Messages 14

08/10/2017 16:57

Donald J. Trump yarabaye Umukuru w'igihugu ca Leta zunze ubumwe z'Amerika! Bumwe mu butumwa bwashikirijwe na Yezu abuhereza Jabez, Yezu aratubwira ko Uyu mutegetsi ari umuntu w'Imana. Nta na kimwe kiva kuri iryo jambo. Fyonda ngaha murabe video:

- https://viens-seigneur-jesus.forumactif.com/t26049-jabez-en-action-21-janvier-2017-donald-j-trump-l-homme-de-dieu#623755

Twebwe mu ngabo za Kristu turavyemera 100% kanatsinda Trump, naho afise inyifato rimwe rimwe ishobora gutangaza n'umutegetsi agwanira ubuzima ku va ku musegonda wa mbere umuntu agisamwa mu mbanyi ya nyina gushika ku musegonda wa nyuma  w'ubuzima bwiwe. Vyongeye aragwanya abarongorana basangiye ibitsina vyongeye aharanira ukwinjira n'ugusohoka muri Amerika bikurikije amategeko. None hari ibindi? Kugira ngo mubone video aho Imana Itubwira ko Trump ari umuntu w'Imana, nimufyonde aha:

- https://viens-seigneur-jesus.forumactif.com/t26049-jabez-en-action-21-janvier-2017-donald-j-trump-l-homme-de-dieu#623778

Nitumusabire kuko hari ibimenyetso vyinshi vyerekana ko ashobora kugandagurwa.


- https://viens-seigneur-jesus.forumactif.com/t25550p10-vision-de-gens-qui-courent-partout-mauvais-pressentiment-pour-le-futur-president-trump#623768

Georges Soros, wa mukozi wa shetani akaba n'umutunzi akomeye cane amatungo yiwe aharurwa mu mamiliyaridi y'amahera y'agaciro bita amadolari yararahiye ko ataco atazokora ngo ahungabanye Donald J. Trump gushika amusambuye harimwo rero n'imigambi yo ku mwica!


Ubuhanuzi bwahawe ababikira bihebeye Imana mu muryango uri muri Amerika utashatse kuvugwa Izina kubera uruhamo

Bavukanyi muri Kristu, dusangiye Urugamba rwo kuba Ingabo za Kristu Mwami! Ndabaramukije Amahoro y'Imana! Nimwaronka akanya mukaba n'uburyo bubashobokera bivanye n'ubuhinga mufise ku matelefone yanyu canke ku ma ordinateur yanyu, ntimutangwe gusoma, nokwirabira ubu butumwa buhambaye cane bwahahwe ababikira bo mu muryango w'abihebeye Imana bo muri Amerika batashatse kwivuga mazina kubera uruhamo abemera koko barimwo muri iki gihe.
Ubwo butumwa bagumye baburonka kuva umwaka wa 2015 bukaba bwitwa "   « Ibaruwa  ry'Ururukundo rwa Yezu  » ayo makete akaba ari mu masanamu y'Ubuhanuzi akurikira. Fyonda aha mwiyumvire ivyo ako gakete k'Urukundo Yezu adufitiye murwakirane umutima w' akanyamuneza n'Ugukenguruka. 

- https://viens-seigneur-jesus.forumactif.com/t26061-video-revelation-je-suis-dieu-et-il-n-y-en-a-pas-d-autre-message-recu-par-soeur-claire#623794

Hari vyinshi abakristu dukwiye kumenya ariko hari imitima myinshi iguma yirengagiza ubuhanuzi bukomeye. Ariko nimwasoma murasanga ho inyigisho kubijannye n'ikimenyetso ca Micro-Puce hamwe n'ikimenyetso c'igisizimwe kivugwa mu Vyahishuruwe umutumwa yohani.

- https://viens-seigneur-jesus.forumactif.com/t26058-video-revelation-ne-prenez-pas-la-marque-de-la-bete-message-recu-par-soeur-carole#623789

Hari n'ibindi :

- https://viens-seigneur-jesus.forumactif.com/t26057-video-revelation-l-enlevement-et-l-ordre-des-evenements-message-recu-par-soeur-claire

Aha naho baravuga ukuntu no mu ntambara nyene abana b'Imana bashobora kuguma bafise amahoro mu mitima yabo.

- https://viens-seigneur-jesus.forumactif.com/t26060-video-revelation-vous-vous-sentirez-en-paix-au-milieu-du-chaos-message-recu-par-soeur-claire#623793

 

===========================================================

Imfunguruzo z'i Roma zigiye gusubizwa mw'Ijuru kwa Data Imana Yamaho

Ubutumwa Yezu yashikirije Mariya w'Ikigongwe c'Imana- ku musi  wa mbere Igenekerezo rya 6 Ruheshi 2011 @ 10:30

 

Mwananje Nkunda cane, Gira inguvu ukomere. Ubutumwa buri muvyo Ndiko Ndagushikiriza buriko buragutera ubwoba ariko ntugatinye. Rimwe na rimwe wumva uri we nyene muri iki gikorwa naho nyene Nguma Ndaguhagarikiye buri musi kandi Ngumana nawe igihe cose. Ubutumwa bwanje nkuko Nabikuraganiye mbere, ntibuzokwama buzanira akanyamuneza imitima. Abanyemera vy'ukuri ariko bazotegera yuko ibihano ari ngombwa ngo bibe kugira Mbashe gutyorora isi.  Biragoye nanje Ndabizi gutegera inyigisho zirimwo rimwe ariko ubwirizwa kunshira mwo umwizero wawe wose.

Ndasubiye kugukebura ngo ntusubire guharira nabo bakristu bapinga canke bahaririza Ijambo Ryanje Ryeranda.  Kuko yaba wewe baba bo nta bukuru mufise bwo kwihagira Ijambo Ryanje canke ngo murice nw'ibinogo. Kuvu ubu rero Wewe nunyumvirize kandi ukurikize imvyo Ndagutegereza vyose. Reka abo babandanya bapinga  kandi nabo baguma banka kwakira Ijambo Ryanje ubandekere Jewe kuko ico si igikorwa cawe.  Ego nivyo uzovugwa nabi mu gihe uriko urashikiriza Ijambo Ryanje. Niwiyobagize abo bose baguma baguhaririza kuko akanya ni gato cane ku buryo ata mwanya wo guta n'abo ata kindi barota atari ukugutesha umwanya ku mpari z'ubusa.

Abo ubwirizwa kwitaho ubu ni abana banje batagira ukwemera canke batanzi Jewe na Data Imana Yamaho. Ngabo abandaje ishinga kuruta abandi ubu.  Ariko rero mu gihe abo bakristu basanzwe bagerageza kuzirikana Ijambo Ryanje bagashira umwanya wabo mu kuritohoza no kurishira mwo impari z'abantu aho uko bokwicishije bugufi ngo bakurikire Inyigisho Zanje hanyuma basabire benewabo na bashikibabo, baguma batakaza umwanya wogize akamaro. 

Mwananje menyesha isi ko ihindagurika ry'ibirere ryari ryarabuwe rigiye kwibonekeza kw'isi. Vyose bigiye gutangura ubu nyene, ari vyinshi; kubera abacumuzi baguma birengagiza Ijambo ry'Imana bakaguma bibira mu kabi. Mwebwe mwemera ntimugatinye na gato ahubwo ni musenge kuko Nzobatabara kandi muzobona ubutabazi bw'Ubumana Bwanje ubudahengeshanya na cane cane mu gihe muzoba muriko muratyekezwa muhorwa Izina Ryanje. Igisabisho kizobuzuza ubukomezi n'ubutwari muzoba mukeneye mu gihe sekibi n'abaja biwe bahagurutse ngo bakwize ubumara bwabo mu bana banje. 

Mu gihe ibitero vy'intambara biguma vyiyongera mu bikorwa vy'iterabwoba, n'ukwigungirako kw'amafaranga n'uguhumanya isi bigirwa n'ibigirankana nimuntege amatwi: Ishavu rya Mana Data rigiye kwisuka kuri iyi si kandi vuba cane. Igisabisho kirabwirizwa gukorwa mu migwi kw'isi yose kuko iyo migwi y'igisabisho ni yo izofasha kubuza ivyo bikorwa bibi bituma ishavu ry'Imana ryiyongera. Nimusabire umupapa wanje Nkunda cane Benedicto. Akikijwe n'abansi b'Imana benshi bakomeye cane, ba mpema yuzuye bafise inyota y'ubutegetsi idasanzwe mu ntumbero yo kugenzura Ekleziya yanje. Igisabisho kirashobora kwunganira ku buryo bateba gutembagaza ubupapa bwiwe aho azotegekwa kuva i Vaticano nkuko vyari vyabuwe. Ni musabe musabe muri iki gihe kuko kizoba igihe c'umwijima utari bwigere uboneka ku bakozi banje bo mu mizabibu yanje aribo bepiskopi, abakaridinali hamwe n'abigishwa banje b'Ukuri bose. 

Imfunguruzo z'i Roma zigiye gusubizwa mw'Ijuru kwa Data Imana Yamaho. Igihe caramaze gushika co kugwanya shetani n'abayikurikira bose. Imigambi yayo yo kudurumbanuya ubwoko bw'abantu izogwanywa mu buryo bukaze cane kuko bazokomeshwa n'ububabare budasanzwe buturutse ku bikorwa vyabo bigayitse. Ni muhaguruke rero bane banje. Nimushire umuzirikanyi wanyu n'ukwizera kwanyu muri Jewe munyiyegurire wese imbere ya vyose. Igisabisho ca buri musi, Inkuka y'Imisa n'Ukaristiya Ntagatifu nivyo bizomfasha jewe na Data ngo dutuze aka kabi. Nimwakire ikalisi yanje kuko nimwahitamwo neza muri ubu buryo niho muzonezerwa mu buhirwe buhoraho.

Umukunzi Wanyu n'Umukiza w'abantu bose, Yezu Kristu.

 

=================================================

Ibirindiro bibiri vya Gisirakare Bihanganye :

Umugabekazi yikwije izuba ni We Mukuru wa ca gisirikare c'Ijuru. Iki ni igihe c'ingwano rukokoma hagati ya Bikira Mariya na ca gisirikare c'ikuzimu gihabwa amategeko y'ingwano na n'igisizimwe gitukura be n'ikinyamaswa cirabura. Ubuhakanyi bwa bamwe bemera inyigisho za wa mushakashatsi bigisha mu vyigwa vya Sociologie na Philosophie na Histoire ariwe Karl Max hamwe n'abamasonike nivyo birongoye ico kirindiro ca sekibi kiguma kirondera kujana abantu bo kw'isi mu bugome bwo guhakana Imana.

Ku mutwe w'ico kirindiro cavumwe hari Luciferi we nyene ubwiwe ariko arasubira n'uyu bwa busazi bwo kwihanga kugwanya Imana ngo abantu bahebe bamusenge we nyene nk'Imana. Kumwe nawe amashetani yose aragwana muri iki gihe c'umuriro aho yakwiye kw'isi yose ngo atakaze imitima myinshi ishoboka ayijane mu nyenga kumwe nayo. Imitima yose y'abaciriwe urubanza bagatabwa mu muriro hamwe nabo bose hano kw'isi bagendera mu bugarariji bwo kwihakana Imana bakama bayibabaza bongera bayituka mu gukurikira inzira y'ubugizi bwa nabi bw'Ukwigungirako n'inzigo, bw'akabi n'ubushirasoni. Intumbero yo nyene bafise mu buzima ni ukwirondera no guhahamira ibinezereza imibiri yabo, inambu y'ivy'isi n'umwina w'amatungo bakama baharanira ko inzankano,inzigo n' inabi bitsinda.

Igisirikare C'Umugabekazi w'Ubukiriro kigizwe n'abamalayika bose n'aberanda bose bari mw'iparadizo, kikaba kiyobowe na Mikaheli mweranda Umumalayika mukuru ari ku mutwe n'ingabo z'Ijuru. N'ingwano rukokoma ikorwa hejuru ya vyose ku mitima. Kuri iyi si igisirikare c'Umugabekazi atuvuna mu ntambara kirimwo abo bose bagendera mu Rukundo n'Icubahiro bafitiye Imana bafashijwe n'inema bahawe ku musi w'ibatisimu nyeranda bagatambuka bagana inzira y'ubugamburutsi n'ukugororokera Imana mu kwubaha amabwirizwa yayo meranda.

