwe mwahezagiwe n'inema ya Mutima Mweranda, nimuntege ugutwi. Fata Ibigwanisho vyanyu vy'Ukwemera mugume mugavye. Igisha abantu Ukuri mubibutse Ivyo Nabigishije bamenye Ukuri kuri mu Gitabu Canje ca Data, Igitabu C'ukuri. Izi Nyigisho zizokwamaho. Birashobora kubagora bane banje guhaguruka ngo muharugwe mu Ngabo zanje ariko naho biri ukwo Ndabasavye ngo munyumvirize. Nimwakurikiza ibi Ndababwiye muzofasha imitima kurokoka. Benewanyu bari kw'isi yose ni umuryango wanyu. Nzobazana mwese hamwe nanje mw'Iparadizo rishasha. Ndabasavye mumfashe ngo ntihagire n'umwe dusiga inyuma.

 

Bizombabaza umutima bidashobotse ko nkiza abana banje bose. Ivyo navyo bikaba bizoshoboka biciye mu gusenga, kwigora n'ukuzigama ibanga bizoba ngombwa ku bayoboke banje aho bari kw'isi yose gutyo Ugushaka kwanje kuranguke. Nimwakire Ikalisi y'Ubukiriro kw'Izina Ryanje. Nimunkurikire. Nimuze Ndabarongore mwese munkundire Ndabereke Inzira. Nkundira Ndabugumbire mu kigumbagumba c'umutima wanje maze twunge ubumwe tubashe gukiza isi ive mu vyara vya sekinyoma. Ndabasavye mwibuke iki kintu. Ndakunda umwe umwe wese muri mwebwe bane banje ku buryo intsinzi naho izobwirizwa kuhaba ntashoboye gushikana iwanje umwe umwe wese muri mwebwe mu buzima budahera bizontuntuza umutima.  Nimusabe. Musabe. Musabe muhereye ubu nyene ndabinginze mwese vyongeye mwibuke Amajambo yanje: Jewe Ndi Alfa na Omega, Itanguriro n'Iherezo.

 

Umucunguzi Wanyu Nyagukundwa Rwose, Yezu Kristu, Umwami w'abantu n'Umucamanza w'Intungane.

===============================================================

 Benshi mu bana banje barataye ukwemera nyakuri

Raba! N’abana banje abasaseredoti barahuba iyo bavuze ngo Ekleziya Gatolika, Idini ry’Abayahudi n’Idini rya Muhamedi ngo yose arakiza! Ibi si Ukuri na gato.Murabwirizwa kuba maso kuko ni vyashika aba bantu bose bakigumura mu kwiyunga ngo bihakane Imana yabo igihe kizoba kimaze kurenga. Murabibona ibi ko biriko biraranguka. Bariko barakoranira hamwe ngo bahakane Imana y’ukuri. Ibi nivyo bariko barakora ubu, gushira hamwe amashengero yose yatangujwe n’ubwenge bw’umuntu hamwe n’Ekleziya y’Ukuri y’Umwana Wanje Yezu Imana Yigize Umuntu.

Abana banje bariko bavuga ngo amashengero yose niyiyunge kubera ko ibigirwamana bafise navyo  birashobora gukiza nkuko boba bashaka kuvuga ko ibigigwamana bemera canke bizera vyoba bingana n’Umwana Wanje. Ibi sivyo.

Ibi vyose bavyohejwe na Shetani kugira ngo insiguro n’akamaro kw’ukwitanga kw’Umwana Wanje ku Musalaba gutakaze agaciro, kuko iyo ibi bavuga biba ari vyo, ko amadini yose ashobora gukiza akanashobora no kujana Abana banje mw’Ijuru, ntivyari kuba bikenewe ko Umwana Wanje Yari kuza kubapfira. Ibi biriko biba kuko shetani ishaka ko abana banje batakaza insiguro y’Inkuka yo ku Musalaba ngo bace bayibona nk’ikintu ataco kimaze. Gutyo inema zibe zitakaye, kuko niba abana banje bemera ko abaporotisanti bakizwa mw’idini ryabo, abatangujwe na Muhamedi nabo nyene bakaba baronka urukiza, abasengera mu masinagoga y’abayahudi nabo bakaba bakizwa, none ni akahe kamaro k’Inkuka ya Yezu yabatangiye ku Musalaba? Ni kubera iki none vyoba vyabaye ngombwa ko arinda kubihebera kurya kwose, ko yibabaza kurya kwose, ko agorwa arya magorwa niba noshobora kwinjira mw’idini y’abaporo nkazotorana ubuhirwe, kuko ata na kimwe bariko baransaba?