Izo ngabo za Bikira Mariya zirangwa n'ukwifata ruto, guca bugufi, kwitonda no kugendera mu rukundo nyarwo. Brarahunga imitego ya shetaniaho iri hose bagakengera ibishuko vyayo n'ibinezero vy'umubiri bitameze ko, bakama na ntaryo bagendera mu nzira y'Urukundo, ubwerentegerwa n'ubweranda. Iki Gisoda ceranda c'Umugabekazi w'inema zose kigizwe ubwa mbere n'utwana twiwe twose  dukwiye mu mpande zose zo kw'isi turiko turitaba ijwi ryiwe tukamukurikira mu nzira yaduciriye muri iyi myaka yose tumaranye.

Uwo Muvyeyi we nyene aratubwira ati: Kumwe nico gisirikara canje Ndiko Ndatambuka ngana intsinzi. Kumwe n'izi ngabo zanje ndubaka uko umusi uhaca, intsinzi y'umushaha wanje utatyoye. Kumwe nizo ngabo zanje Ndakomeza gutegura inzira Ubwami buninahaye bwa Yezu buzoba ubwami bw'Urukundo n'Inema, ubwami bweranda bw'ubutungane n'Amahoro.  Ndasubiyemwo uno musi umuhamagaro wanje w'Umuvyeyi: Nimwihute mwese gukoranira mu ngabo zanje. Isaha y'ingwano rukokoma yashitse. Nimugwane mukoresheje ikigwanisho c'Irozari Nyeranda hanyuma mugendere mu nzira y'Urukundo rwa Yezu mukengera isi na mwebwe nyene ubwanyu mwikengera ,mugendere mu nzira y'ukwicisha bugufi n'urukundo, y'ukwifata ruto n'ubweranda.

Niho rero muzoba maso mushobora kurinda ibigeragezo vyose bizotangura vuba muri Ekleziya n'isi nzima. Ndabahezagiye mwese kw'izina rya Data ni rya Mwana ni rya Mutima Mweranda n'abana banje bose banyishikanyeko. Bivuye mu gitabu c'umuhari wa Bikira Mariya  ushimikiye ku basaseredoti ba Mariya., Auckland(Nouvelle zelande), igenekerezo rya 12 Munyonyo, 1985

 

======================================================

Kumwe nanje munsi y'umusalaba

Uno musi bane banje Nkunda cane, Ndabayobora kumwe nanje ngo tuduge mu nzira y'Ikaluvariyo. Kumwe nanje, munsi y'umusalaba w'Umwana Wanje, aho Nabaye Nyoko Wanyu.

Aha niho Ngiye kubigisha Urukundo

Nta wushobora kurusha Urukundo Uwiguze abagenzi biwe. Tangarira Yezu Umwana Wanje Apfa ku musalaba kubera mwebwe. Apfa kubera ko Agomba gutanga Ubuzima. Atanga Ubuzima bwiwe ku bw'Urukundo. Umushaha Wanje w'Umuvyeyi uramwumva ariko aracikana niho rero ukwo gusinzikara kwiwe kuwusogota. Urukundo Rwanje rw'umuvyeyi rwifatanya n'Urwiwe mukubakunda:  Nimutwigane ngo namwe mubashe gukunda nkatwe.

Aha niho ngiye kubigisha kubabara
Umwana Wanje Yezu Kristu yahavuye aba Umugabo w'imibabaro. Ntagisusa nk'umuntu. Uburemere bw'imibabaro buramurembeje. Baramukubita n'ubugome bwinshi, bakamutoteza bakamumaramaza. Aremera ubwo bubabare bwose ata myidogo; aguma atekereje nk'umwagazi w'intama bajanye kumacuniro, akabambwa ku musalaba. Ngiyi inzira Ndabahamagariye mwo uno musi bibondo, inzira yo ku kaluvariyo mubwirizwa kuduga mu bugamburutsi be n'ubutore bw'umutima. Ntimurondere guhunga ibi bihe bigoye, ntimurondere guhozwa na kiremwa muntu. Muzokwama muronka umutima wa Nyoko wanyu azokwama abafasha kwemera kurangura na ntaryo Ugushaka kwa Mana Data.

Aha niho Ngiye kubigisha guceceka

Ijambo ry'Umwana wanje ryibonekeza mu gacerere mu bihe vyiwe vya nyuma. Ubuzima bwiwe nibwo buvuga. Aha niho tubona ugushingira intahe Ugushaka kw'Imana kurengeye vyose. Uko niko ubuzima bwiwe butangaza Ijambo ryiwe rya nyuma: Ijambo ry'Ikigongwe kuri bose n'ukwiyegurira Data kwiwe kwa nyuma. Uno musi nimwige cane cane kuguma mu gacerere. Nimucereze mu mitima yanyu ngo ntihagire ikindi mutega amatwi yanyu atari Ijambo ry'Ubumaba bwiwe ryo risa.

Nimutekane aho muhererereye ntimurondere gusubiza ababavuga nabi canke amajambo mabi yabo badashaka kubaha ikaze. Ntimusubize abababatyekeza canke ngo murondere gusubiriza mu ndumane ababahama. Ntihagire uwo mucira urubanza. Mu bihe bibarindiriye muzohamagarirwa kwiga gutekana no kwigumira mu gacerere. Muzovuga mukoresheje ubuzima bwanyu. Nayo kubw'ubuzima bwanyu bwo ku musalaba hazovuka Ijambo ry'Urukundo kuri bose n'ukwiyegurira wese Ugushaka kw'Imana.

 

====================================================

Kardinali Burke aravuga ko kubona Vatikano iha ijambo umugabo azwi kw'izina rya paul ehrlich umugome wa karuhariwe n'umwansi w'Ijambo ry'Imana akwiza hose inyigisho z'ugukorora inda ari akamaramaza.

Ivyo yabishikirije mu gisagara ca SPRINGFIELD muri Leta ya Virginia ati uwo mumenja akora uko bukeye uko bwije ngo atakaze imitima ayijane mu muriro udahera mu gushigikira no kwosha nabi abana b'Imana abajana mu gicumuro c'ugukororera inda be no gukoresha inyuzi n'ishinge zo kubuza imvyaro ivyo navyo bikaba ari ibicumuro bigoye.

Kardinali Burke ati kubona abakuru b'Ekleziya baha ijambo umuntu bene uyo ni ukunyomoza no gutukisha Izina ry'Imana. Uwo Mukozi w'Intahemuka nyakwubahwa Kardinali Burke yavuze ayo majambo ku wa Gatanu mu nzu y'amanama ya Paruwasi y'Ekleziya Gatolika yitiriwe umweranda Raymond wi Peñafort.

Mu gihe yariko aratangaza Inkuru Nziza ya Yezu Kristu, iyo ngabo ya Kristu kardinali raymond Burke abakristu bariko baramwumviriza bamubajije bati bishoboka gute ko Paul Ehrlich, umucumuzi w'icese azwi hose na cane cane ku bijanye no kwicisha abana bakiri mu mbanyi za ba nyina akaba n'umwansi akomeye w'Ekleziya nyeranda yohabwa ikibanza c'iteka avugiramwo ngo ashikirize Ijambo mu nama yariko ibera i vatikano.

Kardinali Burke ati ni agahomerabunwa. Birababaza cane umutima wanje kubona ibintu bene ivyo biba kandi vyongeye simbona ukuntu umukatolika ayobokera Imana vy'ukuri atotera ivyatsi ibikorwa nk'ivyo. Ntivyumvikana na gato. Ati muri ino misi aho Ukuri nyakwo ku bijanye n'ubuzima bwa kiremwa muntu n'umuryango w'abubatse rukristu, ndiyumvira ukuntu urwaruka n'abana bacu babura inyigisho zobaha umuco wobajana mu Kuri mu bijanye n'Ukwemera Imana. Ati ivyo birantuntuza umutima rwose.

uwo mumenja Erlich baheruka guha ijambo ngo avuge mu nama yakoraniye  I vatikano yigisha ko inzoya zimeze nk'umucafu wo kuja guta kw'iyarara. Kubera ico arigisha ko umukobwa wese canke umugore wese akivyara akeneye kworoherezwa mu bikorwa vyo gukorora inda no guhagarika imvyaro hakoreshejwe uburyo butemewe n'Ijambo ry'Imana akaba avuga ko inyigisho z'Ekleziya Gatolika nyeranda atarizo  akanazigereranya nk'ukubohera abantu amaboko i mugongo. uwo mukozi wa shetani aranarondera ko hoba amategeko mu bihugu ahatira abavyeyi gukorora inda no gutanga incandago zo kugira abagore ingumba.

uwo muvugizi  wa Lusiferi Ehrlich kumwe na mugenzi we John Bongaarts akora mu gisata c'ukugabaya ibitigiri vy'abantu ca ONU barahawe Ijambo mu nama yatunganijwe na papa Francois ivatikano ngo yihweze ibijanye n'igwirirana ry'abantu kw'isi naho nyene amashirahamwe y'abaharanira ubuzima yo kw'isi yose yari yamiye. Iyo nama yari yatunganijwe n'igisata ca vatikano gifasha papa Francois mu bijanya n'ubushakashatsi be n'inyigisho zijanye n'imibano y'abantu. Ico kigwarudubi Bongaarts carinamuye gitangaza muri iyo nama y'ivatikano ko vyihutirwa gukwiza hose uburyo bwo guhagarika imvyaro hakoreshejwe inyuzi, inshinge n'ubufuko, izi nazo zikaba zitandukane n'inyigisho z'Ijambo ry'Imana. Kuri we ng uko kwoba ariko kwo kugirira neza ibidukikije.

Ni muri iyo nama nyene umwepiskopi Marcelo Sánchez Sorondo, umukuru w'ico gisata ca papa Francisko c'ugutohoza n'ukugira ubushakashatsi ku bijanye n'inyigisho z'imibano  yaca avuga ngo: mu bisanzwe ntituzi neza inyigisho z'Ekleziya kubijanye n'ukurondoka. Ngo ivyigwa bizofasha abagore kuvyrara umwana umwe canke babiri aho ukwibaruka indwi. Bikaba biboneka rero ko mu gihe ico gisata kigitwarwa n'uwo mwepiskopi wa shetani ko hazoguma hari umwijima mu bijanye n'inyigisho zitangwa n'ico gisata kuko cigaruriwe n'abahanuzi b'ibinyoma.

Nyakwubahwa karidinali Burke yarangije ahanura abakristu ko bokomera ku nyigisho z'Ekleziya bime amatwi abo bamgushi ata kindi barondera atari ukubajana mu mwijima. Yahavuye asubira guhimiriza abemera ngo ntibahengeshanye gusoma igitabo c'Ikatikisimu y'Eklezita katolika. Kuri izo natwe hano mu ngabo za Kristu turabahamagariye kudahengeshanya gusoma Bibiliya imisi yose, muriko murasenga mu gitondo no ku mugoroba, muzirikana Irozari, mwisonzesha ngo dushobore gufasha Yezu gutsinda abo bahanuzi b'ibinyoma bigaruriye icicaro ca Petero mweranda i Roma.

Imana ibahezagire.

======================================

Urugamba rwo gutsinda Intambara mu Burundi no kugarukana amahoro mu mitima y'Abarundi bose turongowe n'Umugabekazi w'Irozari Nyeranda!

Umuvyeyi Bikira Mariya Aratubwira ati nimunkundire Ndabayobore bane banje Nkunda cane. Urugamba rwanje rwaramaze gutangura. Ndatanguye gutera umwansi wanje imyampi ku mutima mpereye cane cane harya yibaza ko yiganje kandi ko agaba akaganza.

Yarashoboye kubakwekwega ngo abajane mu ngeso y'ubwishime. Vyose yaramenye kubitegura ku mayeri ku gwenge. Yariganziye ibice vyose vy'ubumenyi n'ubushakashatsi n'ubuhinga bwa kiremwa muntu abijana vyose mu kugarariza Imana ku buryo igice kinini c'abantu bo kw'isi kiri mu minwe ya sekibi. Shetani ikoresheje ububeshi yarashoboye kwigarurira abanyabwenge n'abahinga, abacuraranzi, abize ivyigwa mbagarabwonko, abize vyinshi n'abakuru nyene. Sekibi amaze kubahenda yabagize abaja biwe ngo babashe gukora biyobagiza Imana ndetse mbere banayigwanya.

Mwebwe bane banje mwese ico Ndabasavye gusa ni uko mwokwishikana ku Mushaha wanje wababaye kandi Utatyoye, munyemerere Ndabakoresheshe nkuko Nshaka. Nimwamara kunyishikanako, muzosanga ari Jewe Nzohora Nikorera muri mwebwe nyene. Niho rero intsinzi y'Umushaha wanje izoca itangura kumota, kubera mwebwe bibondo vyanje.

No muri Ekleziya yanje nyene biraboneka ko shetani yamaze gutangura kwigarurira vyose. Irishira hejuru kuko yashoboye kubabesha no kubatesha umurongo kubera inbintu bikurikira inyigisho z'amakosa aguma akwira hose yigishijwe n'abasaseredoti benshi. Ubugambarazi bukwira hose bwitwaje akaranga n'imico kama aho usanga Inyigisho z'umwana Wanje zihindagurwa ngo zisunge imigirwa ya bene gihugu ku buryo usanga inkuru nziza bamwe bamwe bigisha muri ino misi itakiri Inkuru nziza y'Umwana wanje Yezu Kristu. Kubera igicumuro gikorwa kikongera kikanaronka insiguro zo kugikimbukira. Rimwe na rimwe ugasanga n'ubuzima bw'abasaseredoti n'abihebeye Imana bwahindutse ibibanza nyene vyo gukorerwa mw'akabi.

Shetani ishaka kwiganza n'ukwisanzura nk'uwatsinze urugamba Kuri iyi Ekleziya isa n'iyigeze habi. Jewe ariko Nzoyitera umwampi mu gikiriza Ndayitumbereze ku mutima mu gushira intsinzi yayo nyene ku ntsinzi y'Umushaha wanje wababaye kandi utatyoye. Muri vyose iyo ntsinzi y'umukeba wanje nta kindi izoshikako atari ugutuma imitima myinshi ihungira mu Mushaha wanje utatyoye

Nzohamagarira abasaseredoti banje ngo bagaragaze ubukristu bwabo n'ubutwari ntangere. Nk'akarorero bazofasha imitima y'abana banje batakaye ngo bagaruke mu nzira y'ubugamburutsi. Nzoduza abana banje bihebeye Imana Ndabafashe gushikira ubweranda bwinshi gutyo nciye kuri bo igicumuro cinshi gitangirwe iciru congere cishurwe. Gutyo rero benshi mu bana banje bazimiye bazoshobora kwongera kurokorwa.

Ngiyi impamvu uno musi uri hejuru shetani intinya cane. None reo kuva ubu naratanguye gutambuka mpagatiwe n'igisirikare c'ingabo zanje zimeze nk'utwana dutoyi. Nta na kimwe kizoshobora kumpagarika gushika wa musi tuzoririmba intsinzi ikomeye tuzoba twatahukanye burundu. Vyongeye mu gihe nyene vyose bizomera nk'ivyatakaye, niho Indavyi izodushikana ku ntisnzi yacu, aho Umushaha wanje utatyoye uzokwigina intsinzi ya nyuma kw'isi yose.

 

++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++

Ndimwo Wese mu Karistiya naho bamwe bamwe bananirwa no gutahura neza Ivyo Nabemereye.Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana ku musi wa kane Igenekerezo Rya  14 Ndamukiza Umwaka w'i 2011 @ 00:05

Mwananje Nkunda cane, ntugahagarike umutima. Uriko uratera intambwe mu gutegekanya umwanya umpebera ngo uze iwanje mu gisabisho. Ubu rero birahambaye ko umuntu wese ategera ko kugira ngo ashobore kuza hafi y'Umushaha wanje abwirizwa guhabwa Isakaramentu ryeranda rwose ry'Altari, Ukaristiya Ntagatifu. 

Abantu benshi harimwo n'imigwi y'ayandi madini y'abakristo barahakana ko Ndimwo wese mu Karistiya. Impamvu bahisemwo guhakana ivyo Nabaraganiye igihe Nari ku Meza Meranda Nsangira n'abatumwa ubwa nyuma muri rya joro Nafatwa Nkabaraganira ko Nzotanga Umubiri Wanje n'Amaraso Yanje nk'Imfungurwa y'imitima yanyu, ntivyumvikana. 

Ikizwi gusa ni uko igitangaro c'Ukaristiya Nyeranda, aho nguma Ndabarindiriye mu ma Tabernakulo yo kw'isi yose kiriho uyu musi kandi ico gitangaro kihari ngo imitima yanyu nyabworo ishonje kandi igaragara yuzure igihe cose munyakiriye ngo Nze muri mwebwe mbane namwe! Mbanye namwe muzoronka ubukomezi nyabwo ku buryo bishitse ukabura akaryo k'ukunyakira umaze kubimenyera uzokwumva ko wazimiye.

Abakristu benshi barahuba mu kwiyobagiza imwe mu Ngabirano zikomeye Nabemereye ca gihe Nababambirwa, aho Nabaraganiye ko Nzokwama ndi kumwe namwe mu bishusha n'Umukate n'umuvinyu ngo Ndababere Imfungurwa y'imitima.  Kubera impari z'abantu zatumye n'abakristu nyene bandonderana umutima ugorotse bayoba bakanka kunyemera muri iryo Sakaramentu. Aba bakristu nyene ntibaheza ngo babashe kukwakira Ukaristiya Ntagatifu mw'ishusho no y'ukuri no mu buryo nyabwo.

Ukaristiya Ntagatifu n'Ingabirano mwari mwahawe mwese ngo Ibazanire Urukiza n'ubukiriro. Mukwanka kwemera ko Ndi wese muri Iryo Sakaramentu bisigura ko muba muhisemwo gutakaza ivyiza n'inema zidasanzwe mwari mufitiye uburenganzira kandi zari ngombwa ngo mubashe kunzana hafi yanyu gushika naho Nibera mu mitima yanyu.  Mwibuke ko igihe Nabapfira kwari ukugira Ndabayobore Mbajane mu buhirwe budahera  n'ubukiriro bwamaho.

 Nimunyakire nk'Uwuriho muri Mwebwe gutyo imitima yanyu izokayangana mu buryo mutokwigeze muca n'ikanda. Ni mugaruke mwakire Umubiri wanje n'Amaraso yanje. Ni munkundire Ndabakuremwo ugukekereza kwanyu. Kuko ivyo mwiyumvira ari kimwe mu makosa ateye ubwoba abakristu bakoze mu kwanka kunyugururira ngo Ninjire mu Mitima yabo mu buryo bw'iri sakaramentu Ryeranda Rwose. 

Ese iyaba mwashobora kubona ukuntu bibabaza  Umuvyeyi wanje Data Imana Yamaho kubera akigoro kadasanzwe vyasavye ngo imitima yanyu ibashe kurokoka. Nimunkundire Ndabazanier umuco n'ingaburo ubuzima bwanyu bukeneye. Niho rero muzosanga biborohera kwemera Ukuri kw'Inyigisho zanje inyuma y'imurikirwa ry'imishaha. Mwame mwibuka ivyo Nabaraganiye mu gihe nari ku meza n'abigishwa banje ubwa nyuma muri rya joro nyene Nafatwa ko Iyo wakiriye Umubiri n'Umuvinyu bizohinduka Umubiri wanje n'Amaraso Yanje.

Mumenye ko iyindi nyigisho yose itandukanye n'ivyo izoba yarahindaguwe n'ubwenge butumwe n'impari za muntu yama arondera kwigira umuhinga. None rero nimubitegere neza mubone kwemera Ukuri .

Umukiza wanyu Abakunda cane, Yezu Kristu

===========================

 

Bavukanyi,Nimuze Twerekeze Amaso yacu kuri Yezu Yabambwe

Dutangarire Amaso yiwe yuzuye amaraso, Umutwe wiwe wambitswe urugori rw'amahwa, iminwe yiwe n'ibirenge vyiwe vyatewe mw'imisumari; Umubiri wiwe wakubiswe ugahohoterwa none wuzuye ibikomere; twihweze Umushaha wiwe Wasogoswe n'icumu

Bavukanyi Nkunda cane, ntihagire ikindi kidusamaza atari Umukama wacu yabambwe niho tuzoba Ingabo ziwe zibushitse. Ni bangahe muri tuzi bahagaritse gusoma no kuzirikana ijambo Ryiwe, canke bashatse kuryinjira mwo no kuritahura bakoresheje ubwenge bwa muntu gusa, none bahavuye bagwa kubera kwiyanjanjwako none bari mu makosa ahambaye cane!

Ijambo ry'umukama wacu Yezu Kristu ntirishobora gusomwa n'ubwenge bwa muntu gusa. We nyene ubwiwe yaraninahaje Data ko Yashimye kunyegeza  ibitangaza vy'Ubwami bwiwe abanyabwenge n'abahinga, akabimenyesha ibitazi

Gutegera ibitangaza vy'Imana bisaba ukwicisha bugufi kw'umutima hamwe n'ukwiyorosha  umutima mu gihe umuntu ariko arasoma kandi azirikana Ijambo ry'Imana.Nico catumye Umukama wacu Yezu Kristu ashinga Ekleziya kugira ngo atumenyereze kugira iyi nyifato igoye cane ariko ihambaye cane y'ukwicisha bugufi n'ukugamburuka mu bwitonzi. Nitwabandanye twunze ubumwe n'inyigisho Ekleziya katolika yamye yigisha, nitwaca bugufi tukaguma turi maso mukuzirikana Inyigisho z'ekleziya, tuzokwama dutaha twinjira mu marembo y'Ukuri kw'Ijambo rya Kristu.

Uno musi ukwihenda n'ibinyoma birakomeza vyigishwa ahatari hake muri Ekleziya mbere womengo ubu nta n'ikigishobora guhagarika inyigisho z'ibinyoma ziganje muri iki gihe. Ayo makosa mu kwemera arakwizwa hose n'igitigiri gitera c'iyongera c'abahinga mu vyigwa vy'Ijambo ry'Imana, ukayasanga mu bapadiri bamwe bamwe baturongoye canke batwigisha mw'isengero. None vyoshoboka gute ngo uno musi umukristu amenye neza ico yofaya n'ico yoreka ku buryo yirinda kugwa mu mahopa?

Nimuze twihweze kandi dutangarira Umukiza wacu Yezu Kristu yadupfiriye ku Musalaba niho tuzoguma tugendera mu Kuri. Ni twihweze Umucunguzi wacu we naho yari Imana yigize muto akagamburuka  gushika apfe urupfu rwo ku Musalaba. Nitwihweze amahwa yiwe. twihweze amaraso yiwe, dutangarire inguma ziwe, niyo mashurwe shurikira ku bubababarebuterwa n'ubugamburutsi bwiwe.

Bavukanyi, bakristu bene wacu, muri iki gihe umwijima uriko urapfuka vyose, twebwe nk'Ingabo za Kristu turahamagariwe gushingira intahe  umuco w'ubugamburutsi n'ukugendera mu mabwirizwa y'Imana.

Vyongeye uko tuzobandanya twerekana icubahiro dufitiye Imana n'inyigisho z'Ekleziya Gatolika natwebwe nyene tuzorushirizaho gukengerwa, kwararazwa mbere tunakubitwe kandi dutotezwe. Ariko birakenewe ko intahe dushingira Ijambo ry'Imana itotezwa mbere ikanakubitwa gutyo nitwazigama ibanga no mu bihe vy'uruhamo nyenedushobore gufasha Yezu gukiza imitima y'abana b'Imana benshi batakaye ngo nabo nyene bagaruke babashe kugendera mu kuri no mu bugamburutsi bw'Ijambo ry'Imana.

 

==================================================

Bene wacu dusangiye Urugamba rwo kugarukana amahoro mu Burundi, nimuze twihweze amagorwa y'umuvyeyi wacu Bikira Mariya. Ni nde yovuga ko azi umuntu numwe yoba afise amagorwa asumba ay'uwo Muvyeyi.