Ibi nivyo abantu benshi bavuga: Nshaka kuryoherwa, none muri aya mashengero bavuga ko nzoryoherwa ko ntazogira ububabare canke ingorane kandi ko vyose bizomera neza. Ariko iki ni umutego wa shetani, kandi nimutagaba iyi ni inzira izobajana mu muriro udahera.

Mwa baKatolilka mwese ndababuriye bane banje mwa bakatolika mwabatijwe muri Ekleziya Gatolika, mwebwe mwatoranye Ukwemera kw’Ukuri mugabo mukaba mwarahinduye idini mugata ukwemera mukuja muyandi mashengero nkuko babivuga, mugahurumbira inyigisho zitandukanye n’ukwemera mwari mwarabatijwe mwo muri Gatolika, mumenye ko muri mu gicumuro kigoye kuko mwavuye mu muco mukinjira mu mwijima. Kandi batigaruye bagapfa bakiri muri uyo mwijima, bazogwa mumuriro.

Nico gituma bane banje Nashaka kubaburira ku bijanye n’ibi. Benshi mu bana banje barataye Ukwemera nyakuri ngo ni uko bakunda ingene umupasitori kanaka avuga canke kubera ko asigura gusa ibibanezera, ntiyigere avuga ukwibabaza no kubabara kandi kuko ata binyegezwa bigisha.  Bati ariko hano hari ibinyegezwa vyinshi badategera neza ngo rero bahisemwo gukurikira ivyo bashoboye gutegera. Ugaca usanga nta kindi bahisemwo Atari guhindura bava mu muco binjira mu mwijima.Nibaramuka bapfuye bakimeze gutya bazoja mu muriro kuko bashimye guheba Umwana Wanje Yezu Kristu bagakurikira shetani.

Murahagabira rero kandi mubimenyeshe n’abandi. Nibaba bari mu makosa bace bihuta kugaruka basubira mu nzira nziza imbere yuko ivyamenyeshejwe vyose bitangura kuranguka, kuko umusi bizoba biri ku mutwe wanyu, ntaco muzoba mugishoboye. Niho rero umwanya wo gukora ibi vyose ari ubu nyene, kuko nkuko Nari Narabibuye mu yandi mabonekerwa, nimubikore ubu mugifise umwanya kuko hagiye kugera igihe ata mwanya muzoba mugifise hanyuma ntimuzobe mukibishobora. Nawe uwo azoba ari mu gicumuro kigoye azopfira mu maboko ya ruzirakristu. Naravuze ibintu kenshi cane mbere n’Umwana Wanje Yezu Kristu We nyene Ubwiwe Yarabimenyesheje kenshi. Iyi niyo mpamvu Tuza ngo Tuburire isi kuko isi iriko iragana imanga nini kandi abo bose batariko baritegura bazopfa. 

None rero Ndahamagaye Abakatolika babatijwe kw’Izina rya Data n’irya Mwana nirya Mutima Mweranda ngo bagaruke mu kwemera nyakuri niba barahunye bakaja mu nyigisho z’amadini y’ivyaduka, bakirukira inyigisho z’abantu ataco zimaze kuko hazogera igihe ivyo batazoba bakibishoboye.

Ndahamagaye rero abana banje bose ngo bagaruke ku Mana y’Ukuri, bagaruke kuri Nyina wabo mweranda  kuko nibatora kugaruka Umukama azobagirira Ikigongwe. Ariko ivyo mubwirizwa kubikora ubu nyene kuko hazogira igihe bitazoba bigishoboka kugaruka. Murabwirizwa kwumviriza amajambo yanje mwemere kandi mutegere ko ukwemera ari inema ibwirizwa gukura mu mitima yanyu igashurika kandi igakomera ku buryo ata muyaga w’inyigisho z’ibihuha uhitana ukwemera kwanyu arirwo rwa rukundo ufitiye Imana y’Ukuri.

Mubwirizwa kuba maso kuko ubu turi mu bihe vyabuwe n’ubuhanuzi,aho bose bazokwiyunga bagakoranira hamwe ngo bagararize Imana yabo kandi ngo bakure mw’isi yose ubugorororotsi. Ibi bisigura kwanka Inyigisho zayo no kubuza abantu kuzigendera kugira ngo abantu bahebe Imana bakurikire imibereho y’ab’isi hanyuma batambuke bagana urupfu rwo mu nyenga kuko isaha y’Ishavu ry’Imana niyashika aho Imana izobereka ko ariyo Mana yo nsa y’ukuri ata yindi ibaho muri ico gihe abana banje batazoba banyegejwe mu Mutamana wanje Mweranda ntibazorokoka.

Nico gituma Ndiko Ndasemerera Mbwira abana banje ngo bitegure hakiri ho umwanya ngo babashe kuzosanganira Umwana Wanje aho Azogarukira vuba cane. Ibi nivyo Nagomba kubigisha uno musi ngo mushobore gutegera ko ukwemera ari ingabirano kiremwa muntu ubwiwe ariko agerageza kwiba agukura mu mitima y’abana banje.

Mubwirizwa guhaguruka mukagwana ngo mukingire ukwemera kwanyu, muzigame ubukiriro bwanyu, mugwanire Urukundo mufitiye Imana ngo ntihagire umuntu n’umwe akubatwara, uku kwemera kubwirizwa gukura muri mwebwe ko Jewe nka Nyoko Wanyu Ndabahanura ngo musabe Nyenizo Ngabirano zose ngo Afashe gukuza Ukwemera kw’imitima yanyu, kuko nkuko Nabivuze ukwemera kwanyu kumeze nk’urubuto rwatewe mu mutima w’umuntu ariko gusaba ko umuntu abwirizwa kugukundira ngo kuvuke, gukure kandi Kwame ivyamwa vyiza vyinshi. Ngiki igikorwa mujejwe!

 

 Yezu Wanje, Uzuza Umutima wanje Ingabirano ya Mutima Mweranda ngo mbashe gutwara Ijambo Ryawe Ryeranda Rwose gutyo nshobore kurishikiriza abacumuzi mbwirizwa gufasha kurokora kw’Izina Ryawe. Mfasha ndabafukishe Amaraso Yawe y’Igiciro Ntangere mu bisabisho vyanje ngo babashe kwiyumva mwo igishika c’ukwegera Umushaha Wawe Mweranda Rwose. Nyuzuza Ingabirano ya Mutima Mweranda kugira ngo iyo mitima y’abacumuzi nyabworo nayo izoshobore kwinjira mu Munezero w’Isi Nshasha Watwemereye. Amen

 

Murahereza iki gisabisho imisi yose inyuma yo kuvuga Ishapule y’Ikigongwe c’Imana, gutyo kubera ukwitanga kwanyu n’icubahiro mumfitiye, muzomfasha gukiza abana banje. Ni mumfashe mu kundemurura amagorwa nterwa n’ukuntu Izina Ryanje Ritagatifu riguma rikengerwa mw’isi y’uno musi. Nkuko womengo kumpakana gusa ntivyoba bikwiye, imitima myinshi irababazwa gusa no kubona mwebwe bane Banje munatangaje Izina Ryanje nivyo ndabategereza.Ikibatuma bashavura n’uko Umwangushi aguma abesha ubwenge bwabo ngo bahave baha umugongo Ukuri. Ndabasavye mwese mumfashe gukiza iyi mitima. Nimusenge munsabe ubu nyene ndabahe inguvu muzokenera muri iki gikorwa.

 

Inema zidasanzwe zemerewe abo bose bakwiza hose ubu butumwa bwo guhinduka

================================================================

Dusabire abari mu bicumuro bigoye ari navyo bijana mu Rupfu

Yezu kiza abacumuzi bose Ubakingire Umuriro udahera. Ni Ugirire Ikigongwe imitima yiraburaniwe.Bafashe se Mwami bakubone. Bakize umwijima ubabuza kubona Ubwiza Bwawe. Ugurura imitima yabo. Rokora ubuzima bwabo.Bereke Ukuri.Bakize. Bafashe bamenye kwumviriza.Bakize ubwishime, ivyipfuzo vy'ubusambanyi n'ugutamarira amaronko.Bakingire akabi kose.Wumvirize amaborogo yabo ubatabare, bafate ukuboko.Bakwege Ubazane kuri wewe. Bakize amayeri ya Shetani. Amen

 

Yezu wanje turakuzamvye Udukize amayeri y'Umuhanuzi w'ibinyoma.

Mukama tugire ikigongwe

Yezu Dukize uruhamo.

Yezu, Dukingire ruzirakristu.

Mukama tugirir ikigongwe.

Kristu tugirir Ikigongwe. Yezu wanje Dutyorore  n'Amaraso yawe y'igiciro ntangere. Yezu Mwiza Ugurura amaso yacu tubone amayeri y'umuhanuzi w'ibinyoma.