Dutangarire ubutwari bwiwe igihe yabwirizwa kubona umwana wiwe Yezu akubitwa, yambikwa urugori rw'amahwa, aduga umusozi w'Ikaruvaliyo yikoreye wa Musalaba uremereye cane. Raba umwana wiwe araremerewe cane , ntagishoboye no gutambuka,arazunguringwa, ariko kuri abo bamenja bariko baramuturubika, nta n'impuhwe na mba; akikijwe n'abantu b'inzigo gusa, bamwanka kandi bamuronderera inabi gusa. Ni muri ako kanya rero Data wo mw'Ijuru Amuha guhura na Nyina wiwe akamuhoza. Tuzirikane bana ba Mariya mwese aho muri ukuntu Yezu yumva aremye abonye ingene Nyina wiwe amuremesha n'Urukundo rwiwe ariko kandi twiyumvire n'ububabare buterwa n'iryo hura ry'Izi ntwari mu rugamba zibiri imishaha yabo ikubitira rimwe.

Muze twinjire mu Mushaha Mweranda Rwose wa Yezu twongere twinjire no mu mushaha Utatyoye wa Bikira Mariya duca tubona ukuntu Umuvyeyi Mariya asogotwa mu Mushaha n'inkota ituma haba uruguma mu mutima wiwe rutarigera rukira gushika ku musi Umushaha wiwe uzotsinda burundu. Tereza amaso yanyu mwebwe mwese muzirikana ubu butumwa muyerekeze kuri Mawe Mariya muheze mutegere Ukuntu uwo Muvyeyi ababara mu gihe abona Umwana wiwe bamushinga mwo imisumari, agwana n'urupfu muri ya masaha atatu yamaze ku musalaba, yicwa urupfu rw'agashinyaguro.

Muvukanyi Nkunda cane, ihweze kandi uzirikane uwo Muvyeyi ukuntu ababara, akagorwa ayo magorwa yose kubera umwana wiwe ariko aracikana, akababara no ku bwacu nyene. Twokwibaza ngo ubwo bubabare n'ubwo muri kahise, ihibambewe. Ahubwo ubwo bubabare uwo muvyeyi arabugira kandi uno musi aho akomeza abona umwana wiwe abandanya ababara mu mubiri wiwe w'Ekleziya ikiri ku rugendo ngaha kw'isi.

Uno musi twibukane umubabaro udasanzwe igikorwa c'ubuhemu cakozwe na Yuda we yahemukiye Umwana W'Imana na Mariya duheze dutegere ukuntu Yezu na Bikira mariya bakomeza bagira umubabaro udasanzwe imbere y'ubuhemu bukorwa uno musi n'abapaidri bamwe bamwe, abasenyeri bamwe bamwe n'abakaridinali bamwe bamwe uno musi batacigisha Ijambo ry'Imana nkuko Kristu yabibatumye.

Mwa basaseredoti mwe, mwa bakristu mwe, mwa basenyeri mwe, mwa bantu bo mu ntwaro murongoye Uburundi n'intara n'amakomine n'imitumba, amaparuwasi n'imiryango sahwanya, ni kuki bamwe bamwe muri mwebwe muguma muhemukira Umukama wacu Yezu Kristu??? Ni kuki mutagaruka ku mana ngo musabe Ikigongwe, ni kuki mtagenda mu ntebe y'ipenetensiya ngo mwirege ibicumuro mwakoze mubashe kuronka Ikigongwe?

Twihweze kandi Petero ukuntu ahakana Yezu gatatu, kubera ubwoba! Ni bangahe muri twebwe kubera ubwoba bwo kudatahurwa, kudashimwa n'ababumviriza, kutemerwa n'uno musi  bahakana Ukuri kw'Inkuru Nziza! "Uyo Mugabo sindamuzi namba"

Abatumwa nabo barahunga bagasiga Yezu we nyene kuri uyo musi ugoye cane wa Gatanu Mweranda: Ni bangahe muri twebwe bahunga bagata Ekleziya Katolika Nyeranda gushika naho bahurumbira amadini y'ivyaduka! benshi barava muri Ekleziya ngo bakurikire isi n'ivyayo. hari abandi baguma muri Ekleziya mugabo bakabandanya bakora ibikorwa vy'umwijima bitukisha izina ry'Imana, bakabandanya bakora ibinezereza isi n'abayo, gutyo naho bari muri Ekleziya kubw'urukoba ugasanga barayihemukiye, barayitaye mu migirwa yabo no mu mitima yabo!

Hari benshi mu bavuga ngo ni abaKristu badakunda Ekleziya. Ukuntu Icariho ca Kristu papa Benedicto wa XVI yakumiriwe, agakurwa ko amaboko n'abiwe, abagenzi bakamuvako gushika naho bamuhera ko ni kimwe mu bimenyetso bigaragaza ukuntu n'abari muri Ekleziya nyene harimwo n'abakardinali, abepiskopi, abasaseredoti n'abandi bihebeye Imana bashobora kwiyirukira bagahunga uwo Imana yasize amavuta, mu gihe isi yariko irarondera gushira ho umuhanuzi w'ibinyoma ngo yigarurire intebe ya Petero.

Muri ico kiringo abepiskopi beranda bari bunze ubumwe na papa Benedicto wa XVI nabo nyene barumva mu mitima yabo ihwa ry'ukwo guhungwa no guhebwa kw'abahora bamwubaha, bamugendanira, ababwirizwa kumuremesha. bene abo Bepiskopi bunze ubumwe na papa Benedicto wa XVI nabo bakavugwa nabi, bakaniyamirizwa mbere bakanahungwa n'abapadiri babo

Hasigaye Yohani mweranda: Bakozi b'Imana dusangiye urugamba Tumere nka Yohani tugume hamwe n'umuvyeyi wacu Bikira Mariya tumuhoze amarira niho tuzokwakira ubutumwa bw'uwo Mugabekazi w'Irozari tukavuga iyo Rozari imisi yose dusabira amahoro igihugu cacu!

 

============================================================

Indwi Nyerenda yo muri uwu mwaka w'i 2017  yosigura Iki ku Ngabo za Kristu ?

 

1. Indwi Nyeranda ni igihe duhamagariwe kurangura ibikorwa vy'Ikigongwe kumwe na Yezu twihetse ku Muvyeyi wacu Bikira Mariya. Mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nkuko tuyishikirizwa na Matayo mweranda Ikigabane ca 12 akarongo ka 30, Umukama Yezu aratubwira ati : "Uwutari kumwe nanje aranyanka nawe uwutimburira kumwe nanje arasesagura"

2. Ni muze rero tugume hafi yiwe na cane cane muri ino ndwi nyeranda nyene ntiduhagarike umutima ngo nuko dutewe ubwoba n'ibiriko biramushikira. Ahubwo nitumuzanire ingorane zacu tuzimushikanire gutyo twikorere umusalaba wacu kumwe nawe tubashe kumukurikira.

3. Dutegere ko ingorane tugira mu buzima, amagorwa n'amarushwa turimwo ubu canke tuzocamwo hanyuma yose yarekuwe n'Imana kugira ngo adukuze mu kwemera kwacu be no mu Rukundo tuyifitiye. Ingorane rero ducamwo zidufasha kuca mu buzima bwa none duhanze amaso Yezu Ku buryo imitima yacu ihema kumwe igana ku kintu kimwe ico naco kikaba ari ukurangura Ugushaka kwa Data.

4. Ivyo bishoboka twishikanye ku Mushaha wa Yezu niho rero ingorane z'ubu buzima ducamwo zitazodutsitaza canke ngo zituvune mu kuduca ingoga ahubwo uko duca mu bitugora n'ibitubabaza, niko ubuzima bwa Kristu buzorushiriza gukura muri twebwe. Ngico ikizotera akanyamuneza Imana Dawe wacu.

5. Inyuma y'ububabare bwose nitureke

 

Inema zidasanzwe zaremerewe abo bazofata umwanya ku musi ku musi bakamara imisi icenda bambaza kandi bashemeza   Ikigongwe c'Imana -Ubutumwa bwatanzwe ku musi wa kane igenekerezo rya 14 Ndamukiza umwaka w' 2011 @ 11:00

Mwananje, Umwanya warashitse kuri mwese ngo mwemere kwunyugurura imitima yanyu ngo munkundire Ndabuzuze inema zidasanzwe.  Izi nema zigiye kuvotorera abo bose bibagiye ko Mbaho muri iyi misi ishira uwa gatanu mweranda.

Mu gihe ca Gisabisho gikomeye cane c'imisi icenda y'Ukwambaza no gushemeza Ikigongwe c'imana kizotangura mwibuke ko ico kiringo kizoba ari ico Nzokwiza ingabirano zanje zidasanzwe ku mitima. Ingabirano Nzobaronsa zizobazana hafi y'Umushaha wanje zongere zibuzuze Mutima Mweranda.

Ni mwitegurire gutangura iyo misi icenda y'Ikigongwe c'Imana kuva ku wa Gatanu Mweranda  muheze musabire imitima myinshi mushoboye kwibuka nanje Nzoheza Ndokore umwe umwe wese muri yo. Kuri abo muri mwebwe muzogwa mumaze kunyiyegurira, Nzoguma Ndabavyura igihe cose. Ntimukigere mutinya kungaruka ko bishitse mugacumura. Sinzokwigera mpeba abo baguma bagerageza kungaruka ko. Nk'abacumuzi nyabworo ibi bizoguma bibashikira. Ntimugatinye, Mpagaze hampande y'umwe umwe wese muri mwebwe ngo Ndamuramire ndetse Nzobugumbira bagwa munda igihe cose mungarutseko. Igicumuro kirashobora kwibagirwa. Ntimuzokwigere mwunva muri ibicibwa kubera igicumuro nimwashaka guhinduka mukaza iwanje munsaba Ikigongwe.

Nama Ndabarindiriye bane bane. Nimukoreshe rero Indwi Nyernda ngo mwibutse abantu bose inkuka y'ubuzima bwanje Natanze ngo Ndokore abacumuzi.  Imbabazi Ndabafitiye ziracari nyinshi n'uno musi. Ntizigeze zigabanuka na rimwe harimwo n'imitima imbabaza gusumba iyindi  Umutima uje ungana ugatakambira Ikigongwe canje, igicumuro cose woba warakoze kizorekurirwa.

Igisabisho c'imisi icenda y'Ukwambaza Ikigongwe c'Imana kizobaronkera inema zikomeye cane nimwakinshikanira kuva ku wa Gatanu Mweranda ngo mwitegurire umusi mukuru w'ikigongwe canje imisi icenda inyuma yaho.  Nimwampereza iki gisabisho muzorokora imitima yanyu ariko kandi muzokiza n'amamiliyoni y'imitima.  Nimubinkorere Jewe, Umukiza wanyu n'Imana yanyu , Yezu Kristu

 

=================================================

Mana Data: Nkuko Umwana Wanje Yazutse ava mu bapfuye ku musi ugira gatatu, niko Azokwihishura mu maza yiwe ya kabiri ku musi ugira gatatu nyene inyuma y'imisi itatu y'umwijima, Bivuye mu butumwa Mana Data Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana kw'igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2014 @ 17:40

Mwananje Nkunda cane, igihe Narungika Umwana wanje w'Ikinege gucungura abantu, isi yaranse kumwakira nkuko banse kwakira abahanuzi narungitse imbere yiwe.  Mu gihe ndiko Ndategura kurungika Umwana wanje ubwa kabiri ari na bwo bwa nyuma ngo akoranirize hamwe abana banje ngo abaronse ubuzima budahera n'ubu nyene bazokwanka kwakira iki Gikorwa Gihambaye c'Ikigongwe canje.

 Umuntu Naramuhaye Ukuri Nkoresheje Ijambo Ryanje none yaranse kukwemera gushika n'uno munsi nyene. Ese ukuntu biborohera kwibagira! Ese ukuntu abantu ari impumyi kuko Nari Naramenyesheje ubwoko bw'abantu yuko Nzobazanira Ubwami bwanje- Isi nshasha itagira iherezo ariko ubwenge bwabo ntibutegera neza intoranwa bafitiye uburenganzira iyo ari yo.  Nico gituma atari bose bazokwemera Ikigongwe c'Umwana Wanje none kubera ico Ndibukije isi ibigiye kuzoza gutyo bazoshobore kuza iwanje bemere Ubwami bwanje. 

Hazoba ukunana kw'abana banje imbere y'ibitangaro vyanje Nzokwereka isi imbere y'uko Umwana wanje Agaruka. Hazoba amajambo menshi y'impari nabo abansi banje bazokora uko bashoboye ngo bahuvye abana banje maze ntibategure imitima yabo gusanganirana akanyamuneza ubuzima bw'umunezero ntangere Nateguriye umwe umwe wese muri mwebwe. 