Yezu Mwiza n'ugarukane mu bumwe abana bawe bose bashwiragiye.

Yezu kingira amasakaramentu yacu.

Yezu Ntureke ngo Umuhanuzi w'ibinyoma ace Ekleziya Yawe mw'imigwi.

Ewe Yezu Mwiza Dufashe twanke kwemera ububeshi batuzanira nkuko bwoba ari ukuri nyakwo.

 Yezu Dutabaze ubukomezi.

Yezu Dutabaze ukwizera.

Yezu n'Usage imitima yacu Uyuzuze Mutima Mweranda

 Yezu Dukingire ca Gisizimwe.

Yezu Turonse Ingabirano y'Inama Nziza, ubwenge n'ubwitonzi maze twame tugendera mu nzira y' Ekleziya yawe nyakuri igihe cose mu myaka n'imyaka.

Amen

Igisabisho C’Ukwemera

Mana Yanje, Ndemeye rwose yuko uri aha wewe nyene umbona, Ndagusenga n'umutima wanje wose, kandi ndakwizigiye rwose muri vyose na hose vyongeye ndagukunda kuruta vyose. Ndagutakambiye ngo ugirire imbabazi abo bose batakwemera, abo bose batigera bagusenga, imitima itakwizigira na gato n'abatagukunda, Mukama! Ndagushimiye no ku ngabirano y'umumalayika murinzi ajejwe igikorwa c'ukunkingira Shetani n'abamalayika bayo . Ndagusavye ko ntomugora ahubwo ngume ndamugamburukira, vyongeye niwakire utwigoro twanje, ibisabisho vyanje, amashemezo yanje, imiruho yanje, ugukenguruka kwanje n'impundu yanje uwo mu malayika murinzi wanje nakumperereze aka gaturo maze kagushimishe Mana Nzima, kavuye ku mutima ushima! Amen!

Igisabisho co Kugwanya akagwi k’abasenga shetani aribo ba francs-macons ngo bahinduke bagaruke ku Mana

 

Mutima Mweranda, Gira ko Umwuka Wawe Wosanura vyose bikaba bishasha ku buryo hazosigara higanje Ukuri  n’Urukundo vy’Umukama Wacu Yezu Kristu mu mitima y’abantu bose. Mutima Mweranda, Mutima w’Ukuri, Mutima w’Urukundo, ingo Utsinde abamenja b’aba francs-macons baba abo hanze canke abo imbere mw’Ekleziya. Tyorora rero Umushaha w’Ekleziya Yawe maze ngo ibe Nyeranda, Imwe, Katolika kandi itagira akanenge. Hindura Umushaha w’Ekleziya Yawe, Mutima W’Imana vyongeye Ukoreshe Ububasha buhambaye ngo Ukonye, Ukebanure kandi Uhindure imitima yadadaye y’abo bamenja b’aba francs-macons.

 

Mutima w’imbeya z’umuriro, Tuma Umuzirikanyi Wawe Uturire mu Rukundo imitima y’aba francs-masons maze Ubashire imbere y’icirore c’ubuzima bwabo  ngo bibone uko bari  bace bihuta kugaruka bicishije bugufi ngo batakambire imbabazi z’Imana bongere batange iciru c’ibicumuro  mu gusengana icubahiro Yezu Umwami w’Urukundo.

Mutima Mweranda rwose, turagutakambiye Ntureke ngo Ekleziya Nyeranda Umupfasoni Wawe Ukunda cane igume itotezwa nako kagwi k’inkorabara z’aba francs-masons. Nuze nyabuna Utandukanye icatsi n’ururo maze Ekleziya Yawe ibashe gusohoka ayo makuba ifise umutima utyoroye!

Butatu Bweranda Mana Imwe, turakuzamvye Utugirire Ikigongwe Uturekurire ibicumuro vyacu, Dutabare twebwe abacumuzi nyabworo! Nuze Ukubitire ikinyoma ahagaragara maze abagome b’abaframaso bamaramare izuba ryaka. Ntukunde ko hasigara n’igisanira na gito cabo ba sesankuyoze. Ni Uheraheze burundu ako kagwi ka shetani Ugafute ubutakigaruka maze Uhindure Wongere Utagatifuze imitima yahenzwe na Shetani yose na cane cane iyegukira abo baframaso Uyizane mu Mushaha Wawe.

 

Turabigusavye Wewe uri Imana Imwe mu Butatu, Data Mwana, na Mutima Mweranda kandi tubigusabishije Umushaha Utatyoye wa Bikira Mariya.

 

Butatu Bweranda Wewe Uri Imana, Ukaba n’Urukundo Nyarwo, turakwizigiye.

Ese Ugushaka kwawe kworanguka. Ese Imishaha Myeranda Yunze ubumwe ya Yezu na Bikira Mariya yokwima muri Ekleziya no kw’isi yose, Amen !  

 

 

Imibabaro ya Yezu yo ku wa kane Mweranda:

 

1. Bamboshe n’ikiziriko ku birenge bagenda barankwega bamanura ku mabaraza banshira mu gasho kuzuyemwwo umwanda unuka nabi

2. Banyambuye impuzu zanje bafata ivyuma bisongoye barabintobaguza hose

3.Bamboshe n'umugozi mu nda banzembagiza mu gasho bankurura hasi

4. Bamboheye ku kibuye barahandekera kugeza aho nyerera ngwa hasi. Uko kumpohotera kwarandemereye cane ku buryo vyatumye ndekura amarira avanze n’amaraso

5. Bamanitse ku giti kirekire banjako bantobaguza ivyuma bitandukanyeBanjako rero bantera amabuye bongera banturiza amakara atukuye n’ibimuri bacaniriye bitukuye

6. Bantobaguje imihunda, bancumitisha n'amacumu mbere bantobagura urukoba, banshikagura umubiri n’imitsi

7. Bambohera ku giti ngo babashe guturiza ibirenge vyanje ibati bari bacaniriye ritukuye

8. Banyambitse urugori rw'ivyuma hanyuma bafata igitambara c’umunuko urenze urugero bakimbohesha mu maso

9. Banyicarika ku ntebe bari bashinze mwo imisumari isongoye cane ku buryo yanyengetereye kure mu nyama.

10. Bansutse mu bikomere bari bankomerekeje ivyuma bashongesheje n'umucanwa gushika aho bicika amazi. Kugirango bampohotere kuruta aho, bantsindagirira cane kuri ya ntebe kugira ngo imisumari inyegere kure mu nyama

11. Kugira ngo bamaramaze kandi bampashe, bafata inshinge babazizibaguza aho bari bashikuye ubwanwa. Baraheza bambohera amaboko imugongo bagenda barankubita n’ibimoko

13. Banta ku musalaba bawumbohera ku buryo ntari ngishobora no guhema

14. Bankubise ku mutwe mu gihe nari ndambaraye hasi, umwe mbere amponyoza ikirenge ku mutwe maze afata ihwa ry’urugori rwanje arinzibuza mu rurimi

15. Bansutse mu kanwa umwanda unuka nabi cane bantuka ibitutsi biteye isoni cane.

 

Igisabisho Gikurikira imibabaro ya Yezu yo ku wa Kane Mweranda

 

Mukama Wanje Mana Yanje, niyumvamwo umwete mwinshi wo kukuninahaza, ku gusenga no kugutera impundu kubw’iyo mibabaro cumi n’itanu yagumye ari ikinyegezwa no kubw’amaraso yawe meranda washeshe kubera twebwe abantu.

Ese Umukama Wacu Yezu Kristu Nyagukundwa, Umushaha Wiwe Mweranda, amaraso yiwe y’igiciro ntangere, Inkuka Nyeranda rwose ya Misa, Isakaramentu Ryeranda rwose ry ‘Altari, Umuvyeyi Mariya Nyaguhimbazwa yamye ari umubikira, imigwi icenda nyaguhimbazwa y’abamalayika,n’ishengero ry’aberanda bahezagirwe.

Baninahazwe kandi bashimagizwe incuro ibihumbi n’ibihumbi ku rugero rw’umusenyi uri mu biyaga, ivu ryo mu mirima, ubwatsi bwo mw ‘isi yose, ivyamwa vyo mu biti, amababi yo ku biti, amashurwe yo mw’ishamba, inyenyeri zo mu kirerere, abamalayika bo mw’ijuru n’ibiremwa vyose vyo kw’isi, na jewe n’abantu bose iyo bava bakagera ubu no mu myaka yose , Amen

Nipfuza kugushimira Mukama, kugukorera, gutanga iciru c’ibicumuro vyanje n’ivy’abandi, nishura ibitutsi n’akagayo bigutera, mbere ndashaka no kuba uwawe bwite umutima n’umubiri. Incuro zitagira uko zingana Yezu Ndigaye rwose ku bicumuro nakoze kandi ndagusamvye ikigongwe, Mukama mana yanje.