Nkuko Umwana Wanje Yazutse ava mu bapfuye ku musi ugira gatatu, niko Azokwihishura mu maza yiwe ya kabiri ku musi ugira gatatu nyene inyuma y'imisi itatu y'umwijima. Ndipfuza yuko mumenya ibijanye n'iyi imisi itatu y'umwijima kugira ngo ntimuzoyitinye. Amabuji meranda niyo yo nyene azoba arekuriwe gutanga umuco uzofasha abo bankunda kubona  no kurindira mu kanyamuneza ko Umwana Wanje ashika (amaza y'Umwana wanje).

Ntimugatinye Urukundo rwanje canke ububasha Ngaragaza kuko Ndabigirira ineza yanyu Nkareka ibintu vyose biba ngo bigende uko mubona bigenda mu misi ishira wa Musi Uhambaye cane. Nk'akarorero ndareka abansi banje ngo bisanzure kw'isi nkanareka abasambuzi bakanguha ngo bahende abantu kuko ari muru ubu buryo bwo nyene nzobasha gushira ku munzane ukwemera kwabo bahezagiwe n'inema y'ukugendera mu Kuri. Ariko mumenye yuko abo bose bahemukira Ijambo ry'Imana bazotabwa hanze mu mwijima. A

Abo nabo bagirira nabi bakongera bagahama abanyihebeye bakunda umwana wanje bazohanwa bimwe vy'umwihariko. Nzoreka abanyakabi n'abo bose banjanjwa ku kwemera kwabo bahendwe kugira ngo n'ubu buhanuzi bwataha ngo bazobibobe bace bakubita inkoro hasi imbere y'inyonga zanje bansabe Ikigongwe. bane banje ndiko Ndabategura kugira ngo Ugushaka kwanje kuranguke gutyo muzoshobore kwibera mu kanyamuneza nabateguriye kuva mutaranavuka.

Isi mubamwo uno musi yarononekaye kubera sekibi yayanduje. Isi yaratewe n'ingwara yandukira y'igicumuro muri iki gihe bikaba binakabije kuruta uko vyari bimeze mbere. Igicumuro kandi ubu kigiye gutera ciyongera gishike ku rugero ku rugero ata numwe muri mwebwe yoba afise ukwemera nyakwo azoshobora gushigikira. Muzobwirizwa kwibutswa Ukuri buri musi kuva kuri ino Pasika kuko ivyo bitabaye muzojurgirika gushika naho mutakara. Ni bake muri mwebwe bazokwanka kwinjira muri ya dini rimwe rishasha ry'si yunze ubumwe ari naco gituma mbwirizwa kubaburira. nzobakwega Ndabazane iwanje Ndabafashe kuguma muhagaze mu gihe ububisha bw'ikibi buzokomeza kwiganza mpeze nkize imitima yanyu Nkoresheje uburyo Jewe nyene Nzokwihitiramwo ahuko Nobareka ngo mutwarwe n'abansi banje. Nipfuza ko mworabana impouhwe abo bagwanya Umwana wanje kubera iki gikorwa co gutegura isi ngo yitegurire amaza yiwe ya kabiri. Ndabasavye munsabe Jewe So wanyu Yamaho mwereke imbabazi abo bose bagerageza kubuza Ukuboko kwanje, ubwiza bwanje , ububasha bwanje, n'ubumana bwanje , mukoresheje iki Gisabisho kidasanzwe c'Ingabo za Kristu ca 147:

 Gende bibondo vyanje mutegure abo bose muzi mubasabire mukubaherereza ivyipfuzo vyiza kubwabo muubinshikanire Jewe So wanyu Imana Yamaho ngo mubaronkere Ikigongwe Canje Ntangere. Ndabakunda mwese. Nuzuye Urukundo n'ukwihangana none rero Ndabarindiriye ko munyishura. Ntimukigere mwibaza ko Ntazokwumviriza ibisabisho vyanyu kuko amajwi yanyu ameze nk'akaziki koroshe gasosera amatwi yanje narwo Urukundo munyereka rukanzanira akanyamuneza kenshi.  Ntaco ntazokorera abana banje. Nimugende rero mu rukundo n'agahimbare mwame muzi neza ko ko ndi Imbazi Ntagere. So wanyu Nyagukundwa Rwose, Imana Isumba vyose.

========================================================

Kubijanye n'Igisabisho c'Ingabo za Kristu 148, "Umukama Aratubwira ati: Iyo ushize umwizero wawe wose muri jewe vy'Ukuri, Ndashobora gukora ibitangaro bihambaye ngo Ndakuzanire ubutabazi ukeneye muri ico gihe mu kugukiza ububabare n'amagorwa uba urimwo. Ndaheza Nkakuzana hafi y'Umushaha Wanje Mweranda Rwose. Iyo Umwana azi neza ko umuvyeyi amukunda aguma aremye kuko azi ko aguma akingiwe igihe cose. Mumenye ko nimwashira umwizero wanyu muri Jewe Nzobakingira mwese Nongere Ndabavyagizemwo amahoro ata ahandi hantu na hamwe kw'isi imitima yanyu yokwigera isanga."

===========================================================

Turiko turahimbaza Izuka ry'Umukama wacu Yezu Kristu twokwibaza tuti none ko Yezu yazutse kuva ku wa gatanu mweranda amaze gupfa gushika ku musi w'Imana wa pasika aho azuka none Yezu Kristu yarihe?

Ikatekisimu y'Ekleziya katolika iratwigisha ko Yezu yarapfuye arahambwa,amanuka ikuzimu, agenda guhoza abantu beranda bari barapfuye.

Insiguro yambere ni uko Yezu nk'abantu bose Yamenye urupfu mu mubiri Wiwe Agaheza umutima wiwe ugaca uja guhamvya abandi bantu bapfuye iyo bari. Ariko tumenye ko Yamanutse yo nk'Umukiza ngo Atangaze Inkuru Nziza ku mitima y'abantu beranda bari barapfuye. Ivyanditswe bitagatifu birita aho hantu Yezu Yamanutse mu kuzimu kuko abari yo gushika ico gihe batashobora kubona Imana. Uko niko vyari bimeze kuri abo bose bari barapfuye gushika ico gihe baba ababi canke abeza mu gihe bari barindiriye Umucunguzi. Ibi ariko ntibisigura ko amaherezo yabo ari amwe nkuko tubisigurirwa nyene n'Umukama nyene Yezu Kristu mu mugani w'umutunzi n'umworo Lazaro. Muri uwo mugani turabona ko umworo Lazaro amaze kwitaba Imana yakiriwe mu maboko ya Iburahimu ariko umutunzi yari mu muriro udahera.

None rero ni iyi mitima y'abantu beranda bari bapfuye bakaba bari barindiririye urukiza mu maboko ya Iburahimu Kristu ubwiwe Yarokoye aho Yamanuka Aja muri Hadesi canke Sheole nkuko bavyita mu Giheburayo no mu Kigereki. Yezu ntiyamanutse rero muri Hades kurokora ababi ariko yari Agiye gutabara abantu beza bari bapfuye imbere yiwe.

Mu Gitabu c'Ikatekisimu y'Ekleziya Gatolika Ikigabane ca 634 baratwibutsa ko Inkuru Nziza yigishijwe n'abapfuye nyene nkuko tubisanga mw''ibaruwa rya mbere ry'umutumwa Petero mweranda, ikigabane ca kane, akarongo ka gatandatu. Mu kumanuka muri hades vyatumye Inkuru Nziza yigishwa abo yabwirizwa gushikira bose. Iyi niyo ntambwe ya nyuma y'ubutumwa bwa Kristu bwo gukiza abantu  mu bihe vyose, aho baherereye hose kuko abo bose bakijijwe babaye ba samuragwa b'Ubukiriro bwamaho

Mu kigabane ca 635 c'Ikatikisimu y'Ekleziya Gatolika naho havuga hati: Kristu yaramanutse epfo mu nyenga y'ukuzimu gutyo abapfuye ukuzimu kwari kwaraboheyeyo bashobore kwumva ijwi ry'umwana w'Imana gutyo abo bose baryumvise babone kubaho(Yohani 5:25), (Mt 12:40), Rm 10:7 and Ef 4:9. Yezu Nyen'ubuzima mu gupfa yasambuye serupfu n'ukuvuga urya nyene yari afise ububasha bw'urupfu ari we shetani aca arakurayo abo bose urupfu rwari rwaraboheye mu bwoba ubuzima bwabo bwose. Nico gituma Yezu Yazutse afise imfunguruzo z'urupfu na Hadesi nkuko vyanditswe ngo kw'izina Rya Yezu amavi yose abwirizwa gupfukama mw'Ijuru no kw'isi hamwe no mu nyenga y'ukuzimu nyene(Ivyahishuriwe 1:18, Phil 2:10).

Mw'Ikakisimu y'Ekleziya Gatolika Ikigabane ca 636: Muri aya majambo "Yaramanutse aja mu mu kuzimu , Igisabisho c'inama y'abatumwa kiremeza ko Yezu Yapfuye vy'ukuri kandi ko kubw'urwo rupfu nyene yapfuye kubwa twebwe abantu yatsinze urupfu  na shetani nyene kuko ari yo yari ifise ububasha bw'urupfu.(Heb 2;14)

Mu kigabane ca 642, Ikatekisimu iratubwira ko kubw'Ubumana bwa Yezu yifatanije n'ubumuntu bwiwe nyene, Kristu amaze gupfa Yaramanutse mu nyenga ya kure rwose hashoboka ngo asange yo rupfu mu bubasha bwiwe bwose aca Yugururira amarembo y'ijuru abantu beranda bari barapfuye imbere yiwe.

 

==========================================================

Ukuntu igicumuro gihanwa kuruta inyuma y'Urupfu rwa Yezu rwo ku Musalaba kuruta imbere yaho n'ukuntu Imana isezerana kuzotanga Ikigongwe cayo kw'isi no kuri Ekleziya nyeranda iciye ku twigoro, amagorwa n'ukwitanga kw'abasuku bayo.

Nipfuza ko womenya mwananje ko naho Nasubiye kurema gushasha mu kunagura Nkongera Nkagarukana mu buzima bw'inema yeza ubwoko bw'abantu kubw'amaraso y'Umwana Wanje w'Ikinege, abantu ntibankengurukira ahubwo aho gushima baguma baba babi kuruta.

Aho uko bonshimiye barampama bakarushirizaho kumbabaza ku mwete muke  bashira mu kurondera inema Nabahaye kandi Mbandanya Ndabaha ku buryo mbere n'ivyo baronse batabona ko biva buntu Ndabagirira ahubwo ah'ukunkengurukira bakabantoza nkuko womengo hobs hsri ikindi Ndabipfuriza atari uko boba beranda.

None rero Ndakumenyesheje ko bazohambarirwa cane kuruta kandi igihano cabo kizoba kinini kuruta kuko ubu bahawe urukiza mu Mwana Wanje Yabarokoye n'Amaraso Yiwe y'igiciro ntangere gusumba uko vyari imbere yuko abitangira, n'ukuvuga imbere yuko umwanda ukomoka ku gicumuro ca Adamu uhanagurwa. birumvikana ko uwuhawe vyinshi abazwa vyinshi kandi ko uwuhawe vyinshi usanga afise amabanga menshi. Muri ico gihe Umuntu yari afatanijwe nanje n'ukubaho kwiwe aho Nari Namuremye mu gashusho kanje kubera iyo mpamvu yabwirizwa kunkurira ubwatsi ariko yashimwe kunyima icubahiro mu guhitamwo kwininanahaza we nyene ubwiwe. Uko niko yakengereye ukwicisha bugufi namushikako imbere y'inyonga zanje agahitamwo kuba umwansi wanje. Niho rero nanje kubww'Ukwicisha bugufi kwanje nasambuye ubwishime bwiwe aho nacisha bugufi kamwere k'Ubumana bwanje mu kwigira umuntu nkamwe kugira mbashe kubarokora mbakure mu buja bwa shetani Ndaheza Ndabasubiza ukwishira n'ukwizana mwari mwaratakaje. None rero sinabahaye ubwigenge gusa ahubwo uravye neza usanga Umuntu yabaye Imana nawe Mana aba umuntu ku bw'ubumwe bwa kamere y'Imana na kamwere y'umuntu. Nguyu rero umwenda bamfitiye , nukuvuga ubutunzi bw'amaraso yabatagatifuje ikabasubiza iteka ry'inema bari baratakaje.