Ndahereje Mana Data Inkuka nyerenda y’Ubuzima Bwawe, ngo nishure akabi nakoze, vyaha vyanje vyose. Ndakwemereye gufata ingingo zikenewe kugirango mbe umugororotsi. Ndagusavye inema yo gupfa nkigukunda kandi ndakwinginze ngo Uruhure imitima iri mw’Ipurugatori.

Ngiye kuzohora nagura uku kwishikana amasaha yose nsigaje kw’isi gushika umusi w’ugupfa kwanje. Ndagusavye Yezu Mwiza kandi Ukundwa cane, ngo Uhaze umutima wanje wipfuza Ijuru kandi ngo iki cipfuzo co kuza kubana nawe mw ‘ijuru ntihagire ikintu na kimwe kikinkuramwo naho yoba ari Shetani nyene. Amen

================================================================

 

 

 

INDIRIMBO Z’ISAKRAMENTU (muri TURIRIMBIRE UMUKAMA  68 na P 52)
I.R/MWAMI W’abami YEZU MUKAMA TURAGUSENGA
1)MURI IRYO SAKRAMENTU YEZU YIHISHIJE.MWAMI W’IJURU N’ISI UMUKAMA WANJE.
2)NDEMEYE IJAMBO RYAWE YUKO URI HANO.WAJE KUBANA NATWE MW’itabernakulo.
3)INGO IWANJE YEZU INGO NDAKWIPFUZA.WANYIHEBEYE RWOSE MURI IYO HOSTIA.
4)WA MUKATE MUZIMA UVUYE MW’IJURU.CA KINYOBWA GIKURU NI WEWE YEZU.
5)NDAHANGA UMUSALABA AHO WAMPFIRIYE.NKUMVA IJWI RYAWE RIVUGA RITI NDAGUKUNDA.
6)URUKUNDO RWA YEZU NZOHORA NGWIBUKA .NIHO NTAZOCUMURA.OYA NOPFUMA MPFA.
7)MARIA MAWE MWIZA NYINA W’ABERANDA,UMFATE UKUBOKO NOYE GUTSITARA.

II.1.NDAGUSENGA WE YEZU WE MANA YANJE.URI AHA MUZIMA N’AHO WIHISHA.NIKO UBWENGE BWANJE BURAYOBERWA.YAMARA NDABUGUHEBERA BWOSE.
2.AMASO ARAHENDWA N’UMUNWA NYENE.YAMARA MPFA KUMVA IJAMBO RYAWE.NOBA MBONA NEZA NTIVYOSUMBA AHO.NTAKIRUT’ IJAMBO RYAVUZE WEWE.
3.KERA KU MUSALABA WAPFA NK’UMUNTU.HANO NAHO UBUNTU NABWO URABUHISHA.YAMARA NKWEMEYE NKA CA GISUMA .URI IMANA –MUNTU NGUSABA NKA CO.
4.SINKUBONA NKA THOMAS N’inguma zawe.NKEMERA YAMARA WA MANA YANJE.UNTABARE YEZU NZE NKWISHIMIRE,NZE NGUKUNDE RWOSE ,NZE NKWIHEBERE.
5.WA MUKATE MUZIMA UDUKOMEZA.UTWIBUTSA N’UGUPFA K’umucunguzi.UHORA UMBESHAHO IMISI YOSE.UB’unezereza umutima wanje.
6.N’AMARARASO Y’IWAWE YEZU MUKAMA,ungire mweranda unyuhagire.N’AMARASO YAWE AKAMA GASA ,KOSHOBOYE GUKIZ’abantu bose.
7.YEZ’UBU NKUBONA MU BIGUHISHA.YAMARA NKUZAMBA NGASHISHIKARA.NTABARA NKUBONE NKUK’usa nyene.NZE NGUHANG’IWAWE

 

Ukuboko kwa Data Imana Yamaho kugiye kugwa kuri uru Rwaruka rw'isi y'impumyi kandi y'intashimaUbutumwa Yezu Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana - Ku musi wa mbere igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2011 @ 19:00

 

Mwananje Nkunda cane, umwanya uriko uratujana. Gira umwete mwinshi. Kora uko ushoboye ngo ubu butumwa bushikire abantu benshi bashoboka mu mwanya muke ushoboka. Igihe c'Imurikirwa ry'imishaha kiregereje cane! Menyesha abagendanyi banje bose ko bokwihuta kurondera guhinduka ku mitima ngo bitegurire iri gabishwa. Kibondo, mu gihe woba ugikekereza ibijanye n'ubu butumwa, umenye ko uriko utakaza umwanya uhambaye cane.

 

Umwanya imitima y'abacumuzi nyabworo Nkunda cane isigaranye ngo yigarure si ikirenga na gato. Igicumuro mwananje kiguma gikwira mu mpande zose z'isi nk'umugera w'ingwara yandukira.  Shetani iriko irakina imikino ikoresha amayeri yayo ngo ite mu mitego zina kiremwa muntu. Iri hose. Iguma ituntuza imitima myiza n'iyatakaye nyene. Ibwirizwa guhagarikwa kubandanya ikora ivyo bintu. Igisabisho n'ugukwiza hose Ijambo Ryanje birashobora gufasha.

 

Bwira abankurikira ukuntu shetani iriko irandukiza abantu. Ntaho utayisanga haba mu midugararo n'ingwano iguma itera kw'isi haba muri abo bibaza ngo bariko bazana ubutungane mu mibano yabo canke mu bihugu. Urayisanga no mu rwaruka ataco rwibanga nko mu miziki yabo be no mu ma celebrite.  Kiza imitima mu kuvuga Ishapule Yanje y'Ikigongwe c'Imana.  Kwiza hose iki gisabisho mwihuta bishoboka. Uguhahamuka, iterabwoba, ingwano n'inzankano ubwoko bw'abantu buriko buracamwo kw'isi yose birantuntuza umutima, Jewe Umukiza w'abantu bose nguma ndira amosozi adahera kubera imitima yatakaye. Ndibaza ko ata wovuga ko atabona izi nzankano ndiko Ndavuga n'ukuntu zigaragara mu mpande zose zo kw'isi.None ga yemwe ntibazi ko ari wa mwangushi Shetani ariko arabikora?

 

Uko ububegito bw'inzankano n'ubumara bw'indyane bukomeza bukwira hose nk'umuriro wa nyakanga ni ko iyi si idakenguruka kandi yuzuye impumyi izobona Ukuboko kwa Data Imana Yamaho kuyigwako. Ububisha bw'abantu bukomeje kwiyongera aho abantu batera ubwoba abandi bakabagandagura nk'inyamaswa bizotuma haba ihindagurika ry'ibirere rizoza nk'igihano bivuye ku gicumuro c'umuntu akorera mwenewabo basangiye ugupfa n'ugukira. Ayo mahano agiye kwisuka kuri ino si. Ingwano yo gukiza imitima yaramaze gutangura. Sabira imitima yanyu n'iy'imiryango yanyu, musenge mudatezuka, musenge mushimitse kuko imitima myinshi y'inzirakarengane izogwa mu mporero. Ariko ntimugatinye kuko abanyubaha n'abubaha Dawe Imana Yamaho bazorokoka. Erega Dawe Imana Yamaho atabatabaye ngo abuze ikibi kwiha inkumbi  ubu nyene harashobora kuba ihonyabwoko ku rugero rwotuma igitigiri kitari gito c'amoko atandukanye y'isi ashobora guhonywa mu kanya isase. 

 

Nimukomere kw'ibanga ry'Ukwemera mwebwe mwese kuko mudafise ukwemera amagorwa muzocamwo yobagora gucamwo akabasiga habi. Nimushimagize Dawe We yandonkeje Ingabirano y'Ikigongwe c'Imana. Ikigongwe canje nta mbibe kigira kandi ngiye kuzobigaragariza umwe umwe wese muri mwebwe. Iki kiyaga c'Urukundo rw'Ukuri kandi rutananirwa kigiye kwisuka ku bana banje bose ngo kibafashe kurokoka inzankano zose n'akabi kose kariko karakwizwa hose na sekibi. Sukura imitima yanyu ubu nyene mu Rukundo Rwanje kubw'igisabisho kuko igihe kir hafi.

 

Mwibuke ko Ndabakunda mwese. Urukundo rwanje n'urwa mwebwe mwese. Ingabirano y'Ikigongwe canje niya mwese harimwo n'abo bacumuzi bari mu gicumuro kigoye.  Bazohabwa nabo nyene akanya ko kwigaya babashe gutsinda Shetani gutyo bashobore kwinjira mu bwami bwanje bw'imyaka yose. Nimurangamize amaso kw'Ijuru. Nkundira Ndabafate ukuboko nongere ndabagwe mu nda mwese.