Raba rero ingene bamfitiye umwenda munini inyuma y'ukubacungura kuruta imbere yaho. Kuko ubu babwirizwa kuninahaza bakampa icubahiro mu guca mu makanda ya Jambo Wanje Yigize umuntu, umwana wanje w'Ikinege, niho rero bazoshobora kundiha umwenda w'Urukundo bamfitiye Jewe na mugenziwabo mu ngeso nziza nyakuri kandi bivuye ku mutima nkuko Nabigusiguriye mbere ku buryo batabigize umwenda wabo uba munini kuruta, nayo icaha bakoze kikarushirizaho kuba kininini ku buryo n'ubutungane bw'Ubumana bwanje buzobacira urubanza rukaze kuruta bakababara kuruta mu magorwa y'imyaka yose.

Umukiristu w'indyadya ahanwa kuruta umupagani nawo umuriro udahera w'ubutungane bw'Imana uramuturira kuruta, ukamutuntuza kuruta hanyuma mu bubabare bwiwe yumva ariko araturirwa n'umuswa w'ubwenge bw'umuzirikanyi wiwe kuko abaciriwe urubanza rw'ibicibwa ntibatakaza kamere yabo no mu bubabare nyene baronka. Niho rero Ndakubwiye nti baripfuza kubona urupfu ariko ntibigere baruhabwa, erega ntibatakaza ubuntu bwabo kuko baguma bariho, batakaza ukubaho mu nema gusa  kubera amakosa yabo ubwabo ariko ntibatakaza ukubaho gusanzwe bavukanye. None rero ikosa umuntu yagiriwe rirahanwa rwose inyuma y'igikorwa co kubarokora kuruta  imbere yaho kuko kiremwa muntu yahawe vyinshi. Ikobabaje ariko nuko abacumuzi badasa n'abategera na gato ibi bintu naho atako ntagize ngo Ndabafashe gusubiza hamwe nanje  ku bw'Amaraso y'Umwana Wanje.

Ariko rero hariho uburyo bwo gucuresha ishavu ryanje, Nshaka kuvuga kubw'abasuku banje iyo bapfushe kubera babonye ingene Ndiko Ndatukwa bagaheza bakampoza bakoresheje ivyipfuzo vyabo. Raba nawe ukuntu wantumye Ndakwishura kubera iki gishika Naguhaye kubw'urukundo rugufatanya nanje kuko Nipfuza kugirira imbabazi isi. Nuko rero Ndaherereza abasuku banje inzara n'inyota y'ubuninahazwa bwanje be n'urukiza rw'imitima kugira ngo Ntewe akamo n'amarira yabo Nshobore kugabanya ishavu ry'ubutungane bw'Ubumana bwanje. Nufate rero amarira yawe  n'icuya cawe bikomoka kw'isoko ry"urukundo rw'Ubumana wanje uheze uyakoreshe mu gusukura amaso y'umupfasoni wanje Ekleziya.

Ndakwemereye ko muri ubu buryo ubwiza bwayo buzosubira kuboneka igasubira kuba nshasha ata nkota canke igikenye birinze gukoreshwa ariko hakoreshejwe inzira z'amahoro, ukwishisha bugufi n'ubufasha  bw'igisabisho c'urutavanako, kubw'icuya n'amosozi y'abasuku banje bikomoka ku nyota n'icipfuzo c'ugukiza imitima c'abanyobokera nanje nkaba Nzokwishura ivyipfuzo vyabo, ku buryo nawewe nyene niwarinda vyinshi mu gutamanzurira umuco w'ubugwaneza bwawe n'ukwihangana kwawe ku muntu w'amanyama udatinya uruhamo ugirirwa n'abisi kanatsinda nzokwitabarira Jewe nyene nayo ubutabazi bwanje ntibuzokwigera bukuvirira na rimwe mu bukene bwawe bwose naho bwoba buto gute.

 

==================================================

Narakubwiye ko Nafashe Jambo Wanje Umwana Wanje w'Ikinege Nkamugira Ikiraro. Nipfuza ko mwebwe bibondo vyanje mutegera ko Ibarabara ryari ryarasambutse kubera igicumuro n'ubugambarazi bwa Adamu ku buryo atawashobora kwinjira mu buzima budahera.

Aho rero kiremwa muntu ataninahaje mu buryo yategerezwa kubera ko atari yanyobokeye mu kuguma mu ciza Nari Narabaremeye ivyo navyo bikaba vyatumye Ukuri kwanje kutaranguka. Uku kuri nakwo ni uko Naremye umuntu mu gashusho kanje ngo ase nanje gutyo ashobore kuronka ubuzima bw'imyaka yose yongere ashobore gusangira nanje mu guhonja ku buki bw'ubwiza bwanje burengeye vyose kandi buhoraho.

 Ariko inyuma yaho icaha cari kimaze kwugara Ijuru kikanafunga imiryango y'Imbabazi, umutima wa kiremwa muntu waciye wama amahwa n'ishamba ry'inyamaswa ku buryo ikiremwa canje cahavuye cisangamwo co nyene ubugarariji bwo kwigarariza co nyene ubwaco.

 

Thursday, December 12th, 2013 @ 23:15

Mwananje Nkunda cane, mu gihe isabukuru y'ivuka ryanje yimirije, Ndipfuza ko abakristu kw'isi yose bihweza kandi bagatangarira imvo yatumye mvuka. Ivuka ryanje ryari ryateguwe na Data kubw'Ikigongwe ciwe Kitagira uko covugwa no kubw'Urukundo rutangaje rwose afitiye abana biwe. Akigoro kadasanzwe Yagize kwari ukurungika Umwana Wiwe w'ikinege mw'isi y'intashima yuzuye abacumuzi batashaka kumumenya nkuko ari canke nkuko we nyene Ashaka ko bamumenya.

Igihe cose Yarungika abahanuzi kwari ukugira ngo Ahindure imitima yabo yadadaye nk'amabuye ngo ihebe irondere ubuninahazwa bwiwe. Bo ariko bamuhaye umugongo baramwiyama gushika naho bica abahanuzi bari bajejwe kuhembura imitima yabo n'imfunguro y'Ijambo ry'Imana.  Mu kurungika umwana mutoyi, ikinege ciwe kw'isi yigize umushumba w'abantu kuruta uwo wese yoba yarigeze gutorana igikorwa ico ari co cose c'ugutumikira shebuja. Uko niko rero umukuru yahindutse umushumba nawe umusuku ahinduka shebuja mu gikorwa c'ukwicisha bugufi kitari bwigere kiboneka gushika ubu. Egome, yarakunze abana biwe ku buryo yari yiteguye gukora igikenewe cose ngo abagarukane mu kubakura mu migozi y'ububeshi n'inyosha mbi za shetani.

Kuva n'igihe Nari Nkiri akana gatoyi Narinzi uwo Ndiwe n'ico Nari Ndi nico Nari Nitezwe ko. Nari Mfise n'ubwoba Nkongera Nkaremerwa n'ubwo bumenyi bujanye n'ukumenya uwo Ndi n'ico Nari Nitezwe ko. Kubera ko Nari umuntu Narababaye kubera ubwoba. Vyari vyoroshe kubabazwa. Narakunda abo bose baza bangana bigatuma nizera bose kubera ko Nabakunda. Sinarinzi ko bonyica kuko Nibaza ko ubwami bwanje bwashitse. Hariho ibintu bimwe bimwe Data Yari Yarampishije We Atanyereka vyose canke ngo Amenyeshe vyose Nkuko mwoba muvyibaza. Ahubwo Naronka ubumenyi bukenewe buntuma menya igikwiye gukorwa igihe kigeze atawurinze kubinyigisha igihe cose Data Abishatse mu gikorwa kindindiriye kugira ngo nshobore gushikiriza Ubukiriro abantu bose.

Ntakitakozwe n'Imana ngo imitima y'abo bari bazi ngo barazi amategeko Ya Data ariko bayahindagura mu ntumbero y'ukwirondera bo nyene n'ukwironderera inyungu zabo ngo bamenye Ukuri. naramaze imyaka myinshi nibanira na Mawe Umuvyeyi wanje Nkuna cane  na dawe Yozefu mweranda nkuko umwana wese akurira mu muryango uwo ari wo wose. Nrabakunda cane rwose kandi nari mpimbawe. Twarakundana cane nawe Mawe yari yarahawe Ingabirano Zidasanzwe yakomorewe kubw'Ububasha bwa Mutima Mweranda. Ivyo bisigura ko yari azi neza ico ubutumwa bwanje bwasigura. Yari azi ingorane n'ibigeragezo Nabwirizwa gucamwo: Kwankwa n'abantu. ugukengerwa n'agashinyaguro. Ariko nawe nyene ntiyarazi ko Nzokwicwa.  Hari inyuma y'imyaka ibiri ya Ntanguye ubutumwa bwo mw'ishengero maze kumara amasa 20 ku musi ndiko ndigisha Ukuri niho naza kubona ko abangwanya bari biyongereye. Abo bose bumva ijambo Ryanje ryarabakangura no mu gihe nyene batashobora gutegera neza ico ryasigura kuri bo.

Benshi mu bemeye ko ivyo Nababwira kwari Ukuri basanga bitaborohera kubigendera kubera uruvugo basanga babwirizwa gucamwo kuva ubwo.  Ivyari vyo vyose abansi banje nabo ntibashobora kunyoberwa. Nijewe bavuga hose ugasanga bamparirako hose mbere banyiyumvirako ibintu vyinshi. barakwije hose ububeshi bwinshi buteye ubwoba ku binyerekeye harimwo n'ingeso zanje, inyifato yanje n'ivyo bibaza mu mutwe yabo ko Nashaka gushikako ariko kandi ntibashobora kwiyobagiza ivyo Nakoze, ivyo Navuze n'ivyo Nababwiye ku bijanye n'ubwami bwa Data. Narahemukiwe nabo nyene bankunda ariko bakabura ubutwari bw'ukunkurikira. Kubw'Inema ya Data Narashoboye kurinda izo ngorane zose nayo makuba gushika igihe Nashoboye gutegera neza impera n'imperuka ya vyose. 

Niho rero Namenya ko batazonyemera. Ndaheza Ndamenya Ukuri ndi hafi yo kurangiza mugabo kandi Narinzi ko Ntashobora guheba igikorwa co kubakiza. None rero ku bw'igikorwa gihambaye c'ukwicisha bugufi Imana kubw'Umwana wayo w'ikinege Yabaye uwo bose batako amakosa yabo yose aca Arekurira kiremwa muntu kumushirako amagorwa adasanzwe, harimwo n'ugukubitwa n'ukuborezwa igufa be n'urupfu rw'agashinyaguro.

Iki gikorwa rero cari kimeze nk'ico ucukwihebura mu maso ya Shetani ari naho yaciye itangura kwibaza ko ntoba Ndi vy'ukuri Umwana w'Umuntu. Uko niko rero shetani yatsinzwe kubwo ukwihenda kwayo kanatsinda nta buryo yari ifise bw'ugushobora gupinga iki gikorwa gihambaye c'Ukwifata ruto n'ukwicisha bugufi kw'Imana kuko nta na kimwe yari isigaje co kugerageza. Aho Natambuka Ngana Urupfu rwanje rero Ngafatwa kuko Ndavyishakiye maze Nkemera urwo rupfu Ntayogora umutima wanje wuzuye urukundo rw'abantu, shetani ntiyashobora gutsinda iyo nyifato y'ukwifata ruto kuko itagira ukwicisha bugufi na gatoyi.