 

Umucunguzi Wanyu Abakunda Cane n'Umucamanza w'Ikigongwe Yezu Kristu

 

Sigurira abo batemera ko Shetani ibaho bamenye amarushwa ateye ubwoba ari mu muriro

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana Ku wa gatandatu, igenekerezo rya 24 Nyakanga 2011@ 22:15

Mwananje Nkunda cane! Ni kubera iki Umuntu akomeza yiyobagiza ko umuriro udahera ubaho? Benshi mu bana banje bigira ngo ni abasirimu barahakana icese ko umuriro udahera ubaho mu gihe baba bariko baratangaza ukwemera kwabo mu Mana Data Yamaho. Baraheza rero bakayovya abana banje iyo baguma bitwaza ko Imana ari Imbabazi ngo bashigikire icaha. Iyo bariko baremeza abana banje ko bose bazoja mw'Ijuru baramenya neza yuko iyo mitima itakara mu gukurikira inyigisho zabo zitarizo iri ku gatwe kabo.  Shetani ibaho none rero n'umuriro udahera ubaho.

 

Umuriro udahera ni ikibanza Shetani ijanamwo ya mitima imukorera ngaha kw'isi. Bene iyo mitima nkuko mubizi ni imwe yiyamiriza iciyumviro cose coza kivuga Imana ariko ikaninahaza ivyiyumviro vya sekibi n'ibikorwa vya shetani kw'isi. Mu bihe bimwe bimwe hari aho usanga abantu bagurishije imitima yabo bakayigira icicaro ca shetani ngo baronke ubuzima bw'amaronko, kumenyekana n'ubutegetsi. Benshi bari mu kazi k'umuziki barakoze ibi mu myaka myinshi. Ntibibaza ukuntu ubuzima bwabo buzomera nibiyegurira sekibi kenshi na kenshi mu manza zo kwugurura ibibanza bikomeye n'ukwimika abategetsi runaka aho usanga bikorwa mu migirwa y'abapfumu n' ubumaji. 

Ku rundi ruhande hari bamwe biberaho ubuzima bw'ukwiryohera n'ukwisambukira ataco binona ku buryo usanga ata kindi barondera atari ukwiyerekana imbere y'abandi. Iyo ni imwe mu mitima ihora ishika ku marembo y'umuriro udahera ikagwa igihumura ukabona izunguza umutwe kuko iguye mu gahundwe ibonye amarushwa ayirindiriye. Ntishobora kwemera ko ayo mahano ariyo yayikwegeye.Uburenganzira n'umwidegemvyo bahawe kuri iyi si babikoresheje uko bishakiye bariyanjanjwako ntibahengeshanye kugendera mu bikorwa vyose bibabaza Imana.

 

Bane banje Nkunda cane, nimusigurire abo batemera ko Shetani ibaho bamenye amarushwa ateye ubwoba ari mu muriro udahera. Ntimutinye ko bazobatwenga canke bakabashinyaguriza. Ni igikorwa canyu kubagabisha ku marushwa n'amahano ateye ubwoba arindiriye iyo mitima nyabworo izotabwa muri iyo nyenga.

Mwa ntemera mwe namwe mwese mwa bahakanyi muguma mwibaza ko mu gihe muri ku mpfiro imibabaro yanyu iherera ngaha kw'isi inyuma y'ugupfa, murihenda cane. Ahubwo nimunyumvirize. Harahumiwe abo bose bahakana ko Imana Ibaho naho nyene Ukuri nabone bakumenyeshejwe mu buzima bwabo bwa hano kw'isi, mumenye ko ububabare muzogira mu magorwa y'umuriro udahera buzoba ari intango y'amarushwa y'imyaka yose muzogorwa mu muriro utazima.

Namwe mwa mitima nyabworo mutigera mwiyumvira kwirinda icaha mu gukoresha nabi ingabirano y'umwidegemvyo w'abana b'Imana mwahawe mu menye ko munyanka. Uwo mukunda ni shetani. None rero mumenye ko abarindiriye inyuma y'urupfu. Nanje ntimuzoba mugishobora kundonka kuko mumaze kwemera ko shetani ibakwegera iwayo muzoba muntakaje burundu. Muramenya neza yuko ico gihe kimaze kugera muzoba mwaramaze gucererwa kubona imbabazi zanje. .

Ni musenge.Ni musenge. Nimusenge mumfashe kugira ngo dushize hamwe dushobore kurokora iyo mitima. Shetani ntishobora kubandanya irekwa ngo igume yigamba mu kwiba iyo mitima y'abacumuzi nyabworo. Nimumfashe ngo nshobore gukiza imitima yabo mu gihe bakiri kw'isi.

Umukunzi wanyu Yezu