Niho rero Nagenda Ndavyishakiye Umushaha wanje Ururumba mw'igisharara c'ugukiza imitima no gusigira isi iragi ry'Ubuzima budahera. Ubwami bwanje ariko mu gice kinini cabwo bwagumye mu butaka bwa shetani. Imitima ariko yari yahawe kumenya ukuri.  Ubu rero kugira abantu bategere Ukuri Ndaje kwigarurira ubwami bwanje. Mu kugira gutyo, vyatumye shetani ishavura. Intumbero yayo yo guhisha abantu ukuri irateguye neza kandi ica mu mayeri adasanzwe. Ikoresheje ubuhinga n'ikinyoma kidasanzwe shetani yarinjiye mw'Ekleziya yanje mu gikorwa cayo c'ukugerageza kumbuza gushikira imitima Nazanywe n'ugukiza. Iyi mitima ifise uburenganzira busanzwe bwo kwinjira mu buninahazwa Nayiteguriye. Ubu rero Ndababwiye, iki gihe co ntizotsinda. naho rero bimeze uko imitima myinshi izotwarwa mu kinyoma ihendwe mebere ije narwo ihave inyuranwa n'Ingabirano ntangere Data Agomba kuyishikiriza. Kubaho ubuzima muryoshe mu Buninahazwa bw'Imana ufise umubiri n'umutima uninahaye imyaka yose ngico ico umwe umwe wese muri mwebwe afitiye uburenganzira. Ntimugasesagure iyi ngabirano canke ngo munyuranwe nayo mu kwemerera ivyo vyose vyoza bibahuma amaso bikababuza kwakira Ijambo Ry'Imana Nyakuri. 

Yezu wanyu!

 

====================================================

Ukuntu ingeso nziza n'ingeso mbi yose ironkwa biciye kuri mugenzawe n'abandi bose muhura nabo buri musi

Nipfuza ko womenya ko ingeso nziza yose ironkwa biciye kuri mugenzawe kandi nkuko nyene ingeso mbi yose bikaba uko nyene. None rero urya anyanka aragirira nabi mugenziwe naho ingene amugirira nabi ni muri rusangi no mu buryo bw'uruharo. Ni muri rusangi kuko ubwirizwa gukunda mugenzawe nkuko wikunda wewe nyene nayo umukunda urabwirizwa kumufasha mu vy'umutima mu kumusabira, mu kumuhanura ukoresheje amajambo no kumwunganira mu vy'umutima no mu bindi vyangombwa vy'ubuzima bwa none bivanye n'ubukene ari mwo n'imiburiburi ukamwipfuriza ineza iyo udashoboye kumwunganira mu biboneka.

Umuntu rero adakunda ntafashe mwenewabo aba yigiriye nabi we nyene kuko aba yibujije we nyene ubwiwe inema akagirira nabi mugenziwe mu kumwima ivyiza bikomoka ku gisabisho yari kumuherereza n'ivyipfuzo vyiza yabwirizwa kumuherereza abinshikanira Jewe. Urumva rero igikorwa cose co gufasha umuntu agize cabwirizwa gukomoka ku mutima w'ukubabara mugenziwe kubw'urukundo amfitiye.

Inabi yose nayo nyene ikorwa biciye kuri mugenzawe kuko iyo umuntu atankunda ntashobora gukunda mugenziwe ari naco gituma ububisha bwose butangurira mu mutima wiyobagije kunkunda Jewe na mugenziwe ari naho iyo umuntu adakoze ineza igica gikurikira ari ugukora inabi. None ninde agirira iyo nabi? Ubwa mbere arigirira nabi we nyene ubwiwe, hanyuma akagirira nabi mugenziwe, apana Jewe kuko nta kibi gishobora kunkorako, kiretse ko mparura inabi yose wikoreye wenyene ko uba uyigiriye Jewe.

Arigirira nabi we nyene igihe cose yikomerekeje mu kwirekurira mu gicumuro, kimubuza kuronka inema mbere ikibabaje muri vyose kukaba ari uko adaheza ngo ashobore kugirira neza mugenziwe. Arababaza mugenziwe mukwanka kumuriha ideni ry'Urukundo amufitiye aho abwirizwa kumufasha mu buryo bw'ukumusabira no kunshikanira ivyipfuzo vy'ineza amwipfuriza. iyi ni imfashanyo umuntu wese afitiye zina kiremwa muntu ariko bimwe vy'umwihariko kuri abo bose bakwegereye, abo amaso yawe ashobora kubona abo nibo Mvuze nti mwese mubwirizwa gufashanya mu majambo y'ukwemera n'akarorero k'ibikorwa vyza  mbere mu buryo bwose usanze mugenzawe akeneye imfashanyo, mu kumuhanura kurya nyene wokwipfuza wewe nyene ata mpengamiro y'ukwirondera igiyemwo hanyuma umuntu adakunda Imana ntakora ibi iyo atabikoze naho aba amugiriye nabi muri uwo mwanya nkuko nawe uvyibonera. None rero aba amugiriye nabi  atari gusa mu kwanka kumugirira neza mu vyo yari ashoboye kumufasha mwo ariko mukubabaza no mukuguma amugirira nabi.

 

=====================================================

Amakenga abantu bamwe bamwe bakunda kugira ku bijanye n'uguhabwa Isakaramentu ry'Ikigongwe

Abantu benshi barabaza igituma abakatolika babwirizwa kubwira ibicumuro vyabo uwundi muntu nkabo. Ngo ni kubera iki batokwirega ibicumuro vyabo ku Mana badaciye mu cemerezo? Tubanze twibutsanye ngaha yuko Yezu Kristu ari we musa afise ububasha bwo kurekura ibicumuro. Aha ndibaza ko benshi tuhumvikanirako. Uti none ivyo ubikurahe muri Bibiliya? Igihe wa mugabo w'ikimuga bamuzana imbere ya Yezu bakamumanukana bamucishije kw'isonga ry'inzu, Ijambo rya mbere Yezu Yamubwiye ryari iri: "Mwananje, ibicumuro vyawe birarekuriwe"(Mk.2:1-10). Abakarani bari bicaye aho ntibategereye ukuntu Yezu Yashobora kugirira Ikigongwe ibicumuro vy'umuntu. Yezu Araheza rero Arababwira ko Afise ububasha bwo gutanga Ikigongwe c'ibicumuro.

Yezu Yasigaranye ubwo bubasha nyene bwo kurekura ibicumuro abigishwa biwe aho Yababwira ati, "Uwo wese muzorekurira ibicumuro bizomuvako nawe uwo wese muzobigumizako bizomugumako"(Jn.20:23). Abigishwa nabo bashikirije ubwo bubabasha Ekleziya. Pahulo mweranda aratwibutsa ko abepiskopi n'abasaseredoti ni aba ambasaderi ba Kristu. "None rero turi aba-ambasaderi ba Kristu ko Imana ari twe icisha ko Ikigongwe cayo, kubera ico turabinginze kw'Izina rya Kristu, nimusubize hamwe n'Imana.(2cor.5:20).

Iyo Yezu aba Yashaka ko twirega ibicumuro vyacu kuri we tumutumbereye we nyene ubwiwe tutarinze guca ku musaseredoti, ntiyari gusigarana ububasha bwo kurekura ibicumuro abasaseredoti. Ahubwo Yaranabemereye ati: "Umve ndi kumwe namwe ubutakibavirira gushika ku muhero w'isi"(Mt 28:20). Ko rero Umukama Yamaze gushikiriza ubu bubasha abigishwa biwe ni uko nyene abishaka kandi niko yabitunganije ko twokwama turondera ikigongwe c'ibicumuro vyacu duciye ku basuku biwe we nyene ubwiwe yasize amavuta akanabashinga ico giskorwa, abasaseredoti.

Vyongeye twibuke ukuntu abantu bose b'i Yeruzaremu, bo mubuyudeha no muri Yorodani bashabadukira rimwe bagenda kwa Yohani Umubatiza ngo birege ibicumuro vyabo nawe agaheza akababatiza mu ruzi rwa Yorodani, bahejeje kwirega ibicumuro vyabo(Mt.3:6). Ni ko Imana ibishaka ko twirega ibicumuro vyacu mu cemerezo aho umusaseredoti yatiwe muri iryo banga atwiregesha nimba dushaka kuronka Ikigongwe c'Imana ku bicumuro twakoze.

 

=============================================

Iyo Mutima Mweranda Ari ahantu Aca akwira hose nk'umuriro waka Agaca Atangura gutangaza Ijambo ry'Imana mu ndimi nyinshi. Ku wa gatandatu, igenekerezo rya 18 Rusama, Umwaka w'2017 @ 13:16

Mwananje Nkunda cane, Ingabirano ya Mutima Mweranda si benshi bayitegera neza. Ni Ingabirano y'agaciro ntangere kandi irasukirwa ku bantu ku bw'ubuntu bw'Imana.  Imana iyitangana Urukundo rw'agakura mu kuyisukira ku bantu bose naho nyene atari bose bayakira. Si bose bashoboye kwakira iyi Ngabirano. Hari abiyumvira ko bakwiye guhabwa iyi Ngabirano kuko bagira ngo baranzi kubera ko bize ivyigwa Ndoramana mu buryo bwose ariko ico bomenya nuko kwiga amashuri ya kaminuza mu vyigwa ndoramana bidasigura yuko baba biteguye koko Kugabana Iyo Ngabirano Nyeranda Rwose.

Mu misi cumi bamaze mw'isenakulo Mawe Yabwirijwe gusigurira abatumwa banje n'ubwitonzi bwinshi akamaro k'ukwicisha bugufi. Ata kwifata ruto ufise ntushobora kugabana iyi Ngabirano yo Mw'Ijuru. Bamwe mu batumwa banje biyumvira ngo ko batoranijwe ko bafise ico barusha abantu basanzwe kubera ko bari hafi yanje none rero ko abandi babwirizwa kugwa bapfukamye imbere y'ibirenge vyabo. Ariko nkako ibi sivyo Jewe Nari Narabigishije. Umuvyeyi wanje rero ivyo vyatumye amara amasaha menshi abasigurira ukuntu ubwishime bushobora kuzibira Mutima Mweranda ku buryo Adaheza ngo Ashobore kwinjira mu mitima yabo.

 Iyi Ngabirano ya Mutima mweranda izanana nayo izindi ngabirano. Ishobora kuba Ingabirano y'ubumenyi, ingabirano y'indimi, Ingabirano y'ubwitonzi, Ingabirano y'Urukundo, Ingabirano y'ugukiza ingwara canke Ingabirano y'ubuhanuzi. Abatumwa banje ntibatevye rero kumenya bakironka iyi Ngabirano ko babwirizwa kwirinda icaha c'ukwishira hejuru kuko ubwishime bwari kwonona igikorwa batumwe kikakibuza kuranguka.

Kuko Ubwibone buhawe ikibanza mu muntu yaronse Ingabirano ya Mutima Mweranda, Mutima w'Imana aca yigira hanyuma mu kibanza ciwe hagaca hinjira impwemu z'umwijima. Umutima wiraburaniwe ntushobora kuboneshereza abandi na Mutima Mweranda. Nta kindi umutima wiraburaniwe ushobora gukwiza mu bandi atari umwijima gusa. Umwijima w'umutima urondera guhuvya abandi no kubatakaza.  Mbere iyo uwo muzimagiza uvuye ku muntu abonwa nkuko yoba ari umwigishwa mweranda canke umunyabwenge mu nyigisho zanje. Vyose bica biva mwo urwanko n'inzigo, kwihebura n'ukugira umutima ugumye.

 Kugira ngo muronke Ingabirano ya Mutima Mweranda imitima yanyu ibwirizwa kuba isukuye kandi izira igicumuro c'ubwishime ahandi naho Ntuzokwigera uronka iyo Ngabirano. Iyo Mutima Mweranda Ari ahantu Aca akwira hose nk'umuriro waka Agaca Atangura gutangaza Ijambo ry'Imana mu ndimi nyinshi. Azotuma haba ugukira kw'umuzirikanyi, umubiri n'umutima vyongeye azonana n'Ubwitonzi atahandi bushobora kuva atari ku Mana. Ibi bizotuma haba uguhinduka kw'imitima kw'isi yose. Uko niko uzomenyerako ko Mutima mweranda ahari. Umugwiza w'ingabirano zose zishoboka harimwo n'ibitangaro vyo mw'Ijuru biza vyaramaze gutangura kugaragara mu Gitabu c'Ukuri ku neza ya bose nk'igitabo cari carabuwe kikaba cemerewe isi yose muri ibi bihe. Mucemerane umutima ukenguruka wongere ukengurukire Imana kubera izi ngabirano za nyuma z'Ijuru imbere y'uko wa Musi Uhambaye ushika. Yezu wanyu.

 

++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++++

Akamaro ko kwisonzesha no kwibabaza

Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana ku musi wa mbere Igenekerezo rya 16 Rusama 2011 @ 11:30

Mwananje Nkunda cane ubu noneho ugiye wategera ko Ntari kumwe nawe ataco wokwishoboza. Ni kubw'inema zanje uronka ubuzima mu Bwami bwa Data. None rero, utampaye ikaze muri wewe ngo unyakire mu buzima bwawe, nta vyamwa vyiza woshobora kwama vyongeye ubuzima bwawe nta n'insiguro bwoba bugifise.

Ese ukuntu nipfuza ko abana banje bose boshobora gutahura ubuzima Nshobora kubaronsa na cane cane biciye mw'Isakaramentu Ryeranda ry'Ukaristiya. Kuko ni mu gihe ho nyene munyakiriye mu mitima yanyu nyabworo mu gusangira kuri wa Mukate Wavuye mw'Ijuru no mu kunywa kw'Ikalisi y'Amaraso Yanje muzoca mwiyumva mwo Urukundo Rwanje. 

Urwo Rukundo narwo ruzoca rubuzuza ubukomezi ntangere buzoheza bugasaga imitima n'ubwenge bwanyu nyene. Nimwankundira nkamana namwe mu kunyakira mu mitima yanyu Nzobarerura Mbashikane ku rugero rwo kumbera abagendanyi banje b'ukuri.  Umugendanyi wanje nawe atanyakira imisi yose mw'Isakaramentu Ryeranda rwose ry'Ukaristiya azomera nk'ikirahuri kituzuye. Murakeneye umubiri wanje n'amaraso yanje yasheshwe ku bwanyu mwese ata n'umwe avuye mwo ngo mashe kubuzuza ubumana Bwanje. Erega ibi mutabifise ntimuzoshobora kuronka ubukomezi nyabwo bwo gutangaza ubuninahazwa bwanje nkuko bikwiye.

Mbega bane banje ni kuki mudategera ko kwemera gusa ko mbaho vyo nyene bidakwiye? Kwemera ko mbaho ni intambwe ya mbere ikenewe ngo mubashe gutangura urugendo rukenewe rw'imitima yanyu. Ariko mu nyuma yaho hari ibindi vyinshi mukeneye gutegera. Ivyo navyo bizoshoboka gusa nimwatangura kwiyima ibinezero vy'imibiri ari naho gusa muzoshobora kwuzuzwa ububasha bwanje.

Kubera ko shetani ikontorora umuntu ikoresheje ibigeragezo n'ivyipfuzo bibi vy'umubiri namwe murashobora kuyishiburira kure yanyu mu kuyima akaryo ko kubajana muri ivyo binezero vy'umubiri benshi bakunze guhurumbira. Kwisonzesha ni bumwe mu buryo buhambaye rwose bwo kurinda shetani n'amadayimoni yayo kuza mu mitima yanyu. Abantu bake kw'isi nzima nibo bamaze gutegera akamaro ko gufata akanya ko kwigora mu kwisonzesha naho nyene bitagoye na gato kandi bidasinzikaza amagara yanyu na gato. Ufashe umusi umwe mu ndwi wo kwisonzesha uzohabwa inema zidasanzwe. Mu kwigira inama yo gukora utwigoro duto duto aha na hariya mubikora kw'izina Ryanje mukongera mugaca mutumpereza Jewe Umukiza wanyu n'Imana yanyu muzosanga muriko murakiza imitima kandi na mwebwe nyene muzoca mwama hafi yanje.

Utundi twigoro tuzotuma munegura ivy'isi nivyo abisi bahurumbira gutyo mushobora kwiyamira hafi y'Umushaha wanje. Abana banje bari bakwiye guteger ako ubuzima bwabo butokwama buriko burirukanga inyuma y'amatungo y'isi mu gihe yoza arengeye ku vyangombwa bisanzwe ubuzima bwabo bukeneye mu kubaho kwa buri musi. Mu kwemera kubaho ubuzima busanzwe ngo mubashe kuronka umwanya ukwiye wo kunkorera niho ho nyene ubuzima bwanyu buzoza bwashikira akanyamuneza gakomoka kukunyihebera vy'Ukuri.

Umusi rero mwatanguye kundondera muri ubwo buryo niho muzoza mwasobanukirwa neza ubwa mbere mu buzima bwanyu insiguro nyakuri y'ukwishira n'ukwizana nyakwo. Ntimwigere mwibagira ko shetani yosha nabi umuntu iciye ku vyipfuzo vy'umubiri  harimwo indya, ivyambarwa, imibonano mpuza bitsina, amazu n'amatongo, imiduga, uburuhuko n'ingendo, imibereho y'ubuzoma bw'itunga ryinshi, imiziki n'intambo, ibiboreza n'ukwambaza ibitari Imana canke gutamarira abasirimu n'abategetsi gushika naho ubagira ibigirwamana.

Nimwamara gutegera ko ivyo vyose ibihenda amaso niho muzoza mwasobukirwa neza ko umwanya mwahawe kumara hano kw'isi utokwigera usesagurwa mu bintu bitagira mvuye na nzira no muri vyo vyose ataho bibashikana. Igihe canyu ca hano kw'isi bane banje ni igice gitoya cane c'urugendo rugana ubuzima budahera. Hari ubuzima buzokurikira ubw'ubu inyuma y'urupfu. Ivyo uvyemera canke utavyemera nuko bimeze nta gihinduka ngo nuko utavyemeye

Ivyo ntibiva ko abantu bemera canke batemera Imana Data Yamaho kuko bavyemera canke batavyemera imitima yabo izoguma iriho inyuma y'urupfu. Nimurondere umuco gutyo imitima yanyu izokwibere mu kanyamuneza ntangere imyaka yose mu kibanza kininahaye muzogabana mw'Iparadizo. Kugira ngo mubashe gushikira uru rugero rw'ubweranda bw'umutima ntimuhengeshanye kugira utwigoro tw'umubiri mu kiri ho ngaha kw'isi. Nimuhereze kandi amarushwa n'imibabaro yanyu yose mubinshikanire ngo imitima yatakaye ishobore kurokoka gutyo muzogabane impera ibarindiriye mu buzima buzokurikira.

Umukiza wanyu Yezu Kristu.

 

==============================================================

Nimwiyamirize ibikorwa vy'amadini ya gipagani ari mw'isi ya None

 Ubutumwa Yezu Yahaye Mariya w'Ikigongwe c'Imana ku mus w'Imana Igenekerezo rya 15 Rusama 2011 @ 17:00 

Mwananje Nkunda cane, Ndararitse Intamuheba zanje zose ngo ziyamirize ibikorwa vy'imigwi n'amakoraniro y'ibihe vya none biguma bikwira isi yose.Abakrstu bamye igihe cose bagwanywa na Shetani. Murazi mwese ko yiyorobeka ikihisha inyuma y'imigirwa y'imigwi irondera kuryosharyosha abo bafise imitima igaragara kandi yatakaye.   yama irondera gukwiza hose ububeshi bwayo yihishije inyuma y'ibikorwa bisa nkuko vyoba bivuye ku rukundo naho shwi. Mu nyuma izoca igerageza kugenzura imizirikanyi y'abana banje ikoresheje amayeri y'ubupagani bwa kera ibesha ngo ishobora kuremurura imizigo y'imyitwarariko y'ubwenge bwabo. Murama mugavye mwebwe mwese muhendwa n'imigirwa igira ngo igiye kuzanira ubwenge bwanyu ibihe vy'akaruhuko n'umutekano biciye mu kwiruhutsa.

Iyo uretse ubwenge bwawe bukagenzurwa n'iyi migirwa ya gipagani, shetani n'inyosha mbi zayo zirashobora kunyororombera muri wewe mu buryo utazoca n'ikanda. Mwirinde imigirwa y'idini rya kiranga be n'ayandi madini ya kera y'ibihugu bitandukanye mwoba mubamwo harimwo amakarata ya Taro. Imitima myinshi kw'isi irashonje rwose inyigisho z'Ukuri kandi irabura n'abayobozi nyabo. Mu mwete wabo wo kurondera insiguro yoha ubuzima bwayo iriko barirekurira mu migirwa ya gipagani kenshi na kenshi batanabizi.

Inyigisho yose yo gutuma wibaza ko ikuzanira amahoro mu mutima hakoreshejwe imigenzo n'imigirwa y'amadini ya kera niyo guca kure. Nimwige kubamenya uko bari vy'ukuri.  Muririnda ivyo bita crystals, meditation, reiki, yoga, tarot cards, abapfumu, abaganza, na barya ba pasitori bigira ngo bafise ububasha bwo gukiza ingwara nta kindi biba bigamije atari ukukujana mu kwemera gutandukanye n'ukwo wahamagariwe n'Imana Mushobora vyose.

 

==================================================

Haragabishijwe abo bose baja mu migirwa ya shetani Ku wa mbere, Igenekerezo rya 30 Rusama 2011 @ 22:00

Mwanaje urakomeza utera intambwe mu bweranda kubw'ubugamburutsi ubandanya kwerekana bwo kurangura ugushaka kwanje kweranda. None rero urikwije ingabirano nkenerwa izogufasha kugabisha isi ku bintu bihambaye vyimirije gushika. Kenshi na kenshi iyo Ndiko ndigisha kubijanye n'icaha simba ndiko Ndigisha kubijanye n'ibicumuro vy'ubugome bikorwa n'abamenja bakaruhariwe aho usanga n'abacumuzi basanzwe bibagora kwishiramwo ko habaho hari abantu bokwubahuka gukora ibintu nk'ivyo.

Mwobona imigirwa iteye ubwoba ikorwa n'amasosiyeti ahanitse y'abanyaburaya akorera inyuma y'imiryango yugaye mwoca mugwa mu gahundwe. Ibikorwa vyabo vy'ubugome ntaco vyibanga ku buryo usanga bafata abana bakabagandagura ngo babatange ko inkuka kuri shetani. Ivyo rero bikaba bimwe gusa mu bubisha bukorwa n'umuntu kandi yohejwe n'umuntu nkawe. Kuri abo bacumura kuri urwo rugero Nobabwira ko basanga bidashoboka kugaruka ku Mana.

Abakozi ba shetani barakora ububisha budasanzwe biciye mu kubandwa aho batanga ibimazi kwa sekibi harimwo n'ibimazi vy'ubuzima bw'abantu nkabo, indahiro zibi n'ibindi bitutsi bityoza Imana bakayivuma mu kwihagira guhumanya Izina Rya Data Data Imana Yamaho bagatuka Izina Ryanje bagatyoza n'Izina rya Mawe Umuvyeyi wanje Nyagukundwa rwose. Abo bacumuzi nyabworo bambaza shetani nta soni bagira kugeza naho bakwiza ivyo vyivugo n'inyifato z'ibitersoni mu bandi bantu babicishije mu miziki, mu masinema, n'amateleviziyo be n'utugenegene. Abo bose bagirizwa ayo masakirirego bazotabwa mu nyenga y'umuriro udahera  aho bazoturirwa n'ubushe bw'imyaka yose.

Ubu butumwa ni bumwe mu bugenewe kubagabisha irya nyuma mubwo muzohabwa na Jewe Umukiza wanyu Yezu Kristu bukaba ari n'uburyo bwa nyuma bwo kwongera kubasaba ngo mukize imitima yanyu mukibishobora. Jewe Yezu Kristu Sinigera Nshikiriza Ijambo riteye ubwoba ata mvo ihari. Nzokora uko Nshoboye kwose ngo Ndabakize. Ariko nkuko mubizi haragara igihe Ntaba Ngishoboye kugira n'ikintu na kimwe ngo Ndababuze kubandanya murondera amatungo n'amahirwe Sekibi ababesha ngo azobaha aho ata kindi aba ashaka kubajanamwo atari umwijima n'amagorwa y'imyaka yose.

Nimuzitagure imigozi y'ikinyoma mwabohewe mwo na Sekibi muce mwihuta guhungira iwanje. Nzobakiza ariko kugira ngo ivyo bishoboke murabwirizwa kubinsaba mu kuntakambira ngo Ndabagirire Ikigongwe mu kir kw'isi. Ntimwibagire ko ari mwebwe nyene ubwanyu mubwirizwa kwihitiramwo aho mushaka kuja hagati y'Ijuru n'umuriro. Muguhitamwo naho naho uhitamwo ukiriho kw'isi n'ukuvuga ugihema kuko ntuzoshobora kubikora wamaze kwambuka n'ukuvuga wamaze gushika mu  buzima bukurikira.

Umukiza wanyu Yitonda kandi Abakunda rwose, Yezu Kristu